Millat al-Islam

Chapter 44 · 59 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ad-Dukhan' in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Ad-Dukhan' (1216 reciters)
Meccanسورة الدخان59 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

حمٓ ١Ha, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa) وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ ٢Ndarahiye kuri iki gitabu gitagatifu kigaragaza kubintu vyose vyipfuzwa إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ فِي لَيۡلَةٍ مُّبَٰرَكَةٍۚ إِنَّا كُنَّا مُنذِرِينَ ٣Mu vy’ukuri twebwe twamanuye iyi Qur’aani ntagatifu mw’ijoro ryahezagiwe, ntankeka rero twebwe turi mu bantu bagabisha فِيهَا يُفۡرَقُ كُلُّ أَمۡرٍ حَكِيمٍ ٤Muri iri joro niho hagaragazwa ibintu vyose bijanye n’ubuhizi أَمۡرًا مِّنۡ عِندِنَآۚ إِنَّا كُنَّا مُرۡسِلِينَ ٥Iwacu niho havuye intahe mu vy’ukuri twebwe turi muba rungikwa رَحۡمَةً مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ ٦N’umuhezagiro uvuye ku Muremyi wawe, ntankeka niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ ٧N’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibiri muri ivyo vyose, nimwaba mufise icizero nyakuri لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٨Ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari Imana yonyene gusa, niwe arema nukwica, niwe Muremyi wanyu kandi niwe Muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere بَلۡ هُمۡ فِي شَكٍّ يَلۡعَبُونَ ٩Mugabo abo bahakanyi b’Imana y’ukuri barafise amakenga nugu fyinata gusa فَٱرۡتَقِبۡ يَوۡمَ تَأۡتِي ٱلسَّمَآءُ بِدُخَانٍ مُّبِينٍ ١٠Rero nurorere wamusi Amajuru azozana umwotsi ubonerana neza na neza يَغۡشَى ٱلنَّاسَۖ هَٰذَا عَذَابٌ أَلِيمٌ ١١Uzopfuka abantu baze bavuge bati:- ibi n’ibihano bibabaza رَّبَّنَا ٱكۡشِفۡ عَنَّا ٱلۡعَذَابَ إِنَّا مُؤۡمِنُونَ ١٢Muremyi wacu, nudukurire ibi bihano mu vy’ukuri twebwe tuzo kwemera أَنَّىٰ لَهُمُ ٱلذِّكۡرَىٰ وَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولٌ مُّبِينٌ ١٣N’akahe kamaro kukwibuka kwabo mugihe bamaze gushikirwa n’intumwa y’Imana iba garagariza ibintu vyose ثُمَّ تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَقَالُواْ مُعَلَّمٌ مَّجۡنُونٌ ١٤Baciye babaha ibitugu bavuga bati:- uyu muntu yarigishijwe, kandi n’umusazi إِنَّا كَاشِفُواْ ٱلۡعَذَابِ قَلِيلًاۚ إِنَّكُمۡ عَآئِدُونَ ١٥Mu vy’ukuri twebwe tuzokuraho ibihano bikeyi gusa mugabo turazi neza yuko muzo subira mubikorwa vyanyu vy’ububisha bugaritse يَوۡمَ نَبۡطِشُ ٱلۡبَطۡشَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ إِنَّا مُنتَقِمُونَ ١٦Umusi tuzobatera igitero ntamusiga, ntankeka twebwe turi abahanyi bimwe vy’akarorero ۞ وَلَقَدۡ فَتَنَّا قَبۡلَهُمۡ قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَ وَجَآءَهُمۡ رَسُولٌ كَرِيمٌ ١٧Mu vy’ukuri imbere yabo twebwe twara bagiriye ibibazo abantu bo kwa Fir’auni mugihe bashikirwa n’intumwa y’Imana y’iteka أَنۡ أَدُّوٓاْ إِلَيَّ عِبَادَ ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٨Ni mumpe abantu beranda b’Imana, mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Imana yizigirwa وَأَن لَّا تَعۡلُواْ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنِّيٓ ءَاتِيكُم بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ ١٩Kandi ntimwishime cane imbere y’Imana jewe mu vy’ukuri nzobazanira ivyemezo biri k’umugaragaro وَإِنِّي عُذۡتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُمۡ أَن تَرۡجُمُونِ ٢٠Nanje nikinze k’Umuremyi wanje no k’Umuremyi wanyu kugira ngo ntimu njugunyire ko iminana وَإِن لَّمۡ تُؤۡمِنُواْ لِي فَٱعۡتَزِلُونِ ٢١Nimwaba muta nyemera nimube kure yanje فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنَّ هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمٌ مُّجۡرِمُونَ ٢٢Niho yasaba Umuremyi wiwe yuko ari abantu babi cane فَأَسۡرِ بِعِبَادِي لَيۡلًا إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ ٢٣Rero nugende hamwe n’abantu banje beranda mw’ijoro kuko mu vy’ukuri mwebwe muzo kurikiranwa atagisivya وَٱتۡرُكِ ٱلۡبَحۡرَ رَهۡوًاۖ إِنَّهُمۡ جُندٌ مُّغۡرَقُونَ ٢٤Nureke ico kiyaga mu vy’ukuri izo n’ingabo tuzokwibizwa كَمۡ تَرَكُواْ مِن جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ٢٥N‘imirima ingahe hamwe n’amasoko angana gute basize وَزُرُوعٍ وَمَقَامٍ كَرِيمٍ ٢٦N’ibiterwa hamwe n’ahantu heza وَنَعۡمَةٍ كَانُواْ فِيهَا فَٰكِهِينَ ٢٧N’imigisha mininiya bamye binezereza ko كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ ٢٨Uku rero niko twabahaye ibisigi abandi bantu nk’abo فَمَا بَكَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَا كَانُواْ مُنظَرِينَ ٢٩Amajuru n’Isi ntiyarize kuribo, kandi ntibahawe n’umwanya na mutoyi وَلَقَدۡ نَجَّيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مِنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ ٣٠Kandi ntankeka twarabarokoye bene Israeri kubihano vy’ukuba tetereza مِن فِرۡعَوۡنَۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَالِيًا مِّنَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ ٣١Bivuye kwa Fir’auni mu vy’ukuri niwe yari afise amanyama gusumba abimonogoje mukurenga akarimbi kagenywe n’Imana وَلَقَدِ ٱخۡتَرۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ عِلۡمٍ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ ٣٢Duca dutora mwo kubera ubumenyi bwacu gusumba abandi bantu وَءَاتَيۡنَٰهُم مِّنَ ٱلۡأٓيَٰتِ مَا فِيهِ بَلَٰٓؤٌاْ مُّبِينٌ ٣٣Tubaha mubintu vyacu murivyo harimwo imigisha mininiya kandi iri k’umugaragaro إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَيَقُولُونَ ٣٤Mu vy’ukuri aba bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, bavuga bati إِنۡ هِيَ إِلَّا مَوۡتَتُنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُنشَرِينَ ٣٥Ntarupfu rwamyeho atari rwarupfu rwacu rwambere, kandi twebwe ntituzozurwa فَأۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٣٦Rero nimu tugarurire abavyeyi bacu basandavye kuva kera nimwaba muvugisha ukuri أَهُمۡ خَيۡرٌ أَمۡ قَوۡمُ تُبَّعٍ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ أَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ مُجۡرِمِينَ ٣٧Mbega nibo beza canke abantu bo kwa Tubba’a hamwe n’abari imbere yabo, mu vy’ukuri twebwe twaraba honeje kuko bari mu bantu babi cane وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ ٣٨Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose ngo n’ugufyinata مَا خَلَقۡنَٰهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٣٩Ntitwabiremye atari uko ari ivy’ukuri, mugabo benshi muribo ntavyo bazi إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ مِيقَٰتُهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٤٠Mu vy’ukuri umusi w’intahe rukokoma y’ukuri n’umwanya wagenywe kuri bose يَوۡمَ لَا يُغۡنِي مَوۡلًى عَن مَّوۡلًى شَيۡـًٔا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ ٤١Umusi waho incuti itazofasha mugenziwe kukintu icarico cose kandi ntibazorokoka إِلَّا مَن رَّحِمَ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ٤٢Dukuyemwo abo Imana izoba yahezagiye kuko ariyo ifise ubushobozi n’imigisha ihagije إِنَّ شَجَرَتَ ٱلزَّقُّومِ ٤٣Ntankeka hari igiti citiriwe Zaqquum طَعَامُ ٱلۡأَثِيمِ ٤٤N’igifungura abahakanyi b’Imana y’ukuri كَٱلۡمُهۡلِ يَغۡلِي فِي ٱلۡبُطُونِ ٤٥Ni nk’umujumpu washuhijwe ubirira munda zabo كَغَلۡيِ ٱلۡحَمِيمِ ٤٦Ukabira nk’amazi y’amarike خُذُوهُ فَٱعۡتِلُوهُ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ ٤٧Nimu mufate kandi mumute mu muriro udahera witiriwe Jahannamu ثُمَّ صُبُّواْ فَوۡقَ رَأۡسِهِۦ مِنۡ عَذَابِ ٱلۡحَمِيمِ ٤٨Hanyuma mumusukire hejuru y’umutwe wiwe y’amazi ashushe y’amarike ahonje ibihano vyayo mazi ذُقۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡكَرِيمُ ٤٩Nuhonje, wari mubabtu b’inguvu kandi bafise n’iteka إِنَّ هَٰذَا مَا كُنتُم بِهِۦ تَمۡتَرُونَ ٥٠Mu vy’ukuri ibi nivya bihano mwahora muharira ko إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي مَقَامٍ أَمِينٍ ٥١Ntankeka bamwe batinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mubibanza vy’amahoro فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ٥٢Bazoba bari mumirima irimwo n’amasoko y’amazi يَلۡبَسُونَ مِن سُندُسٍ وَإِسۡتَبۡرَقٍ مُّتَقَٰبِلِينَ ٥٣Bazo kwambara impuzu zihwahutse nizi remereye kandi barabana كَذَٰلِكَ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٍ ٥٤Uku niko tuzoha abo bazo kwubakana nabo iyo mw’ijuru يَدۡعُونَ فِيهَا بِكُلِّ فَٰكِهَةٍ ءَامِنِينَ ٥٥Bazoba iyo mw’ijuru baronka ubwoko bwose bw’ivyamwa kandi babeyo mumahoro ntangere لَا يَذُوقُونَ فِيهَا ٱلۡمَوۡتَ إِلَّا ٱلۡمَوۡتَةَ ٱلۡأُولَىٰۖ وَوَقَىٰهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ ٥٦Iyo mw’ijuru ntibazo honjerayo urupfu atari rwarupfu rwambere, n’Imana izobakingira n’ibihano vyo muriro witiriwe Jahannamu فَضۡلًا مِّن رَّبِّكَۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ ٥٧Kumihezagiro izoba ivuye ku Muremyi wawe iyo niyo izoba ari itsinzi ikomeye cane فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ ٥٨Rero twebwe twayoroheje cane iyi Qur’aani ntagatifu kururimi rwawe kugira ngo abantu bibuke فَٱرۡتَقِبۡ إِنَّهُم مُّرۡتَقِبُونَ ٥٩Nurindire gusa nabone aho bari bararindiriye

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.