Millat al-Islam

Chapter 82 · 19 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Infitar in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Infitar (1352 reciters)

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنفَطَرَتۡ ١Igihe amajuru azo satagurika وَإِذَا ٱلۡكَوَاكِبُ ٱنتَثَرَتۡ ٢N’inyenyeri igihe zizo hunguruka وَإِذَا ٱلۡبِحَارُ فُجِّرَتۡ ٣N’ibiyaga igihe bizo saturwa وَإِذَا ٱلۡقُبُورُ بُعۡثِرَتۡ ٤N’intatemwa z’abantu igihe zizo zurwa عَلِمَتۡ نَفۡسٌ مَّا قَدَّمَتۡ وَأَخَّرَتۡ ٥Umutima w’umuntu uzomenya ico watanguje kugira hamwe n’ico wasigaje inyuma يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ مَا غَرَّكَ بِرَبِّكَ ٱلۡكَرِيمِ ٦Wewe muntu! ni igiki kiguhenda n’Umuremyi wawe mutagatifu ٱلَّذِي خَلَقَكَ فَسَوَّىٰكَ فَعَدَلَكَ ٧Uwakuremye nuku kugira neza, hanyuma nuku kuringaniza neza فِيٓ أَيِّ صُورَةٍ مَّا شَآءَ رَكَّبَكَ ٨Mw’ishusho iryariryo ryose yishakiye niko yakuringanije كـَلَّا بَلۡ تُكَذِّبُونَ بِٱلدِّينِ ٩None si uko, ahubwo mwebwe nimwe muhakana uwo musi w’impembo وَإِنَّ عَلَيۡكُمۡ لَحَٰفِظِينَ ١٠Mu vy’ukuri hejuru yanyu hari abantu babashigikiye كِرَامًا كَٰتِبِينَ ١١Bafise iteka kandi bandika يَعۡلَمُونَ مَا تَفۡعَلُونَ ١٢Bafise ubumenyi bwivyo mugira vyose إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ ١٣Mu vy’ukuri abagira ineza bose bazoba bari mumahirwe وَإِنَّ ٱلۡفُجَّارَ لَفِي جَحِيمٍ ١٤N’abagizi b’inabi bose bazoba bari mu muriro udahera يَصۡلَوۡنَهَا يَوۡمَ ٱلدِّينِ ١٥Bazo kwinjira muriwo k’umusi w’impembo وَمَا هُمۡ عَنۡهَا بِغَآئِبِينَ ١٦Kandi ntibazowuva mwo وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ ١٧N’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo yuko uzoba ari umusi wa ryari ثُمَّ مَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ ١٨Kandi n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo y’uko uzoba ari umusi wa ryari يَوۡمَ لَا تَمۡلِكُ نَفۡسٌ لِّنَفۡسٍ شَيۡـًٔاۖ وَٱلۡأَمۡرُ يَوۡمَئِذٍ لِّلَّهِ ١٩N’umusi waho umutima w’umuntu utazo shigikira umutima w’uwundi muntu kukintu icarico cose, n’itegeko ryuwo musi rizoba ari iry’Imana gusa

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.