Millat al-Islam

Chapter 7 · 206 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-A'raf in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-A'raf (1239 reciters)
Meccanسورة الأعراف206 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓصٓ ١Alif, Laam, Miiym, Swaad. (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa) كِتَٰبٌ أُنزِلَ إِلَيۡكَ فَلَا يَكُن فِي صَدۡرِكَ حَرَجٌ مِّنۡهُ لِتُنذِرَ بِهِۦ وَذِكۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ ٢N’igitabu camanuwe kuri wewe, kandi ntugire amazinda k’umuzirikanyi wawe, kugira ngo ushobore gutuza ugikoresheje, kandi kibe arico ushikirizako ubutumwa ku bantu bemeye Imana yabo y’ukuri ٱتَّبِعُواْ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ وَلَا تَتَّبِعُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَۗ قَلِيلًا مَّا تَذَكَّرُونَ ٣Nimukurikire ivyo mwamanuriwe bivuye ku Muremyi wanyu, kandi ntimukurikire abo mwizeye yuko aribo babakingiye aho kwizera Imana, ivyo navyo nibikeyi cane mwibuka وَكَم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَا فَجَآءَهَا بَأۡسُنَا بَيَٰتًا أَوۡ هُمۡ قَآئِلُونَ ٤N’ibisagara bingahe twahoneje n’igihe hashika ibihano vyacu mw’ijoro canke mugihe co k’umutaga nabo basinziriye فَمَا كَانَ دَعۡوَىٰهُمۡ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَآ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ٥Rero nticari ikigandaro cabo mugihe bashikirwa n’ibihano vyacu atari uko bavuga bati:- ntankeka twebwe twari twarahemukiye imitima yacu فَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلَّذِينَ أُرۡسِلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٦Mu vy’ukuri tuzoba baza bamwe barungikirwa intumwa z’Imana, duteko tubabaze iyo bajanywe فَلَنَقُصَّنَّ عَلَيۡهِم بِعِلۡمٍۖ وَمَا كُنَّا غَآئِبِينَ ٧Kandi tuzobabwira k’ubumenyi bwacu muvyo bagize, kandi ntitwari kure yabo mugire babigira وَٱلۡوَزۡنُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّۚ فَمَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ٨Kuri uwo musi igipimo kizoba kingana, rero abazoba bafise uburemere buremeye cane abo nibo bazoba bafise intsinzi nyakuri وَمَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُم بِمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَظۡلِمُونَ ٩Nayo abazoba bafise uburemere buhwahutse abo nibo bataye mukaga imitima yabo kubera ubwishime bw’aya majambo matagatifu y’Imana وَلَقَدۡ مَكَّنَّٰكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَۗ قَلِيلًا مَّا تَشۡكُرُونَ ١٠Mu vy’ukuri twaraba tsimbataje kuri iy’Isi, kandi twaraba shiriyemwo ibikenewe mu buzima bwanyu, rero n’ikenguruka rikeyi gusa mukenguruka وَلَقَدۡ خَلَقۡنَٰكُمۡ ثُمَّ صَوَّرۡنَٰكُمۡ ثُمَّ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ لَمۡ يَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ ١١Mu vy’ukuri twarabaremye hanyuma tubashirira ho amashusho, hanyuma tubwira abamarayika duti:- nimupfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii), baca barapfukama bose dukuyemwo uwitwa Ibilisi yavumwe niwe atari mubapfukamye قَالَ مَا مَنَعَكَ أَلَّا تَسۡجُدَ إِذۡ أَمَرۡتُكَۖ قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٌ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٍ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٍ ١٢Imana yavuze iti:- n’igiki cakubujije kumupfukamira mugihe nagutegeka? Nayo imwishura iti:- jewe ndi mwiza gusumba we, jewe wandemye mu muriro, nawe umurema mw’ivu قَالَ فَٱهۡبِطۡ مِنۡهَا فَمَا يَكُونُ لَكَ أَن تَتَكَبَّرَ فِيهَا فَٱخۡرُجۡ إِنَّكَ مِنَ ٱلصَّٰغِرِينَ ١٣Imana ivuga iti:- numanuke uve mw’ijuru, kandi ntibikenewe kugira amanyama ng’aha mw’ijuru, nuveyo mu vy’ukuri wewe uri mu bantu bakengerwa قَالَ أَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ١٤Nawe yishura ati:- numpe umwanya simpfe kugeza k’umusi waho bazozurwa abantu bose قَالَ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ ١٥Imana ivuga iti:- mu vy’ukuri wewe uzoba uri mubahawe umwanya قَالَ فَبِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأَقۡعُدَنَّ لَهُمۡ صِرَٰطَكَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ ١٦Shetani ivuga iti:- kubera yuko unciriye urubanza rw’ukuzimira, nanje nzobicarira abantu bawe munzira yawe igororotse ثُمَّ لَأٓتِيَنَّهُم مِّنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ وَعَنۡ أَيۡمَٰنِهِمۡ وَعَن شَمَآئِلِهِمۡۖ وَلَا تَجِدُ أَكۡثَرَهُمۡ شَٰكِرِينَ ١٧Hanyuma nzobashikira imbere yabo n’inyuma yabo n’iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo, kuko benshi muribo ntuzobasanga bari mu bantu bagukengurukira قَالَ ٱخۡرُجۡ مِنۡهَا مَذۡءُومًا مَّدۡحُورًاۖ لَّمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكُمۡ أَجۡمَعِينَ ١٨Imana ivuga iti:- nuve ngaho mw’ijuru nawe uri mubakengerwa n’ukwirukanwa n’uwuzo gukurikira muribo nzoca nuzuza umuriro udahera witiriwe Jahannamu kuri mwese وَيَٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ فَكُلَا مِنۡ حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ ١٩Na wewe Adamu (iii) n’uvyagire ng’aha mw’ijuru hamwe n’umutambukanyi wawe, kandi mufungure aho mushaka hose, mugabo ntimwegere kuri iki giti kugira ngo ntimube mubahemukiye imitima yanyu فَوَسۡوَسَ لَهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ لِيُبۡدِيَ لَهُمَا مَا وُۥرِيَ عَنۡهُمَا مِن سَوۡءَٰتِهِمَا وَقَالَ مَا نَهَىٰكُمَا رَبُّكُمَا عَنۡ هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةِ إِلَّآ أَن تَكُونَا مَلَكَيۡنِ أَوۡ تَكُونَا مِنَ ٱلۡخَٰلِدِينَ ٢٠Rero Shetani yarabashizemwo impungenge kugira ngo ibereke ibitera soni vyabo vyanyegejwe n’ukuvuga iti:- Umuremyi wanyu ntiyababujije kuri iki giti mugabo yababujije kugira ngo ntimuze mube Abamarayika canke ngo ntimuze mube mubazoramba mubuzima bw’abo bwose وَقَاسَمَهُمَآ إِنِّي لَكُمَا لَمِنَ ٱلنَّٰصِحِينَ ٢١Nayo Shetani irabarahira iti:- mu vy’ukuri nd’umwe mubahanura impanuro nziza kuri mwebwe فَدَلَّىٰهُمَا بِغُرُورٍۚ فَلَمَّا ذَاقَا ٱلشَّجَرَةَ بَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۖ وَنَادَىٰهُمَا رَبُّهُمَآ أَلَمۡ أَنۡهَكُمَا عَن تِلۡكُمَا ٱلشَّجَرَةِ وَأَقُل لَّكُمَآ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لَكُمَا عَدُوٌّ مُّبِينٌ ٢٢Rero Shetani ica ibafatira mukubahenda kwayo mugihe bahonja kuri cagiti, ibimaramare vyabo bica bira bonekena nuguca binjira kwimadikako ivyatsi vyo mw’ijuru, n’Umuremyi wabo aca arabahamagara nukuba bwira iti:- mbega sinababujije kuri iki giti nukubabwira yuko Shetani ari umwansi wanyu wo k’umugaragaro قَالَا رَبَّنَا ظَلَمۡنَآ أَنفُسَنَا وَإِن لَّمۡ تَغۡفِرۡ لَنَا وَتَرۡحَمۡنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٢٣Bavuze bati:- Muremyi wacu, twarahemukiye imitima yacu, nutatugirira ikigongwe nukutugirira impuhwe zawe, ntankeka tuzoba turi mu bantu bo muruhombo قَالَ ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوٌّۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرٌّ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٍ ٢٤Imana ivuga iti:- nimumanuke mwebwe, kuri mwebwe mubaye abansi, n’ubwicaro bwanyu buzoba buri kw’Isi hamwe nukwinezereza kwanyu kugeza kukiringo nzoshakira jewe Mana قَالَ فِيهَا تَحۡيَوۡنَ وَفِيهَا تَمُوتُونَ وَمِنۡهَا تُخۡرَجُونَ ٢٥Imana ivuga iti:- muzobayo, kandi mupfireyo, kandi mukurweyo يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ قَدۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمۡ لِبَاسًا يُوَٰرِي سَوۡءَٰتِكُمۡ وَرِيشًاۖ وَلِبَاسُ ٱلتَّقۡوَىٰ ذَٰلِكَ خَيۡرٌۚ ذَٰلِكَ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ ٢٦Mwebwe bantu, mu vy’ukuri twarabamanuriye impuzu zipfuka ibitsina vyanyu, hamwe n’impuzu z’ibisharizo, hamwe n’impuzu z’urupfasoni nizo mpuzu nziza, ivyo vyose nimubimenyetso vy’imihezagiro y’Imana kugira ngo bibuke يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ لَا يَفۡتِنَنَّكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ كَمَآ أَخۡرَجَ أَبَوَيۡكُم مِّنَ ٱلۡجَنَّةِ يَنزِعُ عَنۡهُمَا لِبَاسَهُمَا لِيُرِيَهُمَا سَوۡءَٰتِهِمَآۚ إِنَّهُۥ يَرَىٰكُمۡ هُوَ وَقَبِيلُهُۥ مِنۡ حَيۡثُ لَا تَرَوۡنَهُمۡۗ إِنَّا جَعَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ ٢٧Mwebwe bantu, Shetani ntibate mukaga nkuko yakuye abavyeyi banyu mw’ijuru nukubambura impuzu zabo kugira ngo yerekane ibitsina vyabo, mu vy’ukuri wewe hamwe n’ubwoko bwiwe barababona, mugihe namwe mutababona, ntankeka twebwe twarabahaye ayo mashetani kuba abagenzi babamwe batemera Imana yabo y’ukuri وَإِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةً قَالُواْ وَجَدۡنَا عَلَيۡهَآ ءَابَآءَنَا وَٱللَّهُ أَمَرَنَا بِهَاۗ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَأۡمُرُ بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ ٢٨Mugihe bagize ibintu vy’umwanda bavuga bati:- twabisanganye abavyeyi bacu n’Imana niyo yadutegetse kugira ibi vyose, nawe vuga uti:- Imana ntitegeka ibintu bibi, nkuko mubivuga hejuru y’Imana kuvyo mutazi قُلۡ أَمَرَ رَبِّي بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَقِيمُواْ وُجُوهَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٍ وَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۚ كَمَا بَدَأَكُمۡ تَعُودُونَ ٢٩Vuga uti:- Umuremyi wanje niwe yategetse ubutungane, rero nimutumbereze amaso yanyu mugihe c’ugusenga kubisabisho vyose, kandi muyisenge yonyene gusa kubugamburutsi ntangere, nkuko yabaremye ubwambere, niko izobagarura iwe فَرِيقًا هَدَىٰ وَفَرِيقًا حَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلضَّلَٰلَةُۚ إِنَّهُمُ ٱتَّخَذُواْ ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُم مُّهۡتَدُونَ ٣٠Umurwi umwe yarawurongoye n’uwundi nawo vyaramenyekanye yuko uri muruhombo, mu vy’ukuri uwo murwi wagize Amashetani kuba ariyo abakingira aho gukingirwa n’Imana, kandi bakiyumvira yuko aribo barongotse ۞ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ خُذُواْ زِينَتَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٍ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ ٣١Mwebwe bantu, nimufate ibisharizo vyanyu igihe cose c’ugusenga, kandi mufungure hamwe n’ukunywa neza mugabo ntimurenze urugero, mu vy’ukuri Imana ntikunda abarenza urugero قُلۡ مَنۡ حَرَّمَ زِينَةَ ٱللَّهِ ٱلَّتِيٓ أَخۡرَجَ لِعِبَادِهِۦ وَٱلطَّيِّبَٰتِ مِنَ ٱلرِّزۡقِۚ قُلۡ هِيَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا خَالِصَةً يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٍ يَعۡلَمُونَ ٣٢Vuga uti:- ni nde yabujije ibisharizo vy’Imana yakuriye ku bantu bayo none ni nde yabujije ibintu vyiza mubifungurwa, vuga uti:- ivyo bintu vyose birekuriwe kuba Isilamu k’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi bizoba ari rwabo kugeza k’umusi w’imperuka, uku rero niko tumenyesha aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bafise ubumenyi buhagije قُلۡ إِنَّمَا حَرَّمَ رَبِّيَ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَ وَٱلۡإِثۡمَ وَٱلۡبَغۡيَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَأَن تُشۡرِكُواْ بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنًا وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ ٣٣Vuga uti:- Umuremyi wanje yarabujije ibintu vy’umwanda biboneka hamwe n’ibitaboneka hamwe n’ibicumuro bivuye kubakuru ata kuri nakumwe bafise, n’ukugereranya Imana n’ibindi bintu hamwe n’ivyo itamanuriyeko ivyemezo hamwe n’ukuvuga hejuru y’Imana kuvyo mutazi وَلِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٌۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَأۡخِرُونَ سَاعَةً وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ ٣٤N’abantu abaribo bose barafise ikiringo cabo, nibashikirwa nico kiringo ntibazoteba n’isaha n’imwe, canke ntibazotanga imbere ico kiringo cabo kitara shika يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ إِمَّا يَأۡتِيَنَّكُمۡ رُسُلٌ مِّنكُمۡ يَقُصُّونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِي فَمَنِ ٱتَّقَىٰ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ ٣٥Mwebwe bantu nimwashikirwa n’intumwa z’Imana zo muri mwebwe zibamenyesha amajambo yanje, rero abazo kwikinga nivyo babujijwe, nukugira ineza ntabwoba buzoba buri kuribo kandi ntibazo teterwa وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ٣٦Na bamwe bahakanye amajambo yacu nukuyagirirako ubwishime, abo bantu bazoba arabo mumuriro udahera bazobayo mubuzima bwabo bwose فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ يَنَالُهُمۡ نَصِيبُهُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا يَتَوَفَّوۡنَهُمۡ قَالُوٓاْ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ ٣٧None ni nde azoba ari umuhemu mukuru gusumba uwabeshera Imana yiwe y’ukuri, canke uwuhakana amajambo yayo, aho hazoshika ahantu Imana yabandikiye kugeza aho bazoshikirwa n’intumwa zacu zizo bica, aho niho bazobabwira bati:- bari hehe abo mwahora musenga aho gusenga Imana y’ukuri? Nabo bazo kwishura bati:- barazimanganye kandi bazokwibera ivyabona bonyene yuko bari abahakanyi b’Imana قَالَ ٱدۡخُلُواْ فِيٓ أُمَمٍ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُم مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ فِي ٱلنَّارِۖ كُلَّمَا دَخَلَتۡ أُمَّةٌ لَّعَنَتۡ أُخۡتَهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا ٱدَّارَكُواْ فِيهَا جَمِيعًا قَالَتۡ أُخۡرَىٰهُمۡ لِأُولَىٰهُمۡ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ أَضَلُّونَا فَـَٔاتِهِمۡ عَذَابًا ضِعۡفًا مِّنَ ٱلنَّارِۖ قَالَ لِكُلٍّ ضِعۡفٌ وَلَٰكِن لَّا تَعۡلَمُونَ ٣٨Imana izovuga iti:- nimwinjire mumuriro udahera hamwe n’abandi bantu bamyeho imbere yanyu b’ibisigo n’abantu, uko hazokwinjiramwo abantu uzovuma abandi kugeza aho bazo kwegeranywa bose muri uwo muriro udahera, hanyuma abanyuma babo bazovuga kubera aba mbere babo bati:- Muremyi wacu aba bantu nibo batuzimije, rero nubahe ibihano vyo muriro udahera vy’incuro zibiri, hanyuma ice ivumera iti:- ibihano bizoba kuri mwese kandi bikabije vy’incuro zibiri mugabo mwebwe ntana kimwe muzi وَقَالَتۡ أُولَىٰهُمۡ لِأُخۡرَىٰهُمۡ فَمَا كَانَ لَكُمۡ عَلَيۡنَا مِن فَضۡلٍ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ ٣٩N’abambere babo bazovuga babwira abanyuma babo bati:- rero namwe nyene ntamigisha mwari mufise gusumba twebwe, kuri ivyo nimuhonje ibihano kubera ivyo mwahora mugira إِنَّ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَا لَا تُفَتَّحُ لَهُمۡ أَبۡوَٰبُ ٱلسَّمَآءِ وَلَا يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ حَتَّىٰ يَلِجَ ٱلۡجَمَلُ فِي سَمِّ ٱلۡخِيَاطِۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُجۡرِمِينَ ٤٠Mu vy’ukuri bamwe bahakana amajambo yacu matagatifu nukuyagirirako ubwishime, abo bantu ntibazo kwugurirwa imiryango y’Ijuru kandi ntibazo kwinjira mw’ijuru kugeza aho Ingamiya izo kwinjira muntoboro y’urushinge, kandi uku niko duhemba abagizi b’inabi لَهُم مِّن جَهَنَّمَ مِهَادٌ وَمِن فَوۡقِهِمۡ غَوَاشٍۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ ٤١Bazoba bafise ubusaswa bw’umuriro witiriwe Jahannamu no hejuru yabo hariho impuzu z’ukwipfuka zuwo muriro nyene, uku rero niko duhemba abahemukiye imitima yabo وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ٤٢Nabamwe bemera Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, twebwe ntiduhatagiza umuntu uwariwe wese atari kububasha bwiwe, abo nibo bantu bo mw’Ijuru bazobayo mu buzima bwabo bwose وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلٍّ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي هَدَىٰنَا لِهَٰذَا وَمَا كُنَّا لِنَهۡتَدِيَ لَوۡلَآ أَنۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُۖ لَقَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّۖ وَنُودُوٓاْ أَن تِلۡكُمُ ٱلۡجَنَّةُ أُورِثۡتُمُوهَا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٤٣Tuzokuraho ingorane ziri mubikiriza vyabo hanyuma imbere yabo habe haraca inzuzi, hanyuma bazovuga bati:- ihayagizwa ryose ryiza niryo rikwiriye Imana, kuko ariyo yaturongoye muri iyi migisha turimwo, kandi ntitwari kuba turi mu bantu barongotse turi twenyene iyo Imana itaturongora, intumwa z’Umuremyi wacu nibo bazanye ukuri kandi aribo bazobwirwa yuko iri ariryo Juru mwemerewe kubera ivyo mwahora mugira وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ أَن قَدۡ وَجَدۡنَا مَا وَعَدَنَا رَبُّنَا حَقًّا فَهَلۡ وَجَدتُّم مَّا وَعَدَ رَبُّكُمۡ حَقًّاۖ قَالُواْ نَعَمۡۚ فَأَذَّنَ مُؤَذِّنُۢ بَيۡنَهُمۡ أَن لَّعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلظَّٰلِمِينَ ٤٤N’abantu bo mw’ijuru bazohamagara abantu bo mumuriro udahera bababwire bati:- twebwe twasanze ivyo Umuremyi wacu yatwemereye ari ivy’ukuri, mbega namwe mwasanze ivyo Umuremyi wanyu yabemereye ari ivy’ukuri? Nabo bazo vuga bati:- egome, rero uwuzo hamagara azo hamagara hagati yabo avuge ati:- umuvumo w’Imana uri kubahemukiye Imana yabo ٱلَّذِينَ يَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَيَبۡغُونَهَا عِوَجًا وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ كَٰفِرُونَ ٤٥Abamye bazitira abantu munzira y’Imana y’ukuri, nugushaka kuyihuvya n’ukutemera umusi w’imperuka وَبَيۡنَهُمَا حِجَابٌۚ وَعَلَى ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٌ يَعۡرِفُونَ كُلَّۢا بِسِيمَىٰهُمۡۚ وَنَادَوۡاْ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَن سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۚ لَمۡ يَدۡخُلُوهَا وَهُمۡ يَطۡمَعُونَ ٤٦No hagati yabo hazoba hari abandi bantu no hejuru yaho hantu hunamutse hazoba hari abantu bazobamenya kubimenyetso vyabo hanyuma bazohamagara abantu bo mw’ijuru bavuga bati:- Amahoro y’Imana abe kuri mwebwe, nabo bakaba batarinjira mw’Ijuru mugabo bizeye yuko bazokwinjira mw’Ijuru ۞ وَإِذَا صُرِفَتۡ أَبۡصَٰرُهُمۡ تِلۡقَآءَ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ قَالُواْ رَبَّنَا لَا تَجۡعَلۡنَا مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ ٤٧N’amaso yabo ahindukijwe ku bantu bo mumuriro udahera, bazoca bavuga bati:- Muremyi wacu ntudushire hamwe n’abantu bahemukiye imitima yabo وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالًا يَعۡرِفُونَهُم بِسِيمَىٰهُمۡ قَالُواْ مَآ أَغۡنَىٰ عَنكُمۡ جَمۡعُكُمۡ وَمَا كُنتُمۡ تَسۡتَكۡبِرُونَ ٤٨Nabo bazoba bari ahantu hataramutse bahamagara abantu bo mumuriro udahera babazi kubimenyetso vyabo bababwire bati:- ubwinshi bwanyu ntibwabafajije hamwe nivyo mwahora mwishimira ko أَهَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ أَقۡسَمۡتُمۡ لَا يَنَالُهُمُ ٱللَّهُ بِرَحۡمَةٍۚ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ لَا خَوۡفٌ عَلَيۡكُمۡ وَلَآ أَنتُمۡ تَحۡزَنُونَ ٤٩Mbega sibabandi mwahora murahirirako yuko Imana itazoba shikiriza imigisha yayo, rero ni mwinjire mw’Ijuru atabwoba buri hejuru yanyu, kandi ntimuzoteterwa وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَنۡ أَفِيضُواْ عَلَيۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ أَوۡ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُۚ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ حَرَّمَهُمَا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٥٠N’abantu bo muriro udahera bazohamagara abantu bo mw’Ijuru bati:- ni mudusesagurire amazi muvyo Imana yabahaye nabo bazo kwishura bati:- mu vy’ukuri Imana yarabujije ivyo bintu uko ari bibiri kubahakanyi b’Imana ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَهۡوًا وَلَعِبًا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ فَٱلۡيَوۡمَ نَنسَىٰهُمۡ كَمَا نَسُواْ لِقَآءَ يَوۡمِهِمۡ هَٰذَا وَمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَجۡحَدُونَ ٥١Abagize idini ryabo kuba nk’ikintu ataco kimaze canke igikinisho, n’ubuzima bwo kw’Isi burabahenda, natwe uno musi turabibagiye nkuko bibagiye ikoraniro ry’uwu musi wabo, kubera kurya guhakana amajambo yacu matagatifu وَلَقَدۡ جِئۡنَٰهُم بِكِتَٰبٍ فَصَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ عِلۡمٍ هُدًى وَرَحۡمَةً لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ ٥٢Twabazaniye igitabu twatandukanije neza hamwe n’ubumenyi bwacu, buri murico n’uburongozi n’imigisha ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّا تَأۡوِيلَهُۥۚ يَوۡمَ يَأۡتِي تَأۡوِيلُهُۥ يَقُولُ ٱلَّذِينَ نَسُوهُ مِن قَبۡلُ قَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّ فَهَل لَّنَا مِن شُفَعَآءَ فَيَشۡفَعُواْ لَنَآ أَوۡ نُرَدُّ فَنَعۡمَلَ غَيۡرَ ٱلَّذِي كُنَّا نَعۡمَلُۚ قَدۡ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ ٥٣Ntaco baraba ingaruka yavyo k’umusi