Millat al-Islam

Chapter 36 · 83 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Ya-Sin in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Ya-Sin (1353 reciters)
Meccanسورة يس83 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يسٓ ١Ya, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa) وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡحَكِيمِ ٢Ndarahiye kuri aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’aani yateguwe neza cane إِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٣Yuko mu vy’ukuri wewe uri muntumwa z’Imana عَلَىٰ صِرَٰطٍ مُّسۡتَقِيمٍ ٤Uri hejuru y’inzira igororotse تَنزِيلَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ ٥Nimanurwa ryanyene ubushobozi n’impuhwe zihagije لِتُنذِرَ قَوۡمًا مَّآ أُنذِرَ ءَابَآؤُهُمۡ فَهُمۡ غَٰفِلُونَ ٦Kugira ngo ubatuze abantu batatujijwe n’abavyeyi babo, rero nibo babaye abasamajwe لَقَدۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَىٰٓ أَكۡثَرِهِمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ٧Ntankeka n’ijambo ryemejwe kuri benshi muribo, kuri ivyo rero ntibavyemera إِنَّا جَعَلۡنَا فِيٓ أَعۡنَٰقِهِمۡ أَغۡلَٰلًا فَهِيَ إِلَى ٱلۡأَذۡقَانِ فَهُم مُّقۡمَحُونَ ٨Mu vy’ukuri twebwe twashize iminyororo kumazosi yabo kugeza kubusakanwa bwabo, rero imitwe yabo iraramye iri hejuru وَجَعَلۡنَا مِنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ سَدًّا وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ سَدًّا فَأَغۡشَيۡنَٰهُمۡ فَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ ٩Twashize imbere yabo uruzitiro ruri imbere yabo n’urundi ruzitiro ruri inyuma yabo duca tubafuka mumaso yabo kuribo, kuri ivyo rero ntibabona na gatoyi وَسَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ ١٠Nivyiza kuribo ubakebuye canke utabakebuye ntibazokwemera إِنَّمَا تُنذِرُ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلذِّكۡرَ وَخَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِۖ فَبَشِّرۡهُ بِمَغۡفِرَةٍ وَأَجۡرٍ كَرِيمٍ ١١Woshobora kumutuza urya akurikira ubutumwa bw’Imana yamara kunyurwa nayo majambo y’Imana agaca atinya nyene imigisha naho atayibona rero numubwire uyo yuko ikigongwe hamwe n’impuhwe z’iteka ziri kuriwe إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَنَكۡتُبُ مَا قَدَّمُواْ وَءَاثَٰرَهُمۡۚ وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ فِيٓ إِمَامٍ مُّبِينٍ ١٢Mu vy’ukuri twebwe tuzozura abapfuye kandi twandike ibikorwa vyabo bagira ntibize bisigare inyuma, n’ibintu vyose biri mububiko bw’igitabu cerekana ibintu vyose وَٱضۡرِبۡ لَهُم مَّثَلًا أَصۡحَٰبَ ٱلۡقَرۡيَةِ إِذۡ جَآءَهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ ١٣Nubagirire akarorero k’abantu bo mugisagara kanaka mugihe bashikirwa naba shikiriza butumwa إِذۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡهِمُ ٱثۡنَيۡنِ فَكَذَّبُوهُمَا فَعَزَّزۡنَا بِثَالِثٍ فَقَالُوٓاْ إِنَّآ إِلَيۡكُم مُّرۡسَلُونَ ١٤Mugihe twabarungikira intumwa z’Imana zibiri barazi