ملة الإسلام

السورة 21 · 112 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الأنبياء باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الأنبياء (1,286 قارئاً)
مكيةسورة الأنبياء١١٢ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

ٱقۡتَرَبَ لِلنَّاسِ حِسَابُهُمۡ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٍ مُّعۡرِضُونَ ١Hageze aho abantu iharurwa ryabo ry’umusi w’imperuka ryashitse nabo ataco bibuka n’uguhakana gusa مَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٍ مِّن رَّبِّهِم مُّحۡدَثٍ إِلَّا ٱسۡتَمَعُوهُ وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ ٢Ntabutumwa bushasha buzobashikira buvuye ku Muremyi wabo atari uko babwumva nabo babifata minenegwe لَاهِيَةً قُلُوبُهُمۡۗ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ هَلۡ هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٌ مِّثۡلُكُمۡۖ أَفَتَأۡتُونَ ٱلسِّحۡرَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ ٣Imitima yabo yaribagijwe nabo bongorerana mumbari bamwe bahemukiye imitima yabo babwirana bati:- uyu Muhammadi (aui) atari uko ari umuntu nkamwe, noneho mwashikiye kuburozi namwe aho muri mwibonera قَالَ رَبِّي يَعۡلَمُ ٱلۡقَوۡلَ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ ٤Intumwa y’Imana Muhammadi (iii) yavuze iti:- Umuremyi wanje niyo ifise ubumenyi bwibivugirwa mw’Ijuru no kw’Isi, nayo niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije بَلۡ قَالُوٓاْ أَضۡغَٰثُ أَحۡلَٰمِۭ بَلِ ٱفۡتَرَىٰهُ بَلۡ هُوَ شَاعِرٌ فَلۡيَأۡتِنَا بِـَٔايَةٍ كَمَآ أُرۡسِلَ ٱلۡأَوَّلُونَ ٥Mugabo abahakanyi b’Imana bavuze bati:- ibi vyose n’indoto zivanganye n’izindi, ahubwo nivyo yigiriye kubwiwe, kandi uyu muntu n’umwanditsi yiyandikira amajambo y’ubuhizi gusa, rero natuzanire ibitangaro nkuko barungitswe izindi ntumwa z’Imana zaho hambere مَآ ءَامَنَتۡ قَبۡلَهُم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآۖ أَفَهُمۡ يُؤۡمِنُونَ ٦Ntibemeye abari imbere yabo aribo banyagihugu baba Qurayshi bo mugisagara icarico twahoneje, mbega aba bantu bazokwemera وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ إِلَّا رِجَالًا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ ٧Ntitwaba rungitse imbere yawe atari abagabo twahaye ubutumwa, rero nimubabaze abacibuka nimwaba mwebwe mutabizi وَمَا جَعَلۡنَٰهُمۡ جَسَدًا لَّا يَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَمَا كَانُواْ خَٰلِدِينَ ٨Natwe ntitwabahaye imibiri idafungura ibifungurwa, kandi ntibari kuba ari abantu bokubaho mubuzima bwabo bwose ثُمَّ صَدَقۡنَٰهُمُ ٱلۡوَعۡدَ فَأَنجَيۡنَٰهُمۡ وَمَن نَّشَآءُ وَأَهۡلَكۡنَا ٱلۡمُسۡرِفِينَ ٩Hanyuma twarabemereye amasezerano nukubarokora hamwe nabo twishakiye, nuguhonya abamaze kurenga imbibe z’Imana لَقَدۡ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ كِتَٰبًا فِيهِ ذِكۡرُكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ ١٠Ntankeka twaraba manuriye igitabu, murico harimwo ubutumwa kuri mwebwe, mbega ntimutegera وَكَمۡ قَصَمۡنَا مِن قَرۡيَةٍ كَانَتۡ ظَالِمَةً وَأَنشَأۡنَا بَعۡدَهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ ١١N’ibisagara bingahe twahoneje ku bantu bamye bahemukira imitima yabo, natwe munyuma duca turema abandi bantu فَلَمَّآ أَحَسُّواْ بَأۡسَنَآ إِذَا هُم مِّنۡهَا يَرۡكُضُونَ ١٢Mugihe bikeka ibihano vyacu, mumwanya baciye batangura kwiruka لَا تَرۡكُضُواْ وَٱرۡجِعُوٓاْ إِلَىٰ مَآ أُتۡرِفۡتُمۡ فِيهِ وَمَسَٰكِنِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡـَٔلُونَ ١٣Ntimwiruke ahubwo nimugaruke kuvyo mwahora mwinezereza ko mumazu yanyu kugira ngo mubazwe قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ١٤Nabo bavuga bati:- Oh! mu vy’ukuri twari mubahemukiye imitima yacu فَمَا زَالَت تِّلۡكَ دَعۡوَىٰهُمۡ حَتَّىٰ جَعَلۡنَٰهُمۡ حَصِيدًا خَٰمِدِينَ ١٥Haca habandanya ivyitwazo vyabo kugeza naho tubagira nk’abatemwe nukuzimwa impwemu zabo nugucikana وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ ١٦Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati nkugufyinata لَوۡ أَرَدۡنَآ أَن نَّتَّخِذَ لَهۡوًا لَّٱتَّخَذۡنَٰهُ مِن لَّدُنَّآ إِن كُنَّا فَٰعِلِينَ ١٧Iyo dushaka gufyinata twari kwigirira twebwe nyene nkiyo tuba dushaka gufyinata بَلۡ نَقۡذِفُ بِٱلۡحَقِّ عَلَى ٱلۡبَٰطِلِ فَيَدۡمَغُهُۥ فَإِذَا هُوَ زَاهِقٌۚ وَلَكُمُ ٱلۡوَيۡلُ مِمَّا تَصِفُونَ ١٨Ahubwo ivyo dushaka kugira nibi:- nuguta ukuri hejuru y’ikinyoma kugaca kumena ifufu ry’umutwe hanyuma ikinyoma kikazimangana, n’ibihano vy’Imana birabarindiriye kubera ibi vyose muvuga وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَنۡ عِندَهُۥ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَلَا يَسۡتَحۡسِرُونَ ١٩N’ibiri mumajuru yose no kw’Isi ni vy’Imana, n’abari iwe ntibishima mukuyi senga kandi ntibaruha يُسَبِّحُونَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ لَا يَفۡتُرُونَ ٢٠Bayininahaza ijoro n’umutaga kandi ntibadebukirwa أَمِ ٱتَّخَذُوٓاْ ءَالِهَةً مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ هُمۡ يُنشِرُونَ ٢١Canke baronse izindi Mana kw’Isi bakurikira لَوۡ كَانَ فِيهِمَآ ءَالِهَةٌ إِلَّا ٱللَّهُ لَفَسَدَتَاۚ فَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَرۡشِ عَمَّا يَصِفُونَ ٢٢Nkiyo hobayeho iyo mw’Ijuru no kw’Isi izindi Mana atari Imana y’ukuri, ntankeka ayo majuru n’Isi yari kwononekara, mugabo Imana irisukuye, Umuremyi w’inyegamo yayo hamwe n’ivyo bayihayagiza ko لَا يُسۡـَٔلُ عَمَّا يَفۡعَلُ وَهُمۡ يُسۡـَٔلُونَ ٢٣Imana ntibazwa ivyo ikora mugabo ibiremwa bantu bose nibo bazobazwa أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةًۖ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡۖ هَٰذَا ذِكۡرُ مَن مَّعِيَ وَذِكۡرُ مَن قَبۡلِيۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡحَقَّۖ فَهُم مُّعۡرِضُونَ ٢٤Canke bafashe aho bofashe izindi Mana nk’Imana y’ukuri, wewe vuga uti:- nimuzane ivyemezo vyanyu kuko ivyo ndababwira n’icibutso c’abari kumwe nanje, hamwe nabamweho imbere yanje, mugabo benshi muribo ntabumenyi bw’ukuri bafise, kuri ivyo ntibavyitayeho وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ مِن رَّسُولٍ إِلَّا نُوحِيٓ إِلَيۡهِ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدُونِ ٢٥Ntawe ntitwa rungitse imbere yawe intumwa iyariyo yose mugabo twaramweretse yuko atayindi Mana isengwa atari jewe gusa, rero nimunsenge وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَلَدًاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۚ بَلۡ عِبَادٌ مُّكۡرَمُونَ ٢٦N’abahakanyi b’Imana bavuga bati:- nyene imigisha myinshi yigiriye ikibondo, Imana irisukuye ahubwo abo bamarayika n’abashumvyi b’Imana bafise iteka ntangere لَا يَسۡبِقُونَهُۥ بِٱلۡقَوۡلِ وَهُم بِأَمۡرِهِۦ يَعۡمَلُونَ ٢٧Ntibayitanguza ko ijambo, nabo bakorera kw’itegeko ryayo يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يَشۡفَعُونَ إِلَّا لِمَنِ ٱرۡتَضَىٰ وَهُم مِّنۡ خَشۡيَتِهِۦ مُشۡفِقُونَ ٢٨Niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, nabo Bamarayika ntibasabira uwariwe wese ku Mana atari uwo Imana yemereye ivyo bisabisho vyiwe, nabo kubera ukuyitinya baragamburuka ۞ وَمَن يَقُلۡ مِنۡهُمۡ إِنِّيٓ إِلَٰهٌ مِّن دُونِهِۦ فَذَٰلِكَ نَجۡزِيهِ جَهَنَّمَۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ ٢٩N’uwuzovuga muribo ati:- jewe nd’Imana aho kubayo nyezina, uyo muntu tuzo muriha impembo y’umumuriro udahera witiriwe Jahannamu, uko rero niko duhemba abahemukiye imitima yabo أَوَلَمۡ يَرَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ كَانَتَا رَتۡقًا فَفَتَقۡنَٰهُمَاۖ وَجَعَلۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ كُلَّ شَيۡءٍ حَيٍّۚ أَفَلَا يُؤۡمِنُونَ ٣٠Mbega ntibabonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko Amajuru n’Isi vyose vyakurikirana hanyuma turabi tandukanya hanyuma tugira mubijanye n’amazi ubuzima bw’ibintu vyose, mbega ntimwemera وَجَعَلۡنَا فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِهِمۡ وَجَعَلۡنَا فِيهَا فِجَاجًا سُبُلًا لَّعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ ٣١Dushira kw’Isi imisozi, kugira ngo ntinyigange, hanyuma dushiramwo amayira aboneka ari k’umugaragaro kugira ngo abantu batumbere inzira bacamwo وَجَعَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ سَقۡفًا مَّحۡفُوظًاۖ وَهُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهَا مُعۡرِضُونَ ٣٢Hanyuma tugira Ijuru kuba ari urusenge ruzitiwe neza mugabo abahakanyi b’Imana y’ukuri bararengwa mukutemera n’ivyo bimenyetso vy’Imana وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلٌّ فِي فَلَكٍ يَسۡبَحُونَ ٣٣Nayo niyo yaremye Ijoro n’Umutaga hamwe n’Izuba n’Ukwezi, rero ivyo vyose bireremba mumizingi y’avyo vyagenewemwo وَمَا جَعَلۡنَا لِبَشَرٍ مِّن قَبۡلِكَ ٱلۡخُلۡدَۖ أَفَإِيْن مِّتَّ فَهُمُ ٱلۡخَٰلِدُونَ ٣٤Natwe ntitwaremye ikiremwa muntu uwariwe wese w’imbere yawe ngo abe uwuzoramba burundu, none wewe niwasandaba nibo bazoramba mubuzima bw’abo bwose كُلُّ نَفۡسٍ ذَآئِقَةُ ٱلۡمَوۡتِۗ وَنَبۡلُوكُم بِٱلشَّرِّ وَٱلۡخَيۡرِ فِتۡنَةًۖ وَإِلَيۡنَا تُرۡجَعُونَ ٣٥Umutima w’umuntu uwariwe wese uzohonja urupfu, kandi turaba gerageza mubijanye n’ishari hamwe n’amahoro, n’iwacu mwese niyo muzosubizwa yo وَإِذَا رَءَاكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي يَذۡكُرُ ءَالِهَتَكُمۡ وَهُم بِذِكۡرِ ٱلرَّحۡمَٰنِ هُمۡ كَٰفِرُونَ ٣٦Bakubonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri nta nakimwe bakugira, ahubwo bara kwimwenyura bavuga bati:- mbega uyu niwe avuga Imana zanyu nabi kandi abo nibo bahakana Imana nyene imigisha ihagije خُلِقَ ٱلۡإِنسَٰنُ مِنۡ عَجَلٍۚ سَأُوْرِيكُمۡ ءَايَٰتِي فَلَا تَسۡتَعۡجِلُونِ ٣٧Umuntu awariwe wese yaremwe yihutirwa, ubu vuba jewe nzobereka ibimenyetso vyanje, kuri ivyo rero ntimumputagize وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٣٨Bavuga bati:- iri sango twemerewe ryuguhanwa rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri لَوۡ يَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ حِينَ لَا يَكُفُّونَ عَن وُجُوهِهِمُ ٱلنَّارَ وَلَا عَن ظُهُورِهِمۡ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ ٣٩Iyo babimenya bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri mugihe batazokingira umuriro uzoba uri mumaso yabo canke mumigongo yabo kandi batazofashwa بَلۡ تَأۡتِيهِم بَغۡتَةً فَتَبۡهَتُهُمۡ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ رَدَّهَا وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ ٤٠Ahubwo uzoba shikira giturumbuka kandi uze ubahendeshe hanyuma ntibazo shobora kuwusubiza inyuma canke ntibazohabwa ikiringo kanaka وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٍ مِّن قَبۡلِكَ فَحَاقَ بِٱلَّذِينَ سَخِرُواْ مِنۡهُم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ٤١Ntankeka barakengereye intumwa z’Imana zabayeho aho hambere yabo, rero bamwe bakengereye izo ntumwa z’Imana muribo barashikiwe nivyo bahora bakengera ko قُلۡ مَن يَكۡلَؤُكُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ مِنَ ٱلرَّحۡمَٰنِۚ بَلۡ هُمۡ عَن ذِكۡرِ رَبِّهِم مُّعۡرِضُونَ ٤٢Vuga uti:- ni nde ashobora kubakingira mw’Ijoro no k’Umutaga n’ibihano vy’Imana, mugabo kuribo ntibitaho mukwibuka Umuremyi wabo أَمۡ لَهُمۡ ءَالِهَةٌ تَمۡنَعُهُم مِّن دُونِنَاۚ لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَ أَنفُسِهِمۡ وَلَا هُم مِّنَّا يُصۡحَبُونَ ٤٣Mbega barafise izindi Mana zibakingira gusumba twebwe, none ntibashobora kwifasha bonyene, kandi ntibazo kingirwa natwe بَلۡ مَتَّعۡنَا هَٰٓؤُلَآءِ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ طَالَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡعُمُرُۗ أَفَلَا يَرَوۡنَ أَنَّا نَأۡتِي ٱلۡأَرۡضَ نَنقُصُهَا مِنۡ أَطۡرَافِهَآۚ أَفَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ ٤٤Ahubwo twaraba nezereje cane abo bahakanyi b’Imana y’ukuri hamwe n’abavyeyi babo kugeza naho ubuzima bwabo buba burebure kubera ivyo, mbega ntibabona yuko tugira kuri iy’Isi yabo nukugabanya imbibe zayo? Mbega nibo bene intsinzi قُلۡ إِنَّمَآ أُنذِرُكُم بِٱلۡوَحۡيِۚ وَلَا يَسۡمَعُ ٱلصُّمُّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا مَا يُنذَرُونَ ٤٥Vuga uti:- jewe ndiko ndabatuza kumajambo y’ubutumwa bw’Imana, rero intumva ntizumva ubutumwa naho zotuzwa وَلَئِن مَّسَّتۡهُمۡ نَفۡحَةٌ مِّنۡ عَذَابِ رَبِّكَ لَيَقُولُنَّ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ٤٦Naho bokorwako n’igice gitoyi gusa c’ibihano vy’Umuremyi wawe, ntankeka bovuze bati:- ibi bihano vyacu mu vy’ukuri twebwe twarahemukiye imitima yacu وَنَضَعُ ٱلۡمَوَٰزِينَ ٱلۡقِسۡطَ لِيَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ فَلَا تُظۡلَمُ نَفۡسٌ شَيۡـًٔاۖ وَإِن كَانَ مِثۡقَالَ حَبَّةٍ مِّنۡ خَرۡدَلٍ أَتَيۡنَا بِهَاۗ وَكَفَىٰ بِنَا حَٰسِبِينَ ٤٧Natwe tuzo shiraho iminzani y’ukuri k’umusi w’imperuka n’umutima w’umuntu uwariwe wese ntuzo hemukirwa na gatoyi naho coba ico kintu gifise uburemere bw’igishishwa c’umutende tuzo bishikiriza natwe turahagije kuba abamenyi buguharura وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ٱلۡفُرۡقَانَ وَضِيَآءً وَذِكۡرًا لِّلۡمُتَّقِينَ ٤٨Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii) igitabu gitandukanya n’umuco hamwe n’ubutumwa kubantu bagamburukira Imana y’abo y’ukuri ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُم بِٱلۡغَيۡبِ وَهُم مِّنَ ٱلسَّاعَةِ مُشۡفِقُونَ ٤٩N’abatinya Umuremyi wabo mugihe biherereye, kandi bagatinya n’umusi w’imperuka وَهَٰذَا ذِكۡرٌ مُّبَارَكٌ أَنزَلۡنَٰهُۚ أَفَأَنتُمۡ لَهُۥ مُنكِرُونَ ٥٠N’iyi Qur’ani n’ubutumwa bwahezagiwe twamanuriye kuri wewe, mbega mwebwe murabuhakana ۞ وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَآ إِبۡرَٰهِيمَ رُشۡدَهُۥ مِن قَبۡلُ وَكُنَّا بِهِۦ عَٰلِمِينَ ٥١Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) uburongozi bwiwe kuva kera kandi twari tumuzi neza إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا هَٰذِهِ ٱلتَّمَاثِيلُ ٱلَّتِيٓ أَنتُمۡ لَهَا عَٰكِفُونَ ٥٢Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega aya masanamu mwicarirako imisi yose muyasenga قَالُواْ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا لَهَا عَٰبِدِينَ ٥٣Nabo bamwishura bati:- twebwe twasanze basogokuru bacu bayasenga قَالَ لَقَدۡ كُنتُمۡ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمۡ فِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٥٤Nawe abishura ati:- ntankeka mwebwe hamwe nabaso banyu mwari mubuzimire buri k’umugaragaro قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا بِٱلۡحَقِّ أَمۡ أَنتَ مِنَ ٱللَّٰعِبِينَ ٥٥Nabo bamwishura bati:- mbega waje ngaha ufise amajambo y’ukuri canke uri mubantu bafyinata قَالَ بَل رَّبُّكُمۡ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ ٱلَّذِي فَطَرَهُنَّ وَأَنَا۠ عَلَىٰ ذَٰلِكُم مِّنَ ٱلشَّٰهِدِينَ ٥٦Nawe abishura ati:- ahubwo Umuremyi wanyu n’urya muremyi w’Amajuru n’Isi yayaremye, nanje ndi muvyabona vyemeza ibi vyose وَتَٱللَّهِ لَأَكِيدَنَّ أَصۡنَٰمَكُم بَعۡدَ أَن تُوَلُّواْ مُدۡبِرِينَ ٥٧Ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko jewe nzoyagirira nabi aya masanamu yanyu nimwampa umugongo mugenda iyo mugenda فَجَعَلَهُمۡ جُذَٰذًا إِلَّا كَبِيرًا لَّهُمۡ لَعَلَّهُمۡ إِلَيۡهِ يَرۡجِعُونَ ٥٨Rero aca arasenyura yamasanamu yose ayagira ibimanyu manyu, asigaza ryasanamu rininiya muriyo kugira ngo barisubire mwo قَالُواْ مَن فَعَلَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَآ إِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ ٥٩Bagarutse bavuze bati:- ni nde yagize gutya izi Mana zacu? Mu vy’ukuri uyu muntu ari mubahemu bakuru قَالُواْ سَمِعۡنَا فَتًى يَذۡكُرُهُمۡ يُقَالُ لَهُۥٓ إِبۡرَٰهِيمُ ٦٠Baca bavuga bati:- twumvise umusore umwe yitwa Ibrahiimu (iii) قَالُواْ فَأۡتُواْ بِهِۦ عَلَىٰٓ أَعۡيُنِ ٱلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَشۡهَدُونَ ٦١Bati:- nimu murengutse imbere y’amaso y’ishengero ry’abantu bamubone neza kumabi yiwe قَالُوٓاْ ءَأَنتَ فَعَلۡتَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَا يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ ٦٢Bavuga bati:- mbega ni wewe wagize gutya izi Mana zacu wewe Ibrahimu قَالَ بَلۡ فَعَلَهُۥ كَبِيرُهُمۡ هَٰذَا فَسۡـَٔلُوهُمۡ إِن كَانُواْ يَنطِقُونَ ٦٣Nawe abishura ati:- Oya! uwabigize gutyo n’iri sanamu rikuru ryabo, rero nimuribaze yuko ashobora kuvuga kubijanye n’ibi bintu فَرَجَعُوٓاْ إِلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ فَقَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ أَنتُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ ٦٤Baca bisubirako babaza imitima yabo nukuvuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye muhemukira imitima yanyu ثُمَّ نُكِسُواْ عَلَىٰ رُءُوسِهِمۡ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَا هَٰٓؤُلَآءِ يَنطِقُونَ ٦٥Hanyuma baca bunamika imitwe y’abo hasi bavuga bati:- mu vy’ukuri uramaze kumenya yuko aya masanamu atavuga n’ikintu nakimwe قَالَ أَفَتَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُكُمۡ شَيۡـًٔا وَلَا يَضُرُّكُمۡ ٦٦Abishura ati:- mbega mwebwe musenga iyitari Imana ataco ibamarira n’ikintu na kimwe kandi ata nabi ibagirira أُفٍّ لَّكُمۡ وَلِمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ ٦٧Nimuceceke nivyo musenga biteye kubiri n’amasengesho y’Imana, mbega mwebwe ntimutegera قَالُواْ حَرِّقُوهُ وَٱنصُرُوٓاْ ءَالِهَتَكُمۡ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ ٦٨Bavuga bati:- nimu muturire n’umucanwa kugira ngo murokore Imana zanyu nimwaba mwebwe muri mubagira ikintu nyaco قُلۡنَا يَٰنَارُ كُونِي بَرۡدًا وَسَلَٰمًا عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ ٦٩Natwe duca tuvuga duti:- wa mukomezwa we! nube imbeho n’amahoro kubera intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii) وَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدًا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَخۡسَرِينَ ٧٠Bamusabiye inabi mugabo twaciye tubagira kuba aribo bene uruhombo وَنَجَّيۡنَٰهُ وَلُوطًا إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَا لِلۡعَٰلَمِينَ ٧١Duca turamurokora hamwe n’intumwa y’Imana Lutwi (iii) tubajana mukindi gisagara twahezagiye kubera abantu bose وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ نَافِلَةًۖ وَكُلًّا جَعَلۡنَا صَٰلِحِينَ ٧٢Nayo intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii) twamuhaye ikibondo citiriwe izina rya Is’haqa (iii) hamwe n’uwundi yitwa Ya’aqubu (iii) kuba ariwe mwuzukuru wiwe, na bose twaciye tubagira kuba ari abantu beranda وَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَئِمَّةً يَهۡدُونَ بِأَمۡرِنَا وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِمۡ فِعۡلَ ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَإِقَامَ ٱلصَّلَوٰةِ وَإِيتَآءَ ٱلزَّكَوٰةِۖ وَكَانُواْ لَنَا عَٰبِدِينَ ٧٣Hanyuma turaba hezagira kuba indongozi ziyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu, nukuba