بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
طسٓۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡقُرۡءَانِ وَكِتَابٍ مُّبِينٍ ١Twaa, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa). Aya n’amajambo ari mugitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani kandi n’igitabu cuzuye mwo ibintu vyose ngira kamaro kandi n’igitabu gisigura ibikenewe vyose biri mw’idini rya Isilaamu هُدًى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ ٢Iyi Qur’aani n’uburongozi hamwe n’inkuru nziza ku bantu bayemera bimwe vy’ukuri ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ ٣Aribo bahagarika amasengesho nugutanga imperezwa zabo nabo bafise icizero c’umusi w’imperuka إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ زَيَّنَّا لَهُمۡ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُمۡ يَعۡمَهُونَ ٤Mu vy’ukuri bamwe batemera uwo musi w’imperuka twebwe twarasharije ibikorwa vyabo, kuri ivyo baguma batayataya أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَهُمۡ سُوٓءُ ٱلۡعَذَابِ وَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡأَخۡسَرُونَ ٥Abo nibo bazoronka ibihano bibi cane kandi abo nyene mw’ijuru nibo bazoronka uruhombo runiniya cane وَإِنَّكَ لَتُلَقَّى ٱلۡقُرۡءَانَ مِن لَّدُنۡ حَكِيمٍ عَلِيمٍ ٦Mu vy’ukuri ni wewe wigishwa iyi Qur’aani ntagatifu ivuye kuwufise ubuhizi n’ubumenyi buhagije إِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِأَهۡلِهِۦٓ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارًا سَـَٔاتِيكُم مِّنۡهَا بِخَبَرٍ أَوۡ ءَاتِيكُم بِشِهَابٍ قَبَسٍ لَّعَلَّكُمۡ تَصۡطَلُونَ ٧Igihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yabwira umuryango wiwe ati:- mu vy’ukuri jewe nabonye umukomezwa, ubu vuba ndabazanira inkuru zawo canke ndabazanira igishirira cawo caka kugira ngo mwote kuri uwo mukomezwa فَلَمَّا جَآءَهَا نُودِيَ أَنۢ بُورِكَ مَن فِي ٱلنَّارِ وَمَنۡ حَوۡلَهَا وَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٨Mugihe yawushikira yaciye ahamagarwa ati:- wewe arahezagiwe n’uwuri muri uwu muriro hamwe n’uwuri hambavu yawo, kandi haninahazwa Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّهُۥٓ أَنَا ٱللَّهُ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ٩Ewe Mussa (iii) mu vy’ukuri ni jewe Mana yawe mfise ubushobozi n’ubuhizi bukwiye وَأَلۡقِ عَصَاكَۚ فَلَمَّا رَءَاهَا تَهۡتَزُّ كَأَنَّهَا جَآنٌّ وَلَّىٰ مُدۡبِرًا وَلَمۡ يُعَقِّبۡۚ يَٰمُوسَىٰ لَا تَخَفۡ إِنِّي لَا يَخَافُ لَدَيَّ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ١٠Nujugunye iyo nkoni yawe, mugihe yayibona igenda genda nk’inzoka yarahindukiye asubira inyuma yiruka atarindiriye, ewe Mussa (iii) ntutinye ntankeka iwanje ntibatinya imbere yanje intumwa z’Imana إِلَّا مَن ظَلَمَ ثُمَّ بَدَّلَ حُسۡنَۢا بَعۡدَ سُوٓءٍ فَإِنِّي غَفُورٌ رَّحِيمٌ ١١Mugabo uwahemukiye umutima wiwe hanyuma agaca akabisha ineza amaze kugira amabi, mbega jewe sije mfise ikigongwe n’Impuhwe zihagije وَأَدۡخِلۡ يَدَكَ فِي جَيۡبِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٍۖ فِي تِسۡعِ ءَايَٰتٍ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَقَوۡمِهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا فَٰسِقِينَ ١٢Niwinjize ukuboko kwawe mumpuzu yawe, kuzoca gusohoka gufise ibara ryera atamwanda uriko, bikaba ari mubimenyetso icenda vyo kwa Fir’auni hamwe n’abantu biwe, mu vy’ukuri bari mubantu