Millat al-Islam

Chapter 13 · 43 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ar-Ra'd in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Ar-Ra'd (1262 reciters)
Medinanسورة الرعد43 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِۗ وَٱلَّذِيٓ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ ٱلۡحَقُّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ ١Alif, Laam, Miiym, Ra. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Izi ndome ziri muri iki gitabu hamwe n’ivyamanuriwe kuri wewe ntumwa y’Imana bivuye k’Umuremyi wawe arivyo vy’ukuri, mugabo abantu benshi ntibavyemera nagatoyi ٱللَّهُ ٱلَّذِي رَفَعَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ بِغَيۡرِ عَمَدٍ تَرَوۡنَهَاۖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلٌّ يَجۡرِي لِأَجَلٍ مُّسَمًّىۚ يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ يُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُم بِلِقَآءِ رَبِّكُمۡ تُوقِنُونَ ٢Imana niyo yareruye amajuru adafise inkingi nkuko namwe muvyibonera hanyuma ica iganza hejuru y’inyegamo yayo, nukugamburutsa Izuba hamwe n’Ukwezi kimwe muri ivyo kiguma kibandanya kugeza kumwanya cagenewe, Imana rero niyo igendesha ibintu, nayo niyo itandukanya aya majambo yayo matagatifu kugira ngo muronke icizero cuko muzohura n’Umuuremyi wanyu وَهُوَ ٱلَّذِي مَدَّ ٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۡهَٰرًاۖ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ جَعَلَ فِيهَا زَوۡجَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يَتَفَكَّرُونَ ٣Nayo niyo yashashe Isi nugushira muriyo Imisozi n’Inzuzi, no muvyamwa vyose ibigiramwo ubwoko bubiri, ifuka ijoro hejuru y’umutaga mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu biyumvira وَفِي ٱلۡأَرۡضِ قِطَعٌ مُّتَجَٰوِرَٰتٌ وَجَنَّٰتٌ مِّنۡ أَعۡنَٰبٍ وَزَرۡعٌ وَنَخِيلٌ صِنۡوَانٌ وَغَيۡرُ صِنۡوَانٍ يُسۡقَىٰ بِمَآءٍ وَٰحِدٍ وَنُفَضِّلُ بَعۡضَهَا عَلَىٰ بَعۡضٍ فِي ٱلۡأُكُلِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يَعۡقِلُونَ ٤No kw’Isi harimwo ibimanyu bimatanye hakaba n’ahandi harimwo imirima y’imizabibu, n’izindi mbuto hamwe n’imitende y’imivyaro yavyo mw’itsina rimwe hamwe n’ibindi bitamerera kugitsina kimwe, vyose binywesherezwa nayo mazi nyene, kandi tukabigira neza bimwe murivyo mukubifungura, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bashira ibintu mubwenge ۞ وَإِن تَعۡجَبۡ فَعَجَبٌ قَوۡلُهُمۡ أَءِذَا كُنَّا تُرَٰبًا أَءِنَّا لَفِي خَلۡقٍ جَدِيدٍۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَغۡلَٰلُ فِيٓ أَعۡنَاقِهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ٥Niwaba ufise igitangaro, rero ico gutangaza gusumba n’imvugo yabo ivuga iti:- mbega nitwaba twamaze kuba ivu, nivy’ukuri tuzoba murindi remwa rishasha, abo nibo bantu bahakanye Umuremyi wabo, kandi abo nibo bazoba bafise ibiziriko mumazosi yabo kandi abo nyene nibo bantu bo mumuriro udahera, muriwo bazowubamwo mu buzima bwabo bwose وَيَسۡتَعۡجِلُونَكَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِ وَقَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهِمُ ٱلۡمَثُلَٰتُۗ وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو مَغۡفِرَةٍ لِّلنَّاسِ عَلَىٰ ظُلۡمِهِمۡۖ وَإِنَّ رَبَّكَ لَشَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ ٦Baguhimiriza ngo uzane amabi imbere y’ineza mugihe hamaze guhita ibihano vy’ubwoko bwose imbere yabo, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe kubantu biwe kubera ubuhemu bw’imitima yabo n’ibicumuro vyabo kandi mu vy’ukuri Umuremyi wawe arakaze cane muguhana وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٌ مِّن رَّبِّهِۦٓۗ إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرٌۖ وَلِكُلِّ قَوۡمٍ هَادٍ ٧Bavuga babahakanyi b’Imana y’ukuri bati:- nikuki atamanuriwe ibitangaro bivuye kumuremyi wiwe, mu vy’ukuri wewe uri mubantu batuza, n’imirwi y’abantu bose irafise umuyobozi ٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تَحۡمِلُ كُلُّ أُنثَىٰ وَمَا تَغِيضُ ٱلۡأَرۡحَامُ وَمَا تَزۡدَادُۚ وَكُلُّ شَيۡءٍ عِندَهُۥ بِمِقۡدَارٍ ٨Imana niyo ifise ubumenyi bw’ico umukenyezi wese yibungenze hamwe nicoba kigabanutse munda yiwe hamwe nicoba congerekanye kuriwe,vyose Imana irabizi, n’ikintu icarico cose kuriyo kiri kurugero rwaco عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡكَبِيرُ ٱلۡمُتَعَالِ ٩Uwufise ubumenyi bw’amabanga hamwe n’ibiri k’umugaragaro, n’Imana, nayo niyo nkuru kandi niyo iri hejuru y’ibintu vyose سَوَآءٌ مِّنكُم مَّنۡ أَسَرَّ ٱلۡقَوۡلَ وَمَن جَهَرَ بِهِۦ وَمَنۡ هُوَ مُسۡتَخۡفِۭ بِٱلَّيۡلِ وَسَارِبُۢ بِٱلنَّهَارِ ١٠Nivyiza k’umuntu anyegeza imvugo yiwe muri mwebwe hamwe n’uwuyiserura, n’uwuyinyegeza mw’ijoro hamwe n’uwuyiserura k’umurango لَهُۥ مُعَقِّبَٰتٌ مِّنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ يَحۡفَظُونَهُۥ مِنۡ أَمۡرِ ٱللَّهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُغَيِّرُ مَا بِقَوۡمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُواْ مَا بِأَنفُسِهِمۡۗ وَإِذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِقَوۡمٍ سُوٓءًا فَلَا مَرَدَّ لَهُۥۚ وَمَا لَهُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَالٍ ١١Irafise umurwi uri imbere yiwe hamwe n’uwundi uri inyuma yiwe yabamucungera kw’itegeko ry’Imana, mu vy’ukuri Imana ntihindura ibiri mu bantu kugeza aho bazohindura ibiri mumitima yabo, n’Imana mugihe ibashakiye abantu ibihano ntakintu gishobora gukingira, canke ntawufise inkinzo uwariwe wese atari Imana yonyene gusa هُوَ ٱلَّذِي يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفًا وَطَمَعًا وَيُنشِئُ ٱلسَّحَابَ ٱلثِّقَالَ ١٢Niyo ibereka umuravyo w’ubwoba hamwe n’itamariro ry’ukuronka imvura nukuzana ibicu biremereye cane وَيُسَبِّحُ ٱلرَّعۡدُ بِحَمۡدِهِۦ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ مِنۡ خِيفَتِهِۦ وَيُرۡسِلُ ٱلصَّوَٰعِقَ فَيُصِيبُ بِهَا مَن يَشَآءُ وَهُمۡ يُجَٰدِلُونَ فِي ٱللَّهِ وَهُوَ شَدِيدُ ٱلۡمِحَالِ ١٣N’inkuba iratakambira Imana nugushima hamwe n’abamarayika mukuyitinya, n’Imana itwara imituragaro y’inkuba nukuyikubita uwo yishakiye, nabo baharira kubera Imana mugihe bazi yuko ikaze cane muguhana لَهُۥ دَعۡوَةُ ٱلۡحَقِّۚ وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَسۡتَجِيبُونَ لَهُم بِشَيۡءٍ إِلَّا كَبَٰسِطِ كَفَّيۡهِ إِلَى ٱلۡمَآءِ لِيَبۡلُغَ فَاهُ وَمَا هُوَ بِبَٰلِغِهِۦۚ وَمَا دُعَآءُ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ ١٤Iwe niho hari ibisabisho vy’ukuri nabamwe basaba ibitari Imana ntanakimwe babishura ahubwo nink’uwugorora amaboko yiwe abiri mumazi kugirango ayo mazi ashike mukanwa kiwe, mugabo ntashike kandi ntabisabisho vy’abatemera Imana yabo y’ukuri bibaho atari uko ari ubuzimire gusa وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ طَوۡعًا وَكَرۡهًا وَظِلَٰلُهُم بِٱلۡغُدُوِّ وَٱلۡأٓصَالِ ۩ ١٥Bapfukamira Imana abari mumajuru no kw’Isi kugushaka kwabo canke kunguvu, n’ibitutu vyabo bishira imitwe yavyo hasi kuva mugitondo kugeza kumugoroba قُلۡ مَن رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ قُلِ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَٱتَّخَذۡتُم مِّن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ لَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ نَفۡعًا وَلَا ضَرًّاۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ أَمۡ هَلۡ تَسۡتَوِي ٱلظُّلُمَٰتُ وَٱلنُّورُۗ أَمۡ جَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ خَلَقُواْ كَخَلۡقِهِۦ فَتَشَٰبَهَ ٱلۡخَلۡقُ عَلَيۡهِمۡۚ قُلِ ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٍ وَهُوَ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّٰرُ ١٦Vuga uti:- ni nde Muremyi w’Amajuru n’Isi? Usubire uvuge uti:- n’Imana, vuga uti:- mbega mugira izindi mana atari yo ? Mugihe izo mana ataco zifashije kubera imitima yabo canke ukwikwegerako agahengwe canke ukwikurako inabi, vuga uti:- mbega boshobora kungana impumyi hamwe n’umuntu abona? Canke birashoboka kungana k’umwijima hamwe n’umuco, canke bagiriye Imana kuba ari basomambike bayo baremye nkuko Imana yabaremye kuri ivyo biremwa vyabahenze, vuga uti:- Imana niyo rurema w’ibintu vyose, kandi niyo yonyene rudende icisha aho yishakiye أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَسَالَتۡ أَوۡدِيَةُۢ بِقَدَرِهَا فَٱحۡتَمَلَ ٱلسَّيۡلُ زَبَدًا رَّابِيًاۖ وَمِمَّا يُوقِدُونَ عَلَيۡهِ فِي ٱلنَّارِ ٱبۡتِغَآءَ حِلۡيَةٍ أَوۡ مَتَٰعٍ زَبَدٌ مِّثۡلُهُۥۚ كَذَٰلِكَ يَضۡرِبُ ٱللَّهُ ٱلۡحَقَّ وَٱلۡبَٰطِلَۚ فَأَمَّا ٱلزَّبَدُ فَيَذۡهَبُ جُفَآءًۖ وَأَمَّا مَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ فَيَمۡكُثُ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ كَذَٰلِكَ يَضۡرِبُ ٱللَّهُ ٱلۡأَمۡثَالَ ١٧Niyo yamanuye amazi avuye mubicu hamwe n’imyaba icishamwo amazi ahagije kurugero rwayo, n’imyuzurire y’amazi itwara ifuro riri hejuru y’amazi, no muri bimwe bashusha mumuriro bashakamwo ibisharizo canke ibindi bikoresho hagaca haboneka ifuro nkuko nyene, uku rero niko Imana itanga akarorero k’ukuri n’ikinyoma hanyuma ryafuro rikagenda nk’umwanda gusa, rero bimwe bibafitiye akamaro kuribo biba ng’aha kw’Isi, uku niko Imana itanga akarorero لِلَّذِينَ ٱسۡتَجَابُواْ لِرَبِّهِمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَٱلَّذِينَ لَمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَهُۥ لَوۡ أَنَّ لَهُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعًا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفۡتَدَوۡاْ بِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ سُوٓءُ ٱلۡحِسَابِ وَمَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ ١٨Bazoronka ineza nziza bamwe bitaba akamo k’Umuremyi wabo yabateye, nabamwe batitabiye ako kamo naho boba bafise ibiri ngaha kw’Isi hamwe n’ibindi nk’ivyo, ntankeka bari gubitanga mukwikombora kwabo, abo bazoba bafise ibiharuro bibi cane n’ubwicaro bwabo buzoba ari ubwo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi n’ahantu habi cane naho hameze gute ۞ أَفَمَن يَعۡلَمُ أَنَّمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ ٱلۡحَقُّ كَمَنۡ هُوَ أَعۡمَىٰٓۚ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ ١٩Mbega uwufise ubumenyi yuko ivyamanuwe kuri wewe bivuye ku Muremyi wawe ari ivy’ukuri ninkakumwe kw’impumyi ? Abafise ubwenge nibo bategera ٱلَّذِينَ يُوفُونَ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ وَلَا يَنقُضُونَ ٱلۡمِيثَٰقَ ٢٠Abakwiza amasezerano y’Imana kandi batarenze kuyandi masezerano y’abandi bantu وَٱلَّذِينَ يَصِلُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ وَيَخَافُونَ سُوٓءَ ٱلۡحِسَابِ ٢١N’abateranya ivyo Imana yategetse ngo vyungwe, n’ugutinya Umuremyi wabo n’ugutinya ibiharuro bibi وَٱلَّذِينَ صَبَرُواْ ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ رَبِّهِمۡ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَنفَقُواْ مِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ سِرًّا وَعَلَانِيَةً وَيَدۡرَءُونَ بِٱلۡحَسَنَةِ ٱلسَّيِّئَةَ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ عُقۡبَى ٱلدَّارِ ٢٢N’abantu batenyenya barondera impuhwe z’Umuremyi wabo n’uguhagarika amasengesho hamwe nugutanga muvyo twabahaye mumbari no k’umugaragaro, n’ugukuraho amabi basubizaho ineza, abo nibo bazoronka impembo nziza y’ingoro yo mw’ijuru جَنَّٰتُ عَدۡنٍ يَدۡخُلُونَهَا وَمَن صَلَحَ مِنۡ ءَابَآئِهِمۡ وَأَزۡوَٰجِهِمۡ وَذُرِّيَّٰتِهِمۡۖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَدۡخُلُونَ عَلَيۡهِم مِّن كُلِّ بَابٍ ٢٣Imirima y’ubuzima budahera bazokwinjiramwo hamwe n’abagize ineza kubavyeyi babo hamwe n’abatambukanyi babo hamwe n’uruvyaro rwabo, hamwe n’Abamarayika binjira mumiryango yose سَلَٰمٌ عَلَيۡكُم بِمَا صَبَرۡتُمۡۚ فَنِعۡمَ عُقۡبَى ٱلدَّارِ ٢٤Amahoro y’Imana abe kuri mwese kandi abe kuri mwebwe kubera yuko mwihanganye, rero n’ibikorwa vyiza bimeze gute vy’ingaruka y’inyubakwa yo mw’ijuru kubagamburukira Imana وَٱلَّذِينَ يَنقُضُونَ عَهۡدَ ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مِيثَٰقِهِۦ وَيَقۡطَعُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱللَّعۡنَةُ وَلَهُمۡ سُوٓءُ ٱلدَّارِ ٢٥Nabamwe basenyura amasezerano y’Imana munyuma yaho yamaze gupfundikwa nukwanka ivyategetswe n’Imana yategetse ngo ntapfundikwe nukugira ubwononyi ngaha kw’Isi, abo bantu nibo bazoronka umuvumo w’Imana nukuronka inzu mbi cane ٱللَّهُ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ وَفَرِحُواْ بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا فِي ٱلۡأٓخِرَةِ إِلَّا مَتَٰعٌ ٢٦Imana yugururira imigisha yayo kuwo yishakiye nukuyima uwo yishakiye, abandi bakanezerezwa n’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi n’ubuzima bwo ngaha kw’Isi ubugereranije n’ubuzima bwo mw’ijuru ntakintu kirimwo ahubwo nukwinezereza gutoyi gusa وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٌ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِيٓ إِلَيۡهِ مَنۡ أَنَابَ ٢٧Abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuga bati:- ni kuki atamanuriwe ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe? Wewe vuga uti:- mu vy’ukuri Imana yama ireka umuntu agatakara kugushaka kwayo kandi ikarongora abatumbereye iwe ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَطۡمَئِنُّ قُلُوبُهُم بِذِكۡرِ ٱللَّهِۗ أَلَا بِذِكۡرِ ٱللَّهِ تَطۡمَئِنُّ ٱلۡقُلُوبُ ٢٨Nibarya bemeye Imana yabo y’ukuri n’imitima yabo ikaba ihumuye neza mukwibuka Imana, namwe nimwumvirize neza mukwibuka Imana imitima yabo ihumuye ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ طُوبَىٰ لَهُمۡ وَحُسۡنُ مَـَٔابٍ ٢٩Bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, umunezero uzoba ari uwabo n’ingaruka nziza كَذَٰلِكَ أَرۡسَلۡنَٰكَ فِيٓ أُمَّةٍ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهَآ أُمَمٌ لِّتَتۡلُوَاْ عَلَيۡهِمُ ٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ وَهُمۡ يَكۡفُرُونَ بِٱلرَّحۡمَٰنِۚ قُلۡ هُوَ رَبِّي لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُ وَإِلَيۡهِ مَتَابِ ٣٠Uko rero niko twakuzanye mubantu bamaze kuhita imbere yabo n’abandi bantu kugira ngo ubasomere kuvyo twaguhaye, nabo bakaba bahakana nyene Imigisha mininiya wewe vuga uti:- niwe Muremyi wanje kuko ntayindi Mana isengwa atariyo yonyene ikaba ariyo nizeye n’ingaruka yanje nikuriyo وَلَوۡ أَنَّ قُرۡءَانًا سُيِّرَتۡ بِهِ ٱلۡجِبَالُ أَوۡ قُطِّعَتۡ بِهِ ٱلۡأَرۡضُ أَوۡ كُلِّمَ بِهِ ٱلۡمَوۡتَىٰۗ بَل لِّلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ جَمِيعًاۗ أَفَلَمۡ يَاْيۡـَٔسِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَهَدَى ٱلنَّاسَ جَمِيعًاۗ وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ تُصِيبُهُم بِمَا صَنَعُواْ قَارِعَةٌ أَوۡ تَحُلُّ قَرِيبًا مِّن دَارِهِمۡ حَتَّىٰ يَأۡتِيَ وَعۡدُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ ٣١Iyo haba iyi Qur’ani nyeranda hakaba muriyo imisozi yari gukurwaho canke kuriyoSi yari gusatagurika, canke abitavye Imana yabo bari kuvugishwa, mugabo si uko rero ibintu vyose nivy’Imana, mbega ntibaramenya abemeye Imana yabo y’ukuri yuko Imana iyo ibishaka ntankeka yari kurongora abantu bose, canke ivyago ntibizoreka kubashikira bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri kubera ivyo bagize, canke hazomanuka ubu vuba no mubisagara vyabo kugeza aho hazoshika indagano y’Imana, mu vy’ukuri Imana ntita indagano yayo وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٍ مِّن قَبۡلِكَ فَأَمۡلَيۡتُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ ثُمَّ أَخَذۡتُهُمۡۖ فَكَيۡفَ كَانَ عِقَابِ ٣٢Mu vy’ukuri intumwa z’Imana zarakengerewe, cane cane muntumwa zabayeho imbere yawe nanje sinabahanye ningoga na ningoga muri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri munyuma yaho niho nabifatira mumaboko yanje, mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute أَفَمَنۡ هُوَ قَآئِمٌ عَلَىٰ كُلِّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡۗ وَجَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ قُلۡ سَمُّوهُمۡۚ أَمۡ تُنَبِّـُٔونَهُۥ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَم بِظَٰهِرٍ مِّنَ ٱلۡقَوۡلِۗ بَلۡ زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ مَكۡرُهُمۡ وَصُدُّواْ عَنِ ٱلسَّبِيلِۗ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٍ ٣٣Mbega uhagarikiye umutima w’umwumwe kuvyo wagize, bakaba bagiriye Imana mukuyi gereranya n’ibindi bintu, wewe vuga uti:- nimubavuge abo mugereranya nabo n’Imana canke muyibwira ivyo itazi biri ngaha kw’Isi canke n’amajambo agaragara gusa, rero abo bahakanyi b’Imana y’ukuri basharijwe n’ivyo badukana navyo nukuzitira inzira y’ukuri, rero uwo Imana yatakaje ntawundi amurongora لَّهُمۡ عَذَابٌ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَشَقُّۖ وَمَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن وَاقٍ ٣٤Barafise ibihano vyo mubuzima bwo ngaha kw’Isi kandi ntankeka ibihano vy’umusi w’umuhero w’Isi nibigoye cane, kandi ntawuzoba kingira imbere y’Imana ۞ مَّثَلُ ٱلۡجَنَّةِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ أُكُلُهَا دَآئِمٌ وَظِلُّهَاۚ تِلۡكَ عُقۡبَى ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْۚ وَّعُقۡبَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٱلنَّارُ ٣٥Akarorero k’Ijuru bemerewe kubatinya Imana yabo y’ukuri, imbere yabo niho haca imyonga n’ivyamwa vyaho nivy’ubuzima budahera hamwe n’igitutu caho nyene, aya niyo maherezo ya bamwe bemera Imana