Millat al-Islam

Chapter 38 · 88 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Sad in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Sad (1183 reciters)
Meccanسورة ص88 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

صٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ذِي ٱلذِّكۡرِ ١Swaad, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose buzi Imana yonyene gusa). Ndarahiye kuri iyi Qur’aani ntagatifu ifise ubutumwa nyakuri بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي عِزَّةٍ وَشِقَاقٍ ٢Mugabo abahakanye Umuremyi wabo bari mu bishima nugu higanwa كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٍ فَنَادَواْ وَّلَاتَ حِينَ مَنَاصٍ ٣Twahoneje abantu bangahe imbere yabo, batako bakoma induru mugabo umwanya w’ukurokoka wamaze guhera وَعَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٌ مِّنۡهُمۡۖ وَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا سَٰحِرٌ كَذَّابٌ ٤Baratangaye mugihe bashikirwa n’uwutuza ava muribo hanyuma abatemera Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- uyo muntu n’umurozi kandi n’umubeshi أَجَعَلَ ٱلۡأٓلِهَةَ إِلَٰهًا وَٰحِدًاۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ عُجَابٌ ٥Yagize Imana zose kuba ari Imana imwe gusa, ntankeka iri n’ijambo ry’igitangaza وَٱنطَلَقَ ٱلۡمَلَأُ مِنۡهُمۡ أَنِ ٱمۡشُواْ وَٱصۡبِرُواْ عَلَىٰٓ ءَالِهَتِكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ يُرَادُ ٦Baciye bitahira bamwe mubakuru babo bavuga bati:- nimwigire kandi mwigumanire n’izo Mana zanyu, mu vy’ukuri iri n’ijambo rikenewe مَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِي ٱلۡمِلَّةِ ٱلۡأٓخِرَةِ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا ٱخۡتِلَٰقٌ ٧Twebwe ntitwigeze twumva ibi bintu yuko muri iyi migenzo yacu yanyuma, kandi ntivyamye ho ibi vyose atari uko ari ivyadutse gusa أَءُنزِلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ مِنۢ بَيۡنِنَاۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكٍّ مِّن ذِكۡرِيۚ بَل لَّمَّا يَذُوقُواْ عَذَابِ ٨Niwe wenyene yamanuriwe ubu butumire gusa natwe ntitwabuhabwa, mugabo abo bantu bari bafise amakenga gusa kubera ubutumire bwanje, ahubwo ntibara honja ibihano vyanje أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَحۡمَةِ رَبِّكَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡوَهَّابِ ٩Mbega barafise ububiko bw’imigisha y’Umuremyi wawe, nyene ubushobozi atanga vyose أَمۡ لَهُم مُّلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ فَلۡيَرۡتَقُواْ فِي ٱلۡأَسۡبَٰبِ ١٠Canke barafise ubwami bw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, rero nibafate inzira ibashikana yo جُندٌ مَّا هُنَالِكَ مَهۡزُومٌ مِّنَ ٱلۡأَحۡزَابِ ١١Izi n’ingabo zizo gendeshwa ningoga muvyondo vy’abahakanyi vyagendeshejwe ningoga aho hambere كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٍ وَعَادٌ وَفِرۡعَوۡنُ ذُو ٱلۡأَوۡتَادِ ١٢Abaho hambere barahakanye abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) na Fir’auni nyene amazu y’inkingi zikoma komeye وَثَمُودُ وَقَوۡمُ لُوطٍ وَأَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَحۡزَابُ ١٣Na Thamuda hamwe n’abantu bokwa Lutwi n’abantu bo mukibira c’ibiti vyinshi iyo niyo mirwi yabo إِن كُلٌّ إِلَّا كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ عِقَابِ ١٤Abo bose bara hakanye intumwa z’Imana, rero ibihano vyanje vyaraba shikiye وَمَا يَنظُرُ هَٰٓؤُلَآءِ إِلَّا صَيۡحَةً وَٰحِدَةً مَّا لَهَا مِن فَوَاقٍ ١٥N’aba ntibarindira atari akaruru kamwe gusa kukuzurwa kwabo kata rindiriza وَقَالُواْ رَبَّنَا عَجِّل لَّنَا قِطَّنَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ ١٦Bama bavuga bati:- Muremyi wacu, nutuzanire bimwe mubihano vyacu imbere yuwo musi wugu harurwa ٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلۡأَيۡدِۖ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ ١٧Nutenyenye kuri ivyo bavuga, mugabo wibuke wa muntu wacu mweranda ariwe Daudi (iii) nyene inguvu, mu vy’ukuri yari umuntu agaruka ku Mana n’ubu gamburutsi إِنَّا سَخَّرۡنَا ٱلۡجِبَالَ مَعَهُۥ يُسَبِّحۡنَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِشۡرَاقِ ١٨Mu vy’ukuri twebwe twara gamburukiye imisozi hamwe nawe ininahaze kuva k’umugoroba no mugitondo وَٱلطَّيۡرَ مَحۡشُورَةًۖ كُلٌّ لَّهُۥٓ أَوَّابٌ ١٩Hamwe n’inyoni zegereranijwe hamwe n’izindi zose zara mugamburukira وَشَدَدۡنَا مُلۡكَهُۥ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحِكۡمَةَ وَفَصۡلَ ٱلۡخِطَابِ ٢٠Duca dushira mubwami bwiwe ubushobozi nukumuha ubumenyi bw’ugucira imanza abantu ۞ وَهَلۡ أَتَىٰكَ نَبَؤُاْ ٱلۡخَصۡمِ إِذۡ تَسَوَّرُواْ ٱلۡمِحۡرَابَ ٢١Mbega warashikiwe n’inkuru z’abari mumatati baca basimbira mucumba c’intumwa y’Imana Daudi (iii) إِذۡ دَخَلُواْ عَلَىٰ دَاوُۥدَ فَفَزِعَ مِنۡهُمۡۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ خَصۡمَانِ بَغَىٰ بَعۡضُنَا عَلَىٰ بَعۡضٍ فَٱحۡكُم بَيۡنَنَا بِٱلۡحَقِّ وَلَا تُشۡطِطۡ وَٱهۡدِنَآ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلصِّرَٰطِ ٢٢Mugihe binjira kwa Daudi (iii) yarabatinye nabo baca bavuga bati:- ntutinye kuri twebwe turi mumatati, umwe muri twebwe yarahemukiye mugenzi wiwe, none nuducire urubanza rw’ukuri, kandi ntuhengame ahanaka kandi uturongore munzira igororotse إِنَّ هَٰذَآ أَخِي لَهُۥ تِسۡعٌ وَتِسۡعُونَ نَعۡجَةً وَلِيَ نَعۡجَةٌ وَٰحِدَةٌ فَقَالَ أَكۡفِلۡنِيهَا وَعَزَّنِي فِي ٱلۡخِطَابِ ٢٣Mu vy’ukuri uyu ni mwene wanje, afise intama z’inyana mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise inyana imwe gusa mugabo yavuze ati ndamuhe iyi rwanje ayitungire, none yananiye mu majambo قَالَ لَقَدۡ ظَلَمَكَ بِسُؤَالِ نَعۡجَتِكَ إِلَىٰ نِعَاجِهِۦۖ وَإِنَّ كَثِيرًا مِّنَ ٱلۡخُلَطَآءِ لَيَبۡغِي بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٍ إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَقَلِيلٌ مَّا هُمۡۗ وَظَنَّ دَاوُۥدُ أَنَّمَا فَتَنَّٰهُ فَٱسۡتَغۡفَرَ رَبَّهُۥ وَخَرَّۤ رَاكِعًاۤ وَأَنَابَ ۩ ٢٤Avuga ati:- ni vy’ukuri yaguhemukiye mukugusaba iyo ntungwa yawe mukwongereza kuntungwa ziwe, ntankeka abari mw’ishirahamwe benshi bama bahemukirana bamwe kubandi dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, nabo bantu bari kurushi, mu mwanya intumwa y’Imana Daudi (iii) yabona yuko twamuhaye ikibazo, aca asaba ikigongwe ku Muremyi wiwe n’ugupfukama n’ubwitonzi ntangere nugu tumbera ku Muremyi wiwe فَغَفَرۡنَا لَهُۥ ذَٰلِكَۖ وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٍ ٢٥Duca tumugirira ikigongwe kuri ivyo vyose, mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro kininiya n’ahantu heza يَٰدَاوُۥدُ إِنَّا جَعَلۡنَٰكَ خَلِيفَةً فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱحۡكُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّ وَلَا تَتَّبِعِ ٱلۡهَوَىٰ فَيُضِلَّكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَضِلُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٌ شَدِيدُۢ بِمَا نَسُواْ يَوۡمَ ٱلۡحِسَابِ ٢٦Ewe Daudi (iii) mu vy’ukuri twebwe twaguhaye ubutegetsi ng’aha kw’Isi, rero nubacire abo bantu urubanza rw’ukuri kandi ntukurikire ivyo umutima wawe ushatse ntuze ukuzimize munzira nziza y’Imana, mu vy’ukuri bamwe bazimira nuguta inzira y’Imana abo bantu bazoronka ibihano bikaze cane kubera ukwibagira kwabo wa musi wuguharurwa وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا بَٰطِلًاۚ ذَٰلِكَ ظَنُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۚ فَوَيۡلٌ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنَ ٱلنَّارِ ٢٧Kandi twebwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kubusa gusa, ibi vyose nivyo bikeka bamwe batemera Imana yabo y’ukuri, rero ibihano bikaze cane vy’umuriro udahera bizoba shikira bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَٱلۡمُفۡسِدِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلۡمُتَّقِينَ كَٱلۡفُجَّارِ ٢٨Mbega tubagire bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza yuko boba bangana n’abononyi bagira ubwo bwononyi ng’aha kw’Isi, canke tubagire aba gamburukira Imana ko bangana n’abononyi كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ إِلَيۡكَ مُبَٰرَكٌ لِّيَدَّبَّرُوٓاْ ءَايَٰتِهِۦ وَلِيَتَذَكَّرَ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ ٢٩Iki gitabu twakimanuye kuri wewe, kikaba gifise imihezagiro myinshi cane kugira ngo abantu bategere neza, iyumvire amajambo yaco hamwe n’abafise ubwenge nabo bategere neza وَوَهَبۡنَا لِدَاوُۥدَ سُلَيۡمَٰنَۚ نِعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ ٣٠Twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) ikibondo citwa Suleymanu (iii) akaba yari mu bantu beza, kandi akaba yari afise n’ubwitonzi ntangere إِذۡ عُرِضَ عَلَيۡهِ بِٱلۡعَشِيِّ ٱلصَّٰفِنَٰتُ ٱلۡجِيَادُ ٣١Mugihe bwagoroba yashikirijwe Ifarasi zihumuye zihagaze nazo zikaba zari zihwahutse mugihe zitegetswe kwiruka فَقَالَ إِنِّيٓ أَحۡبَبۡتُ حُبَّ ٱلۡخَيۡرِ عَن ذِكۡرِ رَبِّي حَتَّىٰ تَوَارَتۡ بِٱلۡحِجَابِ ٣٢Yaciye avuga ati:- jewe nkunda ibintu vyiza mukwibuka Umuremyi wanje, mu nyuma zafarasi zinyegeza inyuma y’uruzitiro رُدُّوهَا عَلَيَّۖ فَطَفِقَ مَسۡحَۢا بِٱلسُّوقِ وَٱلۡأَعۡنَاقِ ٣٣Nimu bagarure iwanje, hanyuma aca atangura kuzi hanagura kumaguru yazo no kumazosi yazo وَلَقَدۡ فَتَنَّا سُلَيۡمَٰنَ وَأَلۡقَيۡنَا عَلَىٰ كُرۡسِيِّهِۦ جَسَدًا ثُمَّ أَنَابَ ٣٤Twaramuhaye intumwa y’Imana Suleymanu (iii) duca dushiraho uwundi mubiri hejuru y’inyegamo yiwe hanyuma aragaruka wenyene قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَهَبۡ لِي مُلۡكًا لَّا يَنۢبَغِي لِأَحَدٍ مِّنۢ بَعۡدِيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡوَهَّابُ ٣٥Aca avuga ati:- Muremyi wanje, nungirire ikigongwe kandi umpe n’ubwami, kandi ntuze ubuhe uwariwe wese munyuma zanje, ntankeka ni wewe mutanzi wa vyose فَسَخَّرۡنَا لَهُ ٱلرِّيحَ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦ رُخَآءً حَيۡثُ أَصَابَ ٣٦Duca tumu gamburukiza umuyaga ugenda buhoro buhoro kw’itegeko ryiwe, naho ushaka gushika hose وَٱلشَّيَٰطِينَ كُلَّ بَنَّآءٍ وَغَوَّاصٍ ٣٧Hamwe n’ibisigo n’abubatsi n’abibira mumazi وَءَاخَرِينَ مُقَرَّنِينَ فِي ٱلۡأَصۡفَادِ ٣٨N’ibindi bisigo biboshwe n’iminyororo هَٰذَا عَطَآؤُنَا فَٱمۡنُنۡ أَوۡ أَمۡسِكۡ بِغَيۡرِ حِسَابٍ ٣٩Iyi n’ingabirano yacu twaguhaye tutarinze guharurirana, rero nuyitange canke uyigumye utarinze kugiriranira ibiharuro وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٍ ٤٠Mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro n’ahantu heza وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَآ أَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بِنُصۡبٍ وَعَذَابٍ ٤١Kandi mwibuke intumwa yacu y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamuhamagara avuga ati:- mu vy’ukuri Shetani yanshikirije ibishoboka hamwe n’ingorane ٱرۡكُضۡ بِرِجۡلِكَۖ هَٰذَا مُغۡتَسَلُۢ بَارِدٌ وَشَرَابٌ ٤٢Ihute nuku kuguru kwawe, naya niyo mazi apfuse yukwisukira hamwe n’ayandi yukunywa وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةً مِّنَّا وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ ٤٣Duca tumuha abantu biwe hamwe n’abandi nkabo hamwe nabo kumigisha ivuye iwacu hamwe n’ubutumwa ku bantu bafise ubwenge وَخُذۡ بِيَدِكَ ضِغۡثًا فَٱضۡرِب بِّهِۦ وَلَا تَحۡنَثۡۗ إِنَّا وَجَدۡنَٰهُ صَابِرًاۚ نِّعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ ٤٤Nufate amasonga y’uduti mukuboko kwawe, hunyuma uce umukubitisha umucance wawe, kandi ntute indahiro yawe, ntankeka twebwe twamusanze ari mu bantu batekereje kandi n’intore, mu vy’ukuri yari muba gamburutsi bacane وَٱذۡكُرۡ عِبَٰدَنَآ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ أُوْلِي ٱلۡأَيۡدِي وَٱلۡأَبۡصَٰرِ ٤٥Bibuke abantu bacu ariyo ntumwa yacu y’Imana Ibrahimu (iii) na Is’haqa n’intumwa y’Imana na Yaaqubu bari bafise ubushobozi n’ubwenge buhagije إِنَّآ أَخۡلَصۡنَٰهُم بِخَالِصَةٍ ذِكۡرَى ٱلدَّارِ ٤٦Mu vy’ukuri twebwe twagutoye kuri ryajambo ryiza cane ryukwibuka umusi w’imperuka وَإِنَّهُمۡ عِندَنَا لَمِنَ ٱلۡمُصۡطَفَيۡنَ ٱلۡأَخۡيَارِ ٤٧Kandi ntankeka abamyeho imbere yacu, nabo nimu bantu beza batowe وَٱذۡكُرۡ إِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ وَكُلٌّ مِّنَ ٱلۡأَخۡيَارِ ٤٨Kandi mwibuke intumwa y’Imana Ismaaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Al’yasaa (iii) n’intumwa y’Imana Dhul’qiflu (iii) n’abo bose bari mu bantu b’intungane هَٰذَا ذِكۡرٌۚ وَإِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ لَحُسۡنَ مَـَٔابٍ ٤٩Ubu n’ubwibutso mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri igituro cabo caho bazo garukira hazoba