ملة الإسلام

السورة 74 · 56 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة المدثر باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة المدثر (1,220 قارئاً)
مكيةسورة المدثر٥٦ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُدَّثِّرُ ١Wewe wipfutse amahuzu قُمۡ فَأَنذِرۡ ٢Haguruka utuze abantu وَرَبَّكَ فَكَبِّرۡ ٣Uninahaze Umuremyi wawe وَثِيَابَكَ فَطَهِّرۡ ٤Usukure n’impuzu zawe وَٱلرُّجۡزَ فَٱهۡجُرۡ ٥N’amabi yose ntuyiteho وَلَا تَمۡنُن تَسۡتَكۡثِرُ ٦Kandi ntugire ineza kubiremwa kugira ngo uronke umusesekara w’amaronko ngaha kw’isi وَلِرَبِّكَ فَٱصۡبِرۡ ٧Kubera Umuremyi wawe, wewe niwigumye gusa فَإِذَا نُقِرَ فِي ٱلنَّاقُورِ ٨Niha vuzwa inzamba y’umuhero w’isi فَذَٰلِكَ يَوۡمَئِذٍ يَوۡمٌ عَسِيرٌ ٩Kuri uwo musi uzoba ari umusi uhambaye cane عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ غَيۡرُ يَسِيرٍ ١٠Kubahakanyi b’Imana y’ukuri, uwo musi ntuzoba woroshe kuribo namba ذَرۡنِي وَمَنۡ خَلَقۡتُ وَحِيدًا ١١Jewe n’undeke hamwe nuwo niremeye jewe nyene وَجَعَلۡتُ لَهُۥ مَالًا مَّمۡدُودًا ١٢Ndamuhezagire aronke amatungo menshi وَبَنِينَ شُهُودًا ١٣N’ibibondo biboneka ahariho hose وَمَهَّدتُّ لَهُۥ تَمۡهِيدًا ١٤Ndamugirira ibintu vyiwe neza cane ثُمَّ يَطۡمَعُ أَنۡ أَزِيدَ ١٥Hanyuma yizera yuko nzomwongereza كـَلَّآۖ إِنَّهُۥ كَانَ لِأٓيَٰتِنَا عَنِيدًا ١٦Oya! Mu vy’ukuri yahora ahakana amajambo yacu meranda سَأُرۡهِقُهُۥ صَعُودًا ١٧Rero nzo muhana n’ibihano bininiya cane إِنَّهُۥ فَكَّرَ وَقَدَّرَ ١٨Mu vy’ukuri yariyumviriye n’ugupima فَقُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ ١٩Arahonywa, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani ثُمَّ قُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ ٢٠Kandi yarahonejwe, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani ثُمَّ نَظَرَ ٢١Hanyuma yaritegereje ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ ٢٢Hanyuma arazinga mumaso yiwe kugeza naho haboneka iminkanyari ثُمَّ أَدۡبَرَ وَٱسۡتَكۡبَرَ ٢٣Hanyuma ukuri aguha umugongo wiwe n’ukwishima cane فَقَالَ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٌ يُؤۡثَرُ ٢٤N’ukuvuga ati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi bwabuwe إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا قَوۡلُ ٱلۡبَشَرِ ٢٥Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amajambo y’umuntu asanzwe سَأُصۡلِيهِ سَقَرَ ٢٦Ubu vuba nzomuta mu muriro udahera وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سَقَرُ ٢٧None n’igiki kizo kumenyesha uwo muriro udahera لَا تُبۡقِي وَلَا تَذَرُ ٢٨Udasigaza nico usigaza لَوَّاحَةٌ لِّلۡبَشَرِ ٢٩Uwo muriro nuwu babura urukoba rimwe na rimwe عَلَيۡهَا تِسۡعَةَ عَشَرَ ٣٠Hejuru yuwo muriro udahera hariho abawucungera bashika kw’icumi n’icenda وَمَا جَعَلۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ إِلَّا مَلَٰٓئِكَةًۖ وَمَا جَعَلۡنَا عِدَّتَهُمۡ إِلَّا فِتۡنَةً لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيَسۡتَيۡقِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَيَزۡدَادَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِيمَٰنًا وَلَا يَرۡتَابَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَلِيَقُولَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ وَٱلۡكَٰفِرُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلًاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَمَا يَعۡلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡبَشَرِ ٣١Ntitwashizeho abacungera uwo muriro udahera atari abamarayika, kandi ntitwagize igitigiri cabo cumi n’icenda atari uko ari ikibazo kuri barya bahakanye Imana yabo y’ukuri kugira ngo bashirwe n’abahawe ibitabu imbere yanyu, n’abemeye Imana yabo y’ukuri bagumane ukwemera kwabo, kandi ntibagire amakenga bamwe bahawe igitabu imbere yanyu canke aba Isilamu n’abazoba bafise indwara mu mitima yabo hamwe n’abahakanye Imana yabo y’ukuri baze bavuge bati:- Imana yashatse kugira iki kuri kano karorero? Uku rero niko Imana ireka umuntu akazimira kuwo yishakiye n’ukurongora uwo yishakiye, kandi nta numwe afise ubumenyi bw’ukumenya ingabo z’Umuremyi wawe atariyo yonyene gusa, kandi ntivyari kuba atari ikimenyetso kubiremwa vyose كـَلَّا وَٱلۡقَمَرِ ٣٢Sivyo none ? Ndarahiye k’ukwezi وَٱلَّيۡلِ إِذۡ أَدۡبَرَ ٣٣N’Ijoro rikeye وَٱلصُّبۡحِ إِذَآ أَسۡفَرَ ٣٤No mugitondo hakeye إِنَّهَا لَإِحۡدَى ٱلۡكُبَرِ ٣٥Mu vy’ukuri uwo muriro udahera n’umwe mungorane niniya zihambaye cane نَذِيرًا لِّلۡبَشَرِ ٣٦N’igabisho ku bantu لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَتَقَدَّمَ أَوۡ يَتَأَخَّرَ ٣٧K’uwushaka muri mwebwe n’atanguze kuja imbere canke aje inyuma كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ رَهِينَةٌ ٣٨Umutima w’umwumwe wese uzo kwugaranirwa mu muriro udahera kubera ibikorwa bibi wakoze إِلَّآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡيَمِينِ ٣٩Dukuye mwo abantu b’iburyo فِي جَنَّٰتٍ يَتَسَآءَلُونَ ٤٠Abo bantu bazoba mu mirima babazanya عَنِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ٤١Kubera abantu babi مَا سَلَكَكُمۡ فِي سَقَرَ ٤٢N’ikintu nyabaki cabatwaye mu muriro udahera قَالُواْ لَمۡ نَكُ مِنَ ٱلۡمُصَلِّينَ ٤٣Bazo vuga bati:- ntitwari mu bantu bahora basenga وَلَمۡ نَكُ نُطۡعِمُ ٱلۡمِسۡكِينَ ٤٤Kandi ntitwahora duha abakene ibifungugwa وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ ٱلۡخَآئِضِينَ ٤٥Kandi twahora twibira mu bicumuro hamwe n’abahora bibira وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ ٤٦Kandi twahora duhakana yuko ata musi w’uguciribwa imanza حَتَّىٰٓ أَتَىٰنَا ٱلۡيَقِينُ ٤٧Kugeza n’aho dushikirwa n’urupfu فَمَا تَنفَعُهُمۡ شَفَٰعَةُ ٱلشَّٰفِعِينَ ٤٨Ntaco bizofasha uko gusaba kw’abasabira abaribo bose فَمَا لَهُمۡ عَنِ ٱلتَّذۡكِرَةِ مُعۡرِضِينَ ٤٩Mbega bafise iki ? Ntibitaho kuri rino tuza كَأَنَّهُمۡ حُمُرٌ مُّسۡتَنفِرَةٌ ٥٠Nkuko umengo n’indogobwe zigenda ningoga na ningoga فَرَّتۡ مِن قَسۡوَرَةِۭ ٥١Ziruka nk’intare بَلۡ يُرِيدُ كُلُّ ٱمۡرِيٍٕ مِّنۡهُمۡ أَن يُؤۡتَىٰ صُحُفًا مُّنَشَّرَةً ٥٢Umwe wese muribo agomba yuko ahabwa impapuro zizoba zanditswe ko كـَلَّاۖ بَل لَّا يَخَافُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ ٥٣Oya! kuri bo ntibatinya umuhero w’Isi كـَلَّآ إِنَّهُۥ تَذۡكِرَةٌ ٥٤Oya ! Si uko, mu vy’ukuri ubwo n’ubwibutso فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ ٥٥Rero uwushaka azokwibuka وَمَا يَذۡكُرُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ هُوَ أَهۡلُ ٱلتَّقۡوَىٰ وَأَهۡلُ ٱلۡمَغۡفِرَةِ ٥٦Ntibazo kwibuka atari uko Imana yabishatse, kuko niyo ikwiwe gutinywa n’ukugira imbabazi

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.