hazoboneka ingaruka yavyo niho bazovuga bamwe batitayeho aho hambere, mu vy’ukuri intumwa z’Umuremyi wacu nibo bashikirije ukuri kwama, mbega turafise abasabizi kugira ngo badusabire? Canke tuzosubizwa kugira ngo tugire bimwe bitari birya twahora tugira, mu vy’ukuri bashize imitima yabo muruhombo n’ububeshi bwabo bwarabatakaranye ari bumwe bahora bategura إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٍ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَ يَطۡلُبُهُۥ حَثِيثًا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ وَٱلنُّجُومَ مُسَخَّرَٰتِۭ بِأَمۡرِهِۦٓۗ أَلَا لَهُ ٱلۡخَلۡقُ وَٱلۡأَمۡرُۗ تَبَارَكَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٥٤Mu vy’ukuri Umuremyi wanyu niyo Mana yaremye Amajuru n’Isi kumisi itandatu, hanyuma iganza hejuru y’inyegamo yayo ntagatifu ipfuka Ijoro k’Umutaga uwukurikira ningoga na ningoga, n’Izuba hamwe n’Ukwezi hamwe n’Inyeyeri vyaragamburukijwe kw’itegeko ry’ayo, kandi mumenye yuko ukurema hamwe n’amategeko yose ari rwiwe, irahayagijwe bimwe bikwiye kuko n’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose ٱدۡعُواْ رَبَّكُمۡ تَضَرُّعًا وَخُفۡيَةًۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُعۡتَدِينَ ٥٥Nimusabe Umuremyi wanyu n’ubwitonzi ntangere no mw’ibanga kw’ijwi rigufiya mutarinze gukoma induru kuko Imana ntikunda abarenga imbibe zayo وَلَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ بَعۡدَ إِصۡلَٰحِهَا وَٱدۡعُوهُ خَوۡفًا وَطَمَعًاۚ إِنَّ رَحۡمَتَ ٱللَّهِ قَرِيبٌ مِّنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ ٥٦Kandi ntimugire ubwononyi kuri iy’Isi mugihe imaze kugirwa neza, kandi muyisabe muyitinya n’ukuyizera, ntankeka imigisha y’Imana iri hafi cane n’abagira ineza وَهُوَ ٱلَّذِي يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦۖ حَتَّىٰٓ إِذَآ أَقَلَّتۡ سَحَابًا ثِقَالًا سُقۡنَٰهُ لِبَلَدٍ مَّيِّتٍ فَأَنزَلۡنَا بِهِ ٱلۡمَآءَ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦ مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِۚ كَذَٰلِكَ نُخۡرِجُ ٱلۡمَوۡتَىٰ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ ٥٧Nayo niyo itwara umuyaga yuko ari ikimenyetso kiri imbere y’ugushika kw’imigisha yayo, naho iyo miyaga yikorera ibicu biremereye tukayitwara kw’Isi yapfuye, hanyuma tukayamanura ayo mazi avuye muri ivyo bicu, kuri ivyo duca tunagisha ubwoko bw’ivyamwa vyose, uko rero niko tuzozura abapfuye kugira ngo mushobore kwibuka وَٱلۡبَلَدُ ٱلطَّيِّبُ يَخۡرُجُ نَبَاتُهُۥ بِإِذۡنِ رَبِّهِۦۖ وَٱلَّذِي خَبُثَ لَا يَخۡرُجُ إِلَّا نَكِدًاۚ كَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٍ يَشۡكُرُونَ ٥٨N’Isi nziza isohora ibiterwa vyayo kw’itegeko ry’Umuremyi wayo, n’Isi itameze neza ntaco itanga atari ingorane gusa, uko rero niko dutandukanya aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bashima لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ فَقَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓ إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ٥٩Twararungikiye intumwa y’Imana Nuhu (iii) ku bantu biwe nawe aca avuga ati:- emwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, mwebwe ntayindi Mana mufise atariyo yonyene gusa, mu vy’ukuri jewe ndabatinyira ibihano vyuwo musi uzoba mukuru قَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٦٠Abakuru b’abantu babo bavuze bati:- twebwe tukubona yuko uri mubuzimire buri k’umugaragaro قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي ضَلَٰلَةٌ وَلَٰكِنِّي رَسُولٌ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٦١Aca avuga ati:- mwebwe bantu banje, jewe sindi mubazimiye, ahubwo jewe nd’intumwa y’Imana mvuye k’Umuremyi w’ibiremwa vyose أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنصَحُ لَكُمۡ وَأَعۡلَمُ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ ٦٢Ndaba shikiriza ubutumwa bw’Umuremyi wanje kandi ndabahanura mfise ubumenyi bwo ku Mana bwivyo mwebwe mutazi أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٌ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٍ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡ وَلِتَتَّقُواْ وَلَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ ٦٣Mbega muratangara ndabashikirije ubutumwa buvuye ku Muremyi wanyu bushikirijwe n’umuntu ari umwe muri mwebwe kugira ngo abatuze muteko mutinye, kandi muze muronke impuhwe zayo فَكَذَّبُوهُ فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ وَأَغۡرَقۡنَا ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا عَمِينَ ٦٤Baramuhakanye duca turamurokora hamwe nabo bari kumwe nawe bari mubwato, hanyuma duca twibiza mumazi bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu, ntankeka abo bantu bari impumyi ۞ وَإِلَىٰ عَادٍ أَخَاهُمۡ هُودًاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥٓۚ أَفَلَا تَتَّقُونَ ٦٥N’abantu bo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) twaramurungikiye mwene wabo Hudu (iii) avuga ati:- mwebwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, kandi mwebwe nta Mana mufise atari Imana yonyene rudende, mbega mwebwe ntimutinya قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦٓ إِنَّا لَنَرَىٰكَ فِي سَفَاهَةٍ وَإِنَّا لَنَظُنُّكَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ ٦٦Babategetsi bahakanye bo mu bantu babo bavuze bati:- twebwe tukubona yuko wewe uri mubujuju, kandi tukakubona yuko uri mu bantu b’ababeshi قَالَ يَٰقَوۡمِ لَيۡسَ بِي سَفَاهَةٌ وَلَٰكِنِّي رَسُولٌ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٦٧Yavuze ati:- mwebwe bantu banje, jewe ntabujuju mfise mugabo jewe nd’intumwa y’Imana navuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنَا۠ لَكُمۡ نَاصِحٌ أَمِينٌ ٦٨Jewe ndabashikiriza ubutumwa bw’Umuremyi wanje nanje kuri mwebwe nd’umuhanuzi mwizigirwa أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٌ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٍ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡۚ وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ قَوۡمِ نُوحٍ وَزَادَكُمۡ فِي ٱلۡخَلۡقِ بَصۜۡطَةًۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ ٦٩Muratangara kubona mushikirizwa ubutumwa buvuye ku Muremyi wanyu k’umuntu umwe wo muri mwebwe kugira ngo abatuze kandi mwibuke abasigaye munyuma y’intumwa y’Imana Nuhu (iii) nukubongereza cane kw’iremwa ryanyu rero nimwibuke imigisha y’Imana kugira ngo muronke intsinzi nyakuri قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا لِنَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَحۡدَهُۥ وَنَذَرَ مَا كَانَ يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَا فَأۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ٧٠Bavuze bati:- mbega uje kugira ngo dusenge Imana yonyene rudende gusa hanyuma tureke gusenga ivyo bamye basenga abavyeyi bacu, rero nutuzanire ivyo watwemereye niwaba uri mubavugisha ukuri قَالَ قَدۡ وَقَعَ عَلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ رِجۡسٌ وَغَضَبٌۖ أَتُجَٰدِلُونَنِي فِيٓ أَسۡمَآءٍ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّا نَزَّلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ ٧١Nawe yishura ati:- ntankeka ibihano hamwe n’ishavu biramaze kubarwako rivuye ku Muremyi wanyu, kandi mukampaririza kubera amazina mwashizeho mwebwe n’abavyeyi banyu yuko ari amazina atamanuye afise ivyemezo, rero nimurindire nanje ndikumwe namwe mu bantu barindiriye فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ بِرَحۡمَةٍ مِّنَّا وَقَطَعۡنَا دَابِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۖ وَمَا كَانُواْ مُؤۡمِنِينَ ٧٢Rero natwe turamurokora hamwe nabo bari kumwe kumigisha yacu nukubaca imvutu bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu kandi ntibari mubemera Imana yabo y’ukuri وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحًاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٌ مِّن رَّبِّكُمۡۖ هَٰذِهِۦ نَاقَةُ ٱللَّهِ لَكُمۡ ءَايَةًۖ فَذَرُوهَا تَأۡكُلۡ فِيٓ أَرۡضِ ٱللَّهِۖ وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٍ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ ٧٣Nabo kwa Thamudu (iii) mwene wabo n’intumwa y’Imana Swalehe (iii) yavuze ati:- mwebwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, kuko mwebwe nta Muremyi mufise atari Imana yonyene rudende gusa, mu vy’ukuri muramaze gushikirwa n’igitangaro kiri k’umugaragaro kivuye k’Umuremyi wanyu, iyi nayo n’ingamiya y’inyana y’Imana ifise ikimenyetso kuri mwebwe, rero ni muyireke irishe kw’Isi y’Imana, kandi ntimuyigirire inabi iyariyo yose, hanyuma ntimuhave mumanukirwa n’ibihano bibabaza cane وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ عَادٍ وَبَوَّأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَتَّخِذُونَ مِن سُهُولِهَا قُصُورًا وَتَنۡحِتُونَ ٱلۡجِبَالَ بُيُوتًاۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ ٧٤Nimwibuke ingene babagiriye abasubiriye intumwa y’Imana Aadi (iii) nukubashira ahantu heza ng’aha kw’Isi, nukwubaka amazu maniniya yacami muri ako karere kabo, n’ukubaza amazu mumisozi, rero nimwibuke imigisha y’Imana, kandi ntimube abononyi kuri iy’Isi mukugira ubwononyi قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لِلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِمَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُمۡ أَتَعۡلَمُونَ أَنَّ صَٰلِحًا مُّرۡسَلٌ مِّن رَّبِّهِۦۚ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلَ بِهِۦ مُؤۡمِنُونَ ٧٥Baravuze abakuru bomuri bo bishima babwira bamwe banyarucari bemera Imana yabo y’ukuri muribo bati:- mbega muremera yuko intumwa y’Imana Swalehe (iii) yarungitswe n’Umuremyi wiwe, nabo bishura bati:- mu vy’ukuri twebwe turemera ivyo yarungikanywe قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا بِٱلَّذِيٓ ءَامَنتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ ٧٦Baca bavuga bamwe bishima gusumba abandi bati:- twebwe duhakanye ivyo mwebwe mwemera فَعَقَرُواْ ٱلنَّاقَةَ وَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ وَقَالُواْ يَٰصَٰلِحُ ٱئۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٧٧Baca bica ya Ngamiya n’ukwiyonkora kumategeko y’Umuremyi wabo n’ukuvuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Swalehe (iii), nutuzanire muvyo watwemereye niwaba wewe uri muntumwa z’Imana فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ ٧٨Ijugumizwa ry’Isi ryarabasokoye imitima yabo, basanga bapfiriye mubisagara vyabo فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَالَةَ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُحِبُّونَ ٱلنَّٰصِحِينَ ٧٩Rero intumwa y’Imana Swalehe (iii) abasiga aho nawe avuga ati:- mwebwe bantu banje, narabasigiye ubutumwa bw’Umuremyi wanje, kandi ndabahanura, mugabo mwebwe ntimwashimye ababa hanura وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مَا سَبَقَكُم بِهَا مِنۡ أَحَدٍ مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٨٠N’intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega mwebwe muriko muragira ibintu bibi vyaho ata n’umuntu n’umwe mubabaye ho imbere yanyu, kubintu bibi nk’ibi mubiremwa vy’Imana إِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةً مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ مُّسۡرِفُونَ ٨١Mwebwe muturukira inyuma y’abagabo nkamwe kuko aribo mwagomwe, aho kugomwa abapfasoni! Ariko mwebwe muri mu bantu b’abononyi وَمَا كَانَ جَوَابَ قَوۡمِهِۦٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَخۡرِجُوهُم مِّن قَرۡيَتِكُمۡۖ إِنَّهُمۡ أُنَاسٌ يَتَطَهَّرُونَ ٨٢Ntiyabaye inyishu yabo bantu biwe atari uko babwiranye bati:- nimubirukane mu gisagara canyu kuko ari abantu bisukuye فَأَنجَيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ كَانَتۡ مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ ٨٣Rero duca turokora intumwa y’Imana Lutwi (iii) hamwe n’abantu biwe bose, dukuyemwo umutambukanyi wiwe yari mubari inyuma وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرًاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ٨٤Hanyuma tubashungurira imvura nyinshi y’ibihano, rero nurabe ingene habaye amaherezo yabo bantu babi وَإِلَىٰ مَدۡيَنَ أَخَاهُمۡ شُعَيۡبًاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٌ مِّن رَّبِّكُمۡۖ فَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ بَعۡدَ إِصۡلَٰحِهَاۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٌ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ ٨٥N’abantu bokwa Madyani mwene wabo na Shuaibu (iii) yavuze ati:- mwebwe bantu banje nimusenge Imana yanyu y’ukuri kuko ntayindi Mana mufise atari iyi Mana yonyene mufise gusa kuko muramaze gushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro bivuye ku Muremyi wanyu, rero nimukwize neza na neza ibipimo vy’iminzani yanyu, kandi ntimubagabanirize abantu kubintu vyabo, kandi ntimugire ubwononyi ngaha kw’Isi munyuma yaho imaze gutegurwa neza, ibi rero nivyo vyiza kuri mwebwe nimwaba mwemera Imana yanyu y’ukuri وَلَا تَقۡعُدُواْ بِكُلِّ صِرَٰطٍ تُوعِدُونَ وَتَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ مَنۡ ءَامَنَ بِهِۦ وَتَبۡغُونَهَا عِوَجًاۚ وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ كُنتُمۡ قَلِيلًا فَكَثَّرَكُمۡۖ وَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ ٨٦Ntimwicare mumayira abiri mugutinyisha nukuzitirira abantu kw’idini ry’Imana kuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri, nugushaka kuyihuvya, kandi mwibuke mugihe mwari inkehwa nayo ibagira kuba muri benshi, nimurabe ingene yabaye amaherezo yabo bononyi وَإِن كَانَ طَآئِفَةٌ مِّنكُمۡ ءَامَنُواْ بِٱلَّذِيٓ أُرۡسِلۡتُ بِهِۦ وَطَآئِفَةٌ لَّمۡ يُؤۡمِنُواْ فَٱصۡبِرُواْ حَتَّىٰ يَحۡكُمَ ٱللَّهُ بَيۡنَنَاۚ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلۡحَٰكِمِينَ ٨٧Nihaba hari umurwi w’abantu muri mwebwe wemeye kuvyo narungikanywe hakaba n’uwundi murwi utemeye Imana y’ukuri, rero nimutenyenye kugeza aho Imana izocira urubanza ruri hagati yanyu, nayo niyo nziza kubaca manza

Juz 9

۞ قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لَنُخۡرِجَنَّكَ يَٰشُعَيۡبُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَكَ مِن قَرۡيَتِنَآ أَوۡ لَتَعُودُنَّ فِي مِلَّتِنَاۚ قَالَ أَوَلَوۡ كُنَّا كَٰرِهِينَ ٨٨Abategetsi bahora bishima mu bantu biwe bavuze bati:- ewe Shuaibu (iii) tuzogusohora wewe hamwe nabamwe bemeye Imana yabo y’ukuri muri kino gisagara cacu canke musubire mumico n’imigenzo yacu, nawe aca avuga ati:- mbega naho bidushavuza قَدِ ٱفۡتَرَيۡنَا عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا إِنۡ عُدۡنَا فِي مِلَّتِكُم بَعۡدَ إِذۡ نَجَّىٰنَا ٱللَّهُ مِنۡهَاۚ وَمَا يَكُونُ لَنَآ أَن نَّعُودَ فِيهَآ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ رَبُّنَاۚ وَسِعَ رَبُّنَا كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًاۚ عَلَى ٱللَّهِ تَوَكَّلۡنَاۚ رَبَّنَا ٱفۡتَحۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَ قَوۡمِنَا بِٱلۡحَقِّ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡفَٰتِحِينَ ٨٩Ntankeka twebwe twarabesheye Imana, nitwasubira mumico n’imigenzo yanyu munyuma yaho Imana yamaze kuturokora nivyo vyose, kandi ntibizobaho kuri twebwe gusubira muri iyo mico n’imigenzo kiretse Imana yonyene ibishatse ariyo Muremyi wacu, ikikujwe n’ibintu vyose k’ubumenyi bwayo bwose, ku Mana niyo twizeye, Muremyi wacu nuducire urubanza rw’ukuri ruri hagati yacu hamwe n’abagenzi bacu, na wewe ni wewe mwiza mubaca manza b’ukuri وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لَئِنِ ٱتَّبَعۡتُمۡ شُعَيۡبًا إِنَّكُمۡ إِذًا لَّخَٰسِرُونَ ٩٠Babategetsi bahakanye Imana yabo y’ukuri baciye bavuga bati:- nimwa kurikira uyo Shuaibu, aho ntankenka muzoba muri muruhombo فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ ٩١Rero ijugumizo ry’Isi ryarasokoye imitima yabo, baba abatishoboye mugisagara cabo ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبًا كَأَن لَّمۡ يَغۡنَوۡاْ فِيهَاۚ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ شُعَيۡبًا كَانُواْ هُمُ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٩٢Abahakanye intumwa y’Imana Shuaibu (iii) bakaba nkuko batamyeho aho hantu, rero bamwe bahakanye intumwa y’Imana Shuaibu (iii) nibo bantu bari muruhombo فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡۖ فَكَيۡفَ ءَاسَىٰ عَلَىٰ قَوۡمٍ كَٰفِرِينَ ٩٣Rero mugihe hashika umwanya wuguhonywa kwabo bantu babi intumwa y’Imana Shuaybu (iii) yaravuye muri ico gisagara hamwe n’abamwemeye aca abata kure nukwigira nukuvuga ati:- emwe bantu banje, nabashikirije ubutumwa bw’Umuremyi wanje, kandi nabahaye n’impanuro, mbega nteterwe hejuru yanyu mwebwe bahakanyi b’Imana y’ukuri وَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِي قَرۡيَةٍ مِّن نَّبِيٍّ إِلَّآ أَخَذۡنَآ أَهۡلَهَا بِٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ لَعَلَّهُمۡ يَضَّرَّعُونَ ٩٤Natwe ntitwazanye intumwa y’Imana iyariyo yose mugisagara icarico cose nuguhakanwa atari uko yahana abanya gihugu babo nukuba girira ingorane z’urutavanako kugira ngo bashobore kugamburuka ثُمَّ بَدَّلۡنَا مَكَانَ ٱلسَّيِّئَةِ ٱلۡحَسَنَةَ حَتَّىٰ عَفَواْ وَّقَالُواْ قَدۡ مَسَّ ءَابَآءَنَا ٱلضَّرَّآءُ وَٱلسَّرَّآءُ فَأَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةً وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ٩٥Hanyuma twebwe twama duhindura ahantu h’amabi tugahashira ineza, naho bogwirirana baka vuga bati:- amagorwa hamwe n’umunezero nivyashikiye abavyeyi bacu, rero tuzobahonya giturumbuka mugihe batarabimenya وَلَوۡ أَنَّ أَهۡلَ ٱلۡقُرَىٰٓ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَفَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَرَكَٰتٍ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِن كَذَّبُواْ فَأَخَذۡنَٰهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ٩٦Iyo abo bantu bo mubisagara vyabo bemera Imana yabo y’ukuri nugutinya, mu vy’ukuri twari kubugurira imigisha yo mw’ijuru no kw’Isi, mugabo barahakanye dutako turabatuza kubera ivyo bahora bagira أَفَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا بَيَٰتًا وَهُمۡ نَآئِمُونَ ٩٧Mbega abantu bo mubisagara baremeje yuko ibihano vyacu bitazoba shikira mw’ijoro nabo basinziriye أَوَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا ضُحًى وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ ٩٨Abo bantu bo mubisagara baremeza yuko ibihano vyacu bitazoba korako k’umurango nabo bariko barafyinata أَفَأَمِنُواْ مَكۡرَ ٱللَّهِۚ فَلَا يَأۡمَنُ مَكۡرَ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ٩٩Mbega baremeza yuko guhanwa n’Imana, batemeza yuko ibihano vy’Imana atari abantu bari muruhombo أَوَلَمۡ يَهۡدِ لِلَّذِينَ يَرِثُونَ ٱلۡأَرۡضَ مِنۢ بَعۡدِ أَهۡلِهَآ أَن لَّوۡ نَشَآءُ أَصَبۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡۚ وَنَطۡبَعُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ ١٠٠Mbega ntibazi yuko abantu batoranye ibisigi vyo ng’aha kw’Isi munyuma yabahabaye ho bahonejwe yuko iyo dushaka twobashira mungorane kubera ibicumuro vyabo, kandi tugaca dutera ikidodo hejuru y’imitima yabo, no kuri ivyo rero ntibazo kwumva تِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآئِهَاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡكَٰفِرِينَ ١٠١Ivyo n’ibisagara tukubwira bimwe munkuru zavyo, kandi ntankeka intumwa z’Imana zarabashikiye n’ivyemezo biri k’umugaragaro mugabo ntibari mubemera muvyo bahakanye aho hambere, uku rero niko Imana itera ikidodo kumitima y’abatemera Imana yabo y’ukuri وَمَا وَجَدۡنَا لِأَكۡثَرِهِم مِّنۡ عَهۡدٍۖ وَإِن وَجَدۡنَآ أَكۡثَرَهُمۡ لَفَٰسِقِينَ ١٠٢Nokuri benshi muribo ntitwabonye amasezerano ayariyo yose, ahubwo mu vy’ukuri benshi muribo twasanze bari mu bantu b’inkozi z’ibicumuro ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَظَلَمُواْ بِهَاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ ١٠٣Hanyuma munyuma yizo ntumwa z’Imana zose, twaciye turungika intumwa y’Imana Mussa (iii) n’ivyemezo vyacu kwa Fir’auni hamwe n’abantu biwe, mugabo barabihakanye, rero nurabe ingene yabaye amaherezo y’abononyi وَقَالَ مُوسَىٰ يَٰفِرۡعَوۡنُ إِنِّي رَسُولٌ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٠٤Intumwa y’Imana Mussa (iii) yavuze iti:- ewe Fir’auni, jewe nd’intumwa y’Imana mvuye k’Umuremyi w’ibiremwa vyose حَقِيقٌ عَلَىٰٓ أَن لَّآ أَقُولَ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّۚ قَدۡ جِئۡتُكُم بِبَيِّنَةٍ مِّن رَّبِّكُمۡ فَأَرۡسِلۡ مَعِيَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ١٠٥Ntegerezwa kutavuga hejuru y’Imana atari ukuri gusa mu vy’ukuri nanje ndabashikiriza ibimenyetso biri k’umugaragaro bivuye k’Umuremyi wanyu, rero nujane bene Israeri hamwe nanje قَالَ إِن كُنتَ جِئۡتَ بِـَٔايَةٍ فَأۡتِ بِهَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ١٠٦Fir’auni yavuze ati:- niwaba waje uzananye n’ivyemezo bigaragara n’ubizane niwaba uri mu bantu bavugisha ukuri فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٌ مُّبِينٌ ١٠٧Aca ajugunya inkoni yiwe hasi, mu mwanya ica ihinduka inzoka iboneka neza وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ ١٠٨Aca asokorora ukuboko kwiwe mu mwanya isase uca uhinduka ibara ryera ku bantu bawitegereza قَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٌ ١٠٩Babategetsi bo mu bantu bo kwa Fir’auni baciye bavuga bati:- mu vy’ukuri uyu n’umurozi abufitiye ubumenyi يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُمۡۖ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ ١١٠Ashaka kubakura mugisagara canyu, none mwebwe mubivuga ko iki قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَأَرۡسِلۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ ١١١Bavuga bati:- nimu mureke gatoyi hamwe na mwene wabo hanyuma mubarungike abakoranye abantu bo mugisagara يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَٰحِرٍ عَلِيمٍ ١١٢Bakuzanire abarozi bose bafise ubumenyi bwukuroga وَجَآءَ ٱلسَّحَرَةُ فِرۡعَوۡنَ قَالُوٓاْ إِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ١١٣Baraje abarozi bose bokwa Fir’auni bavuga bati:- mbega turaronka impembo nitwatsinda قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ لَمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ ١١٤Fir’auni aremera ati:- egome, namwe ntankeka muzoba muri mubari hafi yanje قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِمَّآ أَن تُلۡقِيَ وَإِمَّآ أَن نَّكُونَ نَحۡنُ ٱلۡمُلۡقِينَ ١١٥Baca bavuga bati:- ewe Mussa (iii) mbega ni wewe utangura kujugunya ubwo burozi bwawe imbere y’abantu babubone canke tuzoba ari twebwe bambere dutangura kujugunya قَالَ أَلۡقُواْۖ فَلَمَّآ أَلۡقَوۡاْ سَحَرُوٓاْ أَعۡيُنَ ٱلنَّاسِ وَٱسۡتَرۡهَبُوهُمۡ وَجَآءُو بِسِحۡرٍ عَظِيمٍ ١١٦Intumwa y’Imana Mussa (iii) abishura ati:- nimujugunye mwebwe, mugihe bajugunya baciye bahumishwa amaso y’abantu bose nukubatera ubwoba nukuzana uburozi buniniya buhanitse ۞ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَلۡقِ عَصَاكَۖ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ ١١٧Duca tumurungikira ubutumwa intumwa y’Imana Mussa (iii) duti:- nute iyo nkoni yawe, mu mwanya ica iramiragura ivyo bagize babarozi vyose فَوَقَعَ ٱلۡحَقُّ وَبَطَلَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١١٨Ukuri kuba kurahagaze, bica birononekara ivyo bahora bagira فَغُلِبُواْ هُنَالِكَ وَٱنقَلَبُواْ صَٰغِرِينَ ١١٩Kuri ivyo rero batsindiwe ngaho, nukuba mu bantu batetewe وَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ ١٢٠N’abarozi barahindura bashira imitwe yabo hasi قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٢١Bavuze bati:- twebwe turemeye Umuremyi w’ibiremwa vyose رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ١٢٢Umuremyi w’intumwa y’Imana Mussa (iii) na Haruna (iii) قَالَ فِرۡعَوۡنُ ءَامَنتُم بِهِۦ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَمَكۡرٌ مَّكَرۡتُمُوهُ فِي ٱلۡمَدِينَةِ لِتُخۡرِجُواْ مِنۡهَآ أَهۡلَهَاۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ١٢٣Fir’auni avuga ati:- yoh! muramwemeye imbere yuko ntarabaha uruhusha, iyi niyo ngeso mwagiriye mugisagara mwebwe hamwe na Mussa (iii) kugira ngo mubakureho bonyene muri ico gisagara, hanyuma muce musigara muri ico gisagara mwenyene mugabo muzo bimenya ico nzobakorera لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٍ ثُمَّ لَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ ١٢٤Ningombwa ndabacagagure amaboko yanyu n’amaguru yanyu ndabitandukanije, hanyuma nce ndababamba mwese kumisaraba قَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ ١٢٥Nabo bishura bati:- twebwe tuzosubira ku Muremyi wacu وَمَا تَنقِمُ مِنَّآ إِلَّآ أَنۡ ءَامَنَّا بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا لَمَّا جَآءَتۡنَاۚ رَبَّنَآ أَفۡرِغۡ عَلَيۡنَا صَبۡرًا وَتَوَفَّنَا مُسۡلِمِينَ ١٢٦Na wewe ntiwabonye inabi iyariyo yose atari uko twemeye amajambo y’Umuremyi wacu matagatifu mugihe yadushikira, Muremyi wacu! n’uduhundire ukwihangana kwacu, kandi tukwitabe natwe turi aba Isilamu وَقَالَ ٱلۡمَلَأُ مِن قَوۡمِ فِرۡعَوۡنَ أَتَذَرُ مُوسَىٰ وَقَوۡمَهُۥ لِيُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَيَذَرَكَ وَءَالِهَتَكَۚ قَالَ سَنُقَتِّلُ أَبۡنَآءَهُمۡ وَنَسۡتَحۡيِۦ نِسَآءَهُمۡ وَإِنَّا فَوۡقَهُمۡ قَٰهِرُونَ ١٢٧Na b’abategetsi bomu bantu bokwa Fir’auni bavuze bati:- mbega muzomusiga Mussa (iii) hamwe n’abantu biwe bazane ubwononyi ng’aha kw’Isi n’ukugusiga wewe n’Imana zawe, nawe avuga ati:- tuzo kwica ibibondo vyabo vy’abahungu hanyuma dusige abagore babo bakiri bazima, kandi ntankeka ni twebwe dufise inguvu hejuru yabo قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱللَّهِ وَٱصۡبِرُوٓاْۖ إِنَّ ٱلۡأَرۡضَ لِلَّهِ يُورِثُهَا مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلۡمُتَّقِينَ ١٢٨Intumwa y’Imana Mussa (iii) yabwiye abantu biwe ati:- nimusabe imfashanyo ku Mana yanyu, kandi mwigumye, kuko iy’Isi niy’Imana azoyisigira uwo yishakiye mu bantu biwe, n’amaherezo meza niku bantu bayigamburukira قَالُوٓاْ أُوذِينَا مِن قَبۡلِ أَن تَأۡتِيَنَا وَمِنۢ بَعۡدِ مَا جِئۡتَنَاۚ قَالَ عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُهۡلِكَ عَدُوَّكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ ١٢٩Bavuze bati:- twebwe twarasuzuguwe imbere yuko udushikira n’inyuma yaho wewe umaze kudushikira, niho yavuga intumwa y’Imana Mussa (iii) ati:- nkumbure Umuremyi wanyu azomuhonya uyo mwansi wanyu n’ukubagira mwebwe kuba abategetsi bomuri ibi bisagara hanyuma arabe ingene muzogira وَلَقَدۡ أَخَذۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ بِٱلسِّنِينَ وَنَقۡصٍ مِّنَ ٱلثَّمَرَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ ١٣٠Mu vy’ukuri twarabahanye abantu bo kwa Fir’auni kumyaka myinshi cane yukugabanukirwa n’ibiterwa kugira ngo bibuke فَإِذَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡحَسَنَةُ قَالُواْ لَنَا هَٰذِهِۦۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةٌ يَطَّيَّرُواْ بِمُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓۗ أَلَآ إِنَّمَا طَٰٓئِرُهُمۡ عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ١٣١Bashikiwe n’ineza baca bavuga bati:- ibi vyose nukubera twebwe, hanyuma bashikiwe n’ivyago baca bavyegeka kuntumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe nabo bari kumwe nawe, rero ukutumvikana kwabo nikuva ku Mana, mugabo benshi muribo ntavyo bazi وَقَالُواْ مَهۡمَا تَأۡتِنَا بِهِۦ مِنۡ ءَايَةٍ لِّتَسۡحَرَنَا بِهَا فَمَا نَحۡنُ لَكَ بِمُؤۡمِنِينَ ١٣٢Bavuze bati:- ikimenyetso icarico cose uzodushikiriza kugira ngo uturogeshe naco, ntituzo cemera na gatoyi فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلطُّوفَانَ وَٱلۡجَرَادَ وَٱلۡقُمَّلَ وَٱلضَّفَادِعَ وَٱلدَّمَ ءَايَٰتٍ مُّفَصَّلَٰتٍ فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمًا مُّجۡرِمِينَ ١٣٣Twaciye tubarungikira imvura y’isegenya hamwe n’inzige hamwe n’inda hamwe n’ibikere n’amaraso kuba arivyo bimenyetso, vyatandukanije k’umugaragaro ukuri kw’intumwa y’Imana Mussa (iii) mugabo bagumye bishima, bakaba bari mu bantu babi cane وَلَمَّا وَقَعَ عَلَيۡهِمُ ٱلرِّجۡزُ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ بِمَا عَهِدَ عِندَكَۖ لَئِن كَشَفۡتَ عَنَّا ٱلرِّجۡزَ لَنُؤۡمِنَنَّ لَكَ وَلَنُرۡسِلَنَّ مَعَكَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ١٣٤Mugihe baguweko n’ibihano baca bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) nudusabire k’Umuremyi wawe kuvyo yakwemereye, niyadukuriraho ivyo bihano ntankeka tuzokwemera, mu vy’ukuri tuzobatwara bene Israeri iyo bashaka kuja فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُمُ ٱلرِّجۡزَ إِلَىٰٓ أَجَلٍ هُم بَٰلِغُوهُ إِذَا هُمۡ يَنكُثُونَ ١٣٥Mugabo mugihe tubakuriyeko ibihano kugeza kukiringo caho bazoshikira gukurwaho imitima yabo canke guhonywa mu mwanya baca badohoka kumasezerano فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ ١٣٦Rero tuzobihorera nukubibiza mukiyaga kubera uguhakana kw’ibimenyetso vyacu nukuta vyitaho وَأَوۡرَثۡنَا ٱلۡقَوۡمَ ٱلَّذِينَ كَانُواْ يُسۡتَضۡعَفُونَ مَشَٰرِقَ ٱلۡأَرۡضِ وَمَغَٰرِبَهَا ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۖ وَتَمَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ ٱلۡحُسۡنَىٰ عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ بِمَا صَبَرُواْۖ وَدَمَّرۡنَا مَا كَانَ يَصۡنَعُ فِرۡعَوۡنُ وَقَوۡمُهُۥ وَمَا كَانُواْ يَعۡرِشُونَ ١٣٧Duca duha ibisigi abantu baboneka yuko batishoboye kandi babonerwa twahaye ibisigi vy’ibisagara vyo mubuseruko no mubumanuko bw’igihugu arivyo twashizemwo imihezagiro myinshi, n’ijambo ryiza ry’Umuremyi wawe riba ariryo ritsimbatara kuri bene Israeri kubera ukwihangana kwabo, n’uguca duhonya ivyo Fir’auni yahora agira hamwe n’abantu biwe, hamwe n’ivyo bahora bubaka وَجَٰوَزۡنَا بِبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡبَحۡرَ فَأَتَوۡاْ عَلَىٰ قَوۡمٍ يَعۡكُفُونَ عَلَىٰٓ أَصۡنَامٍ لَّهُمۡۚ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱجۡعَل لَّنَآ إِلَٰهًا كَمَا لَهُمۡ ءَالِهَةٌۚ قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٌ تَجۡهَلُونَ ١٣٨Duca tujabura bene Israeri mukiyaga nugushikira abantu bahora basenga amasanamu yabo baca bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) natwe nutugirire ama mana nkuko nabo bafise ama mana, intumwa y’Imana Mussa (iii) abishura ati:- mu vy’ukuri mwebwe muri bantu b’ibijuju إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ مُتَبَّرٌ مَّا هُمۡ فِيهِ وَبَٰطِلٌ مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١٣٩Aba bantu ibi bintu vyose bafise bizohonywa kandi nivy’ubusa muvyo bahora bagira قَالَ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡغِيكُمۡ إِلَٰهًا وَهُوَ فَضَّلَكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٤٠Aca avuga ati:- mbega ndabaronderere Imana itari iyi Mana mugihe ariyo yabateye iteka riri hejuru y’ibiremwa vyose وَإِذۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَسُومُونَكُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يُقَتِّلُونَ أَبۡنَآءَكُمۡ وَيَسۡتَحۡيُونَ نِسَآءَكُمۡۚ وَفِي ذَٰلِكُم بَلَآءٌ مِّن رَّبِّكُمۡ عَظِيمٌ ١٤١Mugihe twabarokora muminwe ya Fir’uni hamwe n’abantu biwe, aribo babahaye ibihano bibi cane, mukwica ibibondo vyanyu vy’abahungu nugusigaza abagore gusa, no murivyo hari ibibazo bihambaye bivuye ku Muremyi wanyu ۞ وَوَٰعَدۡنَا مُوسَىٰ ثَلَٰثِينَ لَيۡلَةً وَأَتۡمَمۡنَٰهَا بِعَشۡرٍ فَتَمَّ مِيقَٰتُ رَبِّهِۦٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةًۚ وَقَالَ مُوسَىٰ لِأَخِيهِ هَٰرُونَ ٱخۡلُفۡنِي فِي قَوۡمِي وَأَصۡلِحۡ وَلَا تَتَّبِعۡ سَبِيلَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ ١٤٢Twaramwemereye Intumwa y’Imana Mussa (iii) indagano y’imisi mirongo itatu turayikwizako iyindi misi cumi, ica ikwira yandagano y’umuremyi wiwe y’imisi mirongo ine, n’intumwa y’Imana Mussa (iii) abwira mwene wabo Haruna (iii) ati:- nufate mukibanza canje mu bantu banje ubategure neza, kandi ntukurikire inzira y’abononyi وَلَمَّا جَآءَ مُوسَىٰ لِمِيقَٰتِنَا وَكَلَّمَهُۥ رَبُّهُۥ قَالَ رَبِّ أَرِنِيٓ أَنظُرۡ إِلَيۡكَۚ قَالَ لَن تَرَىٰنِي وَلَٰكِنِ ٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡجَبَلِ فَإِنِ ٱسۡتَقَرَّ مَكَانَهُۥ فَسَوۡفَ تَرَىٰنِيۚ فَلَمَّا تَجَلَّىٰ رَبُّهُۥ لِلۡجَبَلِ جَعَلَهُۥ دَكًّا وَخَرَّ مُوسَىٰ صَعِقًاۚ فَلَمَّآ أَفَاقَ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١٤٣Mugihe yashika intumwa y’Imana Mussa (iii) kw’isezerano ryacu n’ukuganira n’Umuremyi wiwe, intumwa y’Imana yaciye ivuga iti:- Muremyi wanje nunyereke kugira ngo ndakubone, Imana nayo imwishura iti:- ntushobora kumbona mugabo nurabe k’umusozi niwa bona uwo musozi uhagaze neza urashobora kumbona, rero Umuremyi wiwe mugihe yibonesha kuri uwo musozi, yaciye iwu manyagura, n’intumwa y’Imana Mussa (iii) aca arwa hasi ameze nk’uwaravye, mugihe y’ikangura yaciye avuga ati:- ni wewe nyene iteka, ndasavye ikigongwe kuri wewe, nanje nd’uwambere wabemera ibi vyose قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ إِنِّي ٱصۡطَفَيۡتُكَ عَلَى ٱلنَّاسِ بِرِسَٰلَٰتِي وَبِكَلَٰمِي فَخُذۡ مَآ ءَاتَيۡتُكَ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ ١٤٤Imana ivuga iti:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii):- jewe nagutoye kubera abantu bose kubutumwa bwanje nukuvugana na wewe kuri jewe, rero niwakire ibi ndaguhaye kandi ube mu bantu bashima وَكَتَبۡنَا لَهُۥ فِي ٱلۡأَلۡوَاحِ مِن كُلِّ شَيۡءٍ مَّوۡعِظَةً وَتَفۡصِيلًا لِّكُلِّ شَيۡءٍ فَخُذۡهَا بِقُوَّةٍ وَأۡمُرۡ قَوۡمَكَ يَأۡخُذُواْ بِأَحۡسَنِهَاۚ سَأُوْرِيكُمۡ دَارَ ٱلۡفَٰسِقِينَ ١٤٥Duca tumwandikira k’urubaho ibintu vyose n’ubutumwa n’insiguro y’ibintu vyose, rero nubifate nka nkama hanyuma utegeke abantu bawe babufate ubu butumwa neza, kuko ubu vuba nzobereka ibisagara vy’abononyi basenyura amategeko y’Imana سَأَصۡرِفُ عَنۡ ءَايَٰتِيَ ٱلَّذِينَ يَتَكَبَّرُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةٍ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلرُّشۡدِ لَا يَتَّخِذُوهُ سَبِيلًا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلۡغَيِّ يَتَّخِذُوهُ سَبِيلًاۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ ١٤٦Nzobakingira n’amajambo yanje kuri bamwe bishima ng’aha kw’Isi ata kuri nakumwe bafise, n’ababona ivyemezo ntibavyemere naho babona inzira y’uburokoke ntibayifatako ari inzira ishemeye, mugabo babonye inzira ihuvya baca bayifata nkuko ari inzira nyakuri, ivyo vyose nukubera yuko bahakanye amajambo yacu matagatifu nukuta yitaho وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَلِقَآءِ ٱلۡأٓخِرَةِ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡۚ هَلۡ يُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١٤٧Nabamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu nuguhakana guhura n’umusi w’imperuka, ibikorwa vyabo nivyononekaye, mbega bazorihwa ibindi bintu mugabo nikuri bimwe bahora bagira وَٱتَّخَذَ قَوۡمُ مُوسَىٰ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِنۡ حُلِيِّهِمۡ عِجۡلًا جَسَدًا لَّهُۥ خُوَارٌۚ أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّهُۥ لَا يُكَلِّمُهُمۡ وَلَا يَهۡدِيهِمۡ سَبِيلًاۘ ٱتَّخَذُوهُ وَكَانُواْ ظَٰلِمِينَ ١٤٨No munyuma yaho abantu bo kuntumwa y’Imana Mussa (iii) baragize kubisharizo vyabo vy’intama bifise umubiri gusa ufise ijwi, mbega ntibabonye yuko iyo ntama itavugana nabo canke itabarongora inzira, kuko bayigize kuba ariyo mana yabo, nukuba mu bantu bahemukiye imitima yabo وَلَمَّا سُقِطَ فِيٓ أَيۡدِيهِمۡ وَرَأَوۡاْ أَنَّهُمۡ قَدۡ ضَلُّواْ قَالُواْ لَئِن لَّمۡ يَرۡحَمۡنَا رَبُّنَا وَيَغۡفِرۡ لَنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ ١٤٩Mugihe bicuza nukubona yuko bamaze kuzimira, baciye bavuga bati:- Umuremyi wacu natatugirira impuhwe zayo nukutugirira ikigongwe, ntankeka tuzoba turi mu bantu bononekewe وَلَمَّا رَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفًا قَالَ بِئۡسَمَا خَلَفۡتُمُونِي مِنۢ بَعۡدِيٓۖ أَعَجِلۡتُمۡ أَمۡرَ رَبِّكُمۡۖ وَأَلۡقَى ٱلۡأَلۡوَاحَ وَأَخَذَ بِرَأۡسِ أَخِيهِ يَجُرُّهُۥٓ إِلَيۡهِۚ قَالَ ٱبۡنَ أُمَّ إِنَّ ٱلۡقَوۡمَ ٱسۡتَضۡعَفُونِي وَكَادُواْ يَقۡتُلُونَنِي فَلَا تُشۡمِتۡ بِيَ ٱلۡأَعۡدَآءَ وَلَا تَجۡعَلۡنِي مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ ١٥٠Mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yagaruka ku bantu biwe nawe yashavuye afise n’agahinda, yaciye avuga ati:- icegera kibi mwansigiye munyuma yanje namaze kugenda, mbega mwabaye imbere y’amategeko y’Umuremyi wanyu? Aca ajugunya vyabibaho yari afise, aca afata k’umutwe wamwene wabo amukwegera kuri we n’ukuvuga ati:- ewe mwene mama, mu vy’ukuri abantu banje barangaye kugeza naho bagomba kungandagura, rero nawe ntubanezereze abo bansi kubera jewe, kandi ntunshire hamwe n’abantu babi bahemukiye imitima yabo قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَلِأَخِي وَأَدۡخِلۡنَا فِي رَحۡمَتِكَۖ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ ١٥١Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- Muremyi wanje numbabarire jewe hamwe namwene wanje hanyuma utwinjize mumpuhwe zawe kuko ari wewe nyene impuhwe nyinshi gusumba abafise impuhwe bose إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ سَيَنَالُهُمۡ غَضَبٌ مِّن رَّبِّهِمۡ وَذِلَّةٌ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُفۡتَرِينَ ١٥٢Mu vy’ukuri bamwe bagize intama yuko ariyo Mana yabo, abo bantu bazoshikirwa n’ishavu rivuye ku Muremyi wabo hamwe n’ibimaramare bininiya vyo mubuzima bwabo bwo ng’aha kw’Isi, uku rero niko duhemba abiyadukiza mw’idini ry’Imana وَٱلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِهَا وَءَامَنُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٌ رَّحِيمٌ ١٥٣Nabamwe bagize amabi hanyuma bagasaba imbabazi munyuma yivyo bagize n’ukwemera Umuremyi wawe munyuma yibi vyose, nuko ariyo nyene ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije وَلَمَّا سَكَتَ عَن مُّوسَى ٱلۡغَضَبُ أَخَذَ ٱلۡأَلۡوَاحَۖ وَفِي نُسۡخَتِهَا هُدًى وَرَحۡمَةٌ لِّلَّذِينَ هُمۡ لِرَبِّهِمۡ يَرۡهَبُونَ ١٥٤Mugihe ishavu ry’intumwa y’Imana Mussa (iii) ryacureha, yaciye atora zambaho yajugunya, no munyandiko zayo harimwo uburokoke n’imigisha kuri barya bantu batinya Umuremyi wabo وَٱخۡتَارَ مُوسَىٰ قَوۡمَهُۥ سَبۡعِينَ رَجُلًا لِّمِيقَٰتِنَاۖ فَلَمَّآ أَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ قَالَ رَبِّ لَوۡ شِئۡتَ أَهۡلَكۡتَهُم مِّن قَبۡلُ وَإِيَّٰيَۖ أَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلسُّفَهَآءُ مِنَّآۖ إِنۡ هِيَ إِلَّا فِتۡنَتُكَ تُضِلُّ بِهَا مَن تَشَآءُ وَتَهۡدِي مَن تَشَآءُۖ أَنتَ وَلِيُّنَا فَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَاۖ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡغَٰفِرِينَ ١٥٥N’intumwa y’Imana Mussa (iii):- yaciye atora abantu mirongo indwi mu bantu biwe kumasezerano yacu, mugihe bashikirwa n’inyiganzwa ry’isi rininiya, intumwa y’Imana Mussa (iii) yaciye ivuga iti:- Muremyi wanje, iyo uba ubishaka wari kubahonya abo bantu hamwe na jewe kuva kera, none uduhoneje kubera ivyo bakoze vyabijuju muri twebwe, rero ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ibigeragezo vyawe, rero ureka uwuzimira kuwo wishakiye hanyuma ukarongora uwo wishakiye, ni wewe udukingiye, rero nutugirire ikigongwe kandi uduhe n’impuhwe zawe, nawe ni wewe mwiza wukugira ikigongwe ۞ وَٱكۡتُبۡ لَنَا فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةً وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِنَّا هُدۡنَآ إِلَيۡكَۚ قَالَ عَذَابِيٓ أُصِيبُ بِهِۦ مَنۡ أَشَآءُۖ وَرَحۡمَتِي وَسِعَتۡ كُلَّ شَيۡءٍۚ فَسَأَكۡتُبُهَا لِلَّذِينَ يَتَّقُونَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلَّذِينَ هُم بِـَٔايَٰتِنَا يُؤۡمِنُونَ ١٥٦Kandi utwandikire ineza kuri iy’Isi no mw’ijuru, kuko twebwe dusubiye iwawe, Imana ica ivuga iti:- ibihano vyanje nzobishikiriza uwo nishakiye, n’imigisha yanje ndashobora kuyikwiza kubintu vyose, mugabo nzoyishikiriza kuri bamwe bikinze n’ivyo nababujije hamwe n’abatanga imperezwa hamwe n’abemera amajambo yacu ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلرَّسُولَ ٱلنَّبِيَّ ٱلۡأُمِّيَّ ٱلَّذِي يَجِدُونَهُۥ مَكۡتُوبًا عِندَهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَٱلۡإِنجِيلِ يَأۡمُرُهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَنۡهَىٰهُمۡ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَيُحِلُّ لَهُمُ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَيُحَرِّمُ عَلَيۡهِمُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَ وَيَضَعُ عَنۡهُمۡ إِصۡرَهُمۡ وَٱلۡأَغۡلَٰلَ ٱلَّتِي كَانَتۡ عَلَيۡهِمۡۚ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِهِۦ وَعَزَّرُوهُ وَنَصَرُوهُ وَٱتَّبَعُواْ ٱلنُّورَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ مَعَهُۥٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ١٥٧Abakurikira intumwa y’Imana ariyo ntumwa itazi gusoma n’ukwandika, bakaba bayibona gusa muvyanditswe iwabo mugitabu ca Taurati n’igitabu c’Injili, ikaba