hakana natwe duca tubongereza inguvu tuba rungikira uwugira gatatu, bababwira bati:- mu vy’ukuri twebwe turungitswe kuri mwebwe قَالُواْ مَآ أَنتُمۡ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُنَا وَمَآ أَنزَلَ ٱلرَّحۡمَٰنُ مِن شَيۡءٍ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا تَكۡذِبُونَ ١٥Nabo babishura bati:- mwebwe ntaco murimwo, atari uko muri mu bantu nkatwe, nayo nyene imigisha ntanakimwe yamanuye, mwebwe muri ababeshi gusa قَالُواْ رَبُّنَا يَعۡلَمُ إِنَّآ إِلَيۡكُمۡ لَمُرۡسَلُونَ ١٦Bavuze bati:- Umuremyi wacu niwe afise ubumenyi atamakenga arimwo yuko twebwe twarungitswe kuri mwebwe وَمَا عَلَيۡنَآ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ ١٧Kandi ntakiri hejuru yacu atari ugushikana ubutumwa bw’Imana buri k’umugaragaro قَالُوٓاْ إِنَّا تَطَيَّرۡنَا بِكُمۡۖ لَئِن لَّمۡ تَنتَهُواْ لَنَرۡجُمَنَّكُمۡ وَلَيَمَسَّنَّكُم مِّنَّا عَذَابٌ أَلِيمٌ ١٨Baca bavuga bati:- mu vy’ukuri twebwe ntitwumvikana kubera mwebwe nimutareka twebwe tuzoba tera iminana kandi izobashikira ivuye iwacu n’ibihano bibabaza cane قَالُواْ طَٰٓئِرُكُم مَّعَكُمۡ أَئِن ذُكِّرۡتُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ مُّسۡرِفُونَ ١٩Bavuze bati:- ukutumvikana kwanyu mwebwe nyene, yo! kuko mwibutswa mugabo mwebwe muri mu bantu mwarenze akarimbi وَجَآءَ مِنۡ أَقۡصَا ٱلۡمَدِينَةِ رَجُلٌ يَسۡعَىٰ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱتَّبِعُواْ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٢٠Haciye haza umuntu ningoga na ningoga avuye kuruhande rwakure rw’ico gisagara avuga ati:- bantu banje nimukurikire izi ntumwa ٱتَّبِعُواْ مَن لَّا يَسۡـَٔلُكُمۡ أَجۡرًا وَهُم مُّهۡتَدُونَ ٢١Nimu bakurikire babigishe batarinze kubasaba impembo iyariyo yose, mugihe abo bantu bari mubarongotse وَمَالِيَ لَآ أَعۡبُدُ ٱلَّذِي فَطَرَنِي وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ٢٢Nikuki ntosenga uwandemye, niwe ariho muzo subizwayo ءَأَتَّخِذُ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً إِن يُرِدۡنِ ٱلرَّحۡمَٰنُ بِضُرٍّ لَّا تُغۡنِ عَنِّي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا وَلَا يُنقِذُونِ ٢٣Mbega jewe nkurikire izindi Mana atari Imana yonyene rudende, niyaba Imana ishaka kungirira inabi, ibisabisho vyabo ntaco bizomarira n’ikintu na kimwe kandi ntibazondokora إِنِّيٓ إِذًا لَّفِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٢٤Ninagira gutyo nzoba ndimu bantu bazimiye mubuzimire buri k’umugaragaro إِنِّيٓ ءَامَنتُ بِرَبِّكُمۡ فَٱسۡمَعُونِ ٢٥Ntankeka jewe ndemeye Umuremyi wanyu mugabo ndabasavye mu nyumvirize قِيلَ ٱدۡخُلِ ٱلۡجَنَّةَۖ قَالَ يَٰلَيۡتَ قَوۡمِي يَعۡلَمُونَ ٢٦Ababwira ati:- niwinjire mw’Ijuru, nawe yishura ati:- iyo abantu banje babimenya بِمَا غَفَرَ لِي رَبِّي وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ ٢٧Ingene Umuremyi wanje yangiriye ikigongwe nuku mpezagira, nkaba ndimu bahawe iteka ntangere

Juz 23

۞ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِن جُندٍ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا كُنَّا مُنزِلِينَ ٢٨Ntitwa bamanuriye abantu biwe arizo ngabo zivuye mw’ijuru, inyuma yiwe kandi ntitwari mubazi manura إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةً وَٰحِدَةً فَإِذَا هُمۡ خَٰمِدُونَ ٢٩Ntacabaye atari akaruru kamwe nk’isase, bose baca bara zimangana يَٰحَسۡرَةً عَلَى ٱلۡعِبَادِۚ مَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ٣٠Vyari kuba ngombwa mukuba humuriza abo bantu batashikiwe n’intumwa y’Imana n’imwe, mugabo bamye bijajurira gusa أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ أَنَّهُمۡ إِلَيۡهِمۡ لَا يَرۡجِعُونَ ٣١Mbega ntibabona abantu isinzi twahoneje imbere yabo yuko batagaruka iwabo وَإِن كُلٌّ لَّمَّا جَمِيعٌ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ ٣٢Kandi nta muntu uwariwe wese atazo shengezwa imbere yacu وَءَايَةٌ لَّهُمُ ٱلۡأَرۡضُ ٱلۡمَيۡتَةُ أَحۡيَيۡنَٰهَا وَأَخۡرَجۡنَا مِنۡهَا حَبًّا فَمِنۡهُ يَأۡكُلُونَ ٣٣N’ikimenyetso kiri kuribo n’Isi yapfuye, tuzoyizura nugukura muriyo imbuto bazohora bafungura وَجَعَلۡنَا فِيهَا جَنَّٰتٍ مِّن نَّخِيلٍ وَأَعۡنَٰبٍ وَفَجَّرۡنَا فِيهَا مِنَ ٱلۡعُيُونِ ٣٤Tugira muriyo imirima hamwe n’ibiti vy’imitende n’imizabibu hamwe nugu cishamwo amariba muriyo لِيَأۡكُلُواْ مِن ثَمَرِهِۦ وَمَا عَمِلَتۡهُ أَيۡدِيهِمۡۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ ٣٥Kugira ngo bafungure muri ivyo vyamwa, kandi n’amaboko yabo ntaco yakoze, mbega ntibashima سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَزۡوَٰجَ كُلَّهَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلۡأَرۡضُ وَمِنۡ أَنفُسِهِمۡ وَمِمَّا لَا يَعۡلَمُونَ ٣٦Hahayagizwa Imana yaremye ikigabo n’ikigore muri vyose muvyo Isi inagisha no mumitima yabo hamwe nivyo batazi وَءَايَةٌ لَّهُمُ ٱلَّيۡلُ نَسۡلَخُ مِنۡهُ ٱلنَّهَارَ فَإِذَا هُم مُّظۡلِمُونَ ٣٧N’ijoro n’ikimenyetso kuribo kuko ariho bakura mwo umurango, mumwanya bagaca baba mumwijima وَٱلشَّمۡسُ تَجۡرِي لِمُسۡتَقَرٍّ لَّهَاۚ ذَٰلِكَ تَقۡدِيرُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ ٣٨N’izuba rigenda gushika kugituro caryo, iryo n’iteguro ry’uwufise ububasha n’ubumenyi وَٱلۡقَمَرَ قَدَّرۡنَٰهُ مَنَازِلَ حَتَّىٰ عَادَ كَٱلۡعُرۡجُونِ ٱلۡقَدِيمِ ٣٩N’ukwezi twagupimiye ibituro vyakwo kugeza naho gusubira kuba gutoyi cane nk’igishishwa c’icamwa c’umutende gishaje cane لَا ٱلشَّمۡسُ يَنۢبَغِي لَهَآ أَن تُدۡرِكَ ٱلۡقَمَرَ وَلَا ٱلَّيۡلُ سَابِقُ ٱلنَّهَارِۚ وَكُلٌّ فِي فَلَكٍ يَسۡبَحُونَ ٤٠Ntazuba rishikira Ukwezi canke Ijoro ngo rirenge Umutaga, mugabo vyose biguma birerembera munzira zavyo وَءَايَةٌ لَّهُمۡ أَنَّا حَمَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُمۡ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ ٤١N’ibimenyetso kuribo bimenyesha yuko twajanye abavyeyi babo mumato yari yuzuye mwo ibintu وَخَلَقۡنَا لَهُم مِّن مِّثۡلِهِۦ مَا يَرۡكَبُونَ ٤٢Twabaremeye ivyo burira ko bimeze nkivyo bazo kurira ko وَإِن نَّشَأۡ نُغۡرِقۡهُمۡ فَلَا صَرِيخَ لَهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنقَذُونَ ٤٣Nitwa shaka twoshobora kuba somesha nturi kandi ntamufasha azoba arimwo canke uwuzoba rokora إِلَّا رَحۡمَةً مِّنَّا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٍ ٤٤Atari kumpuhwe zivuye iwacu hamwe nukuba girira akamaro mukiringo kigufiya وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّقُواْ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيكُمۡ وَمَا خَلۡفَكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ ٤٥Mugihe babwiwe bati:- nimutinye ibiri imbere yanyu hamwe n’ibiri inyuma yanyu kugira ngo muronke imihezagiro y’Imana وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةٍ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ ٤٦Ntakimenyetso icarico cose kibashikira mubimenyetso vy’Umuremyi wabo atari uko batavyitaho وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ أَنفِقُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ قَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنُطۡعِمُ مَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ أَطۡعَمَهُۥٓ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٤٧Mugihe babwiwe bati:- nimutange muvyo Imana yabahaye, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baca babwira abemeye Imana yabo y’ukuri bati:- mbega tubarishe ibifungurwa mubo Imana yishakiye wenyene mwebwe ntimurimwo atari mubuzimire buri k’umugaragaro وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٤٨Nabo bavuga bati:- iri sango rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri مَا يَنظُرُونَ إِلَّا صَيۡحَةً وَٰحِدَةً تَأۡخُذُهُمۡ وَهُمۡ يَخِصِّمُونَ ٤٩Ntaco barindira atari ijwi rimwe gusa rizo sokora imitima yabo mugihe bazoba bariko baratongana aba nabariya فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ تَوۡصِيَةً وَلَآ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمۡ يَرۡجِعُونَ ٥٠Kandi ntibazo shobora kuraga muri ico gihe canke ngo bashobore kugaruka ku bantu babo وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَإِذَا هُم مِّنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يَنسِلُونَ ٥١Munyuma hazovuzwa inzamba, mukanya isase uzoca ubona bazutse bavuye muntatemwa zabo bagenda ningoga na ningoga bagenda ku Muremyi wabo قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا مَنۢ بَعَثَنَا مِن مَّرۡقَدِنَاۜۗ هَٰذَا مَا وَعَدَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَصَدَقَ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ٥٢Bavuga bati:- yo! mbega ni nde yatuzuye muntatemwa zacu, ibi nivyo twemerewe nayene imigisha nivyo bavuze vy’ukuri intumwa z’Imana إِن كَانَتۡ إِلَّا صَيۡحَةً وَٰحِدَةً فَإِذَا هُمۡ جَمِيعٌ لَّدَيۡنَا مُحۡضَرُونَ ٥٣Ntakizoba atari iborogo rimwe gusa, mukanya isase gusa bose bazoba bamaze gushengezwa imbere yacu فَٱلۡيَوۡمَ لَا تُظۡلَمُ نَفۡسٌ شَيۡـًٔا وَلَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٥٤Uwo musi rero umutima w’umwumwe wese ntuzohemukirwa n’ikintu