Millat al-Islam

Chapter 69 · 52 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Haaqqa in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Haaqqa (1332 reciters)
Meccanسورة الحاقة52 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

ٱلۡحَآقَّةُ ١Icabaye c’ukuri مَا ٱلۡحَآقَّةُ ٢Nico cabaye c’ukuri n’igiki وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡحَآقَّةُ ٣N’igiki kizo kumenyesha ico kintu cabaye c’ukuri كَذَّبَتۡ ثَمُودُ وَعَادُۢ بِٱلۡقَارِعَةِ ٤Bene Thamudu na bene Aadi barahakanye umusi w’umuhero w’isi فَأَمَّا ثَمُودُ فَأُهۡلِكُواْ بِٱلطَّاغِيَةِ ٥Rero abo bene Thamudu barahonejwe kuvyago bininiya cane وَأَمَّا عَادٌ فَأُهۡلِكُواْ بِرِيحٍ صَرۡصَرٍ عَاتِيَةٍ ٦Nayo bene Aadi barahonejwe n’igihuhusi gikaze cane kida kingirwa سَخَّرَهَا عَلَيۡهِمۡ سَبۡعَ لَيَالٍ وَثَمَٰنِيَةَ أَيَّامٍ حُسُومًاۖ فَتَرَى ٱلۡقَوۡمَ فِيهَا صَرۡعَىٰ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٍ خَاوِيَةٍ ٧Wabatwaye amajoro indwi n’imitaga umunani, ubwo nyene uda hengeshanije, ugasanga abantu baguye igihumure nkakumwe kw’ibishitsi vy’imitende vyaguye hasi bimeze nk’imiroha فَهَلۡ تَرَىٰ لَهُم مِّنۢ بَاقِيَةٍ ٨Mbega wabonye umwe muribo yasigaye وَجَآءَ فِرۡعَوۡنُ وَمَن قَبۡلَهُۥ وَٱلۡمُؤۡتَفِكَٰتُ بِٱلۡخَاطِئَةِ ٩Na Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yiwe nabo mubisagara vyahinduwe, nabone baragize amakosa فَعَصَوۡاْ رَسُولَ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَهُمۡ أَخۡذَةً رَّابِيَةً ١٠Bariyonkora kuntumwa z’Umuremyi wabo ari naho yabafata kunguvu zitabaho إِنَّا لَمَّا طَغَا ٱلۡمَآءُ حَمَلۡنَٰكُمۡ فِي ٱلۡجَارِيَةِ ١١Mugihe umwuzurire w’amazi washika, twebwe twarabadugije tuburiza muri ico kigenda aribwo bwato لِنَجۡعَلَهَا لَكُمۡ تَذۡكِرَةً وَتَعِيَهَآ أُذُنٌ وَٰعِيَةٌ ١٢Kugira ngo kibe icibutso kuri mwebwe, n’ugutwi kwumva kwumvire ho فَإِذَا نُفِخَ فِي ٱلصُّورِ نَفۡخَةٌ وَٰحِدَةٌ ١٣N’igihe hazovuzwa inzamba izovuzwa rimwe gusa وَحُمِلَتِ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ فَدُكَّتَا دَكَّةً وَٰحِدَةً ١٤N’Isi hamwe n’Imisozi bizo kurwaho n’ugusenyurwa rimwe gusa فَيَوۡمَئِذٍ وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ ١٥Kuri uwo musi ibizoba bizoba vyamaze kuba وَٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَهِيَ يَوۡمَئِذٍ وَاهِيَةٌ ١٦N’amajuru azo manyagurika, rero kuri uwo musi Amajuru azoba ahoyahoya cane وَٱلۡمَلَكُ عَلَىٰٓ أَرۡجَآئِهَاۚ وَيَحۡمِلُ عَرۡشَ رَبِّكَ فَوۡقَهُمۡ يَوۡمَئِذٍ ثَمَٰنِيَةٌ ١٧N’Abamarayika bazoba bari hambavu yayo majuru n’Abamarayika b’ubwoko umunani nibo bazorerura inyegamo y’iteka y’Umuremyi wawe يَوۡمَئِذٍ تُعۡرَضُونَ لَا تَخۡفَىٰ مِنكُمۡ خَافِيَةٌ ١٨Kuri uwo musi mwese muzo kwerekwa naho hatazo nyegezwa amabanga yanyu yose فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَيَقُولُ هَآؤُمُ ٱقۡرَءُواْ كِتَٰبِيَهۡ ١٩Rero uwuzo habwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo azovuga n’akamwemwe kenshi ati:- ni musome igitabu canje إِنِّي ظَنَنتُ أَنِّي مُلَٰقٍ حِسَابِيَهۡ ٢٠Mu vy’ukuri ndazi yuko nzohabwa ibiharuro vyanje فَهُوَ فِي عِيشَةٍ رَّاضِيَةٍ ٢١Nawe azoba ari mu buzima bw’akanyamuneza ntangere فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٍ ٢٢Mw’ijuru ritagatifu قُطُوفُهَا دَانِيَةٌ ٢٣Ivyamwa bigerekeranye kubindi bizoba hafi kuribo كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَآ أَسۡلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡأَيَّامِ ٱلۡخَالِيَةِ ٢٤Nimufungure muteko munywe n’umunezero ntangere, kubera ibikorwa mwagize muri iyo misi yahera وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِشِمَالِهِۦ فَيَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي لَمۡ أُوتَ كِتَٰبِيَهۡ ٢٥Mugabo uwuzohabwa igitabu ciwe mukuboko kwiwe kw’ibubamfu azovuga ati :- Yo! Iyo ntohawe iki gitabu canje وَلَمۡ أَدۡرِ مَا حِسَابِيَهۡ ٢٦Kandi sinari kumenya ikihe giharuro canje يَٰلَيۡتَهَا كَانَتِ ٱلۡقَاضِيَةَ ٢٧Iyo urupfu rumarira ivyanje vyose مَآ أَغۡنَىٰ عَنِّي مَالِيَهۡۜ ٢٨Amatungo yanje ntaco yamariye هَلَكَ عَنِّي سُلۡطَٰنِيَهۡ ٢٩Ubutegetsi bwanje bwara ntakaranye خُذُوهُ فَغُلُّوهُ ٣٠Ni mumufate mumushire ko iminyororo ثُمَّ ٱلۡجَحِيمَ صَلُّوهُ ٣١Hanyuma mumujugunyire mumuriro udahera ثُمَّ فِي سِلۡسِلَةٍ ذَرۡعُهَا سَبۡعُونَ ذِرَاعًا فَٱسۡلُكُوهُ ٣٢Kandi abe yaboshwe n’umunyororo ufise uburebure bw’imetero mirongo indwi muce mu mwinjiza yo إِنَّهُۥ كَانَ لَا يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ ٱلۡعَظِيمِ ٣٣Mu vy’ukuri ntiyigeze yemera Imana yiwe ntagatifu وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ ٣٤Kandi ntiya himiriza abandi kugira ngo arishe abakene فَلَيۡسَ لَهُ ٱلۡيَوۡمَ هَٰهُنَا حَمِيمٌ ٣٥Rero uno musi ngaha ntamukunzi muhire n’umwe afise وَلَا طَعَامٌ إِلَّا مِنۡ غِسۡلِينٍ ٣٦Nta n’ibifungurwa afise atari amazi y’amashira gusa لَّا يَأۡكُلُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡخَٰطِـُٔونَ ٣٧Ntiba gufungura ivyo bifungurwa atari abanya vyaha فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَا تُبۡصِرُونَ ٣٨Rero ndarahiye kubintu mubona وَمَا لَا تُبۡصِرُونَ ٣٩N’ivyo mutabona إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٍ كَرِيمٍ ٤٠Mu vy’ukuri aka n’akamo kazanywe n’intumwa y’Imana ifise iteka rininiya cane وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَاعِرٍۚ قَلِيلًا مَّا تُؤۡمِنُونَ ٤١Kandi s’imvugo y’umwanditsi w’amajambo y’ubuhizi nkuko mu bivuga, nani bakeyi cane muyemera وَلَا بِقَوۡلِ كَاهِنٍۚ قَلِيلًا مَّا تَذَكَّرُونَ ٤٢Kandi s’amajambo y’umurozi nkuko mubivuga, ni gakeyi cane kuri mwebwe kugira ngo mushobore kwemera ubu butumwa تَنزِيلٌ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٤٣N’imanurwa rivuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose وَلَوۡ تَقَوَّلَ عَلَيۡنَا بَعۡضَ ٱلۡأَقَاوِيلِ ٤٤Iyo yiyadukiza kuri twebwe bimwe mu majambo asanzwe gusa لَأَخَذۡنَا مِنۡهُ بِٱلۡيَمِينِ ٤٥Ntankeka twebwe twari kumu cakira n’ukuboko kw’iburyo ثُمَّ لَقَطَعۡنَا مِنۡهُ ٱلۡوَتِينَ ٤٦Kandi mu vy’ukuri twari kumuca umutsi mukuru w’umutima wiwe فَمَا مِنكُم مِّنۡ أَحَدٍ عَنۡهُ حَٰجِزِينَ ٤٧Kandi nta n’umwe muri mwebwe yari kutubuza mukuta mufata وَإِنَّهُۥ لَتَذۡكِرَةٌ لِّلۡمُتَّقِينَ ٤٨Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa ku bantu bagamburukira Imana yabo y’ukuri وَإِنَّا لَنَعۡلَمُ أَنَّ مِنكُم مُّكَذِّبِينَ ٤٩Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko muri mwebwe harimwo abahakanyi وَإِنَّهُۥ لَحَسۡرَةٌ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٥٠Uzoba ari umubabaro ku bantu batemera Imana yabo y’ukuri وَإِنَّهُۥ لَحَقُّ ٱلۡيَقِينِ ٥١Mu vy’ukuri uku n’ukuri nyakuri فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ ٥٢Rero n’uninahaze izina ry’Umuremyi wawe ariwe mukuru. Igisomwa c’Ukuduga. Ikigabane ca (29). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.