ملة الإسلام

السورة 15 · 99 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الحجر باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الحجر (1,272 قارئاً)
مكيةسورة الحجر٩٩ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ وَقُرۡءَانٍ مُّبِينٍ ١Alif, Laam, Ra. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Aya majambo ari muri iki gitabu akoranije ibintu bikenewe vyose, nukuvyerekana neza k’umugaragaro رُّبَمَا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ كَانُواْ مُسۡلِمِينَ ٢Kenshi na kenshi bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bazokwipfuza iyo bobaye aba Isilamu ذَرۡهُمۡ يَأۡكُلُواْ وَيَتَمَتَّعُواْ وَيُلۡهِهِمُ ٱلۡأَمَلُۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ٣Nimubareke bafungure kandi binezereze hanyuma bahendwe n’icizero c’ububeshi, mugabo ubu vuba bazotahura وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا وَلَهَا كِتَابٌ مَّعۡلُومٌ ٤Natwe ntitwahoneje igisagara icarico cose atari uko ico gisagara ikiringo caco categekanijwe مَّا تَسۡبِقُ مِنۡ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ ٥Abantu abaribo bose ntibashobora kuba imbere y’isanganya ryabo, canke ntibashobora guteba mugihe umwanya wabo wageze وَقَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِي نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ إِنَّكَ لَمَجۡنُونٌ ٦Baravuze bati:- ewe wamanuriwe ubutumwa, mu vy’ukuri wewe uri umusazi لَّوۡمَا تَأۡتِينَا بِٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ ٧Mbega ni kuki utatuzanira abo bamarayika bokuduhonya niyaba ari mubantu bavugisha ukuri مَا نُنَزِّلُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَمَا كَانُوٓاْ إِذًا مُّنظَرِينَ ٨Twebwe ntitumanura Abamarayika atari k’ukuri, aho rero ntibazohabwa ikiringo إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا ٱلذِّكۡرَ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ ٩Mu vy’ukuri nitwebwe twamanuye ubu butumwa ariyo Qur’ani nyeranda kandi mu vy’ukuri nitwebwe tuzoyakingira وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي شِيَعِ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٠Ntankeka twarazanye intumwa z’Imana imbere yabo iri mumirwi y’abantu bari imbere وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ١١Kandi ntibashikiwe n’intumwa y’Imana iyariyo yose atari uko bayikengereye كَذَٰلِكَ نَسۡلُكُهُۥ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ١٢Ni nk’uku twinjiza mumitima yaba bahakanyi b’Imana لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَقَدۡ خَلَتۡ سُنَّةُ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٣Ntibemera ibi vyose mugihe yaho bahitiwe n’uburorero bw’abantu baho hambere yabo وَلَوۡ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَابًا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَظَلُّواْ فِيهِ يَعۡرُجُونَ ١٤Iyo tubugurira abo bahakanyi b’Imana umuryango w’ijuru bakaguma baduga لَقَالُوٓاْ إِنَّمَا سُكِّرَتۡ أَبۡصَٰرُنَا بَلۡ نَحۡنُ قَوۡمٌ مَّسۡحُورُونَ ١٥Rero bari kuvuga bati:- amaso yacu yarozwe, ahubwo twebwe turi mu bantu barozwe وَلَقَدۡ جَعَلۡنَا فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجًا وَزَيَّنَّٰهَا لِلنَّٰظِرِينَ ١٦Mu vy’ukuri twashize mw’Ijuru ibituro nugushariza kubera abantu baziraba وَحَفِظۡنَٰهَا مِن كُلِّ شَيۡطَٰنٍ رَّجِيمٍ ١٧Tukaba tuzikingiye n’amashetani aguma yirukanwa إِلَّا مَنِ ٱسۡتَرَقَ ٱلسَّمۡعَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٌ مُّبِينٌ ١٨Mugabo uwumviriza inkuru munzira z’ubusuma, rero aca akurikirwa n’igishirira c’umukomezwa kiboneka neza وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ شَيۡءٍ مَّوۡزُونٍ ١٩N’Isi twarayishashe no muriyo tuyishira mwo imisozi nuku nagishamwo ibintu vyose kurugero rwaco وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَ وَمَن لَّسۡتُمۡ لَهُۥ بِرَٰزِقِينَ ٢٠Twaraba giriye muriyo ibintu vy’ubuzima bwanyu nivy’ubuzima bwabarya mutunze mwebwe ataco mubaha kubijanye n’imigisha وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا عِندَنَا خَزَآئِنُهُۥ وَمَا نُنَزِّلُهُۥٓ إِلَّا بِقَدَرٍ مَّعۡلُومٍ ٢١Ntakintu nakimwe atari uko amamuko yaco ava muri twebwe, kandi ntitukimanura atari kurugero rukwiye وَأَرۡسَلۡنَا ٱلرِّيَٰحَ لَوَٰقِحَ فَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَسۡقَيۡنَٰكُمُوهُ وَمَآ أَنتُمۡ لَهُۥ بِخَٰزِنِينَ ٢٢Kandi tuzana imiyaga yuzuye mwo urume nukumanura amazi y’imvura avuye muri ivyo bicu, hanyuma tukaba nywesha kuriyo kandi si mwebwe muyashiraho وَإِنَّا لَنَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَنَحۡنُ ٱلۡوَٰرِثُونَ ٢٣Ni twebwe turema kandi tukica, natwe ni twebwe basirwa وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَقۡدِمِينَ مِنكُمۡ وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَـٔۡخِرِينَ ٢٤Kandi turabazi abatangura muri mwebwe kandi turabazi abacererwa وَإِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَحۡشُرُهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٌ ٢٥Ntankeka Umuremyi wawe niwe azobegeranya, mu vy’ukuri niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٍ مِّنۡ حَمَإٍ مَّسۡنُونٍ ٢٦Twararemye ikiremwa muntu tumukuye mw’ivu ryumutse rifise n’ijwi, rivuye muvyondo vyirabura vyavunditswe وَٱلۡجَآنَّ خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ مِن نَّارِ ٱلسَّمُومِ ٢٧N’ibisigo twabiremye imbere yaho, mu muriro w’umuyaga w’ubushuhe bwinshi cane وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرًا مِّن صَلۡصَٰلٍ مِّنۡ حَمَإٍ مَّسۡنُونٍ ٢٨N’Umuremyi wawe igihe yabwira Abamarayika biwe ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo vyirabura bivunditswe فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ ٢٩Ninaheza kumurema nukumuhuheramwo umutima uvuye iwanje, rero nimu murweko nukumu gamburukira فَسَجَدَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ ٣٠Rero abamarayika bose hamwe bara gamburuka إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰٓ أَن يَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ ٣١Dukuyemwo uwitwa Ibilisi niwe yanse kuba hamwe naba gamburutse قَالَ يَٰٓإِبۡلِيسُ مَا لَكَ أَلَّا تَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ ٣٢Imana yavuze iti:- ewe Ibilisi vyabaye gute kutabaye hamwe naba gamburutse قَالَ لَمۡ أَكُن لِّأَسۡجُدَ لِبَشَرٍ خَلَقۡتَهُۥ مِن صَلۡصَٰلٍ مِّنۡ حَمَإٍ مَّسۡنُونٍ ٣٣Shetani imwishura iti:- jewe sinshobora kugamburukira umuntu waremye mw’ivu ryumutse rifise ijwi rivuye muvyondo bivunze قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٌ ٣٤Imana ivuga iti:- nuve ngaho mugihe wirukanywe nukuba kure y’imigisha yose وَإِنَّ عَلَيۡكَ ٱللَّعۡنَةَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ ٣٥Kandi mu vy’ukuri bizoba kuri wewe harimwo umuvumo kugeza k’umusi w’imperuka قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ ٣٦Shetani yishura iti:- Muremyi wanje numpe umwanya kugeza k’umusi bazozurwa abantu bose قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ ٣٧Imana yishura iti:- mu vy’ukuri wewe uri mubaronse ikibanza إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ ٣٨Kugeza k’umusi w’umwanya wagenewe ushitse niho uzosandaba قَالَ رَبِّ بِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأُزَيِّنَنَّ لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٣٩Nayo yishura iti:- Muremyi wanje kubera yuko wanciriye urubanza rw’ukuzimira, nanje nzobaryosha ryosha aba bantu kuri iy’Isi nze ndabazimize bose إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ ٤٠Dukuyemwo abantu bawe beranda bisukuye neza naneza قَالَ هَٰذَا صِرَٰطٌ عَلَيَّ مُسۡتَقِيمٌ ٤١Imana ivuga iti:- iyi nzira yabo niyukuza iwanje kandi igororotse إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٌ إِلَّا مَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ ٤٢Mu vy’ukuri abantu banje, wewe ntabushobozi uzoba ufise kuribo, atari bamwe bagukurikira muri abo bazimiye وَإِنَّ جَهَنَّمَ لَمَوۡعِدُهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٤٣Kandi ntankeka umuriro udahera witiriwe Jahannamu nibwo bwicaro bwabo bemerewe bose لَهَا سَبۡعَةُ أَبۡوَٰبٍ لِّكُلِّ بَابٍ مِّنۡهُمۡ جُزۡءٌ مَّقۡسُومٌ ٤٤Uwo muriro ufise imiryango indwi, no kumuryango umw’umwe hariho ahantu hagabuwe إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٍ وَعُيُونٍ ٤٥Mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’amasoko y’amazi y’umusarara ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٍ ءَامِنِينَ ٤٦Nimuyinjiremwo n’amahoro ntangere وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلٍّ إِخۡوَٰنًا عَلَىٰ سُرُرٍ مُّتَقَٰبِلِينَ ٤٧Kandi tuzokuramwo amafundo yari mubikiriza vyabo, kandi bazoba abavandimwe bakundana bicaye hejuru y’inyegano zacami barabana لَا يَمَسُّهُمۡ فِيهَا نَصَبٌ وَمَا هُم مِّنۡهَا بِمُخۡرَجِينَ ٤٨Ntibazo korwako n’ingorane, canke ngo bakurwemwo ۞ نَبِّئۡ عِبَادِيٓ أَنِّيٓ أَنَا ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ ٤٩Babwire abantu banje yuko jewe mfise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije ۞ وَأَنَّ عَذَابِي هُوَ ٱلۡعَذَابُ ٱلۡأَلِيمُ ٥٠Mu vy’ukuri ibihano vyanje n’ibihano bibabaza cane bimwe vy’akarorero وَنَبِّئۡهُمۡ عَن ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٥١Kandi ubabwire inkuru z’abashitsi b’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمًا قَالَ إِنَّا مِنكُمۡ وَجِلُونَ ٥٢Mugihe binjira munzu yiwe nukumuramutsa bavuze bati:- amahoro y’Imana abe kuri twese, nawe abishura nkuko nyene hanyuma aca avuga ati:- mu vy’ukuri twebwe turabinuvye قَالُواْ لَا تَوۡجَلۡ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٍ ٥٣Nabo bamwishura bati:- ntugire ubwoba twebwe tugufitiye inkuru nziza yuko uzokwibaruka ikibondo gifise ubumenyi buhanitse قَالَ أَبَشَّرۡتُمُونِي عَلَىٰٓ أَن مَّسَّنِيَ ٱلۡكِبَرُ فَبِمَ تُبَشِّرُونَ ٥٤Nawe abishura ati:- munzaniye iyi nkuru mugihe namaze kuba umusaza, none n’iyihe nzira mumpaye y’izi nkuru nziza قَالُواْ بَشَّرۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡقَٰنِطِينَ ٥٥Nabo bamwishura bati:- tuguhaye iyi nkuru nziza y’ukuri, rero ntube mu bantu badebukirwa قَالَ وَمَن يَقۡنَطُ مِن رَّحۡمَةِ رَبِّهِۦٓ إِلَّا ٱلضَّآلُّونَ ٥٦Nawe abishura ati:- ni nde adebukirwa kumigisha y’Umuremyi wiwe atari mu bantu bazimiye قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ ٥٧Yishura ati:- none ico mwipfuza n’igiki mwebwe mwatugendeye قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٍ مُّجۡرِمِينَ ٥٨Nabo bamwishura bati:- mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kuri ba bantu bacumuye إِلَّآ ءَالَ لُوطٍ إِنَّا لَمُنَجُّوهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٥٩Dukuye mwo abakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii), ntankeka