yabategeka kugira ineza n’ugutuza ibintu bibi, nukubaha uburenganzira bw’ukugira ibintu vyiza, hamwe n’ugutuza amabi, nukuba kurira ibibaremereye hamwe n’iminyororo yari hejuru yabo, rero bamwe bayemera bimwe vy’ukuri nukuyisonera hamwe nukuyifasha nugukurikira umuco wamanuwe nayo, abo nibo bantu bene intsinzi قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡ جَمِيعًا ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِ ٱلنَّبِيِّ ٱلۡأُمِّيِّ ٱلَّذِي يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَكَلِمَٰتِهِۦ وَٱتَّبِعُوهُ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ ١٥٨Vuga uti:- mwebwe bantu, mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe mwese, Imana ifise ubwami bw’Amajuru n’Isi, rero ntawundi ategerezwa gusengwa atariyo yonyene gusa, niyo irema kandi niyo yica, rero nimwemere Imana hamwe n’intumwa yayo ariyo ntumwa itazi gusoma n’ukwandika ikaba ariyo yemera Imana hamwe n’amajambo yayo, kandi nimuyikurikire kugira ngo murongoke وَمِن قَوۡمِ مُوسَىٰٓ أُمَّةٌ يَهۡدُونَ بِٱلۡحَقِّ وَبِهِۦ يَعۡدِلُونَ ١٥٩Nomu bantu b’intumwa y’Imana Mussa (iii) hari abantu barongora abandi munzira y’ukuri nokuri uko kuri baragutumbera ko وَقَطَّعۡنَٰهُمُ ٱثۡنَتَيۡ عَشۡرَةَ أَسۡبَاطًا أُمَمًاۚ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ إِذِ ٱسۡتَسۡقَىٰهُ قَوۡمُهُۥٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡحَجَرَۖ فَٱنۢبَجَسَتۡ مِنۡهُ ٱثۡنَتَا عَشۡرَةَ عَيۡنًاۖ قَدۡ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٍ مَّشۡرَبَهُمۡۚ وَظَلَّلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡغَمَٰمَ وَأَنزَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰۖ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡۚ وَمَا ظَلَمُونَا وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ ١٦٠Twarabagabuye mwo amoko cumi n’abiri, n’intara zitandukanye, nuguha intumwa y’Imana Mussa (iii) mugihe bamusaba amazi abantu biwe yuko yokubita inkoni yiwe kw’ibuye, mumwanya haca haboneka amasoko cumi n’abiri avuye muri iryo buye, n’abantu bose baca baramenya ubunywero bwabo bwukunywera ko, duca tubereka ibicu nukuba manurira ibifungugwa vyitiriwe kw’izina rya Manna na Salwaa tubabwira duti:- nimufungure neza kuri ibi bifungurwa twabahaye, kandi ntibaduhemukiye twebwe, ahubwo nibo bahemukiye imitima yabo وَإِذۡ قِيلَ لَهُمُ ٱسۡكُنُواْ هَٰذِهِ ٱلۡقَرۡيَةَ وَكُلُواْ مِنۡهَا حَيۡثُ شِئۡتُمۡ وَقُولُواْ حِطَّةٌ وَٱدۡخُلُواْ ٱلۡبَابَ سُجَّدًا نَّغۡفِرۡ لَكُمۡ خَطِيٓـَٰٔتِكُمۡۚ سَنَزِيدُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ ١٦١Mugihe babwirwa bati:- nimube muri iki gisagara nomurico mufungure aho mushaka hose kandi muvuge muti:- duhanagurire ibicumuro vyacu kandi mwinjire murugi n’ubugamburutsi ntangere natwe tuzobagirira ikigongwe kumakosa yanyu kandi tuzobongereza ineza kubikorwa vyiza bagize فَبَدَّلَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ قَوۡلًا غَيۡرَ ٱلَّذِي قِيلَ لَهُمۡ فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِجۡزًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ بِمَا كَانُواْ يَظۡلِمُونَ ١٦٢Bamwe bahemukiye imitima yabo muribo barahinduye iyindi mvugo atari imwe babwirwa, rero tuzobarungikira ibihano bivuye mw’ijuru, kuvyo bahora bihemukira kubwabo وَسۡـَٔلۡهُمۡ عَنِ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِي كَانَتۡ حَاضِرَةَ ٱلۡبَحۡرِ إِذۡ يَعۡدُونَ فِي ٱلسَّبۡتِ إِذۡ تَأۡتِيهِمۡ حِيتَانُهُمۡ يَوۡمَ سَبۡتِهِمۡ شُرَّعًا وَيَوۡمَ لَا يَسۡبِتُونَ لَا تَأۡتِيهِمۡۚ كَذَٰلِكَ نَبۡلُوهُم بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ ١٦٣Nimubaze inkuru z’ibisagara vyari kunkengera z’ikiyaga, mugihe basenyura amategeko y’umusi wagatandatu, hanyuma amafi yabo yabashikira kuri uwo musi wagatandatu no kumisi itari iyo yagatandatu atahora abashikira, rero uku niko twabahaye ibibazo kubera ukwiyonkora kwabo وَإِذۡ قَالَتۡ أُمَّةٌ مِّنۡهُمۡ لِمَ تَعِظُونَ قَوۡمًا ٱللَّهُ مُهۡلِكُهُمۡ أَوۡ مُعَذِّبُهُمۡ عَذَابًا شَدِيدًاۖ قَالُواْ مَعۡذِرَةً إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ ١٦٤Nabamwe mu bantu bo muribo mugihe bavuga bati:- hari inyungu nyabaki y’ugutuza abantu Imana izobica canke izohana kubihano bikaze cane, nabo bishuye bati:- turonke ivyitwazo imbere y’Umuremyi wanyu, nkumbure nabo botinya فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦٓ أَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ يَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلسُّوٓءِ وَأَخَذۡنَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ بِعَذَابِۭ بَـِٔيسِۭ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ ١٦٥Rero mugihe babinegura muvyo bahora bibutswa, twararokoye bamwe bahora batuza amabi, duca duhana bamwe bahemukiye imitima yabo kubihano bibi cane mukwiyonkora kwabo فَلَمَّا عَتَوۡاْ عَن مَّا نُهُواْ عَنۡهُ قُلۡنَا لَهُمۡ كُونُواْ قِرَدَةً خَٰسِـِٔينَ ١٦٦Mugihe bishima cane nukutareka ivyo twababujije twababwiye duti:- nimube inkende z’ibimaramare وَإِذۡ تَأَذَّنَ رَبُّكَ لَيَبۡعَثَنَّ عَلَيۡهِمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَن يَسُومُهُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِۗ إِنَّ رَبَّكَ لَسَرِيعُ ٱلۡعِقَابِ وَإِنَّهُۥ لَغَفُورٌ رَّحِيمٌ ١٦٧Mugihe Umuremyi wawe yamenyesha yuko azobazanira kugeza k’umusi w’imperuka abantu bazobahana kubihano bibi cane, mu vy’ukuri Umuremyi wawe aroroshe muguhana kandi ntankeka niyo ifise ikigongwe cinshi c’impuhwe zihagije وَقَطَّعۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ أُمَمًاۖ مِّنۡهُمُ ٱلصَّٰلِحُونَ وَمِنۡهُمۡ دُونَ ذَٰلِكَۖ وَبَلَوۡنَٰهُم بِٱلۡحَسَنَٰتِ وَٱلسَّيِّـَٔاتِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ١٦٨Twaraba tandukanije ng’aha kw’Isi tubagira imirwi itandukanye, kuko muribo harimwo abantu b’intungane, n’abandi muribo n’abatandukanye nabo, natwe twarabahaye ibibazo vyinshi vy’amahirwe hamwe n’amabi, kugira ngo basubire muruhongore فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٌ وَرِثُواْ ٱلۡكِتَٰبَ يَأۡخُذُونَ عَرَضَ هَٰذَا ٱلۡأَدۡنَىٰ وَيَقُولُونَ سَيُغۡفَرُ لَنَا وَإِن يَأۡتِهِمۡ عَرَضٌ مِّثۡلُهُۥ يَأۡخُذُوهُۚ أَلَمۡ يُؤۡخَذۡ عَلَيۡهِم مِّيثَٰقُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن لَّا يَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّ وَدَرَسُواْ مَا فِيهِۗ وَٱلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٌ لِّلَّذِينَ يَتَّقُونَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ ١٦٩Munyuma yaho haciye hasubirirwa n’urundi runganwe rubi cane rwatoranye ibisigi vy’igitabu batoramwo ivyabujijwe vyo ng’aha kw’Isi bavuga bati:- twebwe tuzogirirwa ikigongwe n’ibindi nk’ibi nivyadushikira navyone tuzovyakira, mbega ntibagiriwe amasezerano yomu gitabu yuko batazo vuga amajambo bayegeka ku Mana atari ukuri gusa, nabo bakaba baramaze gusoma ibiri muri ico gitabu, n’inzu yo mw’ijuru izobabera nziza muri bamwe batinya Imana yabo y’ukuri, mbega mwebwe ntimutegera وَٱلَّذِينَ يُمَسِّكُونَ بِٱلۡكِتَٰبِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ إِنَّا لَا نُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُصۡلِحِينَ ١٧٠Nabamwe bafata igitabu c’Imana nka nkama nuguhagarika amasengesho tuzobahenba ineza, mu vy’ukuri natwe ntidutakaza impembo z’abagira ineza ۞ وَإِذۡ نَتَقۡنَا ٱلۡجَبَلَ فَوۡقَهُمۡ كَأَنَّهُۥ ظُلَّةٌ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُۥ وَاقِعُۢ بِهِمۡ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٍ وَٱذۡكُرُواْ مَا فِيهِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ ١٧١Mugihe twasenyura umusozi hejuru yabo nkakumwe kw’igicu, nabo baca biyumvira yuko uwo musozi uhava ubarwako, duca tubabwira duti:- nimuwufate nka nkama muvyo twabahaye, kandi mwibuke ibirimwo kugira ngo mushobore gutinya وَإِذۡ أَخَذَ رَبُّكَ مِنۢ بَنِيٓ ءَادَمَ مِن ظُهُورِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَأَشۡهَدَهُمۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَلَسۡتُ بِرَبِّكُمۡۖ قَالُواْ بَلَىٰ شَهِدۡنَآۚ أَن تَقُولُواْ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّا كُنَّا عَنۡ هَٰذَا غَٰفِلِينَ ١٧٢N’Umuremyi wawe mugihe yabazana bari mu bantu bavuye muribo kandi ari no muruvyaro rwabo n’ukubemeza kumitima yabo avuga ati:- mbega jewe sindi Umuremyi wanyu? Nabo bishura bati:- egome, ni wewe kandi turemeje yuko mutazovuga k’umusi w’imperuka yuko twebwe twari twasamaye n’ibi tutari tubizi أَوۡ تَقُولُوٓاْ إِنَّمَآ أَشۡرَكَ ءَابَآؤُنَا مِن قَبۡلُ وَكُنَّا ذُرِّيَّةً مِّنۢ بَعۡدِهِمۡۖ أَفَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلۡمُبۡطِلُونَ ١٧٣Canke ngomuvuge yuko abavyeyi bacu nibo bagereranije Imana n’ibindi bintu aho hambere, natwe twari murunganwe rwanyuma yabo, yuko uzo duhonya kubera amabi bagize abo bantu babi وَكَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ١٧٤Uku rero niko dutandukanya aya majambo y’Imana matagatifu twizera yuko bazogaruka وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ ٱلَّذِيٓ ءَاتَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا فَٱنسَلَخَ مِنۡهَا فَأَتۡبَعَهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَكَانَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ ١٧٥Nubasomere inkuru zabamwe twahaye amajambo yacu matagatifu nabo baca barayiyambura, Shetani nayo ica irabakurikirana, baca baba mu bantu batakaye وَلَوۡ شِئۡنَا لَرَفَعۡنَٰهُ بِهَا وَلَٰكِنَّهُۥٓ أَخۡلَدَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُۚ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ ٱلۡكَلۡبِ إِن تَحۡمِلۡ عَلَيۡهِ يَلۡهَثۡ أَوۡ تَتۡرُكۡهُ يَلۡهَثۚ ذَّٰلِكَ مَثَلُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۚ فَٱقۡصُصِ ٱلۡقَصَصَ لَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ ١٧٦Iyo dushaka twari kubarerura kuri ayo majambo y’Imana matagatifu, mugabo bagumye bamatanye n’Isi n’ugukurikira ivyo imitima yabo yipfuza, rero uko bameze nink’imbwa uyikubise ica itera akaruru n’uguhema hema, nahone utayikubise iguma ihema hema, uku niko abantu bameze mubahakanye amajambo yacu matagatifu, rero nuvuge ivyabaye nkumbure bokwiyumvira سَآءَ مَثَلًا ٱلۡقَوۡمُ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَأَنفُسَهُمۡ كَانُواْ يَظۡلِمُونَ ١٧٧N’ububisha