babi cane فَلَمَّا جَآءَتۡهُمۡ ءَايَٰتُنَا مُبۡصِرَةً قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٌ مُّبِينٌ ١٣Mugihe bashikirwa n’ibimenyetso vyacu bigaragara, baciye bavuga bati:- ubu n’uburozi buri k’umugaragaro وَجَحَدُواْ بِهَا وَٱسۡتَيۡقَنَتۡهَآ أَنفُسُهُمۡ ظُلۡمًا وَعُلُوًّاۚ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ ١٤Barayahakanye amajambo y’Imana matagatifu mugihe imitima yabo ivyemeza gutyo kubera ubuhemu bwabo n’ukwishima kwabo rero nuce uraba impera n’imperuka yabagira amabi وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ عِلۡمًاۖ وَقَالَا ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي فَضَّلَنَا عَلَىٰ كَثِيرٍ مِّنۡ عِبَادِهِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ١٥Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Suleimanu (iii) ubumenyi baca bavuga bati:- ininahazwa ryose ni ry’Imana yaduteye iteka ntangere gusumba benshi mubiremwa vyiwe vyamwemeye وَوَرِثَ سُلَيۡمَٰنُ دَاوُۥدَۖ وَقَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ عُلِّمۡنَا مَنطِقَ ٱلطَّيۡرِ وَأُوتِينَا مِن كُلِّ شَيۡءٍۖ إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡمُبِينُ ١٦N’intumwa y’Imana Suleimani (iii) niwe yatoranye ibisigi vy’intumwa y’Imana Daudi (iii) nukuvuga iti:- mwebwe bantu mwe! Twebwe twarigishijwe imvugo z’inyoni nuguhabwa ibintu vyose, mu vy’ukuri iyi n’ingabirano y’Imana iri k’umugaragaro وَحُشِرَ لِسُلَيۡمَٰنَ جُنُودُهُۥ مِنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ وَٱلطَّيۡرِ فَهُمۡ يُوزَعُونَ ١٧Yaregeranirijwe Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ingabo ziwe z’ibisigo hamwe n’abantu n’inyoni nukuzitondesha imirwi n’iyindi حَتَّىٰٓ إِذَآ أَتَوۡاْ عَلَىٰ وَادِ ٱلنَّمۡلِ قَالَتۡ نَمۡلَةٌ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّمۡلُ ٱدۡخُلُواْ مَسَٰكِنَكُمۡ لَا يَحۡطِمَنَّكُمۡ سُلَيۡمَٰنُ وَجُنُودُهُۥ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ١٨No mugihe bashika mumwaba w’ibikoko vy’ubunyegeri kimwe muri ivyo bikoko caravuze giti:- mwabunyegeri mwe! nimwinjire mumyobo yanyu intumwa y’Imana Suleimani (iii) ntibahonyange n’ingabo ziwe mugihe itabumva فَتَبَسَّمَ ضَاحِكًا مِّن قَوۡلِهَا وَقَالَ رَبِّ أَوۡزِعۡنِيٓ أَنۡ أَشۡكُرَ نِعۡمَتَكَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ وَعَلَىٰ وَٰلِدَيَّ وَأَنۡ أَعۡمَلَ صَٰلِحًا تَرۡضَىٰهُ وَأَدۡخِلۡنِي بِرَحۡمَتِكَ فِي عِبَادِكَ ٱلصَّٰلِحِينَ ١٩Nawe aramweyura atwenga kw’ijambo ryiwe nuguca avuga ati:- ewe Muremyi wanje, numpe ubushobozi nce ndagukengurukira kumihezagiro wampaye jewe hamwe n’abavyeyi banje, kandi mbashe kugira ibikorwa vyiza ushima kandi unyinjize mumpuhwe zawe mbe mu bantu bawe beranda وَتَفَقَّدَ ٱلطَّيۡرَ فَقَالَ مَالِيَ لَآ أَرَى ٱلۡهُدۡهُدَ أَمۡ كَانَ مِنَ ٱلۡغَآئِبِينَ ٢٠Hanyuma aragenzura zanyoni ziwe nukuvuga ati:- vyakabaye gute ko ntabona yanuma, canke yabaye muyitari ngaha لَأُعَذِّبَنَّهُۥ عَذَابًا شَدِيدًا أَوۡ لَأَاْذۡبَحَنَّهُۥٓ أَوۡ لَيَأۡتِيَنِّي بِسُلۡطَٰنٍ مُّبِينٍ ٢١Mu vy’ukuri ndayihana ibihano bikaze cane canke ndayibage canke inzanire ivyemezo biri k’umugaragaro فَمَكَثَ غَيۡرَ بَعِيدٍ فَقَالَ أَحَطتُ بِمَا لَمۡ تُحِطۡ بِهِۦ وَجِئۡتُكَ مِن سَبَإِۭ بِنَبَإٍ يَقِينٍ ٢٢Nawe ntiyamaze igihe kirekire cane aca avuga ati:- ndatahuye ico utotahuye kandi nje nturuka mugihugu ca Saba’a ndakuzaniye inkuru y’imvaho إِنِّي وَجَدتُّ ٱمۡرَأَةً تَمۡلِكُهُمۡ وَأُوتِيَتۡ مِن كُلِّ شَيۡءٍ وَلَهَا عَرۡشٌ عَظِيمٌ ٢٣Mu vy’ukuri sanze Umupfasoni ategeka kandi yahawe ibintu vyose, kandi akaba afise n’inyegamo y’iteka iteye igomwe niniya cane وَجَدتُّهَا وَقَوۡمَهَا يَسۡجُدُونَ لِلشَّمۡسِ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَصَدَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّبِيلِ فَهُمۡ لَا يَهۡتَدُونَ ٢٤Ndamusanze ari kumwe n’abantu biwe bapfukamira izuba aho gupfukamira Imana yabo y’ukuri, Shetani nayo ikaba yarabasharijije ibikorwa vyayo hamwe nukubazitirira inzira yabo y’amahoro, kuri ivyo rero abo bantu bose ntibarongotse أَلَّاۤ يَسۡجُدُواْۤ لِلَّهِ ٱلَّذِي يُخۡرِجُ ٱلۡخَبۡءَ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُخۡفُونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ ٢٥Nimupfukamire Imana ikura ibintu vyinyegeje biri mumajuru no kw’Isi kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo munyegeza hamwe n’ivyo muserura ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ رَبُّ ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡعَظِيمِ ۩ ٢٦Ntayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa Umuremyi w’inyegamo yiwe ntagatifu ۞ قَالَ سَنَنظُرُ أَصَدَقۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ ٢٧Intumwa y’Imana Suleimani (iii) ica ivuga iti:- tuzoraba yuko wavugishije ukuri canke uri mu bantu b’ababeshi ٱذۡهَب بِّكِتَٰبِي هَٰذَا فَأَلۡقِهۡ إِلَيۡهِمۡ ثُمَّ تَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَٱنظُرۡ مَاذَا يَرۡجِعُونَ ٢٨Nugende n’uru rwandiko rwanje uruba shikirize hanyuma ubareke uce uraba ivyo basubizanya قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ إِنِّيٓ أُلۡقِيَ إِلَيَّ كِتَٰبٌ كَرِيمٌ ٢٩Wamwamikazi aca avuga ati:- mwebwe bategetsi, mu vy’ukuri nzaniwe urwandiko rw’iteka إِنَّهُۥ مِن سُلَيۡمَٰنَ وَإِنَّهُۥ بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ ٣٠Ruvuye kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) narwo ruvuga ruti:- Kw’izina ry’Imana nyene Imigisha myinshi, na nyene Imigisha mito mito أَلَّا تَعۡلُواْ عَلَيَّ وَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ ٣١Ntimungirire ubwishime kandi muze iwanje namwe mwamaze kuba aba Isilamu قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَفۡتُونِي فِيٓ أَمۡرِي مَا كُنتُ قَاطِعَةً أَمۡرًا حَتَّىٰ تَشۡهَدُونِ ٣٢Wamwamikazi asubira kuvuga ati:- mwebwe bategetsi nimu mpanure kuri ibi vyipfuzo vyanje, kuko jewe sinshaka impanuro z’umuntu uwariwe wese kugeza aho mwese muba ivyabona قَالُواْ نَحۡنُ أُوْلُواْ قُوَّةٍ وَأُوْلُواْ بَأۡسٍ شَدِيدٍ وَٱلۡأَمۡرُ إِلَيۡكِ فَٱنظُرِي مَاذَا تَأۡمُرِينَ ٣٣Nabo bamwishura bati:- ni twebwe dufise ububasha hamwe nukurwana ingwano ikaze cane, n’itegeko riri iwawe rero nurabe ico utegeka قَالَتۡ إِنَّ ٱلۡمُلُوكَ إِذَا دَخَلُواْ قَرۡيَةً أَفۡسَدُوهَا وَجَعَلُوٓاْ أَعِزَّةَ أَهۡلِهَآ أَذِلَّةًۚ وَكَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ ٣٤Wamwamikazi aca avuga ati:- mu vy’ukuri Abami iyo binjiye mubisagara vy’abantu baca bonona ivyo bisagara nukubagira bene ivyo bisagara kuba mu bantu barenganijwe, uko rero niko bama bagira وَإِنِّي مُرۡسِلَةٌ إِلَيۡهِم بِهَدِيَّةٍ فَنَاظِرَةُۢ بِمَ يَرۡجِعُ ٱلۡمُرۡسَلُونَ ٣٥Mugabo jewe ndabarungikiye akaganuke hanyuma nanje nzorindira ico bazogarukana izo ntumwa zanje فَلَمَّا جَآءَ سُلَيۡمَٰنَ قَالَ أَتُمِدُّونَنِ بِمَالٍ فَمَآ ءَاتَىٰنِۦَ ٱللَّهُ خَيۡرٌ مِّمَّآ ءَاتَىٰكُمۚ بَلۡ أَنتُم بِهَدِيَّتِكُمۡ تَفۡرَحُونَ ٣٦Mugihe yashika kuntumwa y’Imana Suleimani (iii) yavuze ati:- mbega mwebwe mumfasha kumatungo? Uwayampaye nawe n’Imana nayo nimeza gusumba ivyo yahaye mwebwe, mugabo mwebwe munezerezwa n’izi nzimano zanyu ٱرۡجِعۡ إِلَيۡهِمۡ فَلَنَأۡتِيَنَّهُم بِجُنُودٍ لَّا قِبَلَ لَهُم بِهَا وَلَنُخۡرِجَنَّهُم مِّنۡهَآ أَذِلَّةً وَهُمۡ صَٰغِرُونَ ٣٧Nimu bimusubize mu vy’ukuri tuzogenda n’ingabo zacu batazo shobora guhangana nazo kandi ntankeka tuzobakurayo bamaze gucika imvutu, kandi bamaze kudebukirwa قَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَيُّكُمۡ يَأۡتِينِي بِعَرۡشِهَا قَبۡلَ أَن يَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ ٣٨Intumwa y’Imana Sulaymanu yarakoranije Abashikiranganji biwe bose avuga ati:- mwebwe bategetsi, ni nde ashobora kunzanira inyegamo yiwe y’iteka imbere yuko bashika iwanje nabo bamaze kuba aba Isilamu قَالَ عِفۡرِيتٌ مِّنَ ٱلۡجِنِّ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن تَقُومَ مِن مَّقَامِكَۖ وَإِنِّي عَلَيۡهِ لَقَوِيٌّ أَمِينٌ ٣٩Umwe munkerebutsi z’ibisigo yavuze iti:- jewe nzoyigu shikiriza imbere yuku vyaguruka aho wicaye, nanje ntankeka ndafise ubushobozi bw’ivyo bintu kandi ndumwizigirwa قَالَ ٱلَّذِي عِندَهُۥ عِلۡمٌ مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ أَنَا۠ ءَاتِيكَ بِهِۦ قَبۡلَ أَن يَرۡتَدَّ إِلَيۡكَ طَرۡفُكَۚ فَلَمَّا رَءَاهُ مُسۡتَقِرًّا عِندَهُۥ قَالَ هَٰذَا مِن فَضۡلِ رَبِّي لِيَبۡلُوَنِيٓ ءَأَشۡكُرُ أَمۡ أَكۡفُرُۖ وَمَن شَكَرَ فَإِنَّمَا يَشۡكُرُ لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن كَفَرَ فَإِنَّ رَبِّي غَنِيٌّ كَرِيمٌ ٤٠Aca avuga umwe mubari bafise ubumenyi bw’igitabu ati:- jewe iyo nyegamo nzoyigu shikiriza imbere yuko urugohe rw’ijisho ryawe rutaranyiganga, rero mugihe yabona yanyegamo yiwe iri imbere yiwe yaciye avuga ati:- ibi vyabaye kubera ingabirano z’Umuremyi wanje kugira ngo angerageze arabe yuko no mushimira canke ndamu hakana, rero uwushima ashima kuneza y’umutima wiwe, nayo uwu hakana mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene amatungo n’umugizi w’ineza قَالَ نَكِّرُواْ لَهَا عَرۡشَهَا نَنظُرۡ أَتَهۡتَدِيٓ أَمۡ تَكُونُ مِنَ ٱلَّذِينَ لَا يَهۡتَدُونَ ٤١Aca avuga ati:- iyo nyegamo y’iteka nimuyihindure hanyuma turabe yuko ashobora kuyimenya canke azoba ari mubantu ataco bazi فَلَمَّا جَآءَتۡ قِيلَ أَهَٰكَذَا عَرۡشُكِۖ قَالَتۡ كَأَنَّهُۥ هُوَۚ وَأُوتِينَا ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهَا وَكُنَّا مُسۡلِمِينَ ٤٢Mugihe yashika yabwiwe ati:- mbega iyi nyegamo yawe y’iteka yoba imeze nk’iyi? Nawe abishura ati:- egome inyegamo yanje yoba imeze nk’iyi nyene natwe tukaba twahawe ubumenyi imbere yukubona, mugabo natwe twari mu bantu b’abagamburutsi وَصَدَّهَا مَا كَانَت تَّعۡبُدُ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ إِنَّهَا كَانَتۡ مِن قَوۡمٍ كَٰفِرِينَ ٤٣Aca aramubuza nivyo yahora asenga biteye kubiri n’Imana; ntankeka yari mubantu b’abahakanyi imbere y’ico gihe قِيلَ لَهَا ٱدۡخُلِي ٱلصَّرۡحَۖ فَلَمَّا رَأَتۡهُ حَسِبَتۡهُ لُجَّةً وَكَشَفَتۡ عَن سَاقَيۡهَاۚ قَالَ إِنَّهُۥ صَرۡحٌ مُّمَرَّدٌ مِّن قَوَارِيرَۗ قَالَتۡ رَبِّ إِنِّي ظَلَمۡتُ نَفۡسِي وَأَسۡلَمۡتُ مَعَ سُلَيۡمَٰنَ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٤٤Ababwira ati:- nimwinjire munzu, mugihe yinjira