rungikira ubutumwa nukuba bwereka nukugira ineza hamwe n’uguhagarika amasengesho hamwe n’ugutanga imperezwa, kandi iwacu bamye ari abantu batu gamburukira وَلُوطًا ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمًا وَعِلۡمًا وَنَجَّيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِي كَانَت تَّعۡمَلُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمَ سَوۡءٍ فَٰسِقِينَ ٧٤Intumwa y’Imana Lutwi (iii) twaramuhaye amategeko n’ubumenyi nukumurokora n’abantu b’ico gisagara camye kigira amarorerwa mabi cane, ntankeka abo bantu bari abantu babi cane basenyura amategeko y’Imana وَأَدۡخَلۡنَٰهُ فِي رَحۡمَتِنَآۖ إِنَّهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ ٧٥Duca twinjiza iyo ntumwa y’Imana Lutwi (iii) mumihezagiro yacu, mu vy’ukuri yari mubagira ineza وَنُوحًا إِذۡ نَادَىٰ مِن قَبۡلُ فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ ٧٦Kandi bibuke intumwa y’Imana Nuhu (iii) mugihe yashikiriza ubutumwa bwiwe aho hambere, natwe twaramwemerera, duca turamurokora hamwe n’abantu biwe mungorane niniya nkizo وَنَصَرۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمَ سَوۡءٍ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٧٧Twaramurokoye kubera abantu bahakanye amajambo yacu, mu vy’ukuri abo bantu bari abantu babi cane, duca tubibiza mumazi bose uko bangana وَدَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ إِذۡ يَحۡكُمَانِ فِي ٱلۡحَرۡثِ إِذۡ نَفَشَتۡ فِيهِ غَنَمُ ٱلۡقَوۡمِ وَكُنَّا لِحُكۡمِهِمۡ شَٰهِدِينَ ٧٨Kandi ubibutse kubijanye n’intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) mugihe baca urubanza kubijanye n’itongo mugihe zarisha muri iryo tongo intungwa z’abandi mw’ijoro, natwe kubera urwo rubanza twari ivyabona فَفَهَّمۡنَٰهَا سُلَيۡمَٰنَۚ وَكُلًّا ءَاتَيۡنَا حُكۡمًا وَعِلۡمًاۚ وَسَخَّرۡنَا مَعَ دَاوُۥدَ ٱلۡجِبَالَ يُسَبِّحۡنَ وَٱلطَّيۡرَۚ وَكُنَّا فَٰعِلِينَ ٧٩Duca tubwira intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) n’umwe muribo twamuhaye intahe n’ubumenyi, hanyuma duca tugamburutsa imisozi yose hamwe n’intumwa y’Imana Daudi (iii) ihayagiza Imana, tugamburutsa n’inyoni nazone zigamburukira Imana hamwe nawe natwebwe nimubagira ivyo dushaka وَعَلَّمۡنَٰهُ صَنۡعَةَ لَبُوسٍ لَّكُمۡ لِتُحۡصِنَكُم مِّنۢ بَأۡسِكُمۡۖ فَهَلۡ أَنتُمۡ شَٰكِرُونَ ٨٠Duca twigisha intumwa y’Imana Daudi (iii) ingene yohingura impuzu z’ingwano kubera mwebwe, kugira ngo zibakingire mungwano zanyu, mbega muzoba muri mubantu bashima وَلِسُلَيۡمَٰنَ ٱلرِّيحَ عَاصِفَةً تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦٓ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۚ وَكُنَّا بِكُلِّ شَيۡءٍ عَٰلِمِينَ ٨١No kuntumwa y’Imana Suleimanu (iii) twara gamburukije umuyaga ukaze cane ugira kumategeko yiwe ngaha kw’Isi twahezagiye natwe nitwebwe dufise ubumenyi bw’ibintu vyose وَمِنَ ٱلشَّيَٰطِينِ مَن يَغُوصُونَ لَهُۥ وَيَعۡمَلُونَ عَمَلًا دُونَ ذَٰلِكَۖ وَكُنَّا لَهُمۡ حَٰفِظِينَ ٨٢Twara gamburukije amashetani yibirira mumazi nukugirira ibindi bikorwa bitari ivyo, natwe twari muba bacungera ۞ وَأَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلضُّرُّ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ ٨٣N’intumwa y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamu hamagara avuga ati:- jewe nahuye n’ingorane, nawewe niwe ufise Impuhwe gusumba abandi batanga impuhwe فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ فَكَشَفۡنَا مَا بِهِۦ مِن ضُرٍّۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةً مِّنۡ عِندِنَا وَذِكۡرَىٰ لِلۡعَٰبِدِينَ ٨٤Twaramwemereye nukumukurira ingorane yari afise, duca tumuha abantu biwe n’abandi b’akarorero nkabo bari kumwe nabo, n’impuhwe zivuye iwacu hamwe n’icibutso ciza kubantu bagira amasengesho