ملة الإسلام

السورة 54 · 55 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة القمر باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة القمر (1,232 قارئاً)
مكيةسورة القمر٥٥ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ ١Umwanya wageze, n’Ukwezi kwamanyutse وَإِن يَرَوۡاْ ءَايَةً يُعۡرِضُواْ وَيَقُولُواْ سِحۡرٌ مُّسۡتَمِرٌّ ٢Nibabona igitangaro baca bahindukira k’urundi ruhande n’ukuvuga bati:- ubu n’uburozi bwiwe buguma bubandanya وَكَذَّبُواْ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَهۡوَآءَهُمۡۚ وَكُلُّ أَمۡرٍ مُّسۡتَقِرٌّ ٣Barahakanye ibi vyose baca bakurikira ivyo imitima yabo yipfuza, n’ibintu vyose vy’Imana n’ibibaho وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّنَ ٱلۡأَنۢبَآءِ مَا فِيهِ مُزۡدَجَرٌ ٤Mu vy’ukuri mwarashikiwe n’inkuru zibuza ibintu bikuru bikuru حِكۡمَةُۢ بَٰلِغَةٌۖ فَمَا تُغۡنِ ٱلنُّذُرُ ٥Ubuhizi bukwiye mugabo ituza kuribo ntaco rimaze فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡۘ يَوۡمَ يَدۡعُ ٱلدَّاعِ إِلَىٰ شَيۡءٍ نُّكُرٍ ٦Rero ni wirinde nabo, n’umusi azo hamagara uwuzo hamagara kukintu gihambaye cane خُشَّعًا أَبۡصَٰرُهُمۡ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ كَأَنَّهُمۡ جَرَادٌ مُّنتَشِرٌ ٧Amaso yabo azoba yunamye hasi, bavuye muntatemwa zabo nka kumwe kw’inzige zasanzajwe مُّهۡطِعِينَ إِلَى ٱلدَّاعِۖ يَقُولُ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا يَوۡمٌ عَسِرٌ ٨Birukira kuri uwo atuza mugihe bavuga abo batemera Imana yabo y’ukuri bati:- uwu musi uragoye cane ۞ كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٍ فَكَذَّبُواْ عَبۡدَنَا وَقَالُواْ مَجۡنُونٌ وَٱزۡدُجِرَ ٩Imbere yabo, abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone barahakanye bararengwa, mugu hakana intumwa yacu baca bavuga yuko ari umusazi hamwe n’ukubwirwa amajambo akomakomeye فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَغۡلُوبٌ فَٱنتَصِرۡ ١٠Niho yatakambira Umuremyi wiwe avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nananiwe ahubwo n’undokore فَفَتَحۡنَآ أَبۡوَٰبَ ٱلسَّمَآءِ بِمَآءٍ مُّنۡهَمِرٍ ١١Mumwanya turugurura imiryango y’amajuru n’amazi ashunguruka n’inguvu nyinshi cane وَفَجَّرۡنَا ٱلۡأَرۡضَ عُيُونًا فَٱلۡتَقَى ٱلۡمَآءُ عَلَىٰٓ أَمۡرٍ قَدۡ قُدِرَ ١٢Duca duserura amazi y’amasoko ngaha kw’Isi, n’amazi arahura ku kintu camaze gutegurwa n’Imana وَحَمَلۡنَٰهُ عَلَىٰ ذَاتِ أَلۡوَٰحٍ وَدُسُرٍ ١٣Duca dutwara intumwa y’Imana Nuhu (iii) mu bwato bwakozwe mumbaho n’imisumari تَجۡرِي بِأَعۡيُنِنَا جَزَآءً لِّمَن كَانَ كُفِرَ ١٤Bukaba bwagendera imbere y’amaso yacu, iyi n’ingabirano ku wari yaranswe وَلَقَد تَّرَكۡنَٰهَآ ءَايَةً فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ١٥Mu vy’ukuri twabusize gutyo nk’ikimenyetso, mugabo hariho uwibuka فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ١٦Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ١٧Mu vy’ukuri twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hariho uwibuka كَذَّبَتۡ عَادٌ فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ١٨Barahakanye abo kwa Aadi, mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِيحًا صَرۡصَرًا فِي يَوۡمِ نَحۡسٍ مُّسۡتَمِرٍّ ١٩Mu vy’ukuri twaraba rungikiye Umuyaga w’igihuhusi k’umusi w’umwaku wagumye ubandanya kuribo kugeza uno musi تَنزِعُ ٱلنَّاسَ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٍ مُّنقَعِرٍ ٢٠Uwo muyaga warandura abantu nkakumwe baranduye ibishitsi vy’imitende vyaranduwe فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ٢١Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ٢٢Mu vy’ukuri twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِٱلنُّذُرِ ٢٣Bene Thamudu nabone barahakanye ababa tuza فَقَالُوٓاْ أَبَشَرًا مِّنَّا وَٰحِدًا نَّتَّبِعُهُۥٓ إِنَّآ إِذًا لَّفِي ضَلَٰلٍ وَسُعُرٍ ٢٤Bavuze bati:- yoh! tumukurikire umuntu umwe muri twebwe, mu vy’ukuri tuzoba turi mubazimiye kandi turwaye mumitwe yacu twese أَءُلۡقِيَ ٱلذِّكۡرُ عَلَيۡهِ مِنۢ بَيۡنِنَا بَلۡ هُوَ كَذَّابٌ أَشِرٌ ٢٥Oya! mbega niwe yamanuriwe gusa icibutso hagati yacu twese, canke niwe mubeshi yibona سَيَعۡلَمُونَ غَدًا مَّنِ ٱلۡكَذَّابُ ٱلۡأَشِرُ ٢٦Ejo niho bazomenya uwuhe mubeshi yibona إِنَّا مُرۡسِلُواْ ٱلنَّاقَةِ فِتۡنَةً لَّهُمۡ فَٱرۡتَقِبۡهُمۡ وَٱصۡطَبِرۡ ٢٧Tuzobazanira Ingamiya y’inyana kugira ngo tubagerageze gusa, rero wewe n’ubarabe gusa hanyuma wigumye وَنَبِّئۡهُمۡ أَنَّ ٱلۡمَآءَ قِسۡمَةُۢ بَيۡنَهُمۡۖ كُلُّ شِرۡبٍ مُّحۡتَضَرٌ ٢٨Hanyuma ubamenyeshe yuko amazi azogaburwa hagati yabo, uruhande rumwe rw’amazi ruzoba rufise umuhagaritsi wayo فَنَادَوۡاْ صَاحِبَهُمۡ فَتَعَاطَىٰ فَعَقَرَ ٢٩Rero barahamagara umugenzi wabo, aca afata imbugita abaga ya ngamiya barayifungura فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ ٣٠Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ صَيۡحَةً وَٰحِدَةً فَكَانُواْ كَهَشِيمِ ٱلۡمُحۡتَظِرِ ٣١Mu vy’ukuri twaraba rungikiye isumo rimwe gusa, baca baba nk’imizira y’uwubaka urugo rw’imizira rusenyagurika وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ٣٢Ntankeka twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطِۭ بِٱلنُّذُرِ ٣٣N’abantu bo kwa Lutwi nabone barahakanye ababatuza إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ حَاصِبًا إِلَّآ ءَالَ لُوطٍۖ نَّجَّيۡنَٰهُم بِسَحَرٍ ٣٤Mu vy’ukuri twebwe twabarungikiye iminana dukuye mwo abakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii) nibo twarokoye mubucagu cagu نِّعۡمَةً مِّنۡ عِندِنَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَن شَكَرَ ٣٥Kumihezagiro ivuye iwacu, uko niko duhemba abashima وَلَقَدۡ أَنذَرَهُم بَطۡشَتَنَا فَتَمَارَوۡاْ بِٱلنُّذُرِ ٣٦Mu vy’ukuri niwe yabateye ubwoba bw’ibihano vyacu, mugabo kuribo vyarabateye amakenga muvyo twabatujije وَلَقَدۡ رَٰوَدُوهُ عَن ضَيۡفِهِۦ فَطَمَسۡنَآ أَعۡيُنَهُمۡ فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ ٣٧Bamusavye yuko yobaha abashitsi biwe, natwe duca duhumisha amaso yabo, n’ukuba bwira duti:- ni muhonje ibihano vyanje hamwe n’ituza ryanje وَلَقَدۡ صَبَّحَهُم بُكۡرَةً عَذَابٌ مُّسۡتَقِرٌّ ٣٨Bazindukiwe mugihe co mugitondo n’ibihano vyabandanije kuribo فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ ٣٩Tubabwira duti:- ni muhonje ibihano vyanje, hamwe n’ituza ryanje وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ٤٠Ntankeka twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka وَلَقَدۡ جَآءَ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ ٱلنُّذُرُ ٤١N’abatuza barashikiwe n’abantu bo kwa Fir’auni nawe nyene arimwo كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كُلِّهَا فَأَخَذۡنَٰهُمۡ أَخۡذَ عَزِيزٍ مُّقۡتَدِرٍ ٤٢Barahakana ivyemezo vyacu vyose, kuri ivyo twaraba toteje nkuko itoteza nyene inguvu n’ubushobozi أَكُفَّارُكُمۡ خَيۡرٌ مِّنۡ أُوْلَٰٓئِكُمۡ أَمۡ لَكُم بَرَآءَةٌ فِي ٱلزُّبُرِ ٤٣Mbega abahakanyi b’Imana y’ukuri banyu nibo beranda gusumba abo? canke biranditswe mu bitabu yuko mwebwe muzosirwa أَمۡ يَقُولُونَ نَحۡنُ جَمِيعٌ مُّنتَصِرٌ ٤٤Canke nibo bavuga yuko twebwe turi benshi kandi twishoboje mu kwikingira سَيُهۡزَمُ ٱلۡجَمۡعُ وَيُوَلُّونَ ٱلدُّبُرَ ٤٥Ubwo bwinshi bwabo ubu vuba buzo gendeshwa ningoga na ningoga hanyuma bahindure imigongo yabo birukanga بَلِ ٱلسَّاعَةُ مَوۡعِدُهُمۡ وَٱلسَّاعَةُ أَدۡهَىٰ وَأَمَرُّ ٤٦Mugabo uwo musi w’imperuka niwo mwanya wabo, no kuri iyo saha izoba igoye cane kandi ibabaza cane إِنَّ ٱلۡمُجۡرِمِينَ فِي ضَلَٰلٍ وَسُعُرٍ ٤٧Ntankeka izi nkozi z’ikibi bari mu buzimire n’ubusazi يَوۡمَ يُسۡحَبُونَ فِي ٱلنَّارِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ ذُوقُواْ مَسَّ سَقَرَ ٤٨Umusi bazo kwegwa bajanwa mu muriro udahera bubitse inda zabo hasi babwirwa bati:- ni muhonje agace gatoyi k’umuriro udahera إِنَّا كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَٰهُ بِقَدَرٍ ٤٩Mu vy’ukuri twebwe twaremye ibintu vyose kurugero rukwiye وَمَآ أَمۡرُنَآ إِلَّا وَٰحِدَةٌ كَلَمۡحِۭ بِٱلۡبَصَرِ ٥٠Ntategeko ryariho atari uko ryari rimwe gusa nk’ugukubita urugohe rumwe gusa وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَآ أَشۡيَاعَكُمۡ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٍ ٥١Mu vy’ukuri twaramaze guhonya bagenzi banyu, mugabo harimwo abibuka وَكُلُّ شَيۡءٍ فَعَلُوهُ فِي ٱلزُّبُرِ ٥٢N’ijambo iryariryo ryose bagize riri mu bitabu vyacu وَكُلُّ صَغِيرٍ وَكَبِيرٍ مُّسۡتَطَرٌ ٥٣N’ikintu gitoyi canke kininiya vyose biranditswe إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٍ وَنَهَرٍ ٥٤Ntankeka aba gamburukira Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’imyonga فِي مَقۡعَدِ صِدۡقٍ عِندَ مَلِيكٍ مُّقۡتَدِرِۭ ٥٥Mu bwicaro bwiza buri mw’Ijuru ry’Imana, Umwami w’ubushobozi bw’ibintu vyose

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.