ملة الإسلام

السورة 76 · 31 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الإنسان باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الإنسان (1,366 قارئاً)
مدنيةسورة الإنسان٣١ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

هَلۡ أَتَىٰ عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ حِينٌ مِّنَ ٱلدَّهۡرِ لَمۡ يَكُن شَيۡـًٔا مَّذۡكُورًا ١Mu vy’ukuri ikiremwa muntu carahitiwe n’umwanya muremure w’imyaka myinshi kita raba ikintu na kimwe kivurwa kuri we إِنَّا خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٍ أَمۡشَاجٍ نَّبۡتَلِيهِ فَجَعَلۡنَٰهُ سَمِيعَۢا بَصِيرًا ٢Mu vy’ukuri twaremye umuntu biturutse kumbuto y’ubuzima ivanzwe ni y’umugabo hamwe ni y’umugore, kugira ngo tumugirire ibibazo, kuri ivyo tumugira uwumva n’ukubona إِنَّا هَدَيۡنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرًا وَإِمَّا كَفُورًا ٣Mu vy’ukuri twebwe twara murongoye mu nzira zose azoba arimwo aba uwushima canke uwuhakana إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَاْ وَأَغۡلَٰلًا وَسَعِيرًا ٤Mu vy’ukuri twebwe twaraba teguriye abahakanyi b’Imana y’ukuri, iminyororo hamwe n’imigozi y’umuriro ukaze cane إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ يَشۡرَبُونَ مِن كَأۡسٍ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا ٥Mu vy’ukuri abantu beranda bazonywa ibinyobwa bivanzwe mwo n’akamoto kitiriwe Kafuri عَيۡنًا يَشۡرَبُ بِهَا عِبَادُ ٱللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفۡجِيرًا ٦Iyo Kafuri n’umwonga uzonywa mwo abantu beranda b’Imana ukazo shunguruka mwo amazi afise ishunguruka ryiza nkuko bipfuza يُوفُونَ بِٱلنَّذۡرِ وَيَخَافُونَ يَوۡمًا كَانَ شَرُّهُۥ مُسۡتَطِيرًا ٧Abo bantu ni bamwe bakwijije ibikenewe vyabo n’ugutinya umusi w’ishari ryawo uzo kwiragira hose وَيُطۡعِمُونَ ٱلطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ مِسۡكِينًا وَيَتِيمًا وَأَسِيرًا ٨Naba gaburira ibi fungurwa aboro hamwe n’impfuvyi hamwe n’imbohe, mugihe nabo ku bwabo bakunda ivyo bifungurwa إِنَّمَا نُطۡعِمُكُمۡ لِوَجۡهِ ٱللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمۡ جَزَآءً وَلَا شُكُورًا ٩Mu mitima yabo bavuga bati:- tuba risha ibi bifungurwa kugushaka impuhwe z’Imana gusa, kuko ntidushaka kuri mwebwe impembo iyariyo yose canke yuko mwodushimira إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوۡمًا عَبُوسًا قَمۡطَرِيرًا ١٠Mu vy’ukuri twebwe dutinya ku Muremyi wacu uwo musi w’ingorane n’uburuhe فَوَقَىٰهُمُ ٱللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمِ وَلَقَّىٰهُمۡ نَضۡرَةً وَسُرُورًا ١١Mu vy’ukuri Imana izoba kingira n’ishari ryuwo musi n’ukuba huza n’imigisha yayo hamwe n’akanya muneza ntangere وَجَزَىٰهُم بِمَا صَبَرُواْ جَنَّةً وَحَرِيرًا ١٢Imana izo baha akaganuke k’imirima yo mw’ijuru hamwe n’impuzu zihwahutse kubera ukwigumya kwabo مُّتَّكِـِٔينَ فِيهَا عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِۖ لَا يَرَوۡنَ فِيهَا شَمۡسًا وَلَا زَمۡهَرِيرًا ١٣Iyo mw’ijuru bazo kwegamira kunyegamo z’iteka, nti bazobona yo izuba rikaze cane , canke imbeho ikaze cane kuribo وَدَانِيَةً عَلَيۡهِمۡ ظِلَٰلُهَا وَذُلِّلَتۡ قُطُوفُهَا تَذۡلِيلًا ١٤N’ibitutu vyayo bizoba biri hafi cane kuri bo, hamwe n’ivyamwa vyegeranye kubindi bishunguruka bigerekeranye kubindi kugera hasi وَيُطَافُ عَلَيۡهِم بِـَٔانِيَةٍ مِّن فِضَّةٍ وَأَكۡوَابٍ كَانَتۡ قَوَارِيرَا۠ ١٥Bazo cishirizwa ibikoresho