yabo yukuri, n’imperuka y’abahakanyi b’Imana nimuriro udahera gusa وَٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَفۡرَحُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَۖ وَمِنَ ٱلۡأَحۡزَابِ مَن يُنكِرُ بَعۡضَهُۥۚ قُلۡ إِنَّمَآ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَلَآ أُشۡرِكَ بِهِۦٓۚ إِلَيۡهِ أَدۡعُواْ وَإِلَيۡهِ مَـَٔابِ ٣٦Nabo twahaye igitabu banezerezwa nivyo wamanuriwe nomumirwi yabo bahakanyi b’Imana harimwo ivyo banka, bimwe muri ibi, rero nuvuge uti:- jewe nategetswe gusenga Imana yanje gusa, kandi sindayigereranya n’ibindi bintu, niyo ntakambira kandi niwe niho hari ingaruka yanje وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ حُكۡمًا عَرَبِيًّاۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيٍّ وَلَا وَاقٍ ٣٧Uku rero niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mugihe ari itegeko ry’Imana ryamanuwe muririmi rw’icarabu, niwakurikira itamariro ryabo mugihe umaze gushikirwa nubu bumenyi umenye yuko utazoba ukironse umugenzi canke uwugukingira imbere y’Imana وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلًا مِّن قَبۡلِكَ وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ أَزۡوَٰجًا وَذُرِّيَّةًۚ وَمَا كَانَ لِرَسُولٍ أَن يَأۡتِيَ بِـَٔايَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ لِكُلِّ أَجَلٍ كِتَابٌ ٣٨Twararungitse intumwa z’Imana imbere yawe, nukubaha abakenyezi hamwe n’ibibondo, kandi ntibishoboka kuntumwa y’Imana kuzana igitangaro icarico cose atari kw’itegeko ry’Imana, rero umwanya uwariwo wose urafise amategeko yanditwse n’Imana يَمۡحُواْ ٱللَّهُ مَا يَشَآءُ وَيُثۡبِتُۖ وَعِندَهُۥٓ أُمُّ ٱلۡكِتَٰبِ ٣٩Imana ihanagura ivyo yishakiye n’ukuvyemeza, kandi n’amamuko y’amategeko yose ari ku Mana yonyene وَإِن مَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ وَعَلَيۡنَا ٱلۡحِسَابُ ٤٠Tukweretse bimwe mubihano twabemereye canke tukwishe, rero kuri wewe gushikana ubutumwa bwivyo wategetswe kugira gusa, no hejuru yacu nukuba harura gusa k’umusi w’imperuka أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا نَأۡتِي ٱلۡأَرۡضَ نَنقُصُهَا مِنۡ أَطۡرَافِهَاۚ وَٱللَّهُ يَحۡكُمُ لَا مُعَقِّبَ لِحُكۡمِهِۦۚ وَهُوَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ ٤١Mbega ntibabonye yuko dushikira Isi yabo nukuyi gabangura kumbibe zayo, n’Imana itegeka k’ukuri, kandi ntawuharira kw’itegeko ryayo, nayo iroroshe muguharura وَقَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَلِلَّهِ ٱلۡمَكۡرُ جَمِيعًاۖ يَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُ كُلُّ نَفۡسٍۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلۡكُفَّٰرُ لِمَنۡ عُقۡبَى ٱلدَّارِ ٤٢Baragize ingeso bamwe batemera Imana yabo y’ukuri bamwe bamyeho imbere yabo, mugabo ingeso zose niku Mana kuko niyo ifise ubumenyi bw’ivyo ikiremwa muntu wese agira nayo abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri bazotahura inyishu nziza y’ingoro yo mw’Ijuru yuko izoba ari ayande وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَسۡتَ مُرۡسَلًاۚ قُلۡ كَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡ وَمَنۡ عِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡكِتَٰبِ ٤٣Bavuga bamwe batemera Imana yabo y’ukuri bati:- wewe nturi intumwa y’Imana y’ukuri, nawe nubishure uti:- Imana yonyene irahagije kuba ariyo cabona hagati yanje namwebwe hamwe nurya afise ubumenyi bw’igitabu gitagatifu

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.