Millat al-Islam

Chapter 20 · 135 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ta-ha in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Ta-ha (1340 reciters)
Meccanسورة طه135 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

طه ١Twa,Hha. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa) مَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لِتَشۡقَىٰٓ ٢Nti twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu kugira ngo ugire amakenga إِلَّا تَذۡكِرَةً لِّمَن يَخۡشَىٰ ٣Ahubwo ikubere ubutumwa ku bantu bayigamburukira تَنزِيلًا مِّمَّنۡ خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ وَٱلسَّمَٰوَٰتِ ٱلۡعُلَى ٤N’imanurwa rivuye kuwaremye Isi n’Amajuru yadugijwe hejuru ٱلرَّحۡمَٰنُ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ ٱسۡتَوَىٰ ٥Niyo Mana nyene imigisha n’inganji iri hejuru y’inyegamo yiwe nyeranda لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَمَا تَحۡتَ ٱلثَّرَىٰ ٦Ibiri mu Majuru n’ibiri kw’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo hamwe n’ibiri hasi y’Isi vyose nirwiwe وَإِن تَجۡهَرۡ بِٱلۡقَوۡلِ فَإِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ وَأَخۡفَى ٧Niwavuga kw’ijwi rininiya mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’amabanga hamwe nivyinyegeje cane biri mumbari ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ لَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ ٨Imana, ntayindi isengwa mu vy’ukuri atari yo yonyene rudende gusa, nayo niyo ifise amazina meza وَهَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ ٩Mbega warashikiwe n’ikiyago c’intumwa y’Imana Musa (iii) إِذۡ رَءَا نَارًا فَقَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارًا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِقَبَسٍ أَوۡ أَجِدُ عَلَى ٱلنَّارِ هُدًى ١٠Mugihe yabona umuriro aca abwira umuryango wiwe ati:- nimu rindire gatoyi mu vy’ukuri jewe nabonye umuriro kumbure ndaba zanira igishirira muri uwo muriro canke ndaza kuronka mwo uwundongora muri uwo muriro فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ يَٰمُوسَىٰٓ ١١Mugihe yashikayo yarahamagawe abwirwa ati:- ewe Musa (iii) إِنِّيٓ أَنَا۠ رَبُّكَ فَٱخۡلَعۡ نَعۡلَيۡكَ إِنَّكَ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوًى ١٢Ntankeka ni jewe Muremyi wawe, rero niwambure inkweto zawe mu vy’ukuri wewe uri mumwaba mutagatifu witiriwe Twuwaa وَأَنَا ٱخۡتَرۡتُكَ فَٱسۡتَمِعۡ لِمَا يُوحَىٰٓ ١٣Nijewe nagutoye rero niwumvirize ubutumwa ushikirizwa إِنَّنِيٓ أَنَا ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدۡنِي وَأَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ لِذِكۡرِيٓ ١٤Mu vy’ukuri nijewe Mana, kuko ntayindi isengwa bimwe vy’ukuri atari jewe jenyene, rero nimunsenge kandi muhagarike amasengesho yose kandi mumpayagiza إِنَّ ٱلسَّاعَةَ ءَاتِيَةٌ أَكَادُ أُخۡفِيهَا لِتُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا تَسۡعَىٰ ١٥Ntankeka umusi w’umuhero w’Isi uzoshika, nanje nkaba nshaka kuwunyegeza uwo musi kubigira mpaka kugira ngo umutima w’umwumwe wese urihwe kuvyo wakoze فَلَا يَصُدَّنَّكَ عَنۡهَا مَن لَّا يُؤۡمِنُ بِهَا وَٱتَّبَعَ هَوَىٰهُ فَتَرۡدَىٰ ١٦Ntibakuzitire kuri ivyo, bamwe batavyemera nugukurikira ivyo imitima yabo yishakira, nawe ntuze urwe muruhombo وَمَا تِلۡكَ بِيَمِينِكَ يَٰمُوسَىٰ ١٧None ico kiri mukuboko kwawe kw’iburyo n’igiki ewe ntumwa y’Imana Musa (iii) قَالَ هِيَ عَصَايَ أَتَوَكَّؤُاْ عَلَيۡهَا وَأَهُشُّ بِهَا عَلَىٰ غَنَمِي وَلِيَ فِيهَا مَـَٔارِبُ أُخۡرَىٰ ١٨Intumwa y’Imana Musa (iii) ibishura iti:- iyi n’inkoni yanje negamira ko kandi niyo mpungurisha ivyatsi kubera ibitungwa vyanje, kandi nkayikoresha mubindi bikorwa قَالَ أَلۡقِهَا يَٰمُوسَىٰ ١٩Imana ivuga iti:- nuyite hasi iyo nkoni yawe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii) فَأَلۡقَىٰهَا فَإِذَا هِيَ حَيَّةٌ تَسۡعَىٰ ٢٠Arayita hasi, mumwanya ica ihinduka inzoka yiruka cane قَالَ خُذۡهَا وَلَا تَخَفۡۖ سَنُعِيدُهَا سِيرَتَهَا ٱلۡأُولَىٰ ٢١Imana ivuga iti:- nuyifate iyo nzoka kandi ntugire ubwoba, ubu rero duca tuyisubiza nkuko yamye aho hambere وَٱضۡمُمۡ يَدَكَ إِلَىٰ جَنَاحِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٍ ءَايَةً أُخۡرَىٰ ٢٢Hanyuma ukurikize ukuboko kwawe mukwaha kwawe kuzoca kuvayo kwera derere atanabi gufise kukaba ari ikindi gitangaro kuri wewe لِنُرِيَكَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا ٱلۡكُبۡرَى ٢٣Kugira ngo tukwereke ibitangaro vyacu binini biniya ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ ٢٤Nugende kwa Fir’auni, ntankeka niwe yarenze imbibe zagenywe قَالَ رَبِّ ٱشۡرَحۡ لِي صَدۡرِي ٢٥Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- ewe Muremyi wanje nunyagurire igikiriza canje وَيَسِّرۡ لِيٓ أَمۡرِي ٢٦Kandi unyorohereze ibikorwa vyanje wampaye وَٱحۡلُلۡ عُقۡدَةً مِّن لِّسَانِي ٢٧Kandi unziturire ipfundo riri hagati y’ururimi rwanje يَفۡقَهُواْ قَوۡلِي ٢٨Bashobore gutahura amajambo yanje nzobabwira وَٱجۡعَل لِّي وَزِيرًا مِّنۡ أَهۡلِي ٢٩Kandi ungirire umushikira nganji wo mumuryango wanje هَٰرُونَ أَخِي ٣٠Mwene wanje Haruna (iii) abe ariwe mufasha wanje ٱشۡدُدۡ بِهِۦٓ أَزۡرِي ٣١Umuhe ubushobozi bukwiye kuri we وَأَشۡرِكۡهُ فِيٓ أَمۡرِي ٣٢Kandi umushire hamwe nanje muri ubu buzi bwanje كَيۡ نُسَبِّحَكَ كَثِيرًا ٣٣Kugira ngo tuguhayagize cane وَنَذۡكُرَكَ كَثِيرًا ٣٤Kandi tukuvuge wewe cane na cane إِنَّكَ كُنتَ بِنَا بَصِيرًا ٣٥Mu vy’ukuri ni wewe utubona قَالَ قَدۡ أُوتِيتَ سُؤۡلَكَ يَٰمُوسَىٰ ٣٦Imana ivuga iti:- mu vy’ukuri wewe urahawe muvyo ntumwa y’Imana Musa (iii). wasavye ewe وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَيۡكَ مَرَّةً أُخۡرَىٰٓ ٣٧Mu vy’ukuri twarakugiriye impuhwe ubugira kabiri إِذۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰٓ أُمِّكَ مَا يُوحَىٰٓ ٣٨Mugihe twereka umuvyeyi wawe ivyerekanywe أَنِ ٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلتَّابُوتِ فَٱقۡذِفِيهِ فِي ٱلۡيَمِّ فَلۡيُلۡقِهِ ٱلۡيَمُّ بِٱلسَّاحِلِ يَأۡخُذۡهُ عَدُوٌّ لِّي وَعَدُوٌّ لَّهُۥۚ وَأَلۡقَيۡتُ عَلَيۡكَ مَحَبَّةً مِّنِّي وَلِتُصۡنَعَ عَلَىٰ عَيۡنِيٓ ٣٩Yuko woshira ikibondo cawe mw’isandugu hanyuma urishire mumwonga, n’uwo mwonga uzomuta kunkengera yarwo kugira ngo umwansi wanje aze amutore n’umwansi wiwe, kandi nashizemwo urukundo ruvuye iwanje kandi umunye ibiri mumaso yanje إِذۡ تَمۡشِيٓ أُخۡتُكَ فَتَقُولُ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰ مَن يَكۡفُلُهُۥۖ فَرَجَعۡنَٰكَ إِلَىٰٓ أُمِّكَ كَيۡ تَقَرَّ عَيۡنُهَا وَلَا تَحۡزَنَۚ وَقَتَلۡتَ نَفۡسًا فَنَجَّيۡنَٰكَ مِنَ ٱلۡغَمِّ وَفَتَنَّٰكَ فُتُونًاۚ فَلَبِثۡتَ سِنِينَ فِيٓ أَهۡلِ مَدۡيَنَ ثُمَّ جِئۡتَ عَلَىٰ قَدَرٍ يَٰمُوسَىٰ ٤٠Wibuke igihe mushiki wawe yagenda ku bantu ba Fir’auni avuga ati:- mbega ndaba menyeshe umuntu yomurera? Duca tumusubiza kwa nyoko wawe kugira ngo amaso yiwe anezerwe kandi ntagire agahinda, kandi waragandaguye umuntu duca turakurokora nako gahinda, dutako turaku gerageza kubigeragezo vyinshi hanyuma ubaho imyaka myishi n’abantu bokwa Madiani, hanyuma wagarutse ngaha nkuko vyateguwe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii) وَٱصۡطَنَعۡتُكَ لِنَفۡسِي ٤١Kandi nagutoye kubera jewe ngo ube intumwa yanje ٱذۡهَبۡ أَنتَ وَأَخُوكَ بِـَٔايَٰتِي وَلَا تَنِيَا فِي ذِكۡرِي ٤٢N’ugende hamwe na mwene wanyu mufise ivyemezo vyanje, kandi ntimuruhe mukunyibuka ٱذۡهَبَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ ٤٣Nimugende kwa Fir’auni, ntankeka yarengeje akarimbi فَقُولَا لَهُۥ قَوۡلًا لَّيِّنًا لَّعَلَّهُۥ يَتَذَكَّرُ أَوۡ يَخۡشَىٰ ٤٤Mumubwire amajambo yoroshe nkumbure yoshobora gufata ubwo butumwa canke agatinya قَالَا رَبَّنَآ إِنَّنَا نَخَافُ أَن يَفۡرُطَ عَلَيۡنَآ أَوۡ أَن يَطۡغَىٰ ٤٥Nabo bavuga bati:- ewe Muremyi wacu mu vy’ukuri twebwe turatinya yuko atorenga akarimbi kubera twebwe canke akatwishima ko قَالَ لَا تَخَافَآۖ إِنَّنِي مَعَكُمَآ أَسۡمَعُ وَأَرَىٰ ٤٦Imana ivuga iti:- ntimutinye, ntankeka ni jewe ndikumwe namwe kuko ni jewe numva kandi mbona فَأۡتِيَاهُ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولَا رَبِّكَ فَأَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَلَا تُعَذِّبۡهُمۡۖ قَدۡ جِئۡنَٰكَ بِـَٔايَةٍ مِّن رَّبِّكَۖ وَٱلسَّلَٰمُ عَلَىٰ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلۡهُدَىٰٓ ٤٧Rero ni mugende iwe kandi mumubwire