Millat al-Islam

Chapter 77 · 50 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Mursalat in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Mursalat (1212 reciters)

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفًا ١Ndarahiye kumiyaga izanwa buhoro buhoro فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفًا ٢No kumiyaga ihinda kunguvu nyinshi cane وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرًا ٣No kumiyaga igurura ibicu, ikabigurura nkuko Imana ibishaka فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقًا ٤Iga tandukanisha kure na kure ivyo bicu فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا ٥Ndarahiye kuba Marayika bashikiriza ubutumwa bw’Imana ku ntumwa z’Imana عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا ٦Mugukura impamvu kanaka canke gutuza إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٌ ٧Mu vy’ukuri ibi mwemerewe ntankeka bizoshika فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ ٨Mugihe inyenyeri zizo hanagurwa imico yazo وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ ٩N’amajuru igihe azo manyagurika وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ ١٠N’imisozi igihe izo vungagurika وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ ١١N’intumwa z’Imana igihe zizo kwegeranywa لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ ١٢Ni k’umusi uwuhe bagenewe ico gihe لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ ١٣N’umusi w’intahe y’ukuri وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ١٤None n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’intahe y’ukuri وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ١٥N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٦Mbega ntitwahoneje abantu ba kera burundu ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ ١٧Hanyuma dukurikiza ko abandi bantu كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ ١٨Uko niko tuzobagira abandi bazoba bari mumakosa وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ١٩N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri أَلَمۡ نَخۡلُقكُّم مِّن مَّآءٍ مَّهِينٍ ٢٠Mbega ntitwabaremye mumazi ahoya hoya فَجَعَلۡنَٰهُ فِي قَرَارٍ مَّكِينٍ ٢١Hanyuma tuyashira ahantu haturuye إِلَىٰ قَدَرٍ مَّعۡلُومٍ ٢٢Kugeza kukiringo kizwi فَقَدَرۡنَا فَنِعۡمَ ٱلۡقَٰدِرُونَ ٢٣Natwe tugereranya umwanya w’ukuboneka kw’ikibondo, natwe ni beza mukugereranya وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٢٤N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ كِفَاتًا ٢٥Mbega twebwe ntitwagize iy’Isi kugira ngo twegeranye abantu bose أَحۡيَآءً وَأَمۡوَٰتًا ٢٦Mubiri bizima hamwe n’ivyapfuye وَجَعَلۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ شَٰمِخَٰتٍ وَأَسۡقَيۡنَٰكُم مَّآءً فُرَاتًا ٢٧No muriyo duhashira mwo imisozi mire mire itsimbataye neza hasi n’ukubanywesha amazi meza y’umusarara وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٢٨N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ٢٩Ni mugende kuri vya bihano mwahora muhakana ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ ظِلٍّ ذِي ثَلَٰثِ شُعَبٍ ٣٠Ni mugende muri ca gitutu c’umuriro gifise impande zitatu لَّا ظَلِيلٍ وَلَا يُغۡنِي مِنَ ٱللَّهَبِ ٣١Ntikibapfuka ico gitutu canke ntikibahengeshanya n’ukwaka kuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu إِنَّهَا تَرۡمِي بِشَرَرٍ كَٱلۡقَصۡرِ ٣٢Mu vy’ukuri uwo muriro udahera utanga imishwarara yawo ingana nk’amazu كَأَنَّهُۥ جِمَٰلَتٌ صُفۡرٌ ٣٣Nkuko womengo n’ingamiya ifise ibara ry’umuhondo وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٣٤N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri هَٰذَا يَوۡمُ لَا يَنطِقُونَ ٣٥Uno musi n’umusi waho ata nakimwe bavuga وَلَا يُؤۡذَنُ لَهُمۡ فَيَعۡتَذِرُونَ ٣٦Kandi ntibazo habwa uruhusha kugira ngo bisigure وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٣٧N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِۖ جَمَعۡنَٰكُمۡ وَٱلۡأَوَّلِينَ ٣٨Uwu n’umusi w’intahe y’ukuri, twabegeranije mwese hamwe n’ababayeho imbere yanyu فَإِن كَانَ لَكُمۡ كَيۡدٌ فَكِيدُونِ ٣٩Ni mwaba mufise izindi ngeso ni muzigire hejuru yanje وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٤٠N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي ظِلَٰلٍ وَعُيُونٍ ٤١Ntankeka aba ninahaza Imana yabo y’ukuri bazoba bari mu bitutu n’imyonga وَفَوَٰكِهَ مِمَّا يَشۡتَهُونَ ٤٢N’ivyamwa bakunda كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٤٣Ni mufungure kandi munywe n’akanya muneza ntangere, kubera ivyo mwahora mugira إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ ٤٤Uku rero niko duhemba abagira ineza وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٤٥N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri كُلُواْ وَتَمَتَّعُواْ قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجۡرِمُونَ ٤٦Ni mufungure kandi mwinezereze gatoyi gusa, mu vy’ukuri mwebwe muri abononyi وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٤٧N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱرۡكَعُواْ لَا يَرۡكَعُونَ ٤٨Babwiwe bati :- ni mupfukame, ntibigera bapfukama namba وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ٤٩N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ ٥٠Mbega n’ibiganiro nyabaki inyuma yibi biganiro vy’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani bazo kwemera

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.