Millat al-Islam

Chapter 26 · 227 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ash-Shu'araa in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Ash-Shu'araa (1194 reciters)
Meccanسورة الشعراء227 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

طسٓمٓ ١Twa, Siiyn, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa) تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ ٢Aya n’amajambo ari mugitabu kimenyesha ibikenewe bijanye n’idini لَعَلَّكَ بَٰخِعٌ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ ٣Nkumbure wota umutima wawe murudubi kubera abantu bawe batabaye aba Isilamu إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةً فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ ٤Iyo dushaka twari kubamanurira ibitangaro bivuye mw’ijuru hanyuma amazosi yabo akagamburuka nugukurikira bashaka canke badashaka mugabo ntidushaka kutegeka umuntu ngo abe umu Isilamu وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٍ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ ٥Mugabo ntibashikirwa n’icibutso gishasha kivuye kuri nyene imigisha myinshi, mugabo yama ija kure yivyo فَقَدۡ كَذَّبُواْ فَسَيَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ٦Rero mu vy’ukuri barahakanye kuri ivyo rero ubu vuba, bazoshikirwa n’inkuru z’ivyo bahora bajajurirako أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَمۡ أَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجٍ كَرِيمٍ ٧Mbega ntibabonye ngaha kw’Isi ingene twanagishije ibiterwa biri kuriyo n’ubwoko butandukanye bwiza إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ٨Ntankeka muri ivyo harimwo ibimenyetso mugabo benshi muribo ntavyo bemera وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ٩Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije وَإِذۡ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئۡتِ ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ ١٠N’Umuremyi wawe mugihe yahamagara intumwa yiwe Mussa (iiii) amubwira ati:- nugende kuri barya bantu bahemukiye imitima yabo قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَۚ أَلَا يَتَّقُونَ ١١Abantu bo kwa Fir’auni ubabwire uti:- mbega ntibatinya Imana قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ ١٢Nawe avuga ati:- Muremyi wanje mu vy’ukuri jewe ndatinya yuko abo bantu bompakana وَيَضِيقُ صَدۡرِي وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِي فَأَرۡسِلۡ إِلَىٰ هَٰرُونَ ١٣N’igikiriza canje ntiki nyorohereza hamwe n’ururimi wanje ntirutomora amajambo neza, rero nushikirize ubu butumwa kwa mwene wanje Haruna (iii) وَلَهُمۡ عَلَيَّ ذَنۢبٌ فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ ١٤Nabo n’abantu bafise amakosa imbere yanje mugabo ntinya yuko bongandagura قَالَ كـَلَّاۖ فَٱذۡهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآۖ إِنَّا مَعَكُم مُّسۡتَمِعُونَ ١٥Avuga ati:- Oya sivyo, ahubwo ni mugende n’ibi bitangaro vyanje, mu vy’ukuri twebwe turi kumwe namwe kandi turabumva فَأۡتِيَا فِرۡعَوۡنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٦Rero nimugende kwa Fir’auni mumubwire muti:- ntankeka twebwe turi intumwa z’Umuremyi w’abantu bose أَنۡ أَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ١٧Turungitswe yuko wobatwarira turi kumwe twese hamwe na bene Israeri قَالَ أَلَمۡ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدًا وَلَبِثۡتَ فِينَا مِنۡ عُمُرِكَ سِنِينَ ١٨Fir’auni aca avuga ati:- mbega wewe ntitwakurereye iwacu muugihe wari ukiri mutoyi hanyuma turabana twese kumyaka myinshi y’ubuzima bwawe bwose وَفَعَلۡتَ فَعۡلَتَكَ ٱلَّتِي فَعَلۡتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ١٩Kandi waragize ico gikorwa cawe muvyo wagize vyose uca uba mu bantu badashima قَالَ فَعَلۡتُهَآ إِذًا وَأَنَا۠ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ ٢٠Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- naragize ivyo vyose ngaho mugihe nari mu bantu bazimiye فَفَرَرۡتُ مِنكُمۡ لَمَّا خِفۡتُكُمۡ فَوَهَبَ لِي رَبِّي حُكۡمًا وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٢١Rero nanje naciye ndabahunga mugihe natinya Umuremyi wanje ubu yarampaye amategeko kandi yarampezagiye ngombe ndi muntumwa z’Imana وَتِلۡكَ نِعۡمَةٌ تَمُنُّهَا