muti:- mu vy’ukuri twebwe turi intumwa z’Umuremyi wawe, rero n’ubareke abo bene Israeri tujane nabo kandi ntubahane, mu vy’ukuri tukuzaniye ibimenyetso bivuye k’Umuremyi wawe, n’amahoro azoba ari ku bantu bakurikira uburokoke إِنَّا قَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡنَآ أَنَّ ٱلۡعَذَابَ عَلَىٰ مَن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ ٤٨Mu vy’ukuri twazaniwe ubutumwa yuko ibihano bizoshikira bamwe bahakana aya majambo y’Imana y’ukuri n’ukuyaha umugongo قَالَ فَمَن رَّبُّكُمَا يَٰمُوسَىٰ ٤٩Fir’auni avuga ati:- Umuremyi wanyu ni nde ewe Mussa قَالَ رَبُّنَا ٱلَّذِيٓ أَعۡطَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ خَلۡقَهُۥ ثُمَّ هَدَىٰ ٥٠Intumwa y’Imana Musa (iii) amwishura ati:- Umuremyi wacu nurya yahaye ikintu cose ishusho ryaco bwite hanyuma arakirongora قَالَ فَمَا بَالُ ٱلۡقُرُونِ ٱلۡأُولَىٰ ٥١Avuga ati:- mbega ni gute bamyeho mubinjana vyaho hambere mukahise utarashika قَالَ عِلۡمُهَا عِندَ رَبِّي فِي كِتَٰبٍۖ لَّا يَضِلُّ رَبِّي وَلَا يَنسَى ٥٢Avuga ati:- ubumenyi bwivyo vyose buri k’Umuremyi buri mugitabu cayo, Umuremyi wanje atazimira canke atibagira ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مَهۡدًا وَسَلَكَ لَكُمۡ فِيهَا سُبُلًا وَأَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجًا مِّن نَّبَاتٍ شَتَّىٰ ٥٣Ariyo yabagiriye iy’Isi kuba ubusaswa nukuba girira muriyo amayira hamwe nukuba manurira amazi avuye mubicu, no kuriyo twanagishijeko ubwoko bw’imbuto zitandukanye كُلُواْ وَٱرۡعَوۡاْ أَنۡعَٰمَكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ ٥٤Nimufungure kandi murishe ibitungwa vyanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge ۞ مِنۡهَا خَلَقۡنَٰكُمۡ وَفِيهَا نُعِيدُكُمۡ وَمِنۡهَا نُخۡرِجُكُمۡ تَارَةً أُخۡرَىٰ ٥٥Kuri iy’Isi niho twabaremeye, no muriyo niho tuzoba subizamwo, no kuva muriyo niho tuzoba kuramwo ubugira kabiri وَلَقَدۡ أَرَيۡنَٰهُ ءَايَٰتِنَا كُلَّهَا فَكَذَّبَ وَأَبَىٰ ٥٦Mu vy’ukuri twaramweretse Fir’auni ibimenyetso vyacu vyose, mugabo yarabi hakanye aravyanka قَالَ أَجِئۡتَنَا لِتُخۡرِجَنَا مِنۡ أَرۡضِنَا بِسِحۡرِكَ يَٰمُوسَىٰ ٥٧Avuga ati:- uje kudukura mugihugu cacu ukoresheje uburozi bwawe wewe Musa فَلَنَأۡتِيَنَّكَ بِسِحۡرٍ مِّثۡلِهِۦ فَٱجۡعَلۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكَ مَوۡعِدًا لَّا نُخۡلِفُهُۥ نَحۡنُ وَلَآ أَنتَ مَكَانًا سُوًى ٥٨Rero twebwe tuzo kuzanira uburozi bumeze nkubwo bw’iwawe, rero nugire isango riri hagati yacu na wewe, atari ayo twebwe tuzosenyura canke wewe, hanyuma tuze duhurire ahantu hateguwe neza قَالَ مَوۡعِدُكُمۡ يَوۡمُ ٱلزِّينَةِ وَأَن يُحۡشَرَ ٱلنَّاسُ ضُحًى ٥٩Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- isango ryanyu n’umusi mukuru w’ibisharizo n’abantu baze bakoranywe mugitondo فَتَوَلَّىٰ فِرۡعَوۡنُ فَجَمَعَ كَيۡدَهُۥ ثُمَّ أَتَىٰ ٦٠Fir’auni aragaruka nugutegura imigambi yiwe hanyuma arashika n’abarozi biwe قَالَ لَهُم مُّوسَىٰ وَيۡلَكُمۡ لَا تَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا فَيُسۡحِتَكُم بِعَذَابٍۖ وَقَدۡ خَابَ مَنِ ٱفۡتَرَىٰ ٦١Intumwa y’Imana Musa (iii) ibabwira iti: mwa bantu mwe! ntimwadukane ububeshi hejuru y’Imana ntize ibahanagure kubera ibihano vyayo, nayo uwadukana ibintu ntantsinzi afise فَتَنَٰزَعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَىٰ ٦٢Rero barahaririye kuri urwo rubanza ruri hagati yabo, baca barupfundika mumwiherero قَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَٰنِ لَسَٰحِرَٰنِ يُرِيدَانِ أَن يُخۡرِجَاكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِمَا وَيَذۡهَبَا بِطَرِيقَتِكُمُ ٱلۡمُثۡلَىٰ ٦٣Bavuga bati:- mu vy’ukuri aba bantu babiri n’abarozi bagomba babakura mugihugu canyu bakoresheje uburozi bwabo, kandi bagomba kubakurira imico n’imigenzo yanyu myiza mufise فَأَجۡمِعُواْ كَيۡدَكُمۡ ثُمَّ ٱئۡتُواْ صَفًّاۚ وَقَدۡ أَفۡلَحَ ٱلۡيَوۡمَ مَنِ ٱسۡتَعۡلَىٰ ٦٤Kuri ivyo rero nimwegeranye ivyanyu vyose hanyuma muje iwabo mutonze kumirongo, mu vy’ukuri kuri uno musi uri hejuru hazotsinda uwuzotsinda قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِمَّآ أَن تُلۡقِيَ وَإِمَّآ أَن نَّكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَلۡقَىٰ ٦٥Bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) mbega ni wewe utangura kujugunya canke ni twebwe bambere dutangura kujugunya قَالَ بَلۡ أَلۡقُواْۖ فَإِذَا حِبَالُهُمۡ وَعِصِيُّهُمۡ يُخَيَّلُ إِلَيۡهِ مِن سِحۡرِهِمۡ أَنَّهَا تَسۡعَىٰ ٦٦Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibishura iti:- nimutangure mwebwe kujugunya, bagize gutya baza babona yamigozi yabo hamwe n’inkoni zabo zibonekana imbere y’Intumwa y’Imana Mussa (iii) kubera uburozi bwabo zigenda ningoga na ningoga فَأَوۡجَسَ فِي نَفۡسِهِۦ خِيفَةً مُّوسَىٰ ٦٧Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica itangura kugira ubwoba mumutima wiwe قُلۡنَا لَا تَخَفۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡأَعۡلَىٰ ٦٨Duca tumubwira duti:- ntugire ubwoba mu vy’ukuri wewe niwe uzoba uri nyene intsinzi وَأَلۡقِ مَا فِي يَمِينِكَ تَلۡقَفۡ مَا صَنَعُوٓاْۖ إِنَّمَا صَنَعُواْ كَيۡدُ سَٰحِرٍۖ وَلَا يُفۡلِحُ ٱلسَّاحِرُ حَيۡثُ أَتَىٰ ٦٩Nujugunye ikiri mukuboko kwawe kw’iburyo, kizoca kimira ivyo vyose bagize, mu vy’ukuri bagize ingeso z’umurozi gusa, nayo umurozi wese ntantsinzi afise ahariho hose فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سُجَّدًا قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ هَٰرُونَ وَمُوسَىٰ ٧٠Babarozi bose baratsindwa baca barapfukama bashira imitwe yabo hasi bavuga bati:- turamwemeye Umuremyi w’intumwa y’Imana Haruna (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii) قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَۖ فَلَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٍ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ فِي جُذُوعِ ٱلنَّخۡلِ وَلَتَعۡلَمُنَّ أَيُّنَآ أَشَدُّ عَذَابًا وَأَبۡقَىٰ ٧١Fir’auni aca avuga ati:- mbega mwamwemeye imbere yuko ndabaha uruhusha, ntankeka niwe mukuru wanyu yabigishije ubu burozi, rero, nzobaca amaboko yanyu hamwe n’amaguru yanyu ndabikabishije ukuboko kw’iburyo n’ukuguru kw’ibubanfu n’ukuboko kw’ibubanfu hamwe n’ukuguru kw’iburyo hanyuma nce ndaba bamba kubishitsi vy’ibiti vy’imitende, ntankeka muzoca mutahura neza uwariwe muri twebwe akaze cane muguhana nukubi bandanya قَالُواْ لَن نُّؤۡثِرَكَ عَلَىٰ مَا جَآءَنَا مِنَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلَّذِي فَطَرَنَاۖ فَٱقۡضِ مَآ أَنتَ قَاضٍۖ إِنَّمَا تَقۡضِي هَٰذِهِ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَآ ٧٢Nabo bavuga bati:- twebwe ntituzo gutora wewe gusumba vyabimenyetso biri k’umugaragaro vyadushikiye, tukaba turahiye kuwa turemye yuko tutazo gutora, rero nugire ivyo ushaka kugira, wewe urashobora gutanga itegeko rijanye n’ubu buzima bwo ngaha kw’Isi gusa إِنَّآ ءَامَنَّا بِرَبِّنَا لِيَغۡفِرَ لَنَا خَطَٰيَٰنَا وَمَآ أَكۡرَهۡتَنَا عَلَيۡهِ مِنَ ٱلسِّحۡرِۗ وَٱللَّهُ خَيۡرٌ وَأَبۡقَىٰٓ ٧٣Mu vy’ukuri twebwe twemeye Umuremyi wacu kugira ngo atugirire ikigongwe kubijanye n’amakosa yacu twagize hamwe n’uburozi bwawe wadutegetse kugira, n’Imana niyo nziza n’iyiramba إِنَّهُۥ مَن يَأۡتِ رَبَّهُۥ مُجۡرِمًا فَإِنَّ لَهُۥ جَهَنَّمَ لَا يَمُوتُ فِيهَا وَلَا يَحۡيَىٰ ٧٤Mu vy’ukuri uwuzoshika imbere y’Umuremyi wiwe afise ivyaha, mu vy’ukuri amenye yuko azoronka umuriro udahera witiriwe Jahannamu, muriwo ntazopfira muriwo canke ntazowuba mwo mubuzima bwiza وَمَن يَأۡتِهِۦ مُؤۡمِنًا قَدۡ عَمِلَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَأُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلدَّرَجَٰتُ ٱلۡعُلَىٰ ٧٥Nuwuzo shikirwa nawe ari umu Isilamu w’ukuri yagize ibikorwa vyiza, rero abo nibo bazoronswa ubutegetsi bwo hejuru جَنَّٰتُ عَدۡنٍ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَذَٰلِكَ جَزَآءُ مَن تَزَكَّىٰ ٧٦N’imirima idahera icamwo imyonga imbere y’abo, bakazoba mwo mubuzima bwabo bwose, n’ivyo rero niyo mpembo y’abantu bisukuye وَلَقَدۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِي فَٱضۡرِبۡ لَهُمۡ طَرِيقًا فِي ٱلۡبَحۡرِ يَبَسًا لَّا تَخَٰفُ دَرَكًا وَلَا تَخۡشَىٰ ٧٧Mu vy’ukuri twebwe twara murungikiye ubutumwa intumwa y’Imana Mussa (iii) ngo atware abantu banje mw’ijoro, hanyuma abagirire inzira yo kunkengera y’ikiyaga rero ntuze utinye gufatwa kandi ntutinye ikintu icarico cose فَأَتۡبَعَهُمۡ فِرۡعَوۡنُ بِجُنُودِهِۦ فَغَشِيَهُم مِّنَ ٱلۡيَمِّ مَا غَشِيَهُمۡ ٧٨Fir’auni yaciye aba kurikira ari kumwe n’ingabo ziwe, baca bubikirwa mukiyaga nicabubitse وَأَضَلَّ فِرۡعَوۡنُ قَوۡمَهُۥ وَمَا هَدَىٰ ٧٩Na Fir’auni aca atakaza ingabo ziwe zose kandi ntiyashoboye kuzirongora يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ قَدۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ عَدُوِّكُمۡ وَوَٰعَدۡنَٰكُمۡ جَانِبَ ٱلطُّورِ ٱلۡأَيۡمَنَ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰ ٨٠Mwebwe bene Israeri, mu vy’ukuri twarabarokoye n’umwansi wanyu nuku bemerera yuko mwoja kuruhande bw’iburyo bw’uwo musozi nukuba manurira ubuki bwitiriwe Manna hamwe n’inyoni ziryoshe zitiriwe Salwaa كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ وَلَا تَطۡغَوۡاْ فِيهِ فَيَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبِيۖ وَمَن يَحۡلِلۡ عَلَيۡهِ غَضَبِي فَقَدۡ هَوَىٰ ٨١Nimu fungure muri ivyo bintu vyiza twabahaye mugabo ntimurenge imbibe kuri ivyo, ntimuhave mumanukirwa n’ishavu ryanje, kuko uwozo manukirwa n’ishavu ryanje uyo azoba ari mubatakaye وَإِنِّي لَغَفَّارٌ لِّمَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحًا ثُمَّ ٱهۡتَدَىٰ ٨٢Mu vy’ukuri jewe ndi mubagirira ikigongwe cinshi cane ku bantu basavye ico kigongwe n’ukwemera bimwe biboneka hamwe nukugira ibikorwa vyiza, kandi akagumana n’uburokoke ۞ وَمَآ أَعۡجَلَكَ عَن قَوۡمِكَ يَٰمُوسَىٰ ٨٣None n’igiki catumye wihuta nugusiga abantu bawe ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) قَالَ هُمۡ أُوْلَآءِ عَلَىٰٓ أَثَرِي وَعَجِلۡتُ إِلَيۡكَ رَبِّ لِتَرۡضَىٰ ٨٤Avuga ati:- bari inyuma yanje bankurikira, nanje naje ndakwihutira wewe Muremyi wanje kugira ngo ungwirize imihezagiro yawe قَالَ فَإِنَّا قَدۡ فَتَنَّا قَوۡمَكَ مِنۢ بَعۡدِكَ وَأَضَلَّهُمُ ٱلسَّامِرِيُّ ٨٥Imana ivuga iti:- tubashiriyeho ibibazo abo bantu bawe munyuma yawe, nuyo Samiriyyu niwe yabatakaje فَرَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفًاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ أَلَمۡ يَعِدۡكُمۡ رَبُّكُمۡ وَعۡدًا حَسَنًاۚ أَفَطَالَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡعَهۡدُ أَمۡ أَرَدتُّمۡ أَن يَحِلَّ عَلَيۡكُمۡ غَضَبٌ مِّن رَّبِّكُمۡ فَأَخۡلَفۡتُم مَّوۡعِدِي ٨٦Intumwa y’imana Mussa (iii) ica isubira inyuma kubantu bayo n’ishavu ryinshi n’agahinda kenshi, aca avuga ati:- bantu banje mbega Umuremyi wanyu ntiyabemereye indagano nziza? None iyo ndagano yayo yabaye ndende kuri mwebwe canke mwashatse yuko mumanukirwa n’ishavu rivuye ku Muremyi wanyu, kuri ivyo mwarenze kumasezerano yanje قَالُواْ مَآ أَخۡلَفۡنَا مَوۡعِدَكَ بِمَلۡكِنَا وَلَٰكِنَّا حُمِّلۡنَآ أَوۡزَارًا مِّن زِينَةِ ٱلۡقَوۡمِ فَقَذَفۡنَٰهَا فَكَذَٰلِكَ أَلۡقَى ٱلسَّامِرِيُّ ٨٧Baca bavuga bati:- twebwe ntitwarenze kumasezerano yawe kugushaka kwacu mugabo twarikorejwe amatu y’inzahabu twatijije ku bantu turayata, uku niko Samiriyyu yabitaye فَأَخۡرَجَ لَهُمۡ عِجۡلًا جَسَدًا لَّهُۥ خُوَارٌ فَقَالُواْ هَٰذَآ إِلَٰهُكُمۡ وَإِلَٰهُ مُوسَىٰ فَنَسِيَ ٨٨Aca abazimana intama y’umubiri ukwiye, ifise n’ijwi baca bavuga bati:- iyi niyo Mana yanyu hamwe n’Imana ya Mussa (iii), mugabo uyu Mussa (iii) yibagiye أَفَلَا يَرَوۡنَ أَلَّا يَرۡجِعُ إِلَيۡهِمۡ قَوۡلًا وَلَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ ضَرًّا وَلَا نَفۡعًا ٨٩Mbega ntibabonye yuko iyo ntama ataco ibasubiza mw’ijambo canke ataco baganza mukuba girira inabi canke mukuba girira ineza وَلَقَدۡ قَالَ لَهُمۡ هَٰرُونُ مِن قَبۡلُ يَٰقَوۡمِ إِنَّمَا فُتِنتُم بِهِۦۖ وَإِنَّ رَبَّكُمُ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَٱتَّبِعُونِي وَأَطِيعُوٓاْ أَمۡرِي ٩٠Intumwa y’Imana Haruna (iii) yarababwiye kuva kera ati:- emwe bantu banje! Mu vy’ukuri mwebwe mwara teranijwe n’inzigo gusa kuri iki n’IMana ifise impuhwe, rero ni munkurikire kandi mu ngamburukire kumategeko yanje قَالُواْ لَن نَّبۡرَحَ عَلَيۡهِ عَٰكِفِينَ حَتَّىٰ يَرۡجِعَ إِلَيۡنَا مُوسَىٰ ٩١Nabo bishura bati:- twebwe ntituzoreka namba kumusenga kugeza aho intumwa y’Imana Mussa (iii) azogaruka iwacu قَالَ يَٰهَٰرُونُ مَا مَنَعَكَ إِذۡ رَأَيۡتَهُمۡ ضَلُّوٓاْ ٩٢Mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yagaruka yavuze ati:- ewe Haruna (iii) n’igiki cakubujije kuta nkurikira mugihe wababona bazimiye أَلَّا تَتَّبِعَنِۖ أَفَعَصَيۡتَ أَمۡرِي ٩٣Mbega icakubujije kuta nkurikira, mbega wiyonkoye kumategeko yanje قَالَ يَبۡنَؤُمَّ لَا تَأۡخُذۡ بِلِحۡيَتِي وَلَا بِرَأۡسِيٓۖ إِنِّي خَشِيتُ أَن تَقُولَ فَرَّقۡتَ بَيۡنَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَلَمۡ تَرۡقُبۡ قَوۡلِي ٩٤Avuga ati:- ewe mwene Mama wanje, ntunfate kubwanwa bwanje canke kumutwe wanje, mu vy’ukuri jewe naratinye kugira ngo ntuze uvuge yuko ari wewe watandukanije bene Israeri hanyuma ntiwarindira ijambo rivuye kuri jewe قَالَ فَمَا خَطۡبُكَ يَٰسَٰمِرِيُّ ٩٥Intumwa y’Imana ivuga iti:- ewe Samiriyyu, vyabaye gute kugira ngo ugire gutyo قَالَ بَصُرۡتُ بِمَا لَمۡ يَبۡصُرُواْ بِهِۦ فَقَبَضۡتُ قَبۡضَةً مِّنۡ أَثَرِ ٱلرَّسُولِ فَنَبَذۡتُهَا وَكَذَٰلِكَ سَوَّلَتۡ لِي نَفۡسِي ٩٦Nawe yishura ati:- jewe nabonye ivyo abandi batabonye nca mfata urugendo rugufiya rw’intumwa y’Imana, hanyuma ndaruvamwo, uku rero niko umutima wanje wantumye قَالَ فَٱذۡهَبۡ فَإِنَّ لَكَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ أَن تَقُولَ لَا مِسَاسَۖ وَإِنَّ لَكَ مَوۡعِدًا لَّن تُخۡلَفَهُۥۖ وَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ إِلَٰهِكَ ٱلَّذِي ظَلۡتَ عَلَيۡهِ عَاكِفًاۖ لَّنُحَرِّقَنَّهُۥ ثُمَّ لَنَنسِفَنَّهُۥ فِي ٱلۡيَمِّ نَسۡفًا ٩٧Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- nugende mu vy’ukuri hazoba kuri wewe mubuzima bwawe uvuga uti:- ntunkoreko wewe ntankeka urafise amasezerano atamenwa kandi urabe Imana yawe wabandanije gusenga, ntankeka tuzo muturira hanyuma tumwibize mukiyaga azimangane burundu إِنَّمَآ إِلَٰهُكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَسِعَ كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًا ٩٨Mu vy’ukuri uwusengwa wanyu n’Imana yonyene gusa, kuko atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene rudende, kuko niyo ikwijije mubintu vyose k’ubumenyi bwayo كَذَٰلِكَ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ مَا قَدۡ سَبَقَۚ وَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ مِن لَّدُنَّا ذِكۡرًا ٩٩Uku niko tukubwira muri zankuru zivyabaye, kandi ntankeka twebwe tuguhaye ubutumwa buvuye kuri twebwe مَّنۡ أَعۡرَضَ عَنۡهُ فَإِنَّهُۥ يَحۡمِلُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وِزۡرًا ١٠٠Abazo kwiyonkora kuriwe mu vy’ukuri k’umusi w’imperuka bazokwikorera amatu y’ibicumuro vyabo خَٰلِدِينَ فِيهِۖ وَسَآءَ لَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ حِمۡلًا ١٠١Bazoba muri ivyo bicumuro mubuzima bwabo bwose, naho n’ahantu habi hameze gute k’umuntu kuri uwo musi w’imperuka kwikorera ayo matu y’ibicumuro يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ وَنَحۡشُرُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ يَوۡمَئِذٍ زُرۡقًا ١٠٢Umusi hazovuzwa inzamba nukwegeranya abafise ivyaha kuri uwo musi w’imperuka, mugihe amaso yabo azoba asa n’ubururu kubera ubwoba يَتَخَٰفَتُونَ بَيۡنَهُمۡ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا عَشۡرًا ١٠٣Bazo kwongorerana bamwe n’abandi nukuvuga bati:- mbega ntimwabaye kw’Isi atari nk’imisi icumi gutya نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَقُولُونَ إِذۡ يَقُولُ أَمۡثَلُهُمۡ طَرِيقَةً إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا يَوۡمًا ١٠٤Twebwe turafise ubumenyi buhanitse bw’ivyo bazovuga, mugihe bazovuga abantu babo bababona ko aria bantu b’iteka muribo no munyifato zabo, bababwira yuko mwebwe mutabayeho kw’Isi atari umusi umwe gusa وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡجِبَالِ فَقُلۡ يَنسِفُهَا رَبِّي نَسۡفًا ١٠٥Barakubaza inkuru zijanye n’imisozi, wewe n’ubabwire uti:- Umuremyi wanje azoyisenya gura yose فَيَذَرُهَا قَاعًا صَفۡصَفًا ١٠٦Azosiga ari imbuga iringaniye neza cane لَّا تَرَىٰ فِيهَا عِوَجًا وَلَآ أَمۡتًا ١٠٧Ntuzobona kuri iy’Isi ahari ahantu hashunguruka canke ahaduga يَوۡمَئِذٍ يَتَّبِعُونَ ٱلدَّاعِيَ لَا عِوَجَ لَهُۥۖ وَخَشَعَتِ ٱلۡأَصۡوَاتُ لِلرَّحۡمَٰنِ فَلَا تَسۡمَعُ إِلَّا هَمۡسًا ١٠٨Kuri uwo musi bazokurikira uwukeneye icarico cose ataco adafise ubuzimire, hanyuma amajwi yose azo gamburukira ijwi ry’Imana nyene Impuhwe kandi ntuzokwumva atari imidiho y’amaguru y’abantu gusa يَوۡمَئِذٍ لَّا تَنفَعُ ٱلشَّفَٰعَةُ إِلَّا مَنۡ أَذِنَ لَهُ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَرَضِيَ لَهُۥ قَوۡلًا ١٠٩Kuri uwo musi ntagisabisho c’uwundi muntu kizofasha atari uwuzoba yahawe uruhusha na nyene Impuhwe hamwe nukumemererwa amajambo yiwe يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يُحِيطُونَ بِهِۦ عِلۡمًا ١١٠Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, kandi nabo ntiba shobora kuyimenya Imana ukuri kwama ۞ وَعَنَتِ ٱلۡوُجُوهُ لِلۡحَيِّ ٱلۡقَيُّومِۖ وَقَدۡ خَابَ مَنۡ حَمَلَ ظُلۡمًا ١١١N’ayandi maso y’abantu azoteterwa imbere y’Imana ifise ubuzima budahera, igira ibintu vyose, kandi nabononekewe abantu bagira ubuhemu وَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٌ فَلَا يَخَافُ ظُلۡمًا وَلَا هَضۡمًا ١١٢Nayo uwuzogira ibikorwa vyiza nawe ari umu Isilamu, ntazotinya guhemukirwa canke kwimwa ivyiwe وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَانًا عَرَبِيًّا وَصَرَّفۡنَا فِيهِ مِنَ ٱلۡوَعِيدِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ أَوۡ يُحۡدِثُ لَهُمۡ ذِكۡرًا ١١٣Uku niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mururimi rw’icarabu, kandi tukaba twarasiguye muri ico gitabu umwanya uwariwo wose harimwo ituzwa ry’ubwoko bwose kugira ngo abantu bashobore gutinya n’ukubaha ivyibutso bishasha فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ ٱلۡمَلِكُ ٱلۡحَقُّۗ وَلَا تَعۡجَلۡ بِٱلۡقُرۡءَانِ مِن قَبۡلِ أَن يُقۡضَىٰٓ إِلَيۡكَ وَحۡيُهُۥۖ وَقُل رَّبِّ زِدۡنِي عِلۡمًا ١١٤Nihaninahazwe Imana rugira vyose Umwami w’ukuri, kandi ntiyihutire iyi Qur’ani imbere mukuyisoma imbere yuko yuguhera kw’ubutumwa bwayo, kandi uvuge uti:- Muremyi wanje nunyongereze ubumenyi bukwiye وَلَقَدۡ عَهِدۡنَآ إِلَىٰٓ ءَادَمَ مِن قَبۡلُ فَنَسِيَ وَلَمۡ نَجِدۡ لَهُۥ عَزۡمًا ١١٥Aho hambere twaramuhaye isango intumwa y’Imana Adamu (iii) mugabo yararyibagiye kandi ntitwabonye kuriwe ishaka rininiya وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰ ١١٦N’igihe twababwira Abamarayika duti:- nimu pfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii) baragamburutse bose dukuyemwo uwitwa (Shetani) niwe yanse gupfukamira intumwa y’Imana Adamu (iii) فَقُلۡنَا يَٰٓـَٔادَمُ إِنَّ هَٰذَا عَدُوٌّ لَّكَ وَلِزَوۡجِكَ فَلَا يُخۡرِجَنَّكُمَا مِنَ ٱلۡجَنَّةِ فَتَشۡقَىٰٓ ١١٧Duca tuvuga duti:- ewe Adamu (iii) mu vy’ukuri uyu n’umwansi wawe hamwe n’umutambukanyi wawe, rero ntabakure mw’Ijuru muzoba mwitaye mungorane إِنَّ لَكَ أَلَّا تَجُوعَ فِيهَا وَلَا تَعۡرَىٰ ١١٨Mu vy’ukuri iyo mw’ijuru ntuzo sonzerayo kandi ntuzobura ico wambara وَأَنَّكَ لَا تَظۡمَؤُاْ فِيهَا وَلَا تَضۡحَىٰ ١١٩Mu vy’ukuri muri ayo Majuru ntuzo nyoterwayo canke ntuzo ronkerayo ubushuhe فَوَسۡوَسَ إِلَيۡهِ ٱلشَّيۡطَٰنُ قَالَ يَٰٓـَٔادَمُ هَلۡ أَدُلُّكَ عَلَىٰ شَجَرَةِ ٱلۡخُلۡدِ وَمُلۡكٍ لَّا يَبۡلَىٰ ١٢٠Mugabo Shetani yaramwoheje imubwira iti:- ewe Adamu (iii) mbega ndakumenyeshe igiti c’ubuzima budahera hamwe n’Ubwami budahera فَأَكَلَا مِنۡهَا فَبَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۚ وَعَصَىٰٓ ءَادَمُ رَبَّهُۥ فَغَوَىٰ ١٢١Baca batarukira gufungura kuri cagiti uko ari babiri, hanyuma ibitsina vyabo bica birabonekana, baca batangura kwimadika ivyatsi vyo mw’Ijuru, nayo intumwa y’Imana Adamu (iii) ica ihemukira Umuremyi wayo nuguca ihuvya inzira gatoyi ثُمَّ ٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَتَابَ عَلَيۡهِ وَهَدَىٰ ١٢٢Hanyuma Umuremyi wiwe yaciye imutora nuku mwemerera ikigongwe ciwe nuku murongora قَالَ ٱهۡبِطَا مِنۡهَا جَمِيعَۢاۖ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوٌّۖ فَإِمَّا يَأۡتِيَنَّكُم مِّنِّي هُدًى فَمَنِ ٱتَّبَعَ هُدَايَ فَلَا يَضِلُّ وَلَا يَشۡقَىٰ ١٢٣Imana ica ivuga iti:- nimumvire ngaha mwese, mugihe mwabaye abansi kubandi, nimwashikirwa n’uburokoke buvuye iwanje, nayo uwuzo kurikira ubwo burokoke bwanje uwo muntu ntazozimira canke ntazogira ingorane وَمَنۡ أَعۡرَضَ عَن ذِكۡرِي فَإِنَّ لَهُۥ مَعِيشَةً ضَنكًا وَنَحۡشُرُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَعۡمَىٰ ١٢٤Nayo uwuzoba kure n’ubutumwa bwanje, mu vy’ukuri uwo muntu azoronka ubuzima bw’ingorane, hanyuma k’umusi w’umuhero w’Isi tuzomuzura nawe ari impumyi قَالَ رَبِّ لِمَ حَشَرۡتَنِيٓ أَعۡمَىٰ وَقَدۡ كُنتُ بَصِيرًا ١٢٥Nawe azokwishura ati:- ewe Muremyi wanje, mbegako unzuye ndi impumyi, nanje nari nkomeye mbona قَالَ كَذَٰلِكَ أَتَتۡكَ ءَايَٰتُنَا فَنَسِيتَهَاۖ وَكَذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمَ تُنسَىٰ ١٢٦Imana izovuga iti:- egome nuko nyene washikiwe n’amajambo yacu urayibagira, nawe uno musi uzokwibagirwa وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَنۡ أَسۡرَفَ وَلَمۡ يُؤۡمِنۢ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦۚ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَشَدُّ وَأَبۡقَىٰٓ ١٢٧Uku niko tuzohemba umwe wese yimonogoje mukurenga akarimbi n’ukutemera amajambo y’Umuremyi wiwe, kandi ntankeka ibihano vy’umusi w’imperuka birakaze cane kandi n’ibiguma bibandanya igihe cose أَفَلَمۡ يَهۡدِ لَهُمۡ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ يَمۡشُونَ فِي مَسَٰكِنِهِمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ ١٢٨Mbega ntivya menyekanye yuko ari ibinjana bingahe twahoneje imbere yabo, n’aba baguma bijanda jandira mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge وَلَوۡلَا كَلِمَةٌ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَكَانَ لِزَامًا وَأَجَلٌ مُّسَمًّى ١٢٩Iyo hataba ijambo ryabanje kuba rivuye ku Muremyi wawe, hamwe n’umwanya wagenewe, ntankeka hari gushika ibihano vy’uguhonywa abo bantu babi فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ غُرُوبِهَاۖ وَمِنۡ ءَانَآيِٕ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡ وَأَطۡرَافَ ٱلنَّهَارِ لَعَلَّكَ تَرۡضَىٰ ١٣٠Niwihangane kuvyo bakuvuga ko vyose kandi uhayagize Umuremyi wawe hamwe n’ukuyitakambira imbere yaho izuba ritaraseruka n’imbere yaho ritaragoroba hamwe no mumyanya hamwe no mumyanya y’ijoro nahone uyitakambire, no hagati y’umurango kugira ngo uronke ivyo guhumuriza وَلَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجًا مِّنۡهُمۡ زَهۡرَةَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا لِنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَرِزۡقُ رَبِّكَ خَيۡرٌ وَأَبۡقَىٰ ١٣١Kandi ntusamarire n’amaso yawe kuvyo twanezereje bamwe mu bantu muribo, ivyo navyo n’ihiganwa ry’ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa kugira ngo tubahe ibibazo kurivyo, n’imigisha y’Umuremyi wawe niyo myiza cane kandi iguma ibandanya وَأۡمُرۡ أَهۡلَكَ بِٱلصَّلَوٰةِ وَٱصۡطَبِرۡ عَلَيۡهَاۖ لَا نَسۡـَٔلُكَ رِزۡقًاۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُكَۗ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلتَّقۡوَىٰ ١٣٢Kandi utegeke abantu bawe bose gusenga, kandi nawe kubwawe ugume ubandanya nivyo, twebwe ntidugusaba imigisha iyariyo yose ahubwo ni twebwe tuyiguha, n’impera nziza izomenyekana kubatinya Imana yabo y’ukuri وَقَالُواْ لَوۡلَا يَأۡتِينَا بِـَٔايَةٍ مِّن رَّبِّهِۦٓۚ أَوَلَمۡ تَأۡتِهِم بَيِّنَةُ مَا فِي ٱلصُّحُفِ ٱلۡأُولَىٰ ١٣٣N’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuze bati:- ni kuki atatuzaniye ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe, mbega ntimwashikiwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro biri mubitabu vyaho hambere وَلَوۡ أَنَّآ أَهۡلَكۡنَٰهُم بِعَذَابٍ مِّن قَبۡلِهِۦ لَقَالُواْ رَبَّنَا لَوۡلَآ أَرۡسَلۡتَ إِلَيۡنَا رَسُولًا فَنَتَّبِعَ ءَايَٰتِكَ مِن قَبۡلِ أَن نَّذِلَّ وَنَخۡزَىٰ ١٣٤Iyo tubahonya n’ibihano imbere yukuza kw’iyo ntumwa y’Imana, bari kuvuga bati:- ewe Muremyi wacu ni kuki utatuzaniye intumwa y’Imana tugaca dukurikira ayo majambo yawe imbere yuko twebwe tumaramara gutya n’uguteterwa قُلۡ كُلٌّ مُّتَرَبِّصٌ فَتَرَبَّصُواْۖ فَسَتَعۡلَمُونَ مَنۡ أَصۡحَٰبُ ٱلصِّرَٰطِ ٱلسَّوِيِّ وَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ ١٣٥Vuga uti:- umwe wese muri twebwe ararindiriye impembo yiwe, rero namwe nimurindire ubu vuba muzotahura uwariwe uwuzoba ari munzira y’ukuri n’uwuzoba ari muburokoke

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.