بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ١Ibiri mu Majuru no kw’Isi bihayagiza Imana, nayo niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِمَ تَقُولُونَ مَا لَا تَفۡعَلُونَ ٢Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni kuki muvuga ivyo mudashira mungiro كَبُرَ مَقۡتًا عِندَ ٱللَّهِ أَن تَقُولُواْ مَا لَا تَفۡعَلُونَ ٣N’ibishavuza imbere y’Imana kuvuga ivyo mudashira mungiro إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِهِۦ صَفًّا كَأَنَّهُم بُنۡيَٰنٌ مَّرۡصُوصٌ ٤Mu vy’ukuri Imana ikunda bamwe barwanira munzira yayo bari kumirongo, nkuko ari inyubakwa yateranijwe n’iyindi وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ لِمَ تُؤۡذُونَنِي وَقَد تَّعۡلَمُونَ أَنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡۖ فَلَمَّا زَاغُوٓاْ أَزَاغَ ٱللَّهُ قُلُوبَهُمۡۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ ٥Ubibutse wewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) igihe wabwira abantu bawe uti:- mwebwe bantu banje, ni kuki munshavuza mugihe mufise ubumenyi yuko jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe, rero mugihe babandanije bagira amabi yabo, Imana yaciye irekura imitima yabo izimire, n’Imana ntirongora abantu babi nkabo biyonkoye وَإِذۡ قَالَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ إِنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُم مُّصَدِّقًا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيَّ مِنَ ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَمُبَشِّرَۢا بِرَسُولٍ يَأۡتِي مِنۢ بَعۡدِي ٱسۡمُهُۥٓ أَحۡمَدُۖ فَلَمَّا جَآءَهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٌ مُّبِينٌ ٦Mugihe intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yavuga ati:- mwebwe bene Israeri, jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe nemeza ivyabaye imbere yanje biri mugitabu gitagatifu c’Imana ca Taurati n’ugushikiriza inkuru nziza y’intumwa y’Imana izoza inyuma yanje azoba afise izina ryiwe ryitwa Ahmadi, mugabo igihe yabashikira afise ivyemezo biri k’umugaragaro baciye bavuga bati:- uku n’uguhendwa kuri k’umugaragaro وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ وَهُوَ يُدۡعَىٰٓ إِلَى ٱلۡإِسۡلَٰمِۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ ٧None ni nde muhemu mukuru w’umutima wiwe gusumba uwubeshera Imana kandi ahamagarirwa mw’idini rya isilamu, n’Imana ntirongora abahemukira imitima yabo يُرِيدُونَ لِيُطۡفِـُٔواْ نُورَ ٱللَّهِ بِأَفۡوَٰهِهِمۡ وَٱللَّهُ مُتِمُّ نُورِهِۦ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡكَٰفِرُونَ ٨Bagomba kuzimya umuco w’Imana bakoresheje iminwa yabo, n’Imana izoshikana umuco wayo naho abahakanyi b’Imana bazoshavura هُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ رَسُولَهُۥ بِٱلۡهُدَىٰ وَدِينِ ٱلۡحَقِّ لِيُظۡهِرَهُۥ عَلَى ٱلدِّينِ كُلِّهِۦ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُشۡرِكُونَ ٩Niyo yarungitse intumwa yiwe n’uburongozi hamwe n’idini ry’ukuri kugira ngo idini ry’Imana ritsinde amadini yose naho abagereranya Imana n’ibindi bintu bazoshavura يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰ تِجَٰرَةٍ تُنجِيكُم مِّنۡ عَذَابٍ أَلِيمٍ ١٠Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mbega ndaba menyesheje ibidandazwa bizoba rokora n’ibihano bibabaza cane تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتُجَٰهِدُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ بِأَمۡوَٰلِكُمۡ وَأَنفُسِكُمۡۚ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٌ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ ١١Ni mwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yiwe, kandi murwanire idini ry’Imana kumatungo yanyu n’imitima yanyu, ivyo nivyo vyiza kuri mwebwe, nimwaba mubizi يَغۡفِرۡ لَكُمۡ ذُنُوبَكُمۡ وَيُدۡخِلۡكُمۡ جَنَّٰتٍ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ وَمَسَٰكِنَ طَيِّبَةً فِي جَنَّٰتِ عَدۡنٍۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ ١٢Imana izoba hanagurira ibicumuro vyanyu n’ukubinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, hamwe n’ubwicaro bwiza buri muri iyo mirima y’ubuzima bwabo bwose, iyo niyo ntsinzi niniya وَأُخۡرَىٰ تُحِبُّونَهَاۖ نَصۡرٌ مِّنَ ٱللَّهِ وَفَتۡحٌ قَرِيبٌۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١٣N’ikindi mukunda nabwo n’uburokoke buvuye ku Mana n’intsinzi iri hafi cane, rero n’ubamenyeshe inkuru nziza aba Isilamu bose يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُونُوٓاْ أَنصَارَ ٱللَّهِ كَمَا قَالَ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ لِلۡحَوَارِيِّـۧنَ مَنۡ أَنصَارِيٓ إِلَى ٱللَّهِۖ قَالَ ٱلۡحَوَارِيُّونَ نَحۡنُ أَنصَارُ ٱللَّهِۖ فَـَٔامَنَت طَّآئِفَةٌ مِّنۢ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَكَفَرَت طَّآئِفَةٌۖ فَأَيَّدۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ عَلَىٰ عَدُوِّهِمۡ فَأَصۡبَحُواْ ظَٰهِرِينَ ١٤Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimube abafasha b’Imana nkuko intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yabwira incoreke ziwe ati:- nibande bafasha banje kubera Imana, za ncoreke ziwe zimwishura ziti:- ni twebwe bafasha b’Imana, rero umurwi wa bene Israeri riremera, n’uwundi murwi nawo urahakana, tubatera intege bamwe bemera hejuru y’abansi babo n’ukuba aribo bene intsinzi nyakuri