bumeze gute bw’akarorero kabahakanye amajambo yacu matagatifu, nuguhemukira imitima yabo مَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِيۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ ١٧٨Uwuzoba rongora n’Imana nabo nibo bazoba barongotse, nayo abo izoreka ngo bazimire, abo nibo bazoba bari muruhombo وَلَقَدۡ ذَرَأۡنَا لِجَهَنَّمَ كَثِيرًا مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِۖ لَهُمۡ قُلُوبٌ لَّا يَفۡقَهُونَ بِهَا وَلَهُمۡ أَعۡيُنٌ لَّا يُبۡصِرُونَ بِهَا وَلَهُمۡ ءَاذَانٌ لَّا يَسۡمَعُونَ بِهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ كَٱلۡأَنۡعَٰمِ بَلۡ هُمۡ أَضَلُّۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡغَٰفِلُونَ ١٧٩Kandi ntankeka twarabaremeye umuriro witiriwe Jahannama, benshi mubisigo no mu bantu, bakaba bafise imitima mugabo ntibategera, n’amaso barayafise mugabo ntibabona n’amatwi barayafise mugabo ntibumva, abo bantu ni nk’ibikoko ahubwo n’abantu bazimiye cane, kandi nibo ataco bibuka nagatoyi وَلِلَّهِ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ فَٱدۡعُوهُ بِهَاۖ وَذَرُواْ ٱلَّذِينَ يُلۡحِدُونَ فِيٓ أَسۡمَٰٓئِهِۦۚ سَيُجۡزَوۡنَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١٨٠N’Imana ifise amazina meza meza rero nimuyisabe kuri ayo mazina yayo kandi mubareke bamwe bonona ubutagatifu bw’amazina yayo, ubu vuba bazohembwa impembo kuvyo bahora bagira وَمِمَّنۡ خَلَقۡنَآ أُمَّةٌ يَهۡدُونَ بِٱلۡحَقِّ وَبِهِۦ يَعۡدِلُونَ ١٨١Nomuri bamwe twarema harimwo abantu barongora abandi k’ukuri, n’ukugira k’ubutungane bwuko kuri nyene وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ ١٨٢Nabamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu tuzobakwega buhoro buhoro kuburyo bonyene batazo bimenya na gatoyi وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ ١٨٣Nanje nzobaha ikiringo gikwiye mu vy’ukuri ubushobozi bwanje burahagije أَوَلَمۡ يَتَفَكَّرُواْۗ مَا بِصَاحِبِهِم مِّن جِنَّةٍۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا نَذِيرٌ مُّبِينٌ ١٨٤Mbega ntibiyumvira uyo muntu wabo yuko adakomeye neza mu mutwe? Kandi ntiyari kuba ariwe atari uko ari umuntu atuza kandi aboneka neza أَوَلَمۡ يَنظُرُواْ فِي مَلَكُوتِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٍ وَأَنۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَدِ ٱقۡتَرَبَ أَجَلُهُمۡۖ فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ ١٨٥Mbega ntibaraba ubwami bw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibintu Imana yaremye? Nukuba nkumbure urupfu rwabo ruri hafi, rero munyuma yaya majambo matagatifu hoba hariho ibindi biganiro nyabaki bazokwemera مَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَلَا هَادِيَ لَهُۥۚ وَيَذَرُهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ ١٨٦Abo Imana ireka ngo bazimire ntawundi muntu yobarongora nayo irabareka mubuzimire bwabo bataya taya hirya no hino يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّيۖ لَا يُجَلِّيهَا لِوَقۡتِهَآ إِلَّا هُوَۚ ثَقُلَتۡ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا تَأۡتِيكُمۡ إِلَّا بَغۡتَةًۗ يَسۡـَٔلُونَكَ كَأَنَّكَ حَفِيٌّ عَنۡهَاۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ ٱللَّهِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ ١٨٧Barakubaza kubijanye n’igihe kizobonekera mbega hazoba iki? Wewe nuvuge uti:- ubumenyi bwayo buri ku Muremyi wanje gusa, ntan’umwe ashobora kugaragaza kumwanya wayo atariyo yonyene gusa, n’ibiremeye mu biri mw’ijuru no kw’Isi, kandi ntibizobashikira atari uko bizoshika giturumbuka, kandi barakubaza yuko wayirondeye wewe vuga uti:- ubumenyi bwayo buri ku Mana yonyene gusa, mugabo abantu benshi ntavyo bazi na gatoyi قُل لَّآ أَمۡلِكُ لِنَفۡسِي نَفۡعًا وَلَا ضَرًّا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ وَلَوۡ كُنتُ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ لَٱسۡتَكۡثَرۡتُ مِنَ ٱلۡخَيۡرِ وَمَا مَسَّنِيَ ٱلسُّوٓءُۚ إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٌ وَبَشِيرٌ لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ ١٨٨Vuga uti:- ntabushobozi mfise bw’ukwiha agahengwe akariko kose, canke ubwo kwikurira ingorane izarizo zose mfise, atari uko Imana yonyene yabishatse, niyo menya ibitarabaho nari kurushiriza ibikorwa vyiza kandi vyinshi, kandi sinari gukorwako n’inabi, nanje ntaco ndimwo mugabo ndi mubatuza kandi nd’umutanga butumwa bwiza ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri ۞ هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٍ وَٰحِدَةٍ وَجَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا لِيَسۡكُنَ إِلَيۡهَاۖ فَلَمَّا تَغَشَّىٰهَا حَمَلَتۡ حَمۡلًا خَفِيفًا فَمَرَّتۡ بِهِۦۖ فَلَمَّآ أَثۡقَلَت دَّعَوَا ٱللَّهَ رَبَّهُمَا لَئِنۡ ءَاتَيۡتَنَا صَٰلِحًا لَّنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ ١٨٩Niyo yabaremye mumutima umwe, no muri uwo mutima niyo yaremye abapfasoni babo kugira ngo baronke ihumure kuribo, n’igihe bahujije ibitsina vyabo aca asama imbanyi yoroshe nukuyigendana, rero yibungenze bose uko ari babiri bama basaba Imana Umuremyi wabo bavuga bati:- niwaduha ikibondo c’intungane tuzoba turi mu bantu bakenguruka فَلَمَّآ ءَاتَىٰهُمَا صَٰلِحًا جَعَلَا لَهُۥ شُرَكَآءَ فِيمَآ ءَاتَىٰهُمَاۚ فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ١٩٠Rero mugihe yabaronsa ikibondo c’intungane baca bamugereranya n’izindi Mana muvyo yabahaye, ni ninahazwe Imana nivyo bayigereranyako n’ibindi bintu أَيُشۡرِكُونَ مَا لَا يَخۡلُقُ شَيۡـًٔا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ ١٩١Bayigereranya Imana n’ibindi bintu kuri bamwe ataco barema mugihe aribo baremwe وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ لَهُمۡ نَصۡرًا وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ ١٩٢Kandi ntibashobora kubafasha, canke ntibashobora kwifashisha ku mitima yabo وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَتَّبِعُوكُمۡۚ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡ أَدَعَوۡتُمُوهُمۡ أَمۡ أَنتُمۡ صَٰمِتُونَ ١٩٣Nimwaba hamagara munzira y’uburokoke ntibazokwigera baba kurikira, ni vyiza rero kuri mwebwe mubahamagaye canke mukihorera إِنَّ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ عِبَادٌ أَمۡثَالُكُمۡۖ فَٱدۡعُوهُمۡ فَلۡيَسۡتَجِيبُواْ لَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ١٩٤Mu vy’ukuri bamwe babasenga aho gusenga Imana yonyene rudende, n’abantu nkamwe, nimugerageze kuba hamagara nabo babitabe, nimwaba muvugisha ukuri kwama أَلَهُمۡ أَرۡجُلٌ يَمۡشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَيۡدٍ يَبۡطِشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَعۡيُنٌ يُبۡصِرُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ ءَاذَانٌ يَسۡمَعُونَ بِهَاۗ قُلِ ٱدۡعُواْ شُرَكَآءَكُمۡ ثُمَّ كِيدُونِ فَلَا تُنظِرُونِ ١٩٥Mbega barafise amaguru bagirako, canke barafise amaboko bafatirako, canke barafise amaso babonerako, canke barafise amatwi bumvirako, wewe vuga uti:- nimuhamagare abo mugereranyako Imana n’ibindi bintu, hanyuma mungirire amarorerwa ayari yo yose, kandi ntimumpe umwanya na mutoyi إِنَّ وَلِـِّۧيَ ٱللَّهُ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡكِتَٰبَۖ وَهُوَ يَتَوَلَّى ٱلصَّٰلِحِينَ ١٩٦Uwunkingiye jewe n’Imana yanje yamanuye iki gitabu ceranda ca Qur’ani, nayo niyo ibarinda abagira ineza bose وَٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَكُمۡ وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ ١٩٧Nabamwe bayisenga atari Imana y’ukuri, ntabushobozi bafise bw’ukuba kingira canke ubwo gukingira imitima yabo وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَسۡمَعُواْۖ وَتَرَىٰهُمۡ يَنظُرُونَ إِلَيۡكَ وَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ ١٩٨Nimwaba hamagarira muburokoke kuribo ntavyo bazokwigera bumva, mugabo ubabona bakwitegereza mugabo batabona خُذِ ٱلۡعَفۡوَ وَأۡمُرۡ بِٱلۡعُرۡفِ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡجَٰهِلِينَ ١٩٩Nushigikirane mukugira ikigongwe hamwe n’ugutegeka mukugira ineza, kandi ntiwiteho abadafise ubwenge وَإِمَّا يَنزَغَنَّكَ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ نَزۡغٌ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ سَمِيعٌ عَلِيمٌ ٢٠٠Niwashikirwa n’impungenge za Shetani, niwirinde ku Mana yawe ntankeka niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ إِذَا مَسَّهُمۡ طَٰٓئِفٌ مِّنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ تَذَكَّرُواْ فَإِذَا هُم مُّبۡصِرُونَ ٢٠١Bamwe batinya Imana yabo y’ukuri, mugihe bakozweko n’amohe ya shetani mukanya baba babonye inzira وَإِخۡوَٰنُهُمۡ يَمُدُّونَهُمۡ فِي ٱلۡغَيِّ ثُمَّ لَا يُقۡصِرُونَ ٢٠٢Na bene wabo babakwegera muruhombo, hanyuma nabo ntibareka kuba zimiza وَإِذَا لَمۡ تَأۡتِهِم بِـَٔايَةٍ قَالُواْ لَوۡلَا ٱجۡتَبَيۡتَهَاۚ قُلۡ إِنَّمَآ أَتَّبِعُ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّ مِن رَّبِّيۚ هَٰذَا بَصَآئِرُ مِن رَّبِّكُمۡ وَهُدًى وَرَحۡمَةٌ لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ ٢٠٣Nutabashikiriza amajambo y’Imana matagatifu baca bavuga bati:- ni kuki atizitirira wenyene? Vuga uti:- jewe nkurikiza ivyo neretswe bivuye ku Muremyi wanje, aya majambo y’Imana matagatifu n’ikimenyetso kivuye ku Muremyi wanyu aribwo burokoke n’impuhwe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri وَإِذَا قُرِئَ ٱلۡقُرۡءَانُ فَٱسۡتَمِعُواْ لَهُۥ وَأَنصِتُواْ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ ٢٠٤Mugihe hasomwe amajambo y’Imana matagatifu nimuyumvirize kandi muceceke kugira ngo muronke impuhwe zayo وَٱذۡكُر رَّبَّكَ فِي نَفۡسِكَ تَضَرُّعًا وَخِيفَةً وَدُونَ ٱلۡجَهۡرِ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ بِٱلۡغُدُوِّ وَٱلۡأٓصَالِ وَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ ٢٠٥Nuvuge Umuremyi wawe k’umutima wawe n’ubwitonzi ntangere n’ukuyitinya utarinze gukoma induru muri ayo majambo yawe, haba mugitondo no kumugoroba, kandi ntube mubasamaye إِنَّ ٱلَّذِينَ عِندَ رَبِّكَ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَيُسَبِّحُونَهُۥ وَلَهُۥ يَسۡجُدُونَۤ ۩ ٢٠٦Bamwe bari ku Muremyi wabo ntibishima mukugira amasengesho y’Umuremyi wabo, kandi bayihayagiza nukuyipfukamira bashize imitwe yabo hasi

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.