ملة الإسلام

السورة 25 · 77 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الفرقان باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الفرقان (1,365 قارئاً)
مكيةسورة الفرقان٧٧ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

تَبَارَكَ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡفُرۡقَانَ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦ لِيَكُونَ لِلۡعَٰلَمِينَ نَذِيرًا ١Nihaninahazwe Imana ariyo yazanye imigisha ikaba ariyo yamanuye iyi Qur’aani ntagatifu kuntumwa yiwe Muhammadi (aui) kugira ngo abe uwutuza kubantu bose ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدًا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٌ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءٍ فَقَدَّرَهُۥ تَقۡدِيرًا ٢Ubwami bw’amajuru yose n’Isi nubw’Imana kandi bamenye yuko Imana itavyaye umwana canke idafise uwo bishigikiranye mubwami bwayo kandi niyo yaremye ibintu vyose nukubigirira uburinganire bungana وَٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً لَّا يَخۡلُقُونَ شَيۡـًٔا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ وَلَا يَمۡلِكُونَ لِأَنفُسِهِمۡ ضَرًّا وَلَا نَفۡعًا وَلَا يَمۡلِكُونَ مَوۡتًا وَلَا حَيَوٰةً وَلَا نُشُورًا ٣Aho bogize Imana y’ukuri baciye bafata izindi Mana z’ibintazi zitigera zirema icarico cose mugabo bakaba aribo baremwe gusa, nabo kubwabo bakaba batigaba mukwikurako ingorane bafise, canke agahengwe akariko kose, canke batagaba urupfu, canke ubuzima, canke ukuzurwa وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ إِفۡكٌ ٱفۡتَرَىٰهُ وَأَعَانَهُۥ عَلَيۡهِ قَوۡمٌ ءَاخَرُونَۖ فَقَدۡ جَآءُو ظُلۡمًا وَزُورًا ٤Baravuze babahakanyi b’Imana y’ukuri bati:- ibi vyose n’ivyaduka yadukanye mugufashwa n’abandi bantu, noneho nibo bazanye ubuhemu n’ububeshi وَقَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٱكۡتَتَبَهَا فَهِيَ تُمۡلَىٰ عَلَيۡهِ بُكۡرَةً وَأَصِيلًا ٥Bavuga bati:- n’ingeso z’abantu bakera muvyo yandikishije asomerwa mugitondo no k’umugoroba قُلۡ أَنزَلَهُ ٱلَّذِي يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ كَانَ غَفُورًا رَّحِيمًا ٦Vuga uti:- uwayamanuye aya majambo yose nurya afise ubumenyi bw’amabanga y’amajuru yose n’Isi, ntankeka niwe afise imbabazi nyinshi n’Impuhwe zihagije وَقَالُواْ مَالِ هَٰذَا ٱلرَّسُولِ يَأۡكُلُ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشِي فِي ٱلۡأَسۡوَاقِ لَوۡلَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مَلَكٌ فَيَكُونَ مَعَهُۥ نَذِيرًا ٧Baciye bavuga bati:- n’intumwa y’Imana nyabaki ifungura nukugenda mw’isoko, none ni kuki itamanuriye Abamarayika ngo babe mu bantu batuza hamwe nawe أَوۡ يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡهِ كَنزٌ أَوۡ تَكُونُ لَهُۥ جَنَّةٌ يَأۡكُلُ مِنۡهَاۚ وَقَالَ ٱلظَّٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلًا مَّسۡحُورًا ٨Canke ni kuki itamanuriwe ububiko canke ntibe idafise n’umurima wugufungurira mwo, nayo abahemukiye imitima yabo y’ukuri bakaba bavuze bati:- mwebwe ntimu mukurikira atari uko iri mubantu barozwe ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَٰلَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلًا ٩Nurabe ingene bagutangirako uburorero, rero barazimiye kandi ntibazo shobora kuronka iyindi nzira igororotse تَبَارَكَ ٱلَّذِيٓ إِن شَآءَ جَعَلَ لَكَ خَيۡرًا مِّن ذَٰلِكَ جَنَّٰتٍ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ وَيَجۡعَل لَّكَ قُصُورَۢا ١٠N’uwuzoba yazanye imihezagiro nurya azoba ashaka kukugirira ineza gusumba ivyo harimwo n’imirima yo mw’Ijuru icamwo inzuzi imbere yabo, hanyuma iguhe ingoro yacami iri mw’ijuru بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلسَّاعَةِۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِمَن كَذَّبَ بِٱلسَّاعَةِ سَعِيرًا ١١Ahubwo barahakanye yuko ata musi w’umuhero w’Isi uriho, natwe twarawuba teguriye abo batawemera uwo musi umuriro ukaze cane إِذَا رَأَتۡهُم مِّن مَّكَانِۭ بَعِيدٍ سَمِعُواْ لَهَا تَغَيُّظًا وَزَفِيرًا ١٢Uwo muriro ubabonye bakiri kure, baca bumva ishavu ryawo n’uguhinda kwawo وَإِذَآ أُلۡقُواْ مِنۡهَا مَكَانًا ضَيِّقًا مُّقَرَّنِينَ دَعَوۡاْ هُنَالِكَ ثُبُورًا ١٣Batawe muri uwo muriro udahera hakaba hari ahantu hatoyi cane nabo baboshwe, aho niho bazohamagara urupfu rubashikire لَّا تَدۡعُواْ ٱلۡيَوۡمَ ثُبُورًا وَٰحِدًا وَٱدۡعُواْ ثُبُورًا كَثِيرًا ١٤Ntimuhamagare uno musi urupfu rumwe, ahubwo nimu hamagare amapfu menshi قُلۡ أَذَٰلِكَ خَيۡرٌ أَمۡ جَنَّةُ ٱلۡخُلۡدِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۚ كَانَتۡ لَهُمۡ جَزَآءً وَمَصِيرًا ١٥Vuga uti:- mbega ibi nivyo vyiza canke Ijuru ry’ubuzima budahera ryateguriwe abantu batinya Imana yabo y’ukuri kugira ngo bibe kuribo impembo nziza n’ingaruka nziza لَّهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَ خَٰلِدِينَۚ كَانَ عَلَىٰ رَبِّكَ وَعۡدًا مَّسۡـُٔولًا ١٦Bazoronswa muri ayo Majuru ivyo bipfuzamwo vyose hanyuma babeyo mubuzima bwabo bwose, kuko iyi niyo ndagano y’Umuremyi wawe ikenewe kurihwa وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَقُولُ ءَأَنتُمۡ أَضۡلَلۡتُمۡ عِبَادِي هَٰٓؤُلَآءِ أَمۡ هُمۡ ضَلُّواْ ٱلسَّبِيلَ ١٧Umusi Imana izobegeranya abo bahakanyi bayo, hamwe n’ababasenga aho bosenze Imana y’ukuri ninaho izovuga ibabwira iti:- mbega ni mwebwe mwatakaje aba bantu banje canke nibo bonyene bazimiye inzira kubwabo قَالُواْ سُبۡحَٰنَكَ مَا كَانَ يَنۢبَغِي لَنَآ أَن نَّتَّخِذَ مِن دُونِكَ مِنۡ أَوۡلِيَآءَ وَلَٰكِن مَّتَّعۡتَهُمۡ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ نَسُواْ ٱلذِّكۡرَ وَكَانُواْ قَوۡمَۢا بُورًا ١٨Nabo bazovuga bati:- Imana irisukuye nigabanukirwa ryivyarivyo vyose kandi ntibirekuriwe kuri twebwe kubagira ngo babe abaducungera atariyo yonyene, mugabo warabanejereje hamwe n’abavyeyi babo kugeza naho bibagira ubu butumwa bwawe nukuba mu bantu bahonejwe فَقَدۡ كَذَّبُوكُم بِمَا تَقُولُونَ فَمَا تَسۡتَطِيعُونَ صَرۡفًا وَلَا نَصۡرًاۚ وَمَن يَظۡلِم مِّنكُمۡ نُذِقۡهُ عَذَابًا كَبِيرًا ١٩Ntankeka barabahakanye kubijanye nivyo mwavuze kandi ntimuzo shobora kwikurako ibihano canke kuronka imfashanyo, n’uwuzogira inabi iyariyo yose muri mwebwe tuzo muhonjesha ibihano bininiya cane وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّآ إِنَّهُمۡ لَيَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَيَمۡشُونَ فِي ٱلۡأَسۡوَاقِۗ وَجَعَلۡنَا بَعۡضَكُمۡ لِبَعۡضٍ فِتۡنَةً أَتَصۡبِرُونَۗ وَكَانَ رَبُّكَ بَصِيرًا ٢٠Kandi ntitwarungitse imbere yawe intumwa z’Imana atari uko atamakenga arimwo kuko bahora bafungura ibifungurwa nukugenda mumasoko gusuma, kandi twarabahezagiye bamwe muri mwebwe ngo babe ibigeragezo kubandi, mbega muzo kwihangana? N’umuremyi wawe niwe abibona

الجزء التاسع عشر

۞ وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ نَرَىٰ رَبَّنَاۗ لَقَدِ ٱسۡتَكۡبَرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ وَعَتَوۡ عُتُوًّا كَبِيرًا ٢١Baravuze bamwe badatinya guhura natwe bati:- nikuki twebwe tutamanurirwa Abamarayika canke ngo tubone Umuremyi wacu? Ntankeka barihayagije mumitima yabo nukwidohora kumwe kuniniya cane يَوۡمَ يَرَوۡنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ لَا بُشۡرَىٰ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُجۡرِمِينَ وَيَقُولُونَ حِجۡرًا مَّحۡجُورًا ٢٢Umusi bazobona Abamarayika kuri uwo musi, ntamunezero uzoba uhari ku bantu bagize ivyaha kuko bazovuga bati:- Imana yobirenza kure ibi bihano bitwegereye وَقَدِمۡنَآ إِلَىٰ مَا عَمِلُواْ مِنۡ عَمَلٍ فَجَعَلۡنَٰهُ هَبَآءً مَّنثُورًا ٢٣Natwe tuzogendera kuvyo bakoze mubikorwa vyabo hanyuma tubigire nk’inkungugu zasanzajwe أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ يَوۡمَئِذٍ خَيۡرٌ مُّسۡتَقَرًّا وَأَحۡسَنُ مَقِيلًا ٢٤Abantu bo mw’ijuru kuri uwo musi bazoba bari mubwicaro bwiza n’ahantu hukwinezereza heza وَيَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلسَّمَآءُ بِٱلۡغَمَٰمِ وَنُزِّلَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ تَنزِيلًا ٢٥N’umusi Amajuru azosatagurika hanyuma hazemwo ibicu bizo manukiramwo Abamarayika benshi cane ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّ لِلرَّحۡمَٰنِۚ وَكَانَ يَوۡمًا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ عَسِيرًا ٢٦Ubwami bw’ukuri kuri uwo musi buzoba ari bwanyene imigisha, kandi uwo musi uzoba ari umusi ugoye cane ku bantu batemera Imana yabo y’ukuri وَيَوۡمَ يَعَضُّ ٱلظَّالِمُ عَلَىٰ يَدَيۡهِ يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي ٱتَّخَذۡتُ مَعَ ٱلرَّسُولِ سَبِيلًا ٢٧No k’umusi w’uwahemukiye umutima wiwe azokwirya amaboko yiwe avuga ati:- iyo nkurikira inzira y’ukuri hamwe n’intumwa y’Imana Muhammadi (aui) يَٰوَيۡلَتَىٰ لَيۡتَنِي لَمۡ أَتَّخِذۡ فُلَانًا خَلِيلًا ٢٨Eh! iyo ntagira naka ngo abe ariwe umugenzi wanje لَّقَدۡ أَضَلَّنِي عَنِ ٱلذِّكۡرِ بَعۡدَ إِذۡ جَآءَنِيۗ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِلۡإِنسَٰنِ خَذُولًا ٢٩Niwe yantakaje nca ndareka gukurikira ubutumwa bw’Imana bumaze kunshikira, mu vy’ukuri Shetani ita umuntu mukaga وَقَالَ ٱلرَّسُولُ يَٰرَبِّ إِنَّ قَوۡمِي ٱتَّخَذُواْ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ مَهۡجُورًا ٣٠N’intumwa y’Imana yama ivuga iti:- Muremyi wanje, mu vy’ukuri abantu banje bagize iyi Qur’aani ntagatifu nk’ikintu cahunzwe وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوًّا مِّنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ هَادِيًا وَنَصِيرًا ٣١Uku rero niko twagiriye intumwa z’Imana zose ubwansi bw’abantu babi, n’Umuremyi wawe arahagije kuba indongozi n’umufasha وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلۡقُرۡءَانُ جُمۡلَةً وَٰحِدَةًۚ كَذَٰلِكَ لِنُثَبِّتَ بِهِۦ فُؤَادَكَۖ وَرَتَّلۡنَٰهُ تَرۡتِيلًا ٣٢Baravuze bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bati:- ni kuki atamanuriwe iyi Qur’ani ntagatifu icarimwe nk’uku imeze kugira ngo dutsimbataze umutima wawe kandi tukaba twayitondesheje kurutonde rwiza وَلَا يَأۡتُونَكَ بِمَثَلٍ إِلَّا جِئۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَأَحۡسَنَ تَفۡسِيرًا ٣٣Kandi ntibazo kuzanira akarorero akariko kose mugabo tuzo kuzanira ukuri kwama hamwe n’insiguro itomoye neza ٱلَّذِينَ يُحۡشَرُونَ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ إِلَىٰ جَهَنَّمَ أُوْلَٰٓئِكَ شَرٌّ مَّكَانًا وَأَضَلُّ سَبِيلًا ٣٤Abazo kwegeranywa bubitse inda zabo hasi, bagashikanwa mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, abo bantu bazoba ahantu habi cane nukuba barataye inzira y’ukuri وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَا مَعَهُۥٓ أَخَاهُ هَٰرُونَ وَزِيرًا ٣٥Ntankeka twaramuhaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu duca tumushira hamwe na musaza wiwe Haruna (iii) kuba muba shikiranganji biwe فَقُلۡنَا ٱذۡهَبَآ إِلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا فَدَمَّرۡنَٰهُمۡ تَدۡمِيرًا ٣٦Duca tubabwira ngo bagende ku bantu bahakanye amajambo yacu matagatifu, natwe duca turabahonya ukuri kwama وَقَوۡمَ نُوحٍ لَّمَّا كَذَّبُواْ ٱلرُّسُلَ أَغۡرَقۡنَٰهُمۡ وَجَعَلۡنَٰهُمۡ لِلنَّاسِ ءَايَةًۖ وَأَعۡتَدۡنَا لِلظَّٰلِمِينَ عَذَابًا أَلِيمًا ٣٧N’abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) mugihe bahakana intumwa z’Imana twaciye tubibiza mumazi nukubagira ibitekerezo ku bantu bose, kandi twarabateguriye abahemukiye imitima yabo ibihano bibabaza cane وَعَادًا وَثَمُودَاْ وَأَصۡحَٰبَ ٱلرَّسِّ وَقُرُونَۢا بَيۡنَ ذَٰلِكَ كَثِيرًا ٣٨Nabene Aadi hamwe na Thamuda, hamwe n’abantu bo mubinogo hamwe n’imvukira nyinshi zaho zari muribo وَكُلًّا ضَرَبۡنَا لَهُ ٱلۡأَمۡثَٰلَۖ وَكُلًّا تَبَّرۡنَا تَتۡبِيرًا ٣٩Bose twarabagiriyeko uburorero nabose uko bangana twarabahoneje bimwe vy’akarorero وَلَقَدۡ أَتَوۡاْ عَلَى ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِيٓ أُمۡطِرَتۡ مَطَرَ ٱلسَّوۡءِۚ أَفَلَمۡ يَكُونُواْ يَرَوۡنَهَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَرۡجُونَ نُشُورًا ٤٠Mu vy’ukuri barashitse kw’Isi yamanuriweko imvura mbi cane, mbega ntibayibona, ahubwo ntibemera yuko hariho ukuzurwa kw’abantu وَإِذَا رَأَوۡكَ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي بَعَثَ ٱللَّهُ رَسُولًا ٤١Bakubonye ntakindi bagira atari ukujajura gusa nukuvuga bati:- mbega iyi niyo Mana yarungitse ngo ibe intumwa y’Imana إِن كَادَ لَيُضِلُّنَا عَنۡ ءَالِهَتِنَا لَوۡلَآ أَن صَبَرۡنَا عَلَيۡهَاۚ وَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ حِينَ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ مَنۡ أَضَلُّ سَبِيلًا ٤٢Mu vy’ukuri yari hafi yukutuzimiza kubera Imana zacu iyo tutigumya kuribo, kuko ubu vuba bari hafi yukumenya igihe bazobona ibihano vyuwahe yazimiye agata inzira أَرَءَيۡتَ مَنِ ٱتَّخَذَ إِلَٰهَهُۥ هَوَىٰهُ أَفَأَنتَ تَكُونُ عَلَيۡهِ وَكِيلًا ٤٣Mbega wamubonye umwe yikunze gusumba ibindi vyose kuba ariyo Mana yiwe, mbega woshobora kumukingira أَمۡ تَحۡسَبُ أَنَّ أَكۡثَرَهُمۡ يَسۡمَعُونَ أَوۡ يَعۡقِلُونَۚ إِنۡ هُمۡ إِلَّا كَٱلۡأَنۡعَٰمِ بَلۡ هُمۡ أَضَلُّ سَبِيلًا ٤٤Canke wiyumvira yuko benshi muribo bumva canke bategera? Ntibari abo nuko bari bameze nk’ibikoko, ahubwo bari bazimiye inzira gusumba ibindi vyose أَلَمۡ تَرَ إِلَىٰ رَبِّكَ كَيۡفَ مَدَّ ٱلظِّلَّ وَلَوۡ شَآءَ لَجَعَلَهُۥ سَاكِنًا ثُمَّ جَعَلۡنَا ٱلشَّمۡسَ عَلَيۡهِ دَلِيلًا ٤٥Mbega ntiwabonye Umuremyi wawe ingene yasanzaje igitutu, iyo ibishaka ntankeka yarikukigira ngo kigume hamwe gusa, hanyuma tugira izuba ngo ribe icemezo kuriryo ثُمَّ قَبَضۡنَٰهُ إِلَيۡنَا قَبۡضًا يَسِيرًا ٤٦Hanyuma tugikwegera iwacu buhoro buhoro وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ لِبَاسًا وَٱلنَّوۡمَ سُبَاتًا وَجَعَلَ ٱلنَّهَارَ نُشُورًا ٤٧Nayo niyo yabagiriye ijoro kuba ari impuzu, n’itiro kuba nk’urupfu, nukugira umutaga kuba nk’ukuzuka وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَرۡسَلَ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦۚ وَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً طَهُورًا ٤٨Nayo niyo irungika imiyaga kuba ari inkuru nziza imbere y’imigisha yayo, nukumanura amazi meza avuye mubicu لِّنُحۡـِۧيَ بِهِۦ بَلۡدَةً مَّيۡتًا وَنُسۡقِيَهُۥ مِمَّا خَلَقۡنَآ أَنۡعَٰمًا وَأَنَاسِيَّ كَثِيرًا ٤٩Kugira ngo tuzure Isi yari yarapfuye, nuku nyweshereza kuri bamwe twaremye haba mubikoko n’abantu benshi وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَٰهُ بَيۡنَهُمۡ لِيَذَّكَّرُواْ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورًا ٥٠Mu vy’ukuri twarayigabuye kuribo kugira ngo abantu bibuke, mugabo benshi muribo barahakanye atari ukugereranya Imana n’ibindi bintu gusa وَلَوۡ شِئۡنَا لَبَعَثۡنَا فِي كُلِّ قَرۡيَةٍ نَّذِيرًا ٥١Iyo dushaka twari kubarungikira mugisagara kimwe kukindi umuntu abatuza فَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَجَٰهِدۡهُم بِهِۦ جِهَادًا كَبِيرًا ٥٢Rero ntugamburukire abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, ahubwo nuhiganwe nabo kuri iyi Qur’aani ntagatifu kwihiganwa rininiya cane ۞ وَهُوَ ٱلَّذِي مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ هَٰذَا عَذۡبٌ فُرَاتٌ وَهَٰذَا مِلۡحٌ أُجَاجٌ وَجَعَلَ بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخًا وَحِجۡرًا مَّحۡجُورًا ٥٣Nayo niyo ihuza ibiyaga bibiri kimwe nigifise amazi meza y’umusarara, n’ikindi naco nic’umunyu ukaze cane, hanyuma ishiraho uruzitiro hagati yayo mazi uruzitiro ruzitiye neza وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ مِنَ ٱلۡمَآءِ بَشَرًا فَجَعَلَهُۥ نَسَبًا وَصِهۡرًاۗ وَكَانَ رَبُّكَ قَدِيرًا ٥٤Niyo yaremye umuntu mumazi, hanyuma imushiriraho n’ubwoko bw’ubuhungu hamwe n’umuryango w’abakobwa, n’Umuremyi wawe niwe