nakimwe, kandi ntimuzo rihwa impembo iyariyo yose atari kuvyo mwahora mugira إِنَّ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ ٱلۡيَوۡمَ فِي شُغُلٍ فَٰكِهُونَ ٥٥Mu vy’ukuri abantu bo mw’ijuru kuri uno musi bari mubikorwa vyabo biba nezereza هُمۡ وَأَزۡوَٰجُهُمۡ فِي ظِلَٰلٍ عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ مُتَّكِـُٔونَ ٥٦Abo bantu hamwe n’imiryango yabo bari mubitutu begamiye kunyegamo z’iteka لَهُمۡ فِيهَا فَٰكِهَةٌ وَلَهُم مَّا يَدَّعُونَ ٥٧Bazoronkerayo ivyamwa, kandi baronkereyo ivyo bipfuza mwo vyose سَلَٰمٌ قَوۡلًا مِّن رَّبٍّ رَّحِيمٍ ٥٨Amahoro gusa niryo jambo rizoba rivuye ku Muremyi wabo nyene imigisha وَٱمۡتَٰزُواْ ٱلۡيَوۡمَ أَيُّهَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ٥٩Uno musi nimwi tandukanye nabo bantu babi ۞ أَلَمۡ أَعۡهَدۡ إِلَيۡكُمۡ يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ أَن لَّا تَعۡبُدُواْ ٱلشَّيۡطَٰنَۖ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوٌّ مُّبِينٌ ٦٠Mbega sinaba buriye mwebwe bantu yuko muto hirahira ngo musenge Shetani mu vy’ukuri n’umwansi wanyu ari k’umugaragaro وَأَنِ ٱعۡبُدُونِيۚ هَٰذَا صِرَٰطٌ مُّسۡتَقِيمٌ ٦١Yuko mwonsenga jewe Mana yanyu kuko ariyo nziza igororotse وَلَقَدۡ أَضَلَّ مِنكُمۡ جِبِلًّا كَثِيرًاۖ أَفَلَمۡ تَكُونُواْ تَعۡقِلُونَ ٦٢Ntankeka Shetani yarazimije abantu benshi cane muri mwebwe mbega ico gihe nti mwiyumvira هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِي كُنتُمۡ تُوعَدُونَ ٦٣Rero uwu niwo wamuriro udahera witiriwe Jahannamu mwamye mwemererwa n’Imana yanyu y’ukuri ٱصۡلَوۡهَا ٱلۡيَوۡمَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ ٦٤Uno musi uri hejuru nimu winjire mwo kubera ubuhakanyi bwanyu ٱلۡيَوۡمَ نَخۡتِمُ عَلَىٰٓ أَفۡوَٰهِهِمۡ وَتُكَلِّمُنَآ أَيۡدِيهِمۡ وَتَشۡهَدُ أَرۡجُلُهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ٦٥Kuri uwo musi tuzoziba iminwa yabo hanyuma amaboko yabo atuganirire ateko amaguru yabo abe ivyabona kuvyo bamye n’ivyemezo n’amaguru yabo abe kuvyo bahora bagira وَلَوۡ نَشَآءُ لَطَمَسۡنَا عَلَىٰٓ أَعۡيُنِهِمۡ فَٱسۡتَبَقُواْ ٱلصِّرَٰطَ فَأَنَّىٰ يُبۡصِرُونَ ٦٦Iyo dushaka twari kunogora amaso yabo bakaguma birukira mumayira, mugabo izo nzira bazibone gute وَلَوۡ نَشَآءُ لَمَسَخۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ مَكَانَتِهِمۡ فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مُضِيًّا وَلَا يَرۡجِعُونَ ٦٧Iyo dushaka twari kubagira ibikoko ubwo nyene naho bari, rero ntibari gushobora kugenda iyo baja canke gusubira inyuma iyo bavuye وَمَن نُّعَمِّرۡهُ نُنَكِّسۡهُ فِي ٱلۡخَلۡقِۚ أَفَلَا يَعۡقِلُونَ ٦٨Nuwo duhaye ubuzima burebure tumusubiza inyuma mw’ishusho ryiwe ryambere, mbega ibi vyose ntibabishira mubwenge bwabo وَمَا عَلَّمۡنَٰهُ ٱلشِّعۡرَ وَمَا يَنۢبَغِي لَهُۥٓۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٌ وَقُرۡءَانٌ مُّبِينٌ ٦٩Natwe ntitwa mwigishije amajambo y’ubuhizi kandi ntivyoba kuriwe, kandi ntiyari kuba iyi Qur’aani ntagatifu atari uko ari icibutso n’igitabu kigaragaza ibikenewe vyose k’umugaragaro لِّيُنذِرَ مَن كَانَ حَيًّا وَيَحِقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٧٠Kugira ngo atuze uwuri muzima muribo kandi hemezwe ijambo kubatemera Imana yabo y’ukuri أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا خَلَقۡنَا لَهُم مِّمَّا عَمِلَتۡ أَيۡدِينَآ أَنۡعَٰمًا فَهُمۡ لَهَا مَٰلِكُونَ ٧١Mbega ntibabona yuko twebwe twabaremeye muvyo amaboko yacu yagize hamwe n’ibikoko batunze وَذَلَّلۡنَٰهَا لَهُمۡ فَمِنۡهَا رَكُوبُهُمۡ وَمِنۡهَا يَأۡكُلُونَ ٧٢Nivyo bikoko twarabi gamburukije rero murivyo birurirwa n’ibindi navyo biraribwa وَلَهُمۡ فِيهَا مَنَٰفِعُ وَمَشَارِبُۚ أَفَلَا يَشۡكُرُونَ ٧٣No muri ivyo bikoko barabironkera mwo akamaro kenshi hamwe n’ibinyobwa, mbega nikuki badashima وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ ءَالِهَةً لَّعَلَّهُمۡ يُنصَرُونَ ٧٤Bagumanye izindi Mana aho kugumana Imana y’ukuri kugira ngo bafashwe nabo لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَهُمۡ وَهُمۡ لَهُمۡ جُندٌ مُّحۡضَرُونَ ٧٥Ntibashobora kubafasha nabo arizo ngabo zabo ziba cungereye فَلَا يَحۡزُنكَ قَوۡلُهُمۡۘ إِنَّا نَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَ ٧٦Rero ntibigutere agahinda kubera amajambo yabo, ntankeka twebwe dufise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe nivyo basemerera أَوَلَمۡ يَرَ ٱلۡإِنسَٰنُ أَنَّا خَلَقۡنَٰهُ مِن نُّطۡفَةٍ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٌ مُّبِينٌ ٧٧Mbega umuntu ntazi yuko twamuremye mw’Ima ry’intanga? none yabaye mukeba wacu ari k’umugaragaro وَضَرَبَ لَنَا مَثَلًا وَنَسِيَ خَلۡقَهُۥۖ قَالَ مَن يُحۡيِ ٱلۡعِظَٰمَ وَهِيَ رَمِيمٌ ٧٨Yaradutangiyeko akarorero aribagira ukuremwa kwiwe aca avuga ati:- ni nde azozura amagufa y’abantu mugihe azoba yamaze kuvungagurika قُلۡ يُحۡيِيهَا ٱلَّذِيٓ أَنشَأَهَآ أَوَّلَ مَرَّةٍۖ وَهُوَ بِكُلِّ خَلۡقٍ عَلِيمٌ ٧٩Vuga uti:- uwuzo yazura nurya yayaremye ubwambere, nawe n’uwufise ubumenyi bwukurema ibiremwa vyose ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلشَّجَرِ ٱلۡأَخۡضَرِ نَارًا فَإِذَآ أَنتُم مِّنۡهُ تُوقِدُونَ ٨٠Niyo yabagiriye umukomezwa uvuye mugiti kibisi mukaba kuri ico giti namwe mucatsako أَوَلَيۡسَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يَخۡلُقَ مِثۡلَهُمۚ بَلَىٰ وَهُوَ ٱلۡخَلَّٰقُ ٱلۡعَلِيمُ ٨١Mbega uwaremye Amajuru n’Isi mbega ntabushobozi afise bwukurema nk’aba yaremye, kubera iki nawe ari Umuremyi mukuru nyene ubumenyi bw’ibintu vyose إِنَّمَآ أَمۡرُهُۥٓ إِذَآ أَرَادَ شَيۡـًٔا أَن يَقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ ٨٢Mu vy’ukuri itegeko ryiwe mugihe ishakiye ikintu icarico cose nukukibwira iti:- nube mumwanya isase kigaca kiba فَسُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَيۡءٍ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ٨٣Aninahazwa ry’uwufise muminwe yiwe harimwo ubwami bw’ibintu vyose, niwe niho muzo subizwayo mwese

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.