بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
نٓۚ وَٱلۡقَلَمِ وَمَا يَسۡطُرُونَ ١Nuun, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose n’Imana yonyene gusa). Kandi ndarahiye kw’ikaramu hamwe nivyo bandikisha ko مَآ أَنتَ بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ بِمَجۡنُونٍ ٢No kumigisha y’Umuremyi wawe, wewe nturi umusazi وَإِنَّ لَكَ لَأَجۡرًا غَيۡرَ مَمۡنُونٍ ٣Mu vy’ukuri wewe urafise impembo idahera وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٍ ٤Kandi ntankeka wewe urafise ingeso nziza cane فَسَتُبۡصِرُ وَيُبۡصِرُونَ ٥Rero ubu vuba uzo bona, nabo nyene bazobona بِأَييِّكُمُ ٱلۡمَفۡتُونُ ٦Ni nde afise ibisazi muri mwebwe إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ ٧Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’uwazimiye munzira yiwe, kandi irabazi cane abarongotse فَلَا تُطِعِ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ٨Rero ntuba gamburukire abahakanyi b’Imana y’ukuri وَدُّواْ لَوۡ تُدۡهِنُ فَيُدۡهِنُونَ ٩Bagomba yuko wo borohereza nabo bakorohererwa وَلَا تُطِعۡ كُلَّ حَلَّافٍ مَّهِينٍ ١٠Kandi ntugamburukire uwurahira cane nawe ari mu bantu batishoboye هَمَّازٍ مَّشَّآءِۭ بِنَمِيمٍ ١١Umuvuzi w’insaku agenda asasagaza urwanko mu bantu مَّنَّاعٍ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ ١٢Akingira imigisha nugu hemukira ibiremwa nkawe, n’uguhakana Imana yiwe عُتُلِّۭ بَعۡدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ ١٣Nyene umutima ukomeye, kuri ivyo vyose ni nk’ikintu cashinguwe ahantu mugabo ntigishingurwe neza أَن كَانَ ذَا مَالٍ وَبَنِينَ ١٤Kubera yuko afise amatungo n’ibibondo إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ١٥Mugihe asomewe amajambo yacu matagtifu avuga ati:- aya niya majambo y’ububeshi bw’abantu ba kera سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلۡخُرۡطُومِ ١٦Tuzo mushira ko inkovu kw’izuru ryiwe إِنَّا بَلَوۡنَٰهُمۡ كَمَا بَلَوۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ إِذۡ أَقۡسَمُواْ لَيَصۡرِمُنَّهَا مُصۡبِحِينَ ١٧Mu vy’ukuri abo bantu tuzobaha ibibazo nkuko twashize ko ibibazo kubari bafise imirima, mugihe barahira yuko bazo kwimbura kuri iyo mirima nihashika mu gitondo وَلَا يَسۡتَثۡنُونَ ١٨Kandi ntibabwiye n’umukene numwe فَطَافَ عَلَيۡهَا طَآئِفٌ مِّن رَّبِّكَ وَهُمۡ نَآئِمُونَ ١٩Rero warashikiwe n’ivyago bivuye ku Muremyi wabo nabo basinziriye فَأَصۡبَحَتۡ كَٱلصَّرِيمِ ٢٠Uwo murima uba nk’uwahiye فَتَنَادَوۡاْ مُصۡبِحِينَ ٢١Bukeye bara hamagarana أَنِ ٱغۡدُواْ عَلَىٰ حَرۡثِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰرِمِينَ ٢٢Yuko bogenda hakiri kare ku murima wanyu nimwaba mushaka kwimbura فَٱنطَلَقُواْ وَهُمۡ يَتَخَٰفَتُونَ ٢٣Baragiye bongorerana أَن لَّا يَدۡخُلَنَّهَا ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكُم مِّسۡكِينٌ ٢٤Yuko uno musi ata mukene yinjira وَغَدَوۡاْ عَلَىٰ حَرۡدٍ قَٰدِرِينَ ٢٥Baragenda mugitondo biyumvira yuko bafise ububasha bw’ukuba buza ba bakene فَلَمَّا رَأَوۡهَا قَالُوٓاْ إِنَّا لَضَآلُّونَ ٢٦Mugihe babona wa murima baciye bavuga bati:- ntankeka twebwe twazimiye بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ ٢٧Canke batwankiye قَالَ أَوۡسَطُهُمۡ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ لَوۡلَا تُسَبِّحُونَ ٢٨Umwe mubagira neza yavuze ati:- mbega sinaba bwiye yuko mu garuka ku Muremyi wanyu mu musabe ikigongwe قَالُواْ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ ٢٩Nabo ba mwishura bati:- iteka ni ry’Umuremyi wacu, mu vy’ukuri twara hemukiye imitima yacu فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٍ يَتَلَٰوَمُونَ ٣٠Baca bahangana n’abandi baterana imyikomo قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا طَٰغِينَ ٣١Bavuga bati:- uru n’uruhombo rwacu, mu vy’ukuri twari twararenze imbibe z’Imana عَسَىٰ رَبُّنَآ أَن يُبۡدِلَنَا