Millat al-Islam

Chapter 32 · 30 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah As-Sajda in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah As-Sajda (1273 reciters)
Meccanسورة السجدة30 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓ ١Alif, Laam, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa) تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ لَا رَيۡبَ فِيهِ مِن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٢Imanurwa ry’iki gitabu gitagatifu ntamakenga arimwo yuko kivuye k’Umuremyi w’abantu bose أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۚ بَلۡ هُوَ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ لِتُنذِرَ قَوۡمًا مَّآ أَتَىٰهُم مِّن نَّذِيرٍ مِّن قَبۡلِكَ لَعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ ٣Mbega bavuga yuko ariwe yaciyandikiye kubwiwe, ahubwo ico gitabu n’ukuri kuvuye k’Umuremyi wawe kugira ngo ugabishe abantu batashikiwe n’abagabisha imbere yawe nkumbure borongoka ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٍ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ مَا لَكُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيٍّ وَلَا شَفِيعٍۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ ٤Imana niyo yaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri murivyo mumisi itandatu, hanyuma yiganzira kunyegamo yayo ntagatifu, mwebwe aho muri ntawubacungera canke uwubasabira atariyo yonyene gusa, mbega mwebwe ntimwiyumvira يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يَعۡرُجُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٍ كَانَ مِقۡدَارُهُۥٓ أَلۡفَ سَنَةٍ مِّمَّا تَعُدُّونَ ٥Icisha ibintu vyose biri hagati y’Amajuru n’Isi, hanyuma hakaduga iwe k’umusi umwe gusa urugero rwavyo rw’imyaka igihumbi mukoresha mwebwe mugihe c’uguharura kwanyu ذَٰلِكَ عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ٦Niyo ifise ubumenyi bw’ibintu bitazwi hamwe n’ibiri k’umugaragaro, kandi niyo ifise ubushobozi n’impuhwe zihagije ٱلَّذِيٓ أَحۡسَنَ كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقَهُۥۖ وَبَدَأَ خَلۡقَ ٱلۡإِنسَٰنِ مِن طِينٍ ٧Ikaba ariyo yakoze ishusho ry’ibintu vyose nugutanguza irindi shusho ry’umuntu akoresheje ivyondo ثُمَّ جَعَلَ نَسۡلَهُۥ مِن سُلَٰلَةٍ مِّن مَّآءٍ مَّهِينٍ ٨Hanyuma igira uruvyaro rwayo kw’ikanyuro ry’amazi ahoyahoye ثُمَّ سَوَّىٰهُ وَنَفَخَ فِيهِ مِن رُّوحِهِۦۖ وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَۚ قَلِيلًا مَّا تَشۡكُرُونَ ٩Hanyuma iramu ringaniza nukumu huheramwo umutima wiwe nukuba shiriraho amatwi n’amaso n’imitima, mugabo ugushima kwanyu ni gutoyi cane وَقَالُوٓاْ أَءِذَا ضَلَلۡنَا فِي ٱلۡأَرۡضِ أَءِنَّا لَفِي خَلۡقٍ جَدِيدِۭۚ بَلۡ هُم بِلِقَآءِ رَبِّهِمۡ كَٰفِرُونَ ١٠Nabo bavuga bati:- mbega mugihe tuzoba twazimiye kuri iy’Isi niho tuzosubizwa murindi shusho rishasha, ahubwo nibo batemera yuko batazohura n’Umuremyi wabo ۞ قُلۡ يَتَوَفَّىٰكُم مَّلَكُ ٱلۡمَوۡتِ ٱلَّذِي وُكِّلَ بِكُمۡ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ تُرۡجَعُونَ ١١Vuga uti:- Umumarayika ajejwe urupfu azobica kuko ariwe ajejwe kuri mwebwe, hanyuma mwese muzo subizwa ku Muremyi wanyu وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلۡمُجۡرِمُونَ نَاكِسُواْ رُءُوسِهِمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ رَبَّنَآ أَبۡصَرۡنَا وَسَمِعۡنَا فَٱرۡجِعۡنَا نَعۡمَلۡ صَٰلِحًا إِنَّا مُوقِنُونَ ١٢Iyo wobonye abo bantu babi bunamitse imitwe yabo imbere y’Umuremyi wabo bavuga bati:- Muremyi wacu turamaze kukubona nukukwumva, rero nudusubize kw’Isi kugira ngo dukore ibikorwa vyiza mu vy’ukuri turavyemeje وَلَوۡ شِئۡنَا لَأٓتَيۡنَا كُلَّ نَفۡسٍ هُدَىٰهَا وَلَٰكِنۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ مِنِّي لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنَ ٱلۡجِنَّةِ وَٱلنَّاسِ أَجۡمَعِينَ ١٣Iyo dushaka twariguha umuntu uwariwe wese uburokoke bwiwe bwite, mugabo vyemejwe n’ijambo rivuye iwanje yuko mu vy’ukuri nzo kwuzuza mumuriro udahera witiriwe Jahannamu kuri aba bose haba mubisigo canke mu bantu فَذُوقُواْ بِمَا نَسِيتُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَآ إِنَّا نَسِينَٰكُمۡۖ وَذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡخُلۡدِ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ١٤Rero ni muhonje ibi bihano kubera ukwibagira kwanyu kw’uwu musi w’ihuriro ryanyu, natwe tuzobibagira nugu honja ibihano vy’urutavanako kubera ivyo mwahora mugira إِنَّمَا يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا ٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُواْ بِهَا خَرُّواْۤ سُجَّدًاۤ وَسَبَّحُواْ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ ۩ ١٥Mu vy’ukuri abemera amajambo yacu nibarya mugihe bibukijwe kuriyo baca barwa hasi nugupfukama nuguhayagiza Umuremyi wabo nkuko imeze nabo bakaba batishima تَتَجَافَىٰ جُنُوبُهُمۡ عَنِ ٱلۡمَضَاجِعِ يَدۡعُونَ رَبَّهُمۡ خَوۡفًا وَطَمَعًا وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ ١٦Bavyuka imbavu y’imibiri yabo mugihe bavuye mubusaswa bwabo mugihe c’ijoro kugira ngo basenge Imana yabo y’ukuri mugutinya umuriro nukwizera Ijuru ry’Imana gusa nugutanga imperezwa zabo kuvyo twabahaye فَلَا تَعۡلَمُ نَفۡسٌ مَّآ أُخۡفِيَ لَهُم مِّن قُرَّةِ أَعۡيُنٍ جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١٧Umutima uwariwo wose ntabumenyi ufise bwivyanyegejwe murivyo binezereza amaso yabo, n’impembo yivyo bahora bagira أَفَمَن كَانَ مُؤۡمِنًا كَمَن كَانَ فَاسِقًاۚ لَّا يَسۡتَوُۥنَ ١٨Mbega umu Isilamu w’ijunja yoba angana n’umwononyi, oya! ntibashobora kungana أَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ جَنَّٰتُ ٱلۡمَأۡوَىٰ نُزُلَۢا بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١٩Abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, bazoba bafise imirima hamwe n’ubwicaro bwabo bwiza, n’integuro ryabo kuvyo bahora bagira وَأَمَّا ٱلَّذِينَ فَسَقُواْ فَمَأۡوَىٰهُمُ ٱلنَّارُۖ كُلَّمَآ أَرَادُوٓاْ أَن يَخۡرُجُواْ مِنۡهَآ أُعِيدُواْ فِيهَا وَقِيلَ لَهُمۡ ذُوقُواْ عَذَابَ ٱلنَّارِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ٢٠Nabamwe bagize ivyaha vy’agahomera bunwa, ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera, kuko mugihe bashatse kuva muriwo bazoca bawu subizwamwo hanyuma babwirwe bati:- nimuhonje gusa ibihano vy’umuriro udahera mwahora muhakana وَلَنُذِيقَنَّهُم مِّنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَدۡنَىٰ دُونَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَكۡبَرِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ٢١Mu vy’ukuri tuzoba honjesha ibihano bibayabaye imbere y’ibihano bininiya nkumbure bazo kwikubita agashi bakagaruka وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن ذُكِّرَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦ ثُمَّ أَعۡرَضَ عَنۡهَآۚ إِنَّا مِنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَ مُنتَقِمُونَ ٢٢None ni nde muhemu mukuru gusumba uwibukijwe kumajambo y’Umuremyi wiwe hanyuma agaca ayahakana, mu vy’ukuri twebwe tujejwe kugira ingere kuyindi kubantu babi gusa وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ فَلَا تَكُن فِي مِرۡيَةٍ مِّن لِّقَآئِهِۦۖ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدًى لِّبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٢٣Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu, rero ntugire amakenga yuguhura n’Imana yawe, hanyuma tugira ico gitabu kuba ari indongozi kuri bene Israeri وَجَعَلۡنَا مِنۡهُمۡ أَئِمَّةً يَهۡدُونَ بِأَمۡرِنَا لَمَّا صَبَرُواْۖ وَكَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يُوقِنُونَ ٢٤Hanyuma tugira muribo kuba indongozi zukuyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu mugihe bigumya bakaba bemeza amajambo yacu matagatifu إِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَفۡصِلُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ ٢٥Muvy’ukuri Umuremyi wawe niwe azobacira urubanza rw’ukuri ruzoba hagati yabo k’umusi w’umuhero w’Isi kubijanye nivyo batahora bumvikana ko أَوَلَمۡ يَهۡدِ لَهُمۡ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ يَمۡشُونَ فِي مَسَٰكِنِهِمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍۚ أَفَلَا يَسۡمَعُونَ ٢٦Mbega ntibira menyekana kuribo yuko hari abantu bashika kuri bangahe twebwe twahoneje imbere yabo, nabo baca mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso, mbega mwebwe ntimwumva أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا نَسُوقُ ٱلۡمَآءَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡجُرُزِ فَنُخۡرِجُ بِهِۦ زَرۡعًا تَأۡكُلُ مِنۡهُ أَنۡعَٰمُهُمۡ وَأَنفُسُهُمۡۚ أَفَلَا يُبۡصِرُونَ ٢٧Mbega ntibabona yuko twebwe dutwara amazi kw’Isi y’ubugaragwa hanyuma kuriyo tukanagishako ibiterwa biribwa n’ibikoko vyabo hamwe nabo bonyene, mbega mwebwe ntimubona وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡفَتۡحُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٢٨Bavuga bati:- uko guciribwa urubanza ruzoba ryari nimwaba muvugisha ukuri قُلۡ يَوۡمَ ٱلۡفَتۡحِ لَا يَنفَعُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِيمَٰنُهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ ٢٩Vuga uti:- umusi wuguciribwa urubanza rwabahakanye Imana yabo y’ukuri, ukwemera kwabo ntaco kuzobamarira kandi ntibazohabwa umwanya wukurorera فَأَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ وَٱنتَظِرۡ إِنَّهُم مُّنتَظِرُونَ ٣٠Rero ntubiteho cane kandi urorere, mu vy’ukuri nabone bararindiriye

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.