yabajije yuko yinjiye mwidengeri ry’amazi, aca aduza impuzu ziwe kugeza kumavi, intumwa y’Imana Suleimani (iii) amubwira ati:- mu vy’ukuri iyo n’inzu yasakajwe n’ivyirori, nawe aca avuga ati:- Muremyi wanje narahemukiye umutima wanje none ubu nditanze hamwe n’intumwa y’Imana Suleimani (iii) no kumuremyi w’ibiremwa vyose وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ فَإِذَا هُمۡ فَرِيقَانِ يَخۡتَصِمُونَ ٤٥Ntankeka twebwe twara barungikiye bene Thamuda (iii) hamwe na bene Swalehe (iii) tubabwira duti:- nimusenge Imana, munyuma yaho haciye habonekana imirwi ibiri yacanyemwo قَالَ يَٰقَوۡمِ لِمَ تَسۡتَعۡجِلُونَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِۖ لَوۡلَا تَسۡتَغۡفِرُونَ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ ٤٦Aca avuga ati:- bantu banje, ni kuki muhimiriza kugira amabi imbere yukugira ineza? None ni kuki mutigera musaba ikigongwe kumana yanyu kugira ngo ikibagirire kumpuhwe zayo قَالُواْ ٱطَّيَّرۡنَا بِكَ وَبِمَن مَّعَكَۚ قَالَ طَٰٓئِرُكُمۡ عِندَ ٱللَّهِۖ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ تُفۡتَنُونَ ٤٧Nabo bamwishura bati:- twagize Imana mbi kubera wewe nukubera abari kumwe na wewe, nawe aca ababwira uti:- ukutumvikana kwanyu kuri kumana yanyu, mugabo kuri mwebwe muri mubantu Imana iriko iragerageza وَكَانَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ تِسۡعَةُ رَهۡطٍ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ ٤٨Muri ico gisagara harimwo abantu icenda bigize ba sura ivu mugukara cane kuri iy’Isi, kandi ata na kimwe bagize kubijanye n’uguhuza kw’abantu n’abandi قَالُواْ تَقَاسَمُواْ بِٱللَّهِ لَنُبَيِّتَنَّهُۥ وَأَهۡلَهُۥ ثُمَّ لَنَقُولَنَّ لِوَلِيِّهِۦ مَا شَهِدۡنَا مَهۡلِكَ أَهۡلِهِۦ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ ٤٩Nabo bavuga bati:- nimurahire kumana yuko tuzotera intumwa y’Imana Swalehe (iii) mw’ijoro hamwe n’abantu biwe hanyuma tuze tumubwire uwuzo sigarana n’ibisigi vyiwe, natwe tuvuga duti:- twebwe ntitwabonye ihonywa ry’abantu biwe, ntankeka twebwe turi mu bantu bavugisha ukuri kuribo وَمَكَرُواْ مَكۡرًا وَمَكَرۡنَا مَكۡرًا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ٥٠Baca bategura imigambi yabo, natwe dutegura iyacu, nabo batabizi فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ مَكۡرِهِمۡ أَنَّا دَمَّرۡنَٰهُمۡ وَقَوۡمَهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٥١N’urabe amaherezo y’imigambi yabo uko yari imeze, natwe rero twaciye tubahonya nabo bari kumwe bose فَتِلۡكَ بُيُوتُهُمۡ خَاوِيَةَۢ بِمَا ظَلَمُوٓاْۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةً لِّقَوۡمٍ يَعۡلَمُونَ ٥٢Nizo nzu zabo zara garagara kubera ubuhemu bwabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo icigwa ku bantu bategera وَأَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَكَانُواْ يَتَّقُونَ ٥٣Twaraba rokoye mubemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’abayi gamburukiye وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ ٥٤N’intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega muriko muragira ibintu vy’umwanda namwe mubibona أَئِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةً مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ تَجۡهَلُونَ ٥٥Mukarangura amabanga yabubatse n’abagabo nkamwe kubera ivuduka ry’ivyipfuzo vyanyu bibi aho mwo biranguye n’abakenyezi banyu, mu vy’ukuri mwebwe muri mu bantu ata bwenge mufise. Igisomwa c’ubunyegeri. Ikigabane ca
۞ فَمَا كَانَ جَوَابَ قَوۡمِهِۦٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَخۡرِجُوٓاْ ءَالَ لُوطٍ مِّن قَرۡيَتِكُمۡۖ إِنَّهُمۡ أُنَاسٌ يَتَطَهَّرُونَ ٥٦Ntiyabaye inyishu y’abantu biwe atari uko bavuze bati:- nimu birukane abo bantu bakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugisagara canyu kuko bari mubantu bisukuye فَأَنجَيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَٰهَا مِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ ٥٧Twaciye tumurokora hamwe n’abamukurikiye dukuyemwo umutambukanyi wiwe duca tumushira murutonde rw’abantu bazokwicara inyuma y’abandi bose وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرًاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ ٥٨Duca tubamanurira imvura yari mbi cane nayo ikaba yari imeze gute! Yari yagenewe abantu batuzwa قُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ وَسَلَٰمٌ عَلَىٰ عِبَادِهِ ٱلَّذِينَ ٱصۡطَفَىٰٓۗ ءَآللَّهُ خَيۡرٌ أَمَّا يُشۡرِكُونَ ٥٩Vuga uti :- ininahazwa ryiza ni ry’Imana n’amahoro ashikire intumwa ziwe yitoreye, mbega Imana niyo nziza canke bamwe bayi gereranya n’ibindi bintu أَمَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ حَدَآئِقَ ذَاتَ بَهۡجَةٍ مَّا كَانَ لَكُمۡ أَن تُنۢبِتُواْ شَجَرَهَآۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٌ يَعۡدِلُونَ ٦٠Canke umwe yarema Amajuru n’Isi nukuba manurira amazi avuye mubicu no kuri ivyo twaranagishije imirima iteye igomwe, namwe ntabushobozi mufise bwukunagisha ibi biti, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, rero abo bahakanyi b’Imana y’ukuri n’abantu batari kumurongo ugororotse أَمَّن جَعَلَ ٱلۡأَرۡضَ قَرَارًا وَجَعَلَ خِلَٰلَهَآ أَنۡهَٰرًا وَجَعَلَ لَهَا رَوَٰسِيَ وَجَعَلَ بَيۡنَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ حَاجِزًاۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٦١Canke uwaremye iy’Isi ngo ibe ari ahantu hukuruhukira ho nugushira muriyo inzuzi n’imisozi, nugushira ho uruzitiro hagati y’ibiyaga bibiri, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, ahubwo benshi muribo ntana kimwe bazi أَمَّن يُجِيبُ ٱلۡمُضۡطَرَّ إِذَا دَعَاهُ وَيَكۡشِفُ ٱلسُّوٓءَ وَيَجۡعَلُكُمۡ خُلَفَآءَ ٱلۡأَرۡضِۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ قَلِيلًا مَّا تَذَكَّرُونَ ٦٢Canke umwe yishura uwuri mungorane mugihe amusaba mukumukurira ingorane ziwe, nukuba gira ngo bagendesha iy’Isi, mbega hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nigakeyi cane kugira ngo mwebwe mutegere أَمَّن يَهۡدِيكُمۡ فِي ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ وَمَن يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ بُشۡرَۢا بَيۡنَ يَدَيۡ رَحۡمَتِهِۦٓۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ تَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ٦٣Canke umwe yabarongora mumwijima wo kw’Isi nugutwara imiyaga mugushikiriza inkuru nziza imbere y’imigisha yayo, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose? Imana irisukuye hamwe nabayi gereranya nayo أَمَّن يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ وَمَن يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۗ أَءِلَٰهٌ مَّعَ ٱللَّهِۚ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٦٤Canke uwatanguye kurema ibiremwa vyose hanyuma akazobigarura nkuko vyamye, nukubaha imigisha ivuye mw’ijuru no kw’Isi, mbega hoba hari uwundi muremyi hamwe n’Imana rugira vyose, nuvuge uti:- mwebwe nimuzane ivyemezo vyanyu nimwaba muvugisha ukuri kwama قُل لَّا يَعۡلَمُ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ ٱلۡغَيۡبَ إِلَّا ٱللَّهُۚ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ ٦٥Vuga iti:- ntawuri mw’ijuru no kw’Isi afise ubumenyi bw’ibitariho atari Imana yonyene gusa nabone ntibazi ikihe gihe bazozurirwa ko بَلِ ٱدَّٰرَكَ عِلۡمُهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكٍّ مِّنۡهَاۖ بَلۡ هُم مِّنۡهَا عَمُونَ ٦٦Mbega bashikiwe ryari n’ubumenyi bwukumenya uwo musi w’imperuka, ahubwo nibo bafise amakenga y’uwo musi, ahubwo n’impumyi mukumenya uwo musi وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا تُرَٰبًا وَءَابَآؤُنَآ أَئِنَّا لَمُخۡرَجُونَ ٦٧N’abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- mbega nitwaba twaramaze kuba ivu hamwe n’abavyeyi bacu, niho tuzozurwa لَقَدۡ وُعِدۡنَا هَٰذَا نَحۡنُ وَءَابَآؤُنَا مِن قَبۡلُ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٦٨Ntankeka uku niko twemerewe hamwe n’abavyeyi bacu baho hambere bikaba bitari kuba ibi vyose atari uko ari inyanduruko z’ububeshi z’abantu bakera قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ ٦٩Vuga uti:- nimugende kw’Isi yose hanyuma mwitegereze ukugene vyabaye impera n’imperuka kuri ba bantu babi وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَلَا تَكُن فِي ضَيۡقٍ مِّمَّا يَمۡكُرُونَ ٧٠Kandi ntuterwe n’agahinda, kandi ntugire ibibazo kubera ingeso zabo bagira وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ ٧١Kandi bavuga bati:- iyi ndagano izoboneka ryari nimwaba muvugisha ukuri قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ رَدِفَ لَكُم بَعۡضُ ٱلَّذِي تَسۡتَعۡجِلُونَ ٧٢Vuga uti:- nkumbure iri hafi yukubashikira kuvyo mwihutira kugira ngo bibe وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَشۡكُرُونَ ٧٣Kandi ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene imigisha ku bantu bayo, mugabo benshi muribo ntiba shima وَإِنَّ رَبَّكَ لَيَعۡلَمُ مَا تُكِنُّ صُدُورُهُمۡ وَمَا يُعۡلِنُونَ ٧٤Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’ivyo munyegeza mubikiriza vyanyu hamwe nivyo muserura وَمَا مِنۡ غَآئِبَةٍ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِلَّا فِي كِتَٰبٍ مُّبِينٍ ٧٥Kandi ntamabanga ari hagati y’Amajuru n’Isi atari uko ari hagati y’igitabu c’Imana kigaragaza ibintu vyose إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَقُصُّ عَلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَكۡثَرَ ٱلَّذِي هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ ٧٦Ntankeka iyi Qur’aani ntagatifu irabavuga bene Israeri kubintu vyinshi bijanye nukutumvikana kwabo وَإِنَّهُۥ لَهُدًى وَرَحۡمَةٌ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ ٧٧Mu vy’ukuri iyi Qur’aani ntagatifu n’indongozi n’imigisha ku bantu bayemera إِنَّ رَبَّكَ يَقۡضِي بَيۡنَهُم بِحُكۡمِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡعَلِيمُ ٧٨Mu vy’ukuri Umuremyi wawe azobacira urubanza rw’amategeko yayo, nayo niyo nyene inguvu n’ubumenyi buhagije فَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنَّكَ عَلَى ٱلۡحَقِّ ٱلۡمُبِينِ ٧٩Rero niwizere Imana yawe mu vy’ukuri wewe uri hejuru y’ukuri kuri k’umugaragaro إِنَّكَ لَا تُسۡمِعُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَلَا تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا وَلَّوۡاْ مُدۡبِرِينَ ٨٠Mu vy’ukuri wewe ntushobora kwumvisha abapfuye ubwo butumwa bwawe canke kwumvisha abatumva mugihe bahindukiye bigira iyo baja وَمَآ أَنتَ بِهَٰدِي ٱلۡعُمۡيِ عَن ضَلَٰلَتِهِمۡۖ إِن تُسۡمِعُ إِلَّا مَن يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُم مُّسۡلِمُونَ ٨١Kandi ntushobora kurongora impumyi ziri mubuzimire bwazo, kandi ntushobora kubumvisha atari abemera amajambo yacu y’Imana, abo rero nibo bagamburutsi ۞ وَإِذَا وَقَعَ ٱلۡقَوۡلُ عَلَيۡهِمۡ أَخۡرَجۡنَا لَهُمۡ دَآبَّةً مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ تُكَلِّمُهُمۡ أَنَّ ٱلنَّاسَ كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا لَا يُوقِنُونَ ٨٢N’imvugo mugihe izoba shikira tuzoba kurira igikoko ngaha kw’Isi kizoba vugisha abo bantu kubera yuko batemera amajambo yacu وَيَوۡمَ نَحۡشُرُ مِن كُلِّ أُمَّةٍ فَوۡجًا مِّمَّن يُكَذِّبُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُمۡ يُوزَعُونَ ٨٣N’umusi tuzo kwegeranya mumirwi y’abantu bahakanye Imana yabo y’ukuri, nabone bazoshigwa mumirwi nk’abandi حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُو قَالَ أَكَذَّبۡتُم بِـَٔايَٰتِي وَلَمۡ تُحِيطُواْ بِهَا عِلۡمًا أَمَّاذَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٨٤N’igihe bazoshika Imana izovumera iti:- mbega mwebwe mwarahakanye amajambo yanje mutabizi neza, canke mwamye mugira iki وَوَقَعَ ٱلۡقَوۡلُ عَلَيۡهِم بِمَا ظَلَمُواْ فَهُمۡ لَا يَنطِقُونَ ٨٥Ijambo ry’ukuri rizobashikira kubera yuko bahemutse, rero ntaco bazovuga أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا جَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ لِيَسۡكُنُواْ فِيهِ وَٱلنَّهَارَ مُبۡصِرًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ ٨٦Mbega ntibabona yuko twaremye Ijoro kugira ngo abantu baruhukire mwo hamwe n’umutaga w’umuco, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu bemera Imana yabo y’ukuri وَيَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِ فَفَزِعَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۚ وَكُلٌّ أَتَوۡهُ دَٰخِرِينَ ٨٧N’umusi hazovuzwa inzamba hanyuma abari mumajuru nabari kw’isi bose baze bate imitwe hirya no hino, dukuyemwo uwo Imana yashakiye ntate umutwe wiwe hirya no hino, na bose bazoyi shikira nabo bafise ibimaramare وَتَرَى ٱلۡجِبَالَ تَحۡسَبُهَا جَامِدَةً وَهِيَ تَمُرُّ مَرَّ ٱلسَّحَابِۚ صُنۡعَ ٱللَّهِ ٱلَّذِيٓ أَتۡقَنَ كُلَّ شَيۡءٍۚ إِنَّهُۥ خَبِيرُۢ بِمَا تَفۡعَلُونَ ٨٨Uzobona imisozi ukibaza yuko ihumuye nayo iriko iragenda nk’ibicu, uko niko Imana ikora kuko yakoze ibintu vyose, ntankeka niyo ifise inkuru y’ivyo mugira vyose مَن جَآءَ بِٱلۡحَسَنَةِ فَلَهُۥ خَيۡرٌ مِّنۡهَا وَهُم مِّن فَزَعٍ يَوۡمَئِذٍ ءَامِنُونَ ٨٩Abazozana ineza bazoronka ineza gusumba iyo, nuko kuburagizwa kw’uwo musi bazoba bari mumahoro nawo وَمَن جَآءَ بِٱلسَّيِّئَةِ فَكُبَّتۡ وُجُوهُهُمۡ فِي ٱلنَّارِ هَلۡ تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٩٠Nabazogira ububisha bwabo amaso yabo azotabwa mumuriro udahera, none ntimuhembwa atari kuvyo mwahora mugira إِنَّمَآ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ رَبَّ هَٰذِهِ ٱلۡبَلۡدَةِ ٱلَّذِي حَرَّمَهَا وَلَهُۥ كُلُّ شَيۡءٍۖ وَأُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ ٩١Ntankeka nategetswe ngo nsenