Millat al-Islam

Chapter 53 · 62 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah An-Najm in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah An-Najm (1285 reciters)
Meccanسورة النجم62 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ ١Ndarahiye k’unyenyeri zikorotse مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ ٢Yuko umuntu wanyu atazimiye canke atakosheje وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ ٣Kandi ntavuga amajambo k’ugushaka kwiwe إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٌ يُوحَىٰ ٤Ntivyari kuba ibi vyose avuga atari uko ari ubutumwa bw’Imana yahawe عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ ٥Yaramwigishije uwufise inguvu nyinshi cane ذُو مِرَّةٍ فَٱسۡتَوَىٰ ٦Uwufise ububasha nawe afise uburinganire bukwiye وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ ٧Nawe akaba ari mukirere c’ukubona ibiri hejuru cane ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ ٨Hanyuma aregera n’ukumanuka فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ ٩Guca kuba ubube bw’abo bwo hafi nk’umuheto n ’uwundi biri hafi cane فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ ١٠Ica imwereka uyo mukozi wiwe kuvyo yeretswe مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ ١١Umutima ntiwabeshe kuvyo wabonye أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ ١٢Mbega muharira nawe kubintu yibonera وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ ١٣Yaramubonye ubugira kabiri kw’imanuka ryiwe عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ ١٤Kugiti c’amaherezo ryayo kiriho عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ ١٥Hafi yaho niho hari uwo murima uzovyagira mwo abantu beranda إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ ١٦Mugihe capfuka ico giti nica gipfuse مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ ١٧Ijisho naryo ntirya buragijwe canke ntiryarenze akarimbi لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ ١٨Mu vy’ukuri yarabonye ibintu bikuru bikuru mu bimenyetso vy’Umuremyi wiwe أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ ١٩Mbega mwarabonye uwitwa Laata hamwe na Uzzaa وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ ٢٠Hamwe n’uwitwa Manaata agira gatatu أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ ٢١Mbega mwebwe murafise ibibondo vy’abahungu nayo ikaba ifise ibibondo vy’abakobwa تِلۡكَ إِذًا قِسۡمَةٌ ضِيزَىٰٓ ٢٢Iryo n’igabanganywa ry’ubuhemu gusa إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٌ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ ٢٣Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amazina gusa mwabahaye mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, Imana rero ntiyamanuye ibimenyetso kuri ivyo kuko badakurikiza atari ivyo bikeka ko nivyo imitima yabo yipfuza, mu vy’ukuri uburokoke bwabashikiye buvuye kumuremyi wabo أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ ٢٤Mbega umuntu yoshobora kuronka ico yipfuza cose فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ ٢٥Ni ivy’Imana gusa haba k’umusi w’imperuka no kw’Isi ۞ وَكَم مِّن مَّلَكٍ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ ٢٦Hariho Abamarayika bangahe mw’ijuru, ubusabizi bwabo butazo fasha atari munyuma yaho Imana izotanga uruhusha kuwo yishakiye nuku mwemerera إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ ٢٧Mu vy’ukuri bamwe batemera umusi w’imperukara bahamagara Abamarayika ku mazina y’abakenyezi وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـًٔا ٢٨Nabo ntabumenyi bafise kuri ivyo, kuko bada kurikiza atari ukwikekeranya gusa, mu vy’ukuri ukwikeka ntigufasha ikintu na kimwe imbere y’ukuri فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا ٢٩Rero ni wirinde na bamwe baha ibitugu vyabo iki cibutso cacu kandi ntibashaka atari ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ ٣٠Aya niyo maherezo yabo mu kumenya kwabo, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’umuntu yazimiye munzira yiwe kandi niyo ifise n’ubumenyi bw’uwarokotse وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى ٣١Ni vy’Imana ibiri mumajuru hamwe n’ibiri kw’Isi kugira ngo ibahembe abantu babi kumabi yabo yose bagira, n’uguhemba ineza kubantu bagira ineza ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٌ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ ٣٢Abatitaho ku bicumuro bikuru bikuru hamwe n’ibikorwa vy’umwanda, dukuye mwo amakosa mato mato, ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe cinshi, kandi niyo ibazi cane kuva akibarema kuri iy’Isi, no kuva mukiri imbanyi z’abavyeyi banyu, rero ntimusukure imitima yanyu, kuko niyo ifise ubumenyi buhagije bw’uwisukuye أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ ٣٣Mbega wabonye umwe yahindukira وَأَعۡطَىٰ قَلِيلًا وَأَكۡدَىٰٓ ٣٤Akaba yatanze bikeyi n’uguca yigumya أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ ٣٥Mbega arafise ubumenyi bw’ibitaboneka n’ukubibona أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ ٣٦Canke ntiyabwiwe ibiri mu bitabu vy’’intumwa y’Imana Mussa (iii) وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ ٣٧Hamwe n’ibitabu vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yakwijije indagano y’Imana أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةٌ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ ٣٨Yuko itakira umutima w’ibicumuro vy’uwundi mutima وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ ٣٩N’umuntu ntazoronka icarico cose atari kukintu yakoze وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ ٤٠N’ibikorwa vyiwe yagize bizo bonekana ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ ٤١Hanyuma azohembwa impembo yiwe ikwiye وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ ٤٢Impera n’imperuka n’ugusubira k’Umuremyi wawe وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ ٤٣Nayo Imana niyo izana ibintu binezereza n’ibitera agahinda وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا ٤٤Kandi niyo yica n’ukuzura وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ ٤٥Kandi niyo yaremye ibintu bibiri ikigabo n’ikigore mubintu vyose مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ ٤٦Mu mbuto z’uruvyaro mugihe zisukiwe mugitereko c’uruvyaro وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ ٤٧Kandi n’uko hejuru yayo hariho irindi zurwa ry’abantu وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ ٤٨Kandi kuriyo niyo itanga ibikwiye ni vy’umusesekara وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ ٤٩Kandi niwe Muremyi w’Inyenyeri yitiriwe Shi’ira وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ ٥٠Kandi niyo yahoneje Aadi wambere وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ ٥١NaThamuda ntihasigaje n’umwe وَقَوۡمَ نُوحٍ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ ٥٢N’imbere y’abo abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone barahemukiye imitima yabo gusumba ayandi mabi cane وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ ٥٣N’ibisagara vyacuranguwe ikaba ariyo yabi curanguye فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ ٥٤Irabipfuka ivyapfutswe فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ ٥٥N’iyihe migisha y’Umuremyi wawe uyigirira ko amakenga هَٰذَا نَذِيرٌ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ ٥٦Uyu n’uwutuza mubatuza bakera أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ ٥٧Icaduka kiri hafi kiregereje لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ ٥٨Ntawushobora kugikura ho atari Imana yonyene أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ ٥٩Mbega mutangazwa n’ibi biganiro وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ ٦٠N’ugutwenga, kandi mutarira وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ ٦١Murasamaye gusa فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ ۩ ٦٢Rero nimu pfukamire Imana kandi muyisenge

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.