عَلَيَّ أَنۡ عَبَّدتَّ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٢٢Kandi uwo niwo mugisha wangiriyeko impuhwe wukubashira mubuja wa bene Israeri قَالَ فِرۡعَوۡنُ وَمَا رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٢٣Fir’auni yavuze ati:- ni nde uyo Muremyi w’abantu bose قَالَ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ ٢٤Intumwa y’Imana Mussa ivuga iti :- n’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo nimwaba mwebwe muri mu bantu mwemera قَالَ لِمَنۡ حَوۡلَهُۥٓ أَلَا تَسۡتَمِعُونَ ٢٥Fir’aauni yabwiye abantu bamukikuje ati :- mbega mwebwe ntimwumva قَالَ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٢٦Intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- Umuremyi niwe muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere قَالَ إِنَّ رَسُولَكُمُ ٱلَّذِيٓ أُرۡسِلَ إِلَيۡكُمۡ لَمَجۡنُونٌ ٢٧Fir’auni aca avuga ati:- ntankeka iyo ntumwa yanyu yarungitswe kuri mwebwe n’umusazi قَالَ رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡقِلُونَ ٢٨Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- Umuremyi w’ubuseruko n’uburengera zuba hamwe n’ibiri hagati yavyo nimwaba mutegera neza قَالَ لَئِنِ ٱتَّخَذۡتَ إِلَٰهًا غَيۡرِي لَأَجۡعَلَنَّكَ مِنَ ٱلۡمَسۡجُونِينَ ٢٩Fir’auni aca avuga ati:- niwakurikira iyindi Mana atari jewe mu vy’ukuri nzokugira nk’abantu bari mwibohero قَالَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكَ بِشَيۡءٍ مُّبِينٍ ٣٠Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- mbega naho nokuzanira ikintu kiri k’umugaragaro قَالَ فَأۡتِ بِهِۦٓ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ٣١Fir’auni nawe amwishura ati:- nukizane niwaba uri mu bantu bavugisha ukuri kwama فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٌ مُّبِينٌ ٣٢Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yiwe, mukanya isase ica ihinduka inzoka nyakuri iri k’umugaragaro وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ ٣٣Ica isokorora ukuboko kwayo mumpuzu mumwanya isase guca kurera derere kubantu bakubonye قَالَ لِلۡمَلَإِ حَوۡلَهُۥٓ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٌ ٣٤Fir’auni avuga abwira abakuru bamukikuje ati :- mu vy’ukuri uyu n’umurozi afise ubumenyi buhanitse يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِۦ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ ٣٥Agomba abakure mugihugu canyu akoresheje uburozi bwiwe, none mwebwe mubivuga ko iki قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَٱبۡعَثۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ ٣٦Nabo bavuga bati:- nimumuhe umwanya hamwe na mwene wabo hanyuma mubarungike mugisagara caho bakoraniriza abantu bose يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَحَّارٍ عَلِيمٍ ٣٧Bazokuzanira ibihangange vy’abarozi bose bafise ubumenyi buhanitse فَجُمِعَ ٱلسَّحَرَةُ لِمِيقَٰتِ يَوۡمٍ مَّعۡلُومٍ ٣٨Barakoranijwe abarozi bose, mumwanya n’umusi wagenewe urwo rubanza وَقِيلَ لِلنَّاسِ هَلۡ أَنتُم مُّجۡتَمِعُونَ ٣٩Baca babwirwa abantu bati :- none mwese mwamaze gukorana لَعَلَّنَا نَتَّبِعُ ٱلسَّحَرَةَ إِن كَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ٤٠Nkumbure tuzobakurikira abo barozi niba aribo bazoronka intsinzi فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالُواْ لِفِرۡعَوۡنَ أَئِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ ٤١Rero mugihe bashika abo barozi baciye babwira Fir’auni bati:- mbega turaronka impembo nitwa tahukana intsinzi قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ إِذًا لَّمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ ٤٢Fir’auni abishura ati:- egome kandi mwebwe muzoba muri bamwe mu bantu banje bizigirwa قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلۡقُواْ مَآ أَنتُم مُّلۡقُونَ ٤٣Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibabwira babarozi iti:- nimujugunye ivyo mushobora kujugunya فَأَلۡقَوۡاْ حِبَالَهُمۡ وَعِصِيَّهُمۡ وَقَالُواْ بِعِزَّةِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبُونَ ٤٤Bajugunya imigozi yabo hamwe n’inkoni zabo nukuvuga bati:- kububasha bwa Fir’auni ni twebwe bene intsinzi فَأَلۡقَىٰ مُوسَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ ٤٥Hanyuma intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ijugunya inkoni yayo hasi yankoni ica iramiragura ivyo abo barozi badukanye فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ ٤٦Aho niho babarozi bose barwa hasi barapfukama قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٤٧Baca bavuga bati:- turemeye Umuremyi w’abantu bose رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ٤٨Umuremyi wa Mussa (iii) hamwe na Haruna (iii) قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَ فَلَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَۚ لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٍ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ ٤٩Fir’auni avuga ati:- mbega mwamwemeye uyo Mussa (iii) imbere yuko ndabaha uruhusha? Ntankeka niwe yabaye umukuru wanyu yabigishije uburozi, ubu rero muzotahura neza, ubu ngiye gucagagura amaboko n’amaguru yanyu ndabitandukanije hanyuma nce ndababamba kubiti mwese قَالُواْ لَا ضَيۡرَۖ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ ٥٠Nabo baca bavuga bati:- ntaco bitwaye mu vy’ukuri twese tuzo subira ku Muremyi wacu إِنَّا نَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لَنَا رَبُّنَا خَطَٰيَٰنَآ أَن كُنَّآ أَوَّلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٥١Ntankeka twebwe twizeye yuko Umuremyi wacu azotugirira ikigongwe kubera ibicumuro vyacu, kuko twebwe tubaye abambere mukwemera kuba aba Isilamu b’ukuri ۞ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِيٓ إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ ٥٢Twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumire yuko yogenda ku bantu banje mugihe c’ijoro ntankeka muzo kurikiranwa فَأَرۡسَلَ فِرۡعَوۡنُ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ ٥٣Rero Fir’auni yaciye arungika ubutumwa bw’ugukoranya abantu bo mugisagara bose إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَشِرۡذِمَةٌ قَلِيلُونَ ٥٤Mu vy’ukuri abo Bayahudi n’akarwi k’abantu bakeyi cane وَإِنَّهُمۡ لَنَا لَغَآئِظُونَ ٥٥Nabo n’abantu badu shavuza cane وَإِنَّا لَجَمِيعٌ حَٰذِرُونَ ٥٦Natwe turi benshi mugabo turabatinya فَأَخۡرَجۡنَٰهُم مِّن جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ٥٧Duca tubakura mu mirima yabo hamwe no mumusoko y’amazi وَكُنُوزٍ وَمَقَامٍ كَرِيمٍ ٥٨Nukuba kura mububiko bwabo n’ahantu habo heza cane كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٥٩Nuko rero twahaye ibisigi kuri bene Israeri فَأَتۡبَعُوهُم مُّشۡرِقِينَ ٦٠Baca bakurikira k’ubuseruko bw’izuba فَلَمَّا تَرَٰٓءَا ٱلۡجَمۡعَانِ قَالَ أَصۡحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدۡرَكُونَ ٦١Mugihe zabonana ingabo zose uko ari zibiri, abantu b’intumwa y’Imana Mussa (iii) baciye bavuga bati:- twebwe duhava dufatwa قَالَ كـَلَّآۖ إِنَّ مَعِيَ رَبِّي سَيَهۡدِينِ ٦٢Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica ivuga iti:- oya! mu vy’ukuri Umuremyi wanje ari kumwe nanje ntankeka azondongora فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡبَحۡرَۖ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرۡقٍ كَٱلطَّوۡدِ ٱلۡعَظِيمِ ٦٣Mumwanya twara murungikiye intumwa y’Imana Mussa (iii) ubutumwa tumubwira duti:- kubita iyo nkoni yawe kuri ico kiyaga, naco gica cigaburwamwo ibiyaga bibiri no kumpande zose haca haba nk’imisozi mininiya وَأَزۡلَفۡنَا ثَمَّ ٱلۡأٓخَرِينَ ٦٤Duca tuzana ngaho abandi bantu وَأَنجَيۡنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ ٦٥Duca turokora intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe nabo bari kumwe bose ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ٦٦Hanyuma twibiza mumazi abo bandi bantu إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ٦٧Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa mugabo benshi muribo simubemera وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ٦٨Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ إِبۡرَٰهِيمَ ٦٩Kandi ubasomere inkuru y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا تَعۡبُدُونَ ٧٠Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega mwebwe musenga ibiki قَالُواْ نَعۡبُدُ أَصۡنَامًا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ ٧١Nabo bamwishura bati:- twebwe dusenga amasanamu yamisi yose قَالَ هَلۡ يَسۡمَعُونَكُمۡ إِذۡ تَدۡعُونَ ٧٢Nawe avuga ati:- mbega ayo masanamu musenga arabumva mugihe muyahamagaye أَوۡ يَنفَعُونَكُمۡ أَوۡ يَضُرُّونَ ٧٣Canke harico abamarira canke abagirira inabi قَالُواْ بَلۡ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ ٧٤Nabo bamwishura bati:- ahubwo twasanze badata bacu bagira uku nyene tugira قَالَ أَفَرَءَيۡتُم مَّا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ ٧٥Nawe abishura ati:- mbega mwarababonye abo musenga أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلۡأَقۡدَمُونَ ٧٦Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu babayeho imbere yanyu فَإِنَّهُمۡ عَدُوٌّ لِّيٓ إِلَّا رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٧٧Ntankeka abo n’abansi banje dukuyemwo Umuremyi w’ibiremwa vyose ٱلَّذِي خَلَقَنِي فَهُوَ يَهۡدِينِ ٧٨Kuko ariyo yandemye kandi niyo yandongoye وَٱلَّذِي هُوَ يُطۡعِمُنِي وَيَسۡقِينِ ٧٩Kandi niyo intamika nukunywesha وَإِذَا مَرِضۡتُ فَهُوَ يَشۡفِينِ ٨٠No mugihe nsinzikajwe n’ingwara niyo indonsa akoyokwe وَٱلَّذِي يُمِيتُنِي ثُمَّ يُحۡيِينِ ٨١Kandi niyo izonyica hanyuma ize insubize ubuzima وَٱلَّذِيٓ أَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لِي خَطِيٓـَٔتِي يَوۡمَ ٱلدِّينِ ٨٢Kandi niyo nizeye yuko izongirira ikigongwe kubicumuro vyanje k’umusi w’impembo رَبِّ هَبۡ لِي حُكۡمًا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّٰلِحِينَ ٨٣Muremyi wanje numpe itegeko, kandi umpuze n’abagira ibikorwa vyiza وَٱجۡعَل لِّي لِسَانَ صِدۡقٍ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ ٨٤Kandi umpezagire mukuvugwa kuneza n’abantu bazoza munyuma yanje وَٱجۡعَلۡنِي مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ ٨٥Kandi umpezagire mubazosigirwa ibisigi vy’imirima irimwo imihezagiro myiza yo mw’ijuru وَٱغۡفِرۡ لِأَبِيٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ ٨٦Kandi ugirire ikigongwe Data wanje ntankeka yari mubantu bazimiye وَلَا تُخۡزِنِي يَوۡمَ يُبۡعَثُونَ ٨٧Kandi ntuntetereze k’umusi wukuzurwa kw’abantu bose يَوۡمَ لَا يَنفَعُ مَالٌ وَلَا بَنُونَ ٨٨Umusi waho amatungo yabo ataco azobamarira canke ibibondo vyabo إِلَّا مَنۡ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلۡبٍ سَلِيمٍ ٨٩Dukuyemwo uwuzoba yatumbereye Imana yiwe afise umutima mwiza وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ ٩٠N’ijuru rizokwegerezwa ribe hafi ku bantu beranda وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِلۡغَاوِينَ ٩١N’umuriro udahera witiriwe Jahannamu uzokwerekanwa icese kubagizi b’inabi وَقِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ ٩٢Bazobwirwa bati:- bari hehe abo mwahora musenga مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلۡ يَنصُرُونَكُمۡ أَوۡ يَنتَصِرُونَ ٩٣Atari Imana mbega boshobora kubafasha canke kwifashisha bonyene فَكُبۡكِبُواْ فِيهَا هُمۡ وَٱلۡغَاوُۥنَ ٩٤Rero bazotabwa mumuriro udahera hamwe n’abacumuzi bagenzi babo وَجُنُودُ إِبۡلِيسَ أَجۡمَعُونَ ٩٥Hamwe n’ingabo za Shetani zose قَالُواْ وَهُمۡ فِيهَا يَخۡتَصِمُونَ ٩٦Bazovuga bamwe bahora babasenga mugihe bazoba bariko baratongana bari mumuriro udahera تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٩٧Ndarahiye kw’izina ry’Imana, mu vy’ukuri twebwe twari mubuzimire buri k’umugaragaro إِذۡ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٩٨Mugihe twabagirira ineza n’Umuremyi w’ibiremwa vyose وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ٩٩Kandi ntibatuzimije atari babantu babi فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ ١٠٠Natwe ntidufise abadusabira وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٍ ١٠١Canke abagenzi bwite dufise فَلَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةً فَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١٠٢Iyo tuba dufise aho tugarukira twari kuba aba Isilamu إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٠٣Ntankeka muri ibi vyose harimwo itegero rininiya mugabo benshi muribo s’abemera وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٠٤Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije كَذَّبَتۡ قَوۡمُ نُوحٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ١٠٥Abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) barahakanye intumwa z’Imana إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ ١٠٦Ubibutse mugihe yababwira uwo mugenzi wabo ariwe Nuhu (iii) ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٠٧Mu vyukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٠٨Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٠٩Kandi sindabashakira ko impembo, mugabo impembo yanje iri k’umuremyi w’ibiremwa vyose فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١١٠Rero nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire ۞ قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلۡأَرۡذَلُونَ ١١١Nabo bamwishura bati:- mbega tukwemere wewe mugihe abagowe aribo bagukurikira قَالَ وَمَا عِلۡمِي بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ١١٢Nawe avuga ati:- nomenya gute ibikorwa vyanyu mwahora mugira إِنۡ حِسَابُهُمۡ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّيۖ لَوۡ تَشۡعُرُونَ ١١٣Iharurwa ryabo ntarihari atari ku muremyi wanje gusa iyo mwobimenya وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١١٤Nanje sinzo kwirukana abemeye Imana yabo y’ukuri إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٌ مُّبِينٌ ١١٥Jewe ntaco ndimwo, atari uko ndimubatuza bari k’umugaragaro قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰنُوحُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمَرۡجُومِينَ ١١٦Nabo bavuga bati:- nutareka ewe Nuhu (iii) iryo tuza ryawe ntankeka uzoba uri mubazoterwa amabuye قَالَ رَبِّ إِنَّ قَوۡمِي كَذَّبُونِ ١١٧Nawe avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka abantu banje banyihakanye فَٱفۡتَحۡ بَيۡنِي وَبَيۡنَهُمۡ فَتۡحًا وَنَجِّنِي وَمَن مَّعِيَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١١٨Rero nuducire urubanza ruri hagati yanje hamwe nabo, urwo rubanza rube rwiza, kandi undokore hamwe nabo ndikumwe nabo hamwe n’abemeye Imana yabo y’ukuri فَأَنجَيۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ ١١٩Kubera ivyo twaciye tumurokora hamwe nabo bari kumwe bose bari mubwato bwari butwaye ibintu vyinshi ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا بَعۡدُ ٱلۡبَاقِينَ ١٢٠Hanyuma twibiza mumazi mubasigaye إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٢١Ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubemera Imana yabo y’ukuri وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٢٢Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije كَذَّبَتۡ عَادٌ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ١٢٣Na bene Aadi nabo barahakanye intumwa z’Imana إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ هُودٌ أَلَا تَتَّقُونَ ١٢٤Mugihe mwene wabo Hudu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimuzotinya Imana yanyu إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٢٥Ntankeka jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٢٦Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, kandi mungamburukire وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٢٧Kandi ntaco nshaka kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’abantu bose أَتَبۡنُونَ بِكُلِّ رِيعٍ ءَايَةً تَعۡبَثُونَ ١٢٨Mbega mwiyubakira amazu ahari agatumba, uku n’ugufyinata muriko muragira وَتَتَّخِذُونَ مَصَانِعَ لَعَلَّكُمۡ تَخۡلُدُونَ ١٢٩Mukiyubakira n’inzitiro nk’uko mubona yuko muzoramba mubuzima bwanyu bwose وَإِذَا بَطَشۡتُم بَطَشۡتُمۡ جَبَّارِينَ ١٣٠No mugihe muteye abandi mubatera n’ubwishime فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٣١Nimutinye Imana yanyu y’ukuri kandi mungamburukire وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِيٓ أَمَدَّكُم بِمَا تَعۡلَمُونَ ١٣٢Nimutinye uwabahaye ibi vyose muzi أَمَدَّكُم بِأَنۡعَٰمٍ وَبَنِينَ ١٣٣Ko ariwe yabahaye ibikoko hamwe n’ibibondo vy’abahungu وَجَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ١٣٤Hamwe n’imirima n’amasoko y’amazi n’inzuzi إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ١٣٥Mu vy’ukuri ndabafitiye ubwoba bw’ibihano vy’umusi w’imperuka قَالُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡنَآ أَوَعَظۡتَ أَمۡ لَمۡ تَكُن مِّنَ ٱلۡوَٰعِظِينَ ١٣٦Nabo bamwishuye bati:- n’ibisanzwe kuri twebwe kuko udushikirije ubwo butumwa canke ntube mubabu dushikiriza إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا خُلُقُ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٣٧Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ingeso z’abantu baho hambere وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ ١٣٨Natwe ntituzohanwa فَكَذَّبُوهُ فَأَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٣٩Rero baramuhakana natwe duca tubibiza mumazi, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٤٠Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha hamwe n’impuhwe zihagije كَذَّبَتۡ ثَمُودُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ١٤١Bene Thamuda nabo nyene barahakanye intumwa z’Imana إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ صَٰلِحٌ أَلَا تَتَّقُونَ ١٤٢Mugihe mwene wabo yabwira intumwa y’Imana Swaleh (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٤٣Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٤٤Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٤٥Kandi nanje sindabasaba impembo kuri ivyo, mugabo impembo yanje iri ku muremyi w’ibiremwa vyose أَتُتۡرَكُونَ فِي مَا هَٰهُنَآ ءَامِنِينَ ١٤٦Mbega muzosigwa mumahoro muri ibi bintu biri ngaha iwanyu فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ١٤٧Mumirima hamwe no mumasoko y’amazi وَزُرُوعٍ وَنَخۡلٍ طَلۡعُهَا هَضِيمٌ ١٤٨N’ibiterwa vy’imitende bifise ivyamwa vyiza وَتَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا فَٰرِهِينَ ١٤٩Mukabaza n’imisozi nukuyigira mwo amazu yanyu y’ukwinezereza mwo gusa فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٥٠Nimutinye Imana yanyu y’ukuri, nanje mungamburukire وَلَا تُطِيعُوٓاْ أَمۡرَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ ١٥١Kandi ntimu gamburukire amategeko yabo bahakanyi b’Imana ٱلَّذِينَ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ ١٥٢Nabagira ubwononyi gusa kuri iy’Isi mugabo ntibayigire neza قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ ١٥٣Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe مَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُنَا فَأۡتِ بِـَٔايَةٍ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ١٥٤Wewe ntanakimwe urimwo ahubwo uri umuntu nkatwe, rero nutuzanire ibitangaro niwaba uvugisha ukuri kwama قَالَ هَٰذِهِۦ نَاقَةٌ لَّهَا شِرۡبٌ وَلَكُمۡ شِرۡبُ يَوۡمٍ مَّعۡلُومٍ ١٥٥Nawe abishura ati:- iyi nyana y’Ingamiya nibe ifise izamu ryukunywa amazi, namwe mube mufise izamu ryanyu ryukuvoma k’umusi wageneweko وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٍ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابُ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ١٥٦Kandi ntimuyikoreko ngo muyigirire inabi hanyuma ntimuze mufatwe n’ibihano vy’umusi w’imperuka فَعَقَرُوهَا فَأَصۡبَحُواْ نَٰدِمِينَ ١٥٧Mugabo abo bantu barayikereye iyo Ngamiya nukuba mumaganya فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٥٨Rero ibihano birabafata, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibavyemera وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٥٩Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ١٦٠Abantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) nabone barahakanye intumwa z’Imana إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ ١٦١Mugihe yababwira mwene wabo na Lutwi (iii) ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٦٢Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٦٣Rero ni mutinye Imana yanyu, nanje mu ngamburukire وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٦٤Kandi jewe sindabasaba impembo kuri ibi vyose, mugabo impembo yanje iri kumana w’ibiremwa vyose أَتَأۡتُونَ ٱلذُّكۡرَانَ مِنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٦٥Mbega mwebwe murangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe mubiremwa vy’imana وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ عَادُونَ ١٦٦Mukareka abo Umuremyi wanyu yabaremeye mubagore banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mubantu mwarenze uburimbi قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُخۡرَجِينَ ١٦٧Nabo bamwishura bati:- nutareka kutubuza wewe Lutwi (iii) ntankeka wewe uzoba uri mubantu bazokwirukanwa ngaha muri iki gisagara turimwo قَالَ إِنِّي لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلۡقَالِينَ ١٦٨Nawe abishura ati:- mu vy’ukuri jewe ndimu bantu banka cane ivyo bikorwa vyanyu bigaritse vy’umwanda رَبِّ نَجِّنِي وَأَهۡلِي مِمَّا يَعۡمَلُونَ ١٦٩Muremyi wanje nundokore n’aba bantu banje kuri ibi bintu bariko baragira فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ ١٧٠Natwe duca turamurokora n’abantu biwe bose إِلَّا عَجُوزًا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ ١٧١Dukuyemwo umutamakazi yari mubicara inyuma y’abandi bose ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ ١٧٢Hanyuma duca turabahonya b’abandi وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرًاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ ١٧٣Duca tubamanurira imvura y’isegenya mbi cane, nayo yari iyaba gabishijwe إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٧٤Ntankeka ibi vyose harimwo ibitekerezo, mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٧٥Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ١٧٦N’abantu bo mukibira nabone barahakanye intumwa z’Imana إِذۡ قَالَ لَهُمۡ شُعَيۡبٌ أَلَا تَتَّقُونَ ١٧٧Mugihe intumwa y’Imana Shuebu (iii) yababwira ati:- mbega mwebwe ntimutinya Imana yanyu إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٌ ١٧٨Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe nd’intumwa y’Imana yizigiwe فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ١٧٩Nimutinye Imana yanyu kandi mu ngamburukire وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٨٠Kandi sindabasaba impembo iyariyo yose, mugabo impembo yanje iri kumuremyi w’ibiremwa vyose ۞ أَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُخۡسِرِينَ ١٨١Nimwuzuze igipimo neza mugabo ntimube mubantu bagabanya kuri ivyo bipimo وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِ ١٨٢Kandi mupime kuminzani y’ukuri وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ ١٨٣Kandi ntimuba gabanirize abantu kubintu vyabo, kandi ntimugendere kuri iy’Isi namwe muri mu bantu b’abononyi وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ وَٱلۡجِبِلَّةَ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٨٤Nimutinye uwabaremye hamwe n’ibiremwa vyabayeho vyose قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ ١٨٥Nabo bavuga bati:- mu vy’ukuri wewe uri mubantu barozwe وَمَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُنَا وَإِن نَّظُنُّكَ لَمِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ ١٨٦Na wewe ntiwari bwabeho, mugabo uri mubantu nkatwe, mu vy’ukuri twebwe tukubona nkuko uri mu bantu b’ababeshi فَأَسۡقِطۡ عَلَيۡنَا كِسَفًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ١٨٧Rero nutumanurire ibimanyu vy’amajuru niwaba uri mubantu bavugisha ukuri قَالَ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَا تَعۡمَلُونَ ١٨٨Nawe abishura ati:- Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi buhagije bw’ivyo muriko muragira فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمۡ عَذَابُ يَوۡمِ ٱلظُّلَّةِۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ ١٨٩Baramwihakanye baca bahura n’ibihano vy’umusi w’igitutu, ntankeka ivo vyari ibihano vy’umusi uhambaye إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةًۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ ١٩٠Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo mugabo benshi muribo ntibari mubantu bemera Imana yabo y’ukuri وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ١٩١Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ububasha n’impuhwe zihagije وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ١٩٢Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu nimanurwa ry’Umuremyi w’ibiremwa vyose نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلۡأَمِينُ ١٩٣Yamanuye ibi vyose nukunagura intahe y’ukuri kandi yizigigwa عَلَىٰ قَلۡبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ ١٩٤Hejuru y’umutima wawe kugira ngo ube mu bantu batuza بِلِسَانٍ عَرَبِيٍّ مُّبِينٍ ١٩٥Mururimi rw’icarabu rutomoye neza ruri k’umugaragaro وَإِنَّهُۥ لَفِي زُبُرِ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٩٦N’ibi vyose biri mubitabu vy’aho hambere أَوَلَمۡ يَكُن لَّهُمۡ ءَايَةً أَن يَعۡلَمَهُۥ عُلَمَٰٓؤُاْ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ١٩٧Mbega nticari ikimenyetso kuribo yuko ibi vyose muncabwenge zabene Israeri babizi وَلَوۡ نَزَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ بَعۡضِ ٱلۡأَعۡجَمِينَ ١٩٨Nk’iyo tumanurira kuri umwe muribo atari mubwoko bw’Abarabu فَقَرَأَهُۥ عَلَيۡهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ مُؤۡمِنِينَ ١٩٩Agaca abasomera ayo majambo ntibari kuba mubemera bimwe vy’ukuri كَذَٰلِكَ سَلَكۡنَٰهُ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ٢٠٠Uku rero niko twinjiza mumishaha y’abantu babi لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ ٢٠١Nabo ntibazo kwemera kugeza aho bazobona ibihano bibabaza فَيَأۡتِيَهُم بَغۡتَةً وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ٢٠٢Rero bazoshikirwa n’ivyo bihano giturumbuka nabo batabizi فَيَقُولُواْ هَلۡ نَحۡنُ مُنظَرُونَ ٢٠٣Bazovuga bati:- mbega twebwe tuzoronswa akanya أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ ٢٠٤Mbega bahimiriza kubihano vyacu أَفَرَءَيۡتَ إِن مَّتَّعۡنَٰهُمۡ سِنِينَ ٢٠٥Ubibona gute nk’iyo twobanezereza nk’imyaka myinshi ثُمَّ جَآءَهُم مَّا كَانُواْ يُوعَدُونَ ٢٠٦Hanyuma ivyo bihano bibashikire nkuko bavyemerewe مَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يُمَتَّعُونَ ٢٠٧Bizobamarira iki muvyo banezerejwe وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ ٢٠٨Kandi ntitwahoneje igisagara icarico cose, n’uko hari abatuza abantu ذِكۡرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ٢٠٩N’icibutso mugabo ntitwari mubahemukiye imitima yacu وَمَا تَنَزَّلَتۡ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ ٢١٠Nayo mashetani ntiyamanutse n’iyi Qur’aani ntagatifu وَمَا يَنۢبَغِي لَهُمۡ وَمَا يَسۡتَطِيعُونَ ٢١١Kandi ntibiba kuribo kandi ntibabishoboye إِنَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّمۡعِ لَمَعۡزُولُونَ ٢١٢Ntankeka barazitiwe mukwumva فَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُعَذَّبِينَ ٢١٣Rero ntuze usabe iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri kugira ngo ntuze ube mu bantu bazohanwa n’Imana وَأَنذِرۡ عَشِيرَتَكَ ٱلۡأَقۡرَبِينَ ٢١٤Utuze abantu bawe muri kumwe nabo n’abari hafi yawe وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٢١٥Kandi wunamike ibaba ryawe kuri urya agukurikira muri barya bakwemeye فَإِنۡ عَصَوۡكَ فَقُلۡ إِنِّي بَرِيٓءٌ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ ٢١٦Nibiyonkora wewe nuvuge uti:- jewe ndikure yivyo muriko muragira وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ ٢١٧Kandi wizere Umuremyi wawe gusa afise ububasha n’Impuhwe zihagije ٱلَّذِي يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ ٢١٨Kuko ariwe akubona aho uhagaze hose وَتَقَلُّبَكَ فِي ٱلسَّٰجِدِينَ ٢١٩N’ihindagurika ryawe ryose hamwe n’abapfukama bose bashize imitwe yabo hasi إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ ٢٢٠Mu vy’kuri Imana niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije هَلۡ أُنَبِّئُكُمۡ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ ٢٢١Mbega ndababwire mubo Amashetani yama amanukirako تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٍ ٢٢٢Amanukira k’umuntu mukuru wumwadukizi w’ikintu afise ibicumuro bininiya cane يُلۡقُونَ ٱلسَّمۡعَ وَأَكۡثَرُهُمۡ كَٰذِبُونَ ٢٢٣Babashikiriza amajambo bumvise, mugabo benshi muribo n’ababeshi gusa وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلۡغَاوُۥنَ ٢٢٤N’abategura amajambo y’ubuhizi bakurikiranwa n’abantu bazimiye أَلَمۡ تَرَ أَنَّهُمۡ فِي كُلِّ وَادٍ يَهِيمُونَ ٢٢٥Mbega ntubona yuko abo bantu bakikuza kumpande zose وَأَنَّهُمۡ يَقُولُونَ مَا لَا يَفۡعَلُونَ ٢٢٦Nabo bakavuga yuko aribo bavuga ivyo badashobora gushira mungiro إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَذَكَرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرًا وَٱنتَصَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَيَّ مُنقَلَبٍ يَنقَلِبُونَ ٢٢٧Dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza nuguhayagiza Imana kenshi na kenshi nukwihorana mugihe bahemukiwe ivyabo, n’ubu vuba mu bantu bahemukira abandi bazomenya ihindagurika ry’ingene bazo hindagurika

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.