yabo وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِدۡرِيسَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ كُلٌّ مِّنَ ٱلصَّٰبِرِينَ ٨٥N’intumwa y’Imana Ismaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Idrissa (iii) hamwe na Dhul’kifli (iii) abo bose bari muntumwa z’Imana zitenyenya وَأَدۡخَلۡنَٰهُمۡ فِي رَحۡمَتِنَآۖ إِنَّهُم مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ ٨٦Duca twinjiza mumpuhwe zacu, kuko bari mubantu beranda وَذَا ٱلنُّونِ إِذ ذَّهَبَ مُغَٰضِبًا فَظَنَّ أَن لَّن نَّقۡدِرَ عَلَيۡهِ فَنَادَىٰ فِي ٱلظُّلُمَٰتِ أَن لَّآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنتَ سُبۡحَٰنَكَ إِنِّي كُنتُ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ ٨٧N’uwitwa Dha-nnuni ariwe ntumwa y’Imana Yunusu (iii) mugihe yagenda nawe bamwihakanye abiwe nawe aca yiyumvira yuko twebwe tutazo mushobora, rero yaciye ahamagara ari mumwijima avuga ati:- ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari wewe gusa uninahazwa, mu vy’ukuri jewe nari muba hemukiye imitima yabo فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَنَجَّيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡغَمِّۚ وَكَذَٰلِكَ نُـۨجِي ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٨٨Turamwakirira igisabisho ciwe nukumurokora mugahinda yarimwo, uku rero niko turokora abantu bemeye Imana yabo y’ukuri وَزَكَرِيَّآ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ رَبِّ لَا تَذَرۡنِي فَرۡدًا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡوَٰرِثِينَ ٨٩N’intumwa y’Imana Zakariya (iii) mugihe yahamagara Umuremyi wiwe avuga at:- Muremyi wanje ntunsige ndi jenyene, na wewe niwe mwiza wabasigirwa ibisigi فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَوَهَبۡنَا لَهُۥ يَحۡيَىٰ وَأَصۡلَحۡنَا لَهُۥ زَوۡجَهُۥٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَيَدۡعُونَنَا رَغَبًا وَرَهَبًاۖ وَكَانُواْ لَنَا خَٰشِعِينَ ٩٠Duca turamwemerera ibisabisho vyiwe nukumuha intumwa y’Imana Yahya (iii), nuguca dukiza umutambukanyi wiwe, ntankeka bari bafise umwete wukugira ineza nukudusaba n’ishaka ryinshi hamwe nugutinya, nabo bari bafise ubugamburutsi ntangere وَٱلَّتِيٓ أَحۡصَنَتۡ فَرۡجَهَا فَنَفَخۡنَا فِيهَا مِن رُّوحِنَا وَجَعَلۡنَٰهَا وَٱبۡنَهَآ ءَايَةً لِّلۡعَٰلَمِينَ ٩١Nuwikingiye k’umutima wiwe nuguhuhera umutima wacu nukumugira ngo abe hamwe n’umwana wiwe kuba ari ibitangaro ku bantu bose إِنَّ هَٰذِهِۦٓ أُمَّتُكُمۡ أُمَّةً وَٰحِدَةً وَأَنَا۠ رَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُونِ ٩٢Mu vy’ukuri aba bantu banyu n’abantu bamwe nanje ndi Umuremyi wanyu, kuri ivyo nimunsenge وَتَقَطَّعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡۖ كُلٌّ إِلَيۡنَا رَٰجِعُونَ ٩٣Nabo baca baradohoka kuri rino jambo ryabo riri hagati yabo, kandi nabo bazo garuka iwacu فَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٌ فَلَا كُفۡرَانَ لِسَعۡيِهِۦ وَإِنَّا لَهُۥ كَٰتِبُونَ ٩٤N’uwuzogira ibikorwa vyiza mugihe nawe ari umu Isilamu uyo muntu ntazo kwankirwa kumwete wiwe yagize, mu vy’ukuri ivyo yagize twebwe tuzovyandika وَحَرَٰمٌ عَلَىٰ قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآ أَنَّهُمۡ لَا يَرۡجِعُونَ ٩٥Kirazira yuko igisagara twahoneje yuko abo bantu bazogaruka iwacu حَتَّىٰٓ إِذَا فُتِحَتۡ يَأۡجُوجُ وَمَأۡجُوجُ وَهُم مِّن كُلِّ حَدَبٍ يَنسِلُونَ ٩٦Kugeza aho hazobohorwa uwitwa Ya’ajuja na Ma’ajuja nabo bamanuka bava kumisozi yose وَٱقۡتَرَبَ ٱلۡوَعۡدُ ٱلۡحَقُّ فَإِذَا هِيَ شَٰخِصَةٌ أَبۡصَٰرُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يَٰوَيۡلَنَا قَدۡ كُنَّا فِي غَفۡلَةٍ مِّنۡ هَٰذَا بَلۡ كُنَّا ظَٰلِمِينَ ٩٧Hazoshika kuri rya sango ry’ukuri, ari naho hazosokoka amaso y’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuga bati:- Yoh! Ntankeka twebwe twari mubiyibagiye nibi bintu, ahubwo twarahemukiye imitima yacu إِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ حَصَبُ جَهَنَّمَ أَنتُمۡ لَهَا وَٰرِدُونَ ٩٨Mu vy’ukuri mwebwe hamwe nivyo musenga mukureka gusenga Imana yanyu y’ukuri, muzoba muri inkwi z’uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, namwe muzowu shikira لَوۡ كَانَ هَٰٓؤُلَآءِ ءَالِهَةً مَّا وَرَدُوهَاۖ وَكُلٌّ فِيهَا خَٰلِدُونَ ٩٩Iyo aba ari izindi Mana, ntibari gushikirwa nuwo muriro witiriwe Jahannamu, n’ingene bangana bose bazoba bari muri uwo muriro udahera لَهُمۡ فِيهَا زَفِيرٌ وَهُمۡ فِيهَا لَا يَسۡمَعُونَ ١٠٠Muri uwo muriro udahera bazo komerayo induru, nabo muriwo ntibazo kwumva إِنَّ ٱلَّذِينَ سَبَقَتۡ لَهُم مِّنَّا ٱلۡحُسۡنَىٰٓ أُوْلَٰٓئِكَ عَنۡهَا مُبۡعَدُونَ ١٠١Mu vy’ukuri abo ineza yacu yashikiye, bazoba bari kure nuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu لَا يَسۡمَعُونَ حَسِيسَهَاۖ وَهُمۡ فِي مَا ٱشۡتَهَتۡ أَنفُسُهُمۡ خَٰلِدُونَ ١٠٢Ntibazo kwumva isumo ryuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, nabo bazowubamwo mubuzima bwabo bwose kuvyo bipfuriza imitima yabo لَا يَحۡزُنُهُمُ ٱلۡفَزَعُ ٱلۡأَكۡبَرُ وَتَتَلَقَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ هَٰذَا يَوۡمُكُمُ ٱلَّذِي كُنتُمۡ تُوعَدُونَ ١٠٣Ntuzoba tetereza ubwo bwoba buhanitse, n’Abamarayika bazoba sanganira bababwire bati:- uwu niwo wamusi wanyu mwamye muraganirwa يَوۡمَ نَطۡوِي ٱلسَّمَآءَ كَطَيِّ ٱلسِّجِلِّ لِلۡكُتُبِۚ كَمَا بَدَأۡنَآ أَوَّلَ خَلۡقٍ نُّعِيدُهُۥۚ وَعۡدًا عَلَيۡنَآۚ إِنَّا كُنَّا فَٰعِلِينَ ١٠٤Umusi tuzozinga amajuru nkakumwe tuzinga urupapuro twandikako, nkuko twatanguye irema ryambere niko tuzorisubira mwo kurigira, iyi n’indagano iri hejuru yacu kandi ntankeka nitwebwe tubigira وَلَقَدۡ كَتَبۡنَا فِي ٱلزَّبُورِ مِنۢ بَعۡدِ ٱلذِّكۡرِ أَنَّ ٱلۡأَرۡضَ يَرِثُهَا عِبَادِيَ ٱلصَّٰلِحُونَ ١٠٥Mu vy’ukuri twaranditse mugitabu c’Imana ca Zaburi munyuma yaho twandika k’urubaho rubitswe neza yuko iy’Isi izosigirwa abantu banje beranda إِنَّ فِي هَٰذَا لَبَلَٰغًا لِّقَوۡمٍ عَٰبِدِينَ ١٠٦Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ubutumwa ku bantu bagira amasengesho y’ukuri وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا رَحۡمَةً لِّلۡعَٰلَمِينَ ١٠٧Natwe ntitwa kurungitse atari uko wobabera impuhwe ku bantu bose قُلۡ إِنَّمَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّ أَنَّمَآ إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٌ وَٰحِدٌۖ فَهَلۡ أَنتُم مُّسۡلِمُونَ ١٠٨Vuga uti:- jewe sinahawe ubu butumwa atari uko Imana yanyu ari Imana imwe yonyene rudende gusa, mbega muremeye kuba aba Isilamu فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَقُلۡ ءَاذَنتُكُمۡ عَلَىٰ سَوَآءٍۖ وَإِنۡ أَدۡرِيٓ أَقَرِيبٌ أَم بَعِيدٌ مَّا تُوعَدُونَ ١٠٩Nibatemera kuri ivyo wewe n’uvuge uti:- ndabamenyesheje bimwe vy’ukuri yuko jewe atabumenyi mfise bw’ibiri hafi canke ibiri kure y’ivyo mwahawe ko indagano إِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلۡجَهۡرَ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ وَيَعۡلَمُ مَا تَكۡتُمُونَ ١١٠Mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’imvugo iri k’umugaragaro hamwe n’ubumenyi bw’ivyo munyegeza وَإِنۡ أَدۡرِي لَعَلَّهُۥ فِتۡنَةٌ لَّكُمۡ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٍ ١١١Kandi ntanakimwe nomenya yuko ari urwanko kuri mwebwe n’umunezero kugeza kumwanya mugufiya gusa قَٰلَ رَبِّ ٱحۡكُم بِٱلۡحَقِّۗ وَرَبُّنَا ٱلرَّحۡمَٰنُ ٱلۡمُسۡتَعَانُ عَلَىٰ مَا تَصِفُونَ ١١٢Yavuze ati:- ewe Muremyi wanje nubacire urubanza rw’ukuri, n’Umuremyi wacu niwe nyene impuhwe asabwa imfashanyo kuri ivyo muvuga vyose. mito

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.