بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
ٱلرَّحۡمَٰنُ ١Nyene Imigisha myinshi عَلَّمَ ٱلۡقُرۡءَانَ ٢Yigishije iyi Qur’ani ntagatifu خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ ٣Yaremye ikiremwa muntu عَلَّمَهُ ٱلۡبَيَانَ ٤Nuku mwigisha kuvuga ٱلشَّمۡسُ وَٱلۡقَمَرُ بِحُسۡبَانٍ ٥Izuba n’Ukwezi bigira kugiharuro cayo وَٱلنَّجۡمُ وَٱلشَّجَرُ يَسۡجُدَانِ ٦N’ibiti bito bito na bininiya vyose bigamburukira Imana وَٱلسَّمَآءَ رَفَعَهَا وَوَضَعَ ٱلۡمِيزَانَ ٧N’Amajuru yose niyo yayadugije hejuru n’ukuzishira k’uburinganire bungana أَلَّا تَطۡغَوۡاْ فِي ٱلۡمِيزَانِ ٨Kugira ngo ntimuhemuke mu gupima ku minzani yanyu وَأَقِيمُواْ ٱلۡوَزۡنَ بِٱلۡقِسۡطِ وَلَا تُخۡسِرُواْ ٱلۡمِيزَانَ ٩Rero ni mupime kubipimo vy’ukuri kandi ntimu gabanye kuri iyo minzani وَٱلۡأَرۡضَ وَضَعَهَا لِلۡأَنَامِ ١٠N’Isi yayishize ho kubera ibiremwa vyiwe فِيهَا فَٰكِهَةٌ وَٱلنَّخۡلُ ذَاتُ ٱلۡأَكۡمَامِ ١١Muriyo harimwo ivyamwa hamwe n’imitende yegeranye kuyindi وَٱلۡحَبُّ ذُو ٱلۡعَصۡفِ وَٱلرَّيۡحَانُ ١٢Harimwo n’ibifungurwa vy’intete bifise ibishishwa hamwe n’ibifungurwa bifise akamoto keza فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ١٣Mwebwe biremwa bantu bo mubwoko bubiri, ni iyihe migisha y’Umuremyi wanyu muhakana خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٍ كَٱلۡفَخَّارِ ١٤Yaremye umuntu imukuye mw’ivu ry’ibumba nkakumwe kw’ibikoresho ry’ibumba وَخَلَقَ ٱلۡجَآنَّ مِن مَّارِجٍ مِّن نَّارٍ ١٥Arema ibisigo akoresheje ururimi rw’umuriro فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ١٦None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقَيۡنِ وَرَبُّ ٱلۡمَغۡرِبَيۡنِ ١٧Umuremyi w’useruko bubiri n’Umuremyi w’uburengera zuba uko ari bubiri فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ١٨None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ يَلۡتَقِيَانِ ١٩Niyo yahujije ibiyaga bibiri بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخٌ لَّا يَبۡغِيَانِ ٢٠Hagati y’avyo hariho uruzitiro rutinjirana n’ayandi mazi فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٢١None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana يَخۡرُجُ مِنۡهُمَا ٱللُّؤۡلُؤُ وَٱلۡمَرۡجَانُ ٢٢Muri ivyo biyaga uko ari bibiri harimwo ibisharizo vyiza vyitiriwe Ilulu hamwe n’ibindi vyitiriwe Mar’jani فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٢٣None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana وَلَهُ ٱلۡجَوَارِ ٱلۡمُنشَـَٔاتُ فِي ٱلۡبَحۡرِ كَٱلۡأَعۡلَٰمِ ٢٤Vyose biri kw’itegeko ryayo kuri ibi vyakozwe bigira mubiyaga umengo n’imisozi فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٢٥None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana كُلُّ مَنۡ عَلَيۡهَا فَانٍ ٢٦N’ibiri hejuru y’Isi hamwe n’Amajuru vyose bizo zimangana وَيَبۡقَىٰ وَجۡهُ رَبِّكَ ذُو ٱلۡجَلَٰلِ وَٱلۡإِكۡرَامِ ٢٧Hasigare ukwamaho kw’Umuremyi wawe, nyene iteka, n’urupfasoni فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٢٨None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana يَسۡـَٔلُهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ كُلَّ يَوۡمٍ هُوَ فِي شَأۡنٍ ٢٩Bimusaba ibiri mu majuru no kw’Isi ibirimwo vyose n’imisi yose, nayo ikaba iri mubindi bintu فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٣٠None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana سَنَفۡرُغُ لَكُمۡ أَيُّهَ ٱلثَّقَلَانِ ٣١Ubu vuba tuzoba kurikirana mwebwe ngabo uko muri babiri فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٣٢None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana يَٰمَعۡشَرَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ إِنِ ٱسۡتَطَعۡتُمۡ أَن تَنفُذُواْ مِنۡ أَقۡطَارِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ فَٱنفُذُواْۚ لَا تَنفُذُونَ إِلَّا بِسُلۡطَٰنٍ ٣٣Mwebwe miryango y’ibisigo n’abantu, nimwa shobora kwinyuvya ngo mwinjire mw’Ijuru no kw’Isi, rero ni mwinyuvye, mugabo ntimuzo kwinyuvya atari kububasha bwanje فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٣٤None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana يُرۡسَلُ عَلَيۡكُمَا شُوَاظٌ مِّن نَّارٍ وَنُحَاسٌ فَلَا تَنتَصِرَانِ ٣٥Muzoshikirizwa urubeya rw’umuriro w’umujumpu, namwe ntimuzo shobora kwikingira nawo فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٣٦None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana فَإِذَا ٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ وَرۡدَةً كَٱلدِّهَانِ ٣٧Nimwibuke igihe Amajuru azosenyagurika agaca aba nk’agahama k’urushato rwatukuye فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٣٨None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فَيَوۡمَئِذٍ لَّا يُسۡـَٔلُ عَن ذَنۢبِهِۦٓ إِنسٌ وَلَا جَآنٌّ ٣٩Kuri uwo musi nta muntu azobazwa kubijanye n’ibicumuro vyiwe canke mubisigo فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٤٠None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana يُعۡرَفُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ بِسِيمَٰهُمۡ فَيُؤۡخَذُ بِٱلنَّوَٰصِي وَٱلۡأَقۡدَامِ ٤١Bazo menyekana abantu babi kubimenyetso vyabo, hanyuma baze bafatwe kumishatsi y’imitwe y’abo y’ubuhori hori no kumaguru yabo فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٤٢None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِي يُكَذِّبُ بِهَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ٤٣Uwu niwa muriro udahera witiriwe Jahannamu waba bahakanyi bahora bahakana يَطُوفُونَ بَيۡنَهَا وَبَيۡنَ حَمِيمٍ ءَانٍ ٤٤Bazohora bakikuza hambavu yuwo muriro udahera no hambavu y’amazi ashushe abira nk’amarike فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٤٥None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana وَلِمَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ جَنَّتَانِ ٤٦N’uwutinya guhagarikwa imbere y’Umuremyi wiwe azoronka imirima ibiri فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٤٧None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana ذَوَاتَآ أَفۡنَانٍ ٤٨N’imirima irimwo ibiti bifise amashami menshi cane فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٤٩None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِمَا عَيۡنَانِ تَجۡرِيَانِ ٥٠Muriyo harimwo amasoko abiri y’amazi ahitamwo iyo myonga neza cane فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٥١None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِمَا مِن كُلِّ فَٰكِهَةٍ زَوۡجَانِ ٥٢Muri iyo mirima harimwo ivyamwa vy’ubwoko bubiri bubiri n’uburenga فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٥٣None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ فُرُشِۭ بَطَآئِنُهَا مِنۡ إِسۡتَبۡرَقٍۚ وَجَنَى ٱلۡجَنَّتَيۡنِ دَانٍ ٥٤Bazoba begamiye k’ubusaswa bushashweko ibitambara vyoroshe n’ibiremereye. hamwe n’ivyamwa vyo muri iyo mirima icundereye hafi فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٥٥None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِنَّ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ لَمۡ يَطۡمِثۡهُنَّ إِنسٌ قَبۡلَهُمۡ وَلَا جَآنٌّ ٥٦Hazoba harimwo abagore bahumurije amaso yabo, bakaba batarakorwako n’umuntu uwariwe wese imbere yabo canke ibisigo فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٥٧None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana كَأَنَّهُنَّ ٱلۡيَاقُوتُ وَٱلۡمَرۡجَانُ ٥٨Ninkuko abo bapfasoni basayangana nk’ubutare bwitiriwe Yaquuti na Mar’jaani فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٥٩None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana هَلۡ جَزَآءُ ٱلۡإِحۡسَٰنِ إِلَّا ٱلۡإِحۡسَٰنُ ٦٠Ntandishi y’ubugizi bw’ineza atari ukuriha ineza kuyindi فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٦١None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana وَمِن دُونِهِمَا جَنَّتَانِ ٦٢No hejuru y’ivyo vyose, hariho n’iyindi mirima ibiri فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٦٣None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana مُدۡهَآمَّتَانِ ٦٤Ifise amabara meza y’urwatsi rutoto ruhiye neza فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٦٥None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِمَا عَيۡنَانِ نَضَّاخَتَانِ ٦٦Harimwo amasoko abiri y’amazi ayo mazi avamwo n’inguvu nyinshi cane فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٦٧None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِمَا فَٰكِهَةٌ وَنَخۡلٌ وَرُمَّانٌ ٦٨Harimwo ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwose, cane cane ibiti vy’imitende hamwe n’imikoma manga فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٦٩None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana فِيهِنَّ خَيۡرَٰتٌ حِسَانٌ ٧٠Harimwo n’abapfasoni beza beza فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٧١None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana حُورٌ مَّقۡصُورَٰتٌ فِي ٱلۡخِيَامِ ٧٢Bafise amaso yera derere kandi meza manini maniniya kubaguma bari mu mazu y’abo gusa فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٧٣None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana لَمۡ يَطۡمِثۡهُنَّ إِنسٌ قَبۡلَهُمۡ وَلَا جَآنٌّ ٧٤Abo bapfasoni nti barakorwako n’umuntu uwariwe wese imbere y’abo canke ibisigo فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٧٥None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ رَفۡرَفٍ خُضۡرٍ وَعَبۡقَرِيٍّ حِسَانٍ ٧٦Bazo kwegamira kunyegamo z’urwatsi rutoto no hejuru y’ubusaswa bwiza cane فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ٧٧None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana تَبَٰرَكَ ٱسۡمُ رَبِّكَ ذِي ٱلۡجَلَٰلِ وَٱلۡإِكۡرَامِ ٧٨Rira ninahajwe izina ry’Umuremyi wawe, nyene iteka n’urupfasoni ruyikwiye