ملة الإسلام

السورة 83 · 36 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة المطففين باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة المطففين (1,318 قارئاً)
مكيةسورة المطففين٣٦ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

وَيۡلٌ لِّلۡمُطَفِّفِينَ ١Uguhonywa kw’abantu kuzoba shikira kuba zimba abandi ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكۡتَالُواْ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسۡتَوۡفُونَ ٢Mugihe bipimiye ku bantu bakira ibipimo bikwiye وَإِذَا كَالُوهُمۡ أَو وَّزَنُوهُمۡ يُخۡسِرُونَ ٣Mugabo bapimiye abantu kumagemeri canke kuminzani baca bagabanya ko أَلَا يَظُنُّ أُوْلَٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبۡعُوثُونَ ٤Mbega ntibiyumvira yuko bazo zurwa لِيَوۡمٍ عَظِيمٍ ٥K’umusi uzoba ari umusi mukuru يَوۡمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٦K’umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Umuremyi w’ibiremwa vyose كـَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٍ ٧None sivyo, mu vy’ukuri inyandiko z’abantu babi ziri mu gitabu citiriwe Sijjini وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سِجِّينٌ ٨None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha ico gitabu citiriwe Sijjini y’uko ari ikintu nyabaki كِتَٰبٌ مَّرۡقُومٌ ٩N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu babi وَيۡلٌ يَوۡمَئِذٍ لِّلۡمُكَذِّبِينَ ١٠Kuri uwo musi ibihano bikaze cane bizoshikira ku bantu bahakana ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ ١١Abahakana umusi w’impembo وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ ١٢Kandi ntawuhakana atari uwarenze imbibe zagenywe n’Imana, kandi bafise ibicumuro إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٣Asomewe amajambo yacu matagatifu aca avuga ati:- izo n’ingeso z’abantu baho hambere كـَلَّاۖ بَلۡۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ ١٤None sivyo ! Ahubwo bashize ku mitima yabo ingutu kumabi bahora bagira كـَلَّآ إِنَّهُمۡ عَن رَّبِّهِمۡ يَوۡمَئِذٍ لَّمَحۡجُوبُونَ ١٥None si uko ! mu vy’ukuri bazo hagarikwa kuri uwo musi w’imperuka n’Umuremyi wabo ثُمَّ إِنَّهُمۡ لَصَالُواْ ٱلۡجَحِيمِ ١٦Hanyuma bazokwinjira mu muriro udahera ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ ١٧Hanyuma babwirwe bati :- ibi nivyo mwahora muhakana كـَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡأَبۡرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ ١٨None sivyo ! mu vy’ukuri inzandiko z’abantu beranda ziri mugitabu citiriwe Iliyyiin وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ ١٩None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha kugira ngo umenye iyo Iliyyin yuko ari ikintu nyabaki كِتَٰبٌ مَّرۡقُومٌ ٢٠N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu beranda يَشۡهَدُهُ ٱلۡمُقَرَّبُونَ ٢١Ababibona ni barya batumire batumiwe n’Imana إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ ٢٢Mu vy’ukuri abagira ineza bazoba bari mu migisha myiza ntangere عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ ٢٣Bicare kunyegamo z’iteka barabana تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِهِمۡ نَضۡرَةَ ٱلنَّعِيمِ ٢٤Uzobona ibimenyetso vy’imigisha ku maso yabo يُسۡقَوۡنَ مِن رَّحِيقٍ مَّخۡتُومٍ ٢٥Bazo nyweshwa ibinyobwa vyugawe n’imipfundikizo myiza خِتَٰمُهُۥ مِسۡكٌۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلۡيَتَنَافَسِ ٱلۡمُتَنَٰفِسُونَ ٢٦Mu nyuma yivyo ivyo binyobwa nivyo bizana akamoto kitiriwe Miski, mugabo mu kuronka ibi vyose nibahiganwe abahiganwa bose وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسۡنِيمٍ ٢٧N’ivangwa ryiyo Miski rivanzwe n’amazi yitiriwe Tasniim عَيۡنًا يَشۡرَبُ بِهَا ٱلۡمُقَرَّبُونَ ٢٨Naryo n’isoko bazonywera mwo abantu begeranywe n’Imana إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ كَانُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَضۡحَكُونَ ٢٩Mu vy’ukuri bamwe bahora bagira ibicumuro bahora batwenga abemeye Imana yabo y’ukuri وَإِذَا مَرُّواْ بِهِمۡ يَتَغَامَزُونَ ٣٠Baciye hambavu yabo, baca bakubitana ingohe babacokora وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمُ ٱنقَلَبُواْ فَكِهِينَ ٣١Bagarutse ku bantu babo, bagaruka bafise akamwemwe ntangere وَإِذَا رَأَوۡهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ ٣٢Baba bonye baca bavuga bati:- mu vy’ukuri abo bantu nibo bazimiye aribo ba Isilamu وَمَآ أُرۡسِلُواْ عَلَيۡهِمۡ حَٰفِظِينَ ٣٣Nayo abahakanyi b’Imana y’ukuri ntibarungitswe kuba Isilamu kugira ngo baba cungere فَٱلۡيَوۡمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنَ ٱلۡكُفَّارِ يَضۡحَكُونَ ٣٤Uno musi abemeye Imana yabo y’ukuri, bazo batwenga aba hakanye Imana yabo y’ukuri عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ ٣٥Bazoba bari hejuru y’inyegamo z’iteka barabana kumigisha yabo هَلۡ ثُوِّبَ ٱلۡكُفَّارُ مَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ ٣٦Mbega abahakanyi b’Imana y’ukuri, barahawe impembo yivyo bahora bagira

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.