heza cane جَنَّٰتِ عَدۡنٍ مُّفَتَّحَةً لَّهُمُ ٱلۡأَبۡوَٰبُ ٥٠Imirima yukwicara mwo mubuzima bwabo bwose izoba yuguruye imiryango yayo kubera bo gusa مُتَّكِـِٔينَ فِيهَا يَدۡعُونَ فِيهَا بِفَٰكِهَةٍ كَثِيرَةٍ وَشَرَابٍ ٥١Bazo kwegamira kunyegamo basaba ivyamwa vyinshi hamwe n’ibinyobwa ۞ وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ أَتۡرَابٌ ٥٢Hamwe nabo bazoba ho n’abanega babo bahumurije amaso yabo kubatambukanyi babo هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِيَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ ٥٣Ibi nivyo mwaraganiwe k’umusi w’imperuka إِنَّ هَٰذَا لَرِزۡقُنَا مَا لَهُۥ مِن نَّفَادٍ ٥٤Mu vy’ukuri iyi niyo migisha yacu idahera هَٰذَاۚ وَإِنَّ لِلطَّٰغِينَ لَشَرَّ مَـَٔابٍ ٥٥Nuko rero mu vy’ukuri bamwe barenga imbibe ingaruka zabo zizoba ziri ahantu habi cane جَهَنَّمَ يَصۡلَوۡنَهَا فَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ ٥٦Wamuriro witiriwe Jahannamu niwo bazokwinjiramwo naho nahateguwe nabi cane هَٰذَا فَلۡيَذُوقُوهُ حَمِيمٌ وَغَسَّاقٌ ٥٧N’uku bizoba rero nibahonje amazi y’amarike n’amashira وَءَاخَرُ مِن شَكۡلِهِۦٓ أَزۡوَٰجٌ ٥٨N’ibindi bihano nk’ibi ni vyinshi هَٰذَا فَوۡجٌ مُّقۡتَحِمٌ مَّعَكُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِهِمۡۚ إِنَّهُمۡ صَالُواْ ٱلنَّارِ ٥٩Izi nizo ngabo zizo kwinjira hamwe namwe, mugabo ntizaronse ahantu heza zishikira mugabo zizo kwinjira mu muriro udahera قَالُواْ بَلۡ أَنتُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِكُمۡۖ أَنتُمۡ قَدَّمۡتُمُوهُ لَنَاۖ فَبِئۡسَ ٱلۡقَرَارُ ٦٠Bavuze bati:- mwebwe ntakaze ryiza mufise mwebwe nimwe mwatumye turonka ibihano aho naho n’ahantu h’ubwicaro bubi cane قَالُواْ رَبَّنَا مَن قَدَّمَ لَنَا هَٰذَا فَزِدۡهُ عَذَابًا ضِعۡفًا فِي ٱلنَّارِ ٦١Bavuze bati:- Muremyi wacu, abatumye tugira ibi vyose, n’ubongereze ibihano vy’incuro zibiri iyo mu muriro udahera وَقَالُواْ مَا لَنَا لَا نَرَىٰ رِجَالًا كُنَّا نَعُدُّهُم مِّنَ ٱلۡأَشۡرَارِ ٦٢Bazovuga bati:- vyabaye gute ko tutababona babantu twahora tubaharura ko bari mu bantu babi أَتَّخَذۡنَٰهُمۡ سِخۡرِيًّا أَمۡ زَاغَتۡ عَنۡهُمُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ ٦٣Erega twaraba kengereye mugabo amaso yacu ntiyababona gusa إِنَّ ذَٰلِكَ لَحَقٌّ تَخَاصُمُ أَهۡلِ ٱلنَّارِ ٦٤Ntankeka ibi bintu vy’amatati y’abantu bo mumuriro udahera nay’ukuri قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مُنذِرٌۖ وَمَا مِنۡ إِلَٰهٍ إِلَّا ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ ٦٥Vuga uti:- mu vy’ukuri jewe nd’uwutuza gusa, kandi ntayindi Mana itegerezwa gusengwa atariyo yonyene rudende nyene ubushobozi رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّٰرُ ٦٦Umumenyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo vyose nyene ubushobozi hamwe n’ikigongwe cinshi قُلۡ هُوَ نَبَؤٌاْ عَظِيمٌ ٦٧Vuga uti:- izi n’inkuru zihambaye cane أَنتُمۡ عَنۡهُ مُعۡرِضُونَ ٦٨Mutitayeho namba مَا كَانَ لِيَ مِنۡ عِلۡمِۭ بِٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰٓ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ ٦٩Ntabumenyi nari mfise bw’ibiremwa bitagatifu mugihe batumvikana إِن يُوحَىٰٓ إِلَيَّ إِلَّآ أَنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٌ مُّبِينٌ ٧٠Simbwirwa ikintu na kimwe kuri jewe atari uko nd’umuntu atuza abantu kandi mboneka إِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرًا مِّن طِينٍ ٧١Umuremyi wawe mugihe yababwira Abamarayika ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ ٧٢Ninarangiza kurema uyo muntu nukumu huhera umutima uvuye kuri jewe, rero nimuce mumupfukamira nukumu gamburukira فَسَجَدَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ ٧٣Bara gamburutse Abamarayika bose uko bangana bose إِلَّآ إِبۡلِيسَ ٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ ٧٤Dukuyemwo uwitwa Ibilisi yishimye nukuba muba hakanyi b’Imana قَالَ يَٰٓإِبۡلِيسُ مَا مَنَعَكَ أَن تَسۡجُدَ لِمَا خَلَقۡتُ بِيَدَيَّۖ أَسۡتَكۡبَرۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡعَالِينَ ٧٥Imana yamubwiye iti:- ewe Ibilisi, n’igiki cakubujje ku gamburukira uwo naremye ku maboko yanje, mbega winamuye canke wabaye mubantu bakuru قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٌ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٍ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٍ ٧٦Nawe yishura ati:- jewe ndimwiza gusumba uyo waremye, kuko jewe wandemye unkuye mu muriro udahera, nawe umurema umukuye mw’ivu قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٌ ٧٧Imana ica ivuga iti:- nuve muri uwo muriro udahera kuko uramaze gutabwa kure n’imigisha yanje وَإِنَّ عَلَيۡكَ لَعۡنَتِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ ٧٨Mu vy’ukuri umuvumo wanje uzoba hejuru yawe kuri kugeza k’umusi w’imperuka قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ٧٩Nawe yishura ati:- Muremyi wanje, numpe umwanya na mutoyi gusa kugeza k’umusi bazozurwa ibiremwa vyose قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ ٨٠Imana imubwira iti:- nivyo wewe uri mubaronse ikibanza c’ukubaho إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ ٨١Kugeza kumwanya w’umusi wategekanijwe قَالَ فَبِعِزَّتِكَ لَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٨٢Nawe yishura ati:- ndarahiye k’ukuri kw’iteka ryawe ntankeka jewe abo bantu bawe nzobazimiza uko bangana bose إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ٨٣Dukuye mwo ba bantu bawe muribo ar’intore قَالَ فَٱلۡحَقُّ وَٱلۡحَقَّ أَقُولُ ٨٤Imana ivuga iti:- ndarahiye mvugishije ukuri لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكَ وَمِمَّن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٨٥Mu vy’ukuri jewe nzokwuzuza mu muriro udahera kuri wewe Shetani hamwe n’abagu kurikira muribo قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُتَكَلِّفِينَ ٨٦Vuga uti:- jewe sindaba saba impembo kuri ibi, kandi jewe sindi mu bantu bitegeka إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٌ لِّلۡعَٰلَمِينَ ٨٧Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ubutumwa ku bantu bose وَلَتَعۡلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعۡدَ حِينِۭ ٨٨Kandi ntankeka mwebwe muzomenya inkuru ziwe mumwanya

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.