بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
تَبَٰرَكَ ٱلَّذِي بِيَدِهِ ٱلۡمُلۡكُ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ قَدِيرٌ ١Araninahajwe uwufise muminwe yiwe ubwami bwose, kandi niwe nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡمَوۡتَ وَٱلۡحَيَوٰةَ لِيَبۡلُوَكُمۡ أَيُّكُمۡ أَحۡسَنُ عَمَلًاۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفُورُ ٢Niwe yaremye urupfu hamwe n’ubuzima kugira ngo ibagerageze imenye uwariwe muri mwebwe afise ibikorwa vyiza gusumba, nayo niyo nyene ubushobozi n’ikigongwe ٱلَّذِي خَلَقَ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٍ طِبَاقًاۖ مَّا تَرَىٰ فِي خَلۡقِ ٱلرَّحۡمَٰنِ مِن تَفَٰوُتٍۖ فَٱرۡجِعِ ٱلۡبَصَرَ هَلۡ تَرَىٰ مِن فُطُورٍ ٣Niwe yaremye Amajuru yose uko ari indwi agerekeranye kuyandi, mbega ntubona itandukaniro iryariryo ryose mukurema kwa nyene imigisha, rero n’uhindukize amaso yawe ugume uvuga uti:- mbega urabona mwo ikosa ثُمَّ ٱرۡجِعِ ٱلۡبَصَرَ كَرَّتَيۡنِ يَنقَلِبۡ إِلَيۡكَ ٱلۡبَصَرُ خَاسِئًا وَهُوَ حَسِيرٌ ٤Kandi garura amaso yawe kenshi na kenshi, hanyuma iryo jisho ryawe rizo garuka riteterewe nawe warushe وَلَقَدۡ زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِمَصَٰبِيحَ وَجَعَلۡنَٰهَا رُجُومًا لِّلشَّيَٰطِينِۖ وَأَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابَ ٱلسَّعِيرِ ٥Mu vy’ukuri twarasharije iri Juru riri hafi n’amatara, kandi twagize gutyo kugira ngo dukubite amashetani, kandi twabashiriye ho ibihano biteguye vy’umuriro waka n’inguvu nyinshi cane وَلِلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ ٦N’abahakanye Umuremyi wabo w’ukuri, hariho ibihano vy’umuriro udahera witiriwe Jahannamu n’ingaruka mbi imeze gute إِذَآ أُلۡقُواْ فِيهَا سَمِعُواْ لَهَا شَهِيقًا وَهِيَ تَفُورُ ٧Ni batabwa muriwo bazo kwumva isumo ryawo n’ingene umoka تَكَادُ تَمَيَّزُ مِنَ ٱلۡغَيۡظِۖ كُلَّمَآ أُلۡقِيَ فِيهَا فَوۡجٌ سَأَلَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ نَذِيرٌ ٨Uregereje gusaduka kubera ishavu ryawo no hejuru y’abantu babi, uko hatawe mwo umurwi w’abantu babi, aba wucungereye nabo bazoba baza bati :- mbega ntimwashikiwe n’uwutuza قَالُواْ بَلَىٰ قَدۡ جَآءَنَا نَذِيرٌ فَكَذَّبۡنَا وَقُلۡنَا مَا نَزَّلَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٍ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ كَبِيرٍ ٩Nabo bazo kwishura bati:- mbega ni kuki twashikiwe n’uwutuza? Mugabo twebwe twarahakanye n’ukuvuga duti:- Imana nta nakimwe yamanuye, namwe ntaho muri atari mubuzimire buniniya cane وَقَالُواْ لَوۡ كُنَّا نَسۡمَعُ أَوۡ نَعۡقِلُ مَا كُنَّا فِيٓ أَصۡحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ ١٠Bazovuga bati :- iyo tuba twumva canke iyo tuba dufise ubwenge ntitwari kuba abantu bo mumuriro udahera فَٱعۡتَرَفُواْ بِذَنۢبِهِمۡ فَسُحۡقًا لِّأَصۡحَٰبِ ٱلسَّعِيرِ ١١Baremeza ibicumuro vyabo, rero uguhonywa kwabo kuraba kwiye abo bantu bo mu muriro udahera إِنَّ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُم بِٱلۡغَيۡبِ لَهُم مَّغۡفِرَةٌ وَأَجۡرٌ كَبِيرٌ ١٢Mu vy’ukuri bamwe batinya Umuremyi wabo nabo batamubona bazoronka imbabazi n’impembo niniya cane وَأَسِرُّواْ قَوۡلَكُمۡ أَوِ ٱجۡهَرُواْ بِهِۦٓۖ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ١٣Nimugire amabanga y’imvugo zanyu canke muziserure, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu أَلَا يَعۡلَمُ مَنۡ خَلَقَ وَهُوَ ٱللَّطِيفُ ٱلۡخَبِيرُ ١٤Ntamenye uwaremye nayo ariyo ifise ubumenyi bw’ibitazwi hamwe n’ibizwi هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ ذَلُولًا فَٱمۡشُواْ فِي مَنَاكِبِهَا وَكُلُواْ مِن رِّزۡقِهِۦۖ وَإِلَيۡهِ ٱلنُّشُورُ ١٥Niyo yagize Isi ngo ishobore gukora kubera mwebwe, rero ni mugenzure kumpande zayo zose, kandi mufungure kumigisha yayo, no kuriyo niho twese tuzo