nyene ubushobozi bw’ibintu vyose وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُهُمۡ وَلَا يَضُرُّهُمۡۗ وَكَانَ ٱلۡكَافِرُ عَلَىٰ رَبِّهِۦ ظَهِيرًا ٥٥Barayasenga bitajanye n’amategeko y’Imana ataco abamariye canke ataninabi abagirira, n’uwuhakana Imana yiwe y’ukuri nurya atagendera kumategeko y’Umuremyi wiwe وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرًا وَنَذِيرًا ٥٦Natwe ntitwakuzanye atari uko uba umutanzi w’inkuru nziza n’uwutuza قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍ إِلَّا مَن شَآءَ أَن يَتَّخِذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا ٥٧Vuga uti:- sindabasaba impembo kuri ibi, mugabo uwushaka nafate inzira imushikana kumuremyi wiwe وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡحَيِّ ٱلَّذِي لَا يَمُوتُ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِهِۦۚ وَكَفَىٰ بِهِۦ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرًا ٥٨Kandi wizere uwufise ubuzima budahera kandi adasandaba, kandi uyininahaze nkuko ihayagizwa kwihayagizwa ryiza, nayo irahagije kubicumuro vy’abantu bayo kuba aribo bene inkuru zabo nziza ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٍ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ ٱلرَّحۡمَٰنُ فَسۡـَٔلۡ بِهِۦ خَبِيرًا ٥٩Uwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kumisi itandatu hanyuma iganza hejuru y’inyegamo yayo, n’Imana nyene ikigongwe, n’ubaze inkuru ziwe kuwuzifitiye ubumenyi وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱسۡجُدُواْۤ لِلرَّحۡمَٰنِ قَالُواْ وَمَا ٱلرَّحۡمَٰنُ أَنَسۡجُدُ لِمَا تَأۡمُرُنَا وَزَادَهُمۡ نُفُورًا ۩ ٦٠Mugihe babwiwe bati:- ni mupfukamire nyene imigisha myinshi, baca bavuga bati:- uyo nyene Imigisha myinshi ni nde? Mbega dupfukamire uwudutegeka gusa twebwe, kandi nukutwongereza inzigo gusa تَبَارَكَ ٱلَّذِي جَعَلَ فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجًا وَجَعَلَ فِيهَا سِرَٰجًا وَقَمَرًا مُّنِيرًا ٦١Niyo izana imigisha y’ukuri ikaba ariyo yahezagiye inyenyeri ziri mw’Ijuru nuguhezagira muriyo Izuba n’Ukwezi bisayangana وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ خِلۡفَةً لِّمَنۡ أَرَادَ أَن يَذَّكَّرَ أَوۡ أَرَادَ شُكُورًا ٦٢Nayo niyo yagize Ijoro n’Umutaga bigende bikurikirana kuwushaka kwibuka canke k’uwushaka gushima وَعِبَادُ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلَّذِينَ يَمۡشُونَ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ هَوۡنًا وَإِذَا خَاطَبَهُمُ ٱلۡجَٰهِلُونَ قَالُواْ سَلَٰمًا ٦٣N’abantu b’Imana nibarya bagendera ngaha kw’Isi n’ubwitonzi ntangere, nayo ibijuju bivuganye nabo babishura bati:- n’amahoro وَٱلَّذِينَ يَبِيتُونَ لِرَبِّهِمۡ سُجَّدًا وَقِيَٰمًا ٦٤Nabarya barenza bimwe mubihe vy’umwanya w’Ijoro kubera Umuremyi wabo bamupfukamira n’uguhagarara وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا ٱصۡرِفۡ عَنَّا عَذَابَ جَهَنَّمَۖ إِنَّ عَذَابَهَا كَانَ غَرَامًا ٦٥Nabamwe bavuga bati:- Muremyi wacu, dukurire ibihano vyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, ntankeka ibihano vyiwe nibiguma bibandanya إِنَّهَا سَآءَتۡ مُسۡتَقَرًّا وَمُقَامًا ٦٦Mu vy’ukuri uwo muriro udahera n’igituro kibi cane kandi n’ahantu habi hukubayo وَٱلَّذِينَ إِذَآ أَنفَقُواْ لَمۡ يُسۡرِفُواْ وَلَمۡ يَقۡتُرُواْ وَكَانَ بَيۡنَ ذَٰلِكَ قَوَامًا ٦٧Nabamwe mugihe bakoresheje amatungo yabo bataya sesagura kandi batigira ingumyi, ahubwo bari hagati na hagati muribo وَٱلَّذِينَ لَا يَدۡعُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ وَلَا يَقۡتُلُونَ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَا يَزۡنُونَۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ يَلۡقَ أَثَامًا ٦٨Nabamwe badasaba iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri, kandi bakaba batica umutima Imana yabujije kwica atari munzira y’ukuri, kandi bakaba batagira ubushurashuzi, nuwuzogira ivyo vyose azoronka ivyago vy’ibicumuro يُضَٰعَفۡ لَهُ ٱلۡعَذَابُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَيَخۡلُدۡ فِيهِۦ مُهَانًا ٦٩Kandi azo kwongerezwa ibihano k’umusi w’imperuka, kandi azoba muriwo n’ibitetero vyinshi mubuzima bwiwe bwose إِلَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ عَمَلًا صَٰلِحًا فَأُوْلَٰٓئِكَ يُبَدِّلُ ٱللَّهُ سَيِّـَٔاتِهِمۡ حَسَنَٰتٍۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورًا رَّحِيمًا ٧٠Dukuyemwo uwuzosaba ikigongwe nukwemera nukugira ibikorwa vyiza abo nibo Imana izohindurira amabi yabo kuba ibikorwa vyiza, n’Imana niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije وَمَن تَابَ وَعَمِلَ صَٰلِحًا فَإِنَّهُۥ يَتُوبُ إِلَى ٱللَّهِ مَتَابًا ٧١Nayo uwasavye imbabazi nukugira ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri azoba yasavye izo mbabazi bimwe vy’ukuri ku Mana yiwe وَٱلَّذِينَ لَا يَشۡهَدُونَ ٱلزُّورَ وَإِذَا مَرُّواْ بِٱللَّغۡوِ مَرُّواْ كِرَامًا ٧٢Nabamwe batigeze baba ivyabona vy’ububeshi mugihe bashitse ahantu atakamaro kahari baharengana n’urupfasoni ntangere وَٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَمۡ يَخِرُّواْ عَلَيۡهَا صُمًّا وَعُمۡيَانًا ٧٣Nabamwe bibukijwe amajambo y’Umuremyi wabo ntibayagwako nkakumwe batayumvise canke ari impumyi وَٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا هَبۡ لَنَا مِنۡ أَزۡوَٰجِنَا وَذُرِّيَّٰتِنَا قُرَّةَ أَعۡيُنٍ وَٱجۡعَلۡنَا لِلۡمُتَّقِينَ إِمَامًا ٧٤Nabamwe bavuga bati:- Muremyi wacu, n’uduhe muba tambukanyi bacu hamwe n’ibibondo vyacu ivyo nezereza amaso yacu kandi uduhezagire tube mundongozi ziku gamburukira أُوْلَٰٓئِكَ يُجۡزَوۡنَ ٱلۡغُرۡفَةَ بِمَا صَبَرُواْ وَيُلَقَّوۡنَ فِيهَا تَحِيَّةً وَسَلَٰمًا ٧٥Abo nibo bazoronswa impembo y’amazu agerekeranye kuyandi kubera yuko bihanganye kandi bazoha sangayo urufasoni n’amahoro خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ حَسُنَتۡ مُسۡتَقَرًّا وَمُقَامًا ٧٦Bazobayo mubuzima bwabo bwose n’iyo mw’ijuru nico gituro ciza cukubaho قُلۡ مَا يَعۡبَؤُاْ بِكُمۡ رَبِّي لَوۡلَا دُعَآؤُكُمۡۖ فَقَدۡ كَذَّبۡتُمۡ فَسَوۡفَ يَكُونُ لِزَامَۢا ٧٧Vuga uti:- Umuremyi wanje ntiyari kubitaho iyo hataba ugusenga kwanyu, namwe mwaramaze kubesha, rero mumenye yuko ibihano vyayo bizobafata atagisivya

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.