twebwe tuzoba rokora uko bangana bose إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَآ إِنَّهَا لَمِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ ٦٠Dukuye mwo umukenyezi wiwe, niwe twibaza yuko yoba ari mu bantu bazo kwicara inyuma ya bose فَلَمَّا جَآءَ ءَالَ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ٦١Izo ntumwa mugihe zashika ku bantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii) bafise ishusho ry’abantu قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٌ مُّنكَرُونَ ٦٢Lutwi (iii) yavuze ati:- mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu mutazwi kandi nanje sindabazi قَالُواْ بَلۡ جِئۡنَٰكَ بِمَا كَانُواْ فِيهِ يَمۡتَرُونَ ٦٣Baca bishura bati:- twebwe tukuzaniye bimwe muvyo bahora bagirira ko amakenga وَأَتَيۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ ٦٤Dushitse iwawe n’ukuri, mu vy’ukuri twebwe turi muba vugisha ukuri فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٍ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَٱتَّبِعۡ أَدۡبَٰرَهُمۡ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٌ وَٱمۡضُواْ حَيۡثُ تُؤۡمَرُونَ ٦٥Rero nugende n’abantu bawe mugice c’ijoro nawe ubakurikire inyuma yanyu ntihagire umwe muri mwebwe ahindukira inyuma, hanyuma mugende mutumbera iyo mwategetswe kuja وَقَضَيۡنَآ إِلَيۡهِ ذَٰلِكَ ٱلۡأَمۡرَ أَنَّ دَابِرَ هَٰٓؤُلَآءِ مَقۡطُوعٌ مُّصۡبِحِينَ ٦٦Hanyuma tumucira intumwa y’Imana Lutwi (iii) kuri rya jambo yuko imizi yabo izocibwa mugitondo وَجَآءَ أَهۡلُ ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡتَبۡشِرُونَ ٦٧Haca haza abantu bo mugisagara banezerewe قَالَ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ ضَيۡفِي فَلَا تَفۡضَحُونِ ٦٨Intumwa y’Imana Lutwi (iii) yavuze iti:- mu vy’ukuri aba n’abashitsi banje ntimuntetereze وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ ٦٩Kandi mutinye Imana yanyu ntimunkengere قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ نَنۡهَكَ عَنِ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٧٠Bavuga bati:- mbega twebwe ntitwakubujije kwakira abantu قَالَ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِيٓ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ ٧١Yavuze ati:- aba bose n’abigeme banje nimwaba mwebwe muri mubagira ibikorwa لَعَمۡرُكَ إِنَّهُمۡ لَفِي سَكۡرَتِهِمۡ يَعۡمَهُونَ ٧٢Ndarahiye k’ubuzima bwawe mu vy’ukuri abo bantu bari mububorerwe bwabo bataya taya hirya no hino فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُشۡرِقِينَ ٧٣Mumwanya ibihano biraba fata mugihe izuba ryaseruka فَجَعَلۡنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةً مِّن سِجِّيلٍ ٧٤Hanyuma duca tugira ivyo bisagara kuba hasi hejuru, hanyuma tubashungurira imvura y’isegenya irimwo ivyondo vyo mumuriro udahera إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّلۡمُتَوَسِّمِينَ ٧٥Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icirwa ku bantu bapima ibintu n’ibindi وَإِنَّهَا لَبِسَبِيلٍ مُّقِيمٍ ٧٦N’ibi bisagara twahoneje biri munzira bacamwo mumwanya wose إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةً لِّلۡمُؤۡمِنِينَ ٧٧Ntankeka muri ibi vyose harimwo icirwa kubantu bemera Imana yabo y’ukuri وَإِن كَانَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ لَظَٰلِمِينَ ٧٨Mu vy’ukuri abantu bo mumashamba bari mubahemukiye imitima yabo فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ وَإِنَّهُمَا لَبِإِمَامٍ مُّبِينٍ ٧٩Kuri ivyo twarabahanye, n’ibi bisagara uko ari bibiri vyari munzira ziboneka neza وَلَقَدۡ كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡحِجۡرِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ ٨٠Ntankeka abantu bo mugisagara c’Amabuye barahakanye intumwa z’Imana وَءَاتَيۡنَٰهُمۡ ءَايَٰتِنَا فَكَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ ٨١Twarabahaye impanuro zacu mugabo ntibazitaho وَكَانُواْ يَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا ءَامِنِينَ ٨٢Nabo bahora babaza amazu yabo ari mumisozi mumahoro ntangere فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُصۡبِحِينَ ٨٣Rero akaruru k’ibihano karabashikiye mugitondo cakare فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ٨٤Ntaco vyabamariye muvyo bahora bagira وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَأٓتِيَةٌۖ فَٱصۡفَحِ ٱلصَّفۡحَ ٱلۡجَمِيلَ ٨٥Natwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose atari uko ari ivy’ukuri, kandi ntankeka umusi w’imperuka uzoshika, rero nugire c’ikigongwe ciza kuwukugiriye inabi, impembo yanyu muzoyisanga k’umusi w’imperuka إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلۡخَلَّٰقُ ٱلۡعَلِيمُ ٨٦Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe muremyi wa vyose kandi niwe afise ubumenyi buhagije وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ سَبۡعًا مِّنَ ٱلۡمَثَانِي وَٱلۡقُرۡءَانَ ٱلۡعَظِيمَ ٨٧Twaguhaye aya majambo y’Imana meranda uko ari indwi asomwa umwanya uwariwo wose, nukuguha iyi Qur’ani ntagatifu ikwiye لَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجًا مِّنۡهُمۡ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِلۡمُؤۡمِنِينَ ٨٨Ntukwege amaso yawe mukuraba muvyo twanejereje imirwi itandukanye yabo bansi b’Imana, kandi ntubagirire agahinda kandi wunamike ibaba ryawe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri وَقُلۡ إِنِّيٓ أَنَا ٱلنَّذِيرُ ٱلۡمُبِينُ ٨٩Kandi uvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mubantu batuza mbonekana neza k’umugaragaro كَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَى ٱلۡمُقۡتَسِمِينَ ٩٠Nkuko twabamanuriye ibihano bose tubitandukanije mumirwi n’iyindi ٱلَّذِينَ جَعَلُواْ ٱلۡقُرۡءَانَ عِضِينَ ٩١Abagize iyi Qur’ani ntagatifu kuba ariryo koraniro ry’ububeshi فَوَرَبِّكَ لَنَسۡـَٔلَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٩٢Nivyo, ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko uko tuzoba baza abantu bose k’umusi w’imperuka عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ ٩٣Kuvyo bahora bagira vyose فَٱصۡدَعۡ بِمَا تُؤۡمَرُ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ٩٤Rero bimenyeshe ivyo wategetswe kugira, kandi ube kure n’ibikorwa vyabagereranya Imana n’ibindi bintu إِنَّا كَفَيۡنَٰكَ ٱلۡمُسۡتَهۡزِءِينَ ٩٥Mu vy’ukuri twebwe turaguhagije mukugu kingira n’ivyo bafata minenerwe ٱلَّذِينَ يَجۡعَلُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۚ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ٩٦Abagira Imana hamwe n’izindi Mana z’ibintazi, rero ubu vuba bazotahura neza وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّكَ يَضِيقُ صَدۡرُكَ بِمَا يَقُولُونَ ٩٧Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko igikiriza cawe cugarijwe n’ivyo bivugira فَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ وَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ ٩٨Nutakambire Umuremyi wawe hamwe n’ukuyihayaza, kandi ube muba yipfukamira bashize imitwe yabo hasi وَٱعۡبُدۡ رَبَّكَ حَتَّىٰ يَأۡتِيَكَ ٱلۡيَقِينُ ٩٩Kandi usenge Umuremyi wawe kugeza aho uzoshikirwa n’urupfu. Igisomwa c’Inzuki. Ikigabane ca (14). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.