vy’umwakaka hamwe n’ibikombe bibonerana قَوَارِيرَاْ مِن فِضَّةٍ قَدَّرُوهَا تَقۡدِيرًا ١٦N’ibirahuri vy’umwakaka vyujujwe kurugero rumwe rukwiye وَيُسۡقَوۡنَ فِيهَا كَأۡسًا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا ١٧Iyo mw’ijuru bazonyweshwa ibinyobwa bivanzwe mwo n’ikirungo citiriwe Tangawizi عَيۡنًا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلۡسَبِيلًا ١٨Urwo n’uruzi ruri mw’ijuru rwitiriwe Sal’sabila ۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٌ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيۡتَهُمۡ حَسِبۡتَهُمۡ لُؤۡلُؤًا مَّنثُورًا ١٩Bazo kikuzwa n’imisore isharije, ubabonye womengo n’ubutare bwitiriwe Ilulu za sanzajwe وَإِذَا رَأَيۡتَ ثَمَّ رَأَيۡتَ نَعِيمًا وَمُلۡكًا كَبِيرًا ٢٠Ubonye ibirimwo, uzoca ubona imigisha hamwe n’ubwami bw’Imana bunini cane عَٰلِيَهُمۡ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضۡرٌ وَإِسۡتَبۡرَقٌۖ وَحُلُّوٓاْ أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٍ وَسَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ شَرَابًا طَهُورًا ٢١Hejuru yabo barafise impuzu zihwahutse z’ibara ry’urwatsi rubisi, hamwe n’izindi zihwahutse ziremereye gatoyi, kandi bazokwambikwa ingori z’umwakaka, n’Umuremyi wabo azoba nywesha ibinyobwa vyiza cane إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمۡ جَزَآءً وَكَانَ سَعۡيُكُم مَّشۡكُورًا ٢٢Mu vy’ukuri iyi niyo mpembo yanyu yibijanye n’ibikorwa vyanyu vyemewe إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ تَنزِيلًا ٢٣Mu vy’ukuri twebwe twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu ibice bice فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعۡ مِنۡهُمۡ ءَاثِمًا أَوۡ كَفُورًا ٢٤Rero n’urindire intahe y’Umuremyi wawe, kandi ntugamburukire umwe muribo mubagira ibicumuro canke uwuhakana Imana yiwe y’ukuri وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ بُكۡرَةً وَأَصِيلًا ٢٥Ni wibuke izina ry’Umuremyi wawe mu gitondo no ku mugoroba وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَٱسۡجُدۡ لَهُۥ وَسَبِّحۡهُ لَيۡلًا طَوِيلًا ٢٦Mw’ijoro naho uyunamire ushize umutwe wawe hasi, kandi uyi ninahaze mw’ijoro mumwanya muremure إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ يُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَآءَهُمۡ يَوۡمًا ثَقِيلًا ٢٧Mu vy’ukuri aba bantu bikundira ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa, n’ugusiga inyuma yabo umusi ugoye cane kuribo نَّحۡنُ خَلَقۡنَٰهُمۡ وَشَدَدۡنَآ أَسۡرَهُمۡۖ وَإِذَا شِئۡنَا بَدَّلۡنَآ أَمۡثَٰلَهُمۡ تَبۡدِيلًا ٢٨Twebwe twabaremye n’ugushira mwo ubushobozi mubihimba vy’imibiri yabo, dushatse twoshobora kuzana abandi bantu atari bo bameze nkabo إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٌۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا ٢٩Mu vy’ukuri iki n’icibutso, rero kuwushaka azofata inzira imushikana ku Muremyi wiwe وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمًا ٣٠Kandi ntimushobora gushaka icarico cose Imana itabishatse, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije يُدۡخِلُ مَن يَشَآءُ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ وَٱلظَّٰلِمِينَ أَعَدَّ لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمَۢا ٣١Yinjiza uwo yishakiye mu migisha yayo, naba hemukiye imitima yabo yarabateguriye ibihano bibabaza cane

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.