Millat al-Islam

Chapter 51 · 60 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Adh-Dhariyat in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Adh-Dhariyat (1246 reciters)

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلذَّٰرِيَٰتِ ذَرۡوًا ١Ndarahiye kumiyaga isanzazwa bimwe bikwiye فَٱلۡحَٰمِلَٰتِ وِقۡرًا ٢Yikorera ibintu biremereye cane فَٱلۡجَٰرِيَٰتِ يُسۡرًا ٣Ikagenda nayo n’ubwitonzi ntangere فَٱلۡمُقَسِّمَٰتِ أَمۡرًا ٤Hanyuma ikayagaba nganya kw’itegeko ry’Imana إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَصَادِقٌ ٥Mu vy’ukuri muvyo mwemerewe ni vy’ukuri وَإِنَّ ٱلدِّينَ لَوَٰقِعٌ ٦Mu vy’ukuri ntankeka impembo yanyu izoboneka وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡحُبُكِ ٧Ndarahiye kuri aya majuru afise amashusho meza إِنَّكُمۡ لَفِي قَوۡلٍ مُّخۡتَلِفٍ ٨Yuko mwebwe mufise imvugo idahuje n’iyindi يُؤۡفَكُ عَنۡهُ مَنۡ أُفِكَ ٩Ahindurwa n’ukuri kuri iyo mvugo agahindurwa قُتِلَ ٱلۡخَرَّٰصُونَ ١٠Abadukanyi bw’ibintu bazo honywa ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي غَمۡرَةٍ سَاهُونَ ١١Abari mubujuju bajuragizwa n’ubwo bujuju يَسۡـَٔلُونَ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلدِّينِ ١٢Babaza bati:- ni ryari umusi w’intahe يَوۡمَ هُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ يُفۡتَنُونَ ١٣Uwo musi bazohanirwa bari mu muriro udahera ذُوقُواْ فِتۡنَتَكُمۡ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ ١٤Ni muhonje ibihano vyanyu, kuko ibi vyose nivyo mwahora muhimiriza إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ١٥Mu vy’ukuri aba gamburukira Imana yabo y’ukuri bazoba bari mu mirima myiza hamwe n’amasoko y’amazi y’umusarara ءَاخِذِينَ مَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُحۡسِنِينَ ١٦Bakira ivyo Umuremyi wabo yabahaye, mu vy’ukuri bahora bagira ineza imbere yibi vyose كَانُواْ قَلِيلًا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مَا يَهۡجَعُونَ ١٧Bahora baryama itiro rikeyi cane mugihe c’ijoro وَبِٱلۡأَسۡحَارِ هُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ ١٨Basaba imbabazi mugihe c’imbere y’umutwenzi وَفِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقٌّ لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ ١٩No mu matungo yabo hari ngombwa yuguha umukene asegereza hamwe n’uwigumya mukuda saba وَفِي ٱلۡأَرۡضِ ءَايَٰتٌ لِّلۡمُوقِنِينَ ٢٠No kuri iy’Isi harimwo ibimenyetso kubafise ivyemezo nyakuri وَفِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ ٢١No mumitima yanyu, mbega ntavyo mubona وَفِي ٱلسَّمَآءِ رِزۡقُكُمۡ وَمَا تُوعَدُونَ ٢٢No mu Majuru hariho imigisha yanyu kandi mwemerewe فَوَرَبِّ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِنَّهُۥ لَحَقٌّ مِّثۡلَ مَآ أَنَّكُمۡ تَنطِقُونَ ٢٣Rero ndarahiye ku Muremyi w’Ijuru n’Isi yuko mu vy’ukuri ibi vyose ni vy’ukuri nkuko bimeze n’ingene mubivuga هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ ٢٤Mbega warashikiwe n’inkuru z’abashitsi b’iteka b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمًاۖ قَالَ سَلَٰمٌ قَوۡمٌ مُّنكَرُونَ ٢٥Mugihe binjira munzu yiwe bavuga bati:- Amahoro y’Imana abe kuri wewe ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) nawe abishura ati:- Amahoro y’Imana abe kuri mwebwe bashitsi ntamenye فَرَاغَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ فَجَآءَ بِعِجۡلٍ سَمِينٍ ٢٦Mukanya aca agenda murugo iwe no kumutambukanyi wiwe arabazimana intama nziza inuze فَقَرَّبَهُۥٓ إِلَيۡهِمۡ قَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ ٢٧Arabashikiriza hafi y’abo n’ukuvuga ati:- mbega ko muda fungura فَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةًۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ وَبَشَّرُوهُ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٍ ٢٨Aca abagirira ko amakenga, nabo baca bavuga bati:- ntutinye, nabo baca bamushikiriza inkuru nziza z’ikibondo gifise ubumenyi buhagije فَأَقۡبَلَتِ ٱمۡرَأَتُهُۥ فِي صَرَّةٍ فَصَكَّتۡ وَجۡهَهَا وَقَالَتۡ عَجُوزٌ عَقِيمٌ ٢٩Ninaho umunega w’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) y’aba tumbera nawe avuga yikubita mumaso n’igitangaro cinshi avuga ati:- umukecuru nkanje kandi w’ingumba nzo vyara قَالُواْ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ ٣٠Nabo bamwishura bati:- egome, nuko nyene n’uko Umuremyi wawe yabivuze, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubuhizi ifise n’ubumenyi bw’ibintu vyose