subirayo ءَأَمِنتُم مَّن فِي ٱلسَّمَآءِ أَن يَخۡسِفَ بِكُمُ ٱلۡأَرۡضَ فَإِذَا هِيَ تَمُورُ ١٦Mbega mwiyumvira yuko muri mumahoro ku Mana iyo mw’ijuru itazoba cinyiriza kw’Isi, mukaza mubona Isi iranyiganze أَمۡ أَمِنتُم مَّن فِي ٱلسَّمَآءِ أَن يُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ حَاصِبًاۖ فَسَتَعۡلَمُونَ كَيۡفَ نَذِيرِ ١٧Canke mwiyumvira yuko muri mumahoro ku Mana iri mw’ijuru ubwami bwiwe ni buniniya yuko itazoba zanira igihuhusi kivanzwe mwo umusenyi n’amabuye, niho muzomenya ituza ryanje وَلَقَدۡ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَكَيۡفَ كَانَ نَكِيرِ ١٨Ntankeka barahakanye abariho imbere yabo, mbega kwabaye gute ugushavura kwanje أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلطَّيۡرِ فَوۡقَهُمۡ صَٰٓفَّٰتٍ وَيَقۡبِضۡنَۚ مَا يُمۡسِكُهُنَّ إِلَّا ٱلرَّحۡمَٰنُۚ إِنَّهُۥ بِكُلِّ شَيۡءِۭ بَصِيرٌ ١٩Mbega ntibabona inyoni ziri hejuru yabo ingene zigorora amababa yazo n’ukuyazinga, nta n’umwe azi zitirira atari Imana nyene imigisha myinshi, mu vy’ukuri niyo ibona ibintu vyose أَمَّنۡ هَٰذَا ٱلَّذِي هُوَ جُندٌ لَّكُمۡ يَنصُرُكُم مِّن دُونِ ٱلرَّحۡمَٰنِۚ إِنِ ٱلۡكَٰفِرُونَ إِلَّا فِي غُرُورٍ ٢٠Canke n’izihe ngabo zanyu zishobora kuba kingira atari nyene imigisha myinshi? Ntaba hakanyi b’Imana yabo y’ukuri atari uguhendwa gusa أَمَّنۡ هَٰذَا ٱلَّذِي يَرۡزُقُكُمۡ إِنۡ أَمۡسَكَ رِزۡقَهُۥۚ بَل لَّجُّواْ فِي عُتُوٍّ وَنُفُورٍ ٢١Canke ni nde azobaha imigisha mugihe ibazitiriye iyo migisha yayo ahubwo babandanya mu bwiyonkore bwabo n’urwankano gusa أَفَمَن يَمۡشِي مُكِبًّا عَلَىٰ وَجۡهِهِۦٓ أَهۡدَىٰٓ أَمَّن يَمۡشِي سَوِيًّا عَلَىٰ صِرَٰطٍ مُّسۡتَقِيمٍ ٢٢Mbega uwugenda ajunjamitse umutwe wiwe atamerewe neza, mbega niwe mweranda, canke uwugenda atumbereye inzira igororotse قُلۡ هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَكُمۡ وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَۚ قَلِيلًا مَّا تَشۡكُرُونَ ٢٣Vuga uti:- niyo yabaremye n’ukubaha amatwi n’amaso hamwe n’imitima, rero nibakeyi cane bashima iyo ngabirano yanyu قُلۡ هُوَ ٱلَّذِي ذَرَأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَإِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ ٢٤Vuga uti:- niyo yabatandukanije kw’Isi, niwe niho muzo kwegeranywa وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٢٥Nabo bavuga bati:- niryari iryo sango nimwaba mu vugisha ukuri قُلۡ إِنَّمَا ٱلۡعِلۡمُ عِندَ ٱللَّهِ وَإِنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٌ مُّبِينٌ ٢٦Vuga uti :- ubumenyi bwavyo buri ku Mana, kandi mu vy’ukuri jewe ndi umutuza gusa n’uwuba sobanurira فَلَمَّا رَأَوۡهُ زُلۡفَةً سِيٓـَٔتۡ وُجُوهُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَقِيلَ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَدَّعُونَ ٢٧Mugabo mugihe bazo kibonera kiri hafi, amaso y’abahakanye Imana yabo y’ukuri azo mara mara hanyuma havurwe hati:- ibi nivyo mwahora musaba قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَهۡلَكَنِيَ ٱللَّهُ وَمَن مَّعِيَ أَوۡ رَحِمَنَا فَمَن يُجِيرُ ٱلۡكَٰفِرِينَ مِنۡ عَذَابٍ أَلِيمٍ ٢٨Vuga uti:- ni mumbwire yuko Imana niya mponya jewe, hamwe nabo turi kumwe, canke itugiriye impuhwe zayo, none ni nde azoba kingira abo bahakana Imana yabo y’ukuri n’ibihano vy’Imana bibabaza قُلۡ هُوَ ٱلرَّحۡمَٰنُ ءَامَنَّا بِهِۦ وَعَلَيۡهِ تَوَكَّلۡنَاۖ فَسَتَعۡلَمُونَ مَنۡ هُوَ فِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٢٩Vuga uti:- Imana niyo nyene impuhwe nyinshi twebwe tuyemera n’ukuyizera, nubu vuba muzo menya uwuri m’ubuzimire buri k’umugaragaro قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَصۡبَحَ مَآؤُكُمۡ غَوۡرًا فَمَن يَأۡتِيكُم بِمَآءٍ مَّعِينِۭ ٣٠Vuga uti:- mwebwe mubona gute nkiyo amazi yanyu yoba yibijwe mu kuzimu, none ni nde yobazanira amazi meza y’isoko