بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ ١Kw’izina ry’Imana nyene Imigisha myinshi, na nyene Imigisha mito mito ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٢Ndakengurukiye Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ ٣Nyene Imigisha myinshi, na nyene Imigisha mito mito مَٰلِكِ يَوۡمِ ٱلدِّينِ ٤Nyene inganji y’umusi w’imperuka إِيَّاكَ نَعۡبُدُ وَإِيَّاكَ نَسۡتَعِينُ ٥Niwewe dusenga, kandi niwewe dusaba imfashanyo ٱهۡدِنَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ ٦Turongore munzira igororotse صِرَٰطَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمۡتَ عَلَيۡهِمۡ غَيۡرِ ٱلۡمَغۡضُوبِ عَلَيۡهِمۡ وَلَا ٱلضَّآلِّينَ ٧Inzira yabo wahaye imigisha kuribo, kandi atari mubashavuriwe kuribo, canke mubazimiye
Chapter 1 · 7 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Surah Al-Fatihah in Rundi
Tap a verse number for its tafsir
Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.