Juz 27

۞ قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ ٣١Yavuze ati:- none ivyipfuzo vyanyu n’ibihe mwebwe mwarungitswe قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٍ مُّجۡرِمِينَ ٣٢Nabo bishura bati:- mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kugira ngo tugende guhonya b’abantu babi لِنُرۡسِلَ عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةً مِّن طِينٍ ٣٣Kugira ngo tubajugunyire ko iminana y’ivyondo vy’umuriro مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُسۡرِفِينَ ٣٤Yashizwe ko ibimenyetso n’Umuremyi wawe kubera abo bantu barenze imbibe z’Imana kubijanye n’ibicumuro vyabo فَأَخۡرَجۡنَا مَن كَانَ فِيهَا مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٣٥Kubera ivyo, twakuye mwo abemeye Imana yabo y’ukuri bari muri ico gisagara فَمَا وَجَدۡنَا فِيهَا غَيۡرَ بَيۡتٍ مِّنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ ٣٦Mugabo ntitwahasanze muri ico gisagara atari inzu imwe y’aba Isilamu وَتَرَكۡنَا فِيهَآ ءَايَةً لِّلَّذِينَ يَخَافُونَ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ ٣٧Dusigamwo ikimenyetso kuri bamwe batinya ibihano bibabaza وَفِي مُوسَىٰٓ إِذۡ أَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ ٣٨No kunkuru y’intumwa y’Imana Mussa (iii) igihe twamutwara kwa Fir’auni dufise ivyemezo biri k’umugaragaro فَتَوَلَّىٰ بِرُكۡنِهِۦ وَقَالَ سَٰحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ ٣٩Mugabo yarahakanye kubera ubushobozi bwiwe n’ukuvuga ati:- uyu muntu n’umurozi canke n’umusazi فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ وَهُوَ مُلِيمٌ ٤٠Duca turamufata hamwe n’ingabo ziwe n’ukuba jugunya mukiyaga, kandi nawe atabwa ko n’umwikomo وَفِي عَادٍ إِذۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلرِّيحَ ٱلۡعَقِيمَ ٤١No kunkuru y’intumwa y’Imana Aadi (iii) mugihe twaba rungikira umuyaga ukaze cane w’ukubahonya مَا تَذَرُ مِن شَيۡءٍ أَتَتۡ عَلَيۡهِ إِلَّا جَعَلَتۡهُ كَٱلرَّمِيمِ ٤٢Ntiwa sigaza ikintu icarico cose cawushikiye, ahubwo cawugize nk’umugozi uhoyahoya وَفِي ثَمُودَ إِذۡ قِيلَ لَهُمۡ تَمَتَّعُواْ حَتَّىٰ حِينٍ ٤٣N’inkuru zabo kwa Thamuda mugihe bavuga bati:- ni mwinezereze kugihe kigufiya gusa فَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَهُمۡ يَنظُرُونَ ٤٤Barahakana itegeko ry’Umuremyi wabo, mukanya isase umucanwa w’inkuba niwo wasokoye imitima yabo nabo bibonera فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مِن قِيَامٍ وَمَا كَانُواْ مُنتَصِرِينَ ٤٥Nti bashoboye guhagarara canke nti bashoboye kwirwanako وَقَوۡمَ نُوحٍ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا فَٰسِقِينَ ٤٦N’abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone imbere yabo, mu vy’ukuri bari mu bantu b’abahakanyi b’Imana y’ukuri وَٱلسَّمَآءَ بَنَيۡنَٰهَا بِأَيۡيْدٍ وَإِنَّا لَمُوسِعُونَ ٤٧N’amajuru twayagize k’ububasha bwacu, mu vy’ukuri ni twebwe bene ubushobozi bw’ibintu vyose وَٱلۡأَرۡضَ فَرَشۡنَٰهَا فَنِعۡمَ ٱلۡمَٰهِدُونَ ٤٨N’Isi twarayishashe, rero abayishashe neza twebwe turi mu bantu beza gute وَمِن كُلِّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَا زَوۡجَيۡنِ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ ٤٩Mu vy’ukuri ibintu vyose twabiremye harimwo ikigabo n’ikigore kugira ngo mutegere neza فَفِرُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٌ مُّبِينٌ ٥٠Rero ni mwirukire ku Mana, jewe kuri mwebwe ndi uwutuza k’umugaragaro mvuye iwe وَلَا تَجۡعَلُواْ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٌ مُّبِينٌ ٥١Kandi ntimugire uwundi kuba ariwe asengwa hamwe n’Imana, ntankeka jewe ndi mubatuza mboneka neza kuri mwebwe, kandi mvuye iwe كَذَٰلِكَ مَآ أَتَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا قَالُواْ سَاحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ ٥٢Nuko rero nta ntumwa y’Imana iyariyo yose yashikiye abamyeho imbere yabo atari uko bavuga bati:- uyu n’umurozi canke n’umusazi أَتَوَاصَوۡاْ بِهِۦۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٌ طَاغُونَ ٥٣Mbega harico bapfana nibi bintu? Mugabo n’abantu babi cane فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَمَآ أَنتَ بِمَلُومٍ ٥٤Ntaco ni mubareke gutyo nyene, na wewe ntuzo tabwako umwikomo وَذَكِّرۡ فَإِنَّ ٱلذِّكۡرَىٰ تَنفَعُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٥٥N’ubandanye ubibutsa, kuko uko kwibutsa kwawe niko kuzofasha abemera Imana yabo y’ukuri وَمَا خَلَقۡتُ ٱلۡجِنَّ وَٱلۡإِنسَ إِلَّا لِيَعۡبُدُونِ ٥٦Sinaremye ibisigo n’abantu mugabo n’uko bonsega مَآ أُرِيدُ مِنۡهُم مِّن رِّزۡقٍ وَمَآ أُرِيدُ أَن يُطۡعِمُونِ ٥٧Sinkeneye kuribo imigisha iyariyo yose, canke sinkeneye kuribo yuko bondisha إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلرَّزَّاقُ ذُو ٱلۡقُوَّةِ ٱلۡمَتِينُ ٥٨Mu vy’ukuri Imana niyo mutanzi w’imigisha, kandi niyo nyene ubushobozi bukwiye فَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذَنُوبًا مِّثۡلَ ذَنُوبِ أَصۡحَٰبِهِمۡ فَلَا يَسۡتَعۡجِلُونِ ٥٩Mu vy’ukuri bamwe bahemukiye imitima yabo bazoba bafise ahandi hantu nkaha bagenzi babo bari, rero ntiba ntware gihuti huti فَوَيۡلٌ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن يَوۡمِهِمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ ٦٠Ibihano bikaze cane bizoshikira bamwe bahakana umusi wabo bemerewe

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.