خَيۡرًا مِّنۡهَآ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا رَٰغِبُونَ ٣٢Nkumbure Umuremyi wacu azo duhindurira uwundi murima mwiza gusumba uwu, mu vy’ukuri twebwe turiyegereje ku Muremyi wacu كَذَٰلِكَ ٱلۡعَذَابُۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ٣٣Uku niko biba ibihano vy’Umuremyi wawe, n’ibihano vy’umusi w’imperuka ni bininiya cane gusumba nkiyo bobi menya إِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ ٣٤Mu vy’ukuri abagamburukira Imana yabo y’ukuri, bazoba bafise ijuru rifise imigisha y’Umuremyi wabo أَفَنَجۡعَلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ كَٱلۡمُجۡرِمِينَ ٣٥Mbega tubagire abagamburutsi nk’abononyi مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ ٣٦Mbega mubaye gute, muca intahe gute أَمۡ لَكُمۡ كِتَٰبٌ فِيهِ تَدۡرُسُونَ ٣٧Canke murafise igitabu musomamwo إِنَّ لَكُمۡ فِيهِ لَمَا تَخَيَّرُونَ ٣٨Yuko muzoronka ivyo mwipfuza أَمۡ لَكُمۡ أَيۡمَٰنٌ عَلَيۡنَا بَٰلِغَةٌ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ إِنَّ لَكُمۡ لَمَا تَحۡكُمُونَ ٣٩Canke murafise amasezerano kuri twebwe azoguma ho kugeza k’umusi w’imperuka yuko muzoronka ivyo mwiganzira سَلۡهُمۡ أَيُّهُم بِذَٰلِكَ زَعِيمٌ ٤٠N’ubabaze muti :- ni nde muribo yofata ingwati kuri ibi vyose أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَآءُ فَلۡيَأۡتُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ ٤١Canke barafise abo bacuditse hamwe, rero nibabazane abo bacuditse hamwe niba bavugisha ukuri kwama يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٍ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ ٤٢Kuri uwo musi hazoba ibihano bikaze cane, bazo hamagarwa gupfukama bashira imitwe yabo hasi, mugabo ntibazo shobora خَٰشِعَةً أَبۡصَٰرُهُمۡ تَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٌۖ وَقَدۡ كَانُواْ يُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ وَهُمۡ سَٰلِمُونَ ٤٣Amaso yabo azoba araba hasi, agahinda nako kabapfuke, mu vy’ukuri bahora bahamagarwa gupfukama bashire imitwe yabo hasi mugihe bari mubantu beranda فَذَرۡنِي وَمَن يُكَذِّبُ بِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِۖ سَنَسۡتَدۡرِجُهُم مِّنۡ حَيۡثُ لَا يَعۡلَمُونَ ٤٤Nundeke hamwe n’abahakana ibi biganiro, tuzoba kwega buhoro buhoro mubihano vyacu ku hantu batazi وَأُمۡلِي لَهُمۡۚ إِنَّ كَيۡدِي مَتِينٌ ٤٥Ndabahaye umwanya, mu vy’ukuri ububasha bwanje bura komeye cane أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرًا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٍ مُّثۡقَلُونَ ٤٦Canke urabasaba impembo nabo bakarengerwa nayo magarama أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ ٤٧Canke kuribo hariho ubumenyi bw’amabanga bahawe bw’intumwa z’Imana bandika فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تَكُن كَصَاحِبِ ٱلۡحُوتِ إِذۡ نَادَىٰ وَهُوَ مَكۡظُومٌ ٤٨Rero n’utenyenye kw’itegeko ry’Umuremyi wawe, kandi ntube nk’uwamizwe n’ifi, mugihe yatabaza Imana yiwe nawe ageramiwe nabi cane لَّوۡلَآ أَن تَدَٰرَكَهُۥ نِعۡمَةٌ مِّن رَّبِّهِۦ لَنُبِذَ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ مَذۡمُومٌ ٤٩Iyo adashikirwa n’imigisha ivuye ku Muremyi wiwe, ntankeka yari gutabwa ku nkengera y’ikiyaga nawe atabwa ko umwikomo فَٱجۡتَبَٰهُ رَبُّهُۥ فَجَعَلَهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ ٥٠Mugabo Umuremyi wiwe niwe yamugenye nukumugira mu bantu b’intungane وَإِن يَكَادُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَيُزۡلِقُونَكَ بِأَبۡصَٰرِهِمۡ لَمَّا سَمِعُواْ ٱلذِّكۡرَ وَيَقُولُونَ إِنَّهُۥ لَمَجۡنُونٌ ٥١Nayo ba bahakanyi b’Imana y’ukuri, baregereza kuguhuvya n’amaso yabo, mugihe bumvise ubutumwa bwawe nuguca bavuga bati:- mu vy’ukuri uyu muntu n’umusazi وَمَا هُوَ إِلَّا ذِكۡرٌ لِّلۡعَٰلَمِينَ ٥٢Ntivyari kuba ibi vyose atari uko iyi Qur’ani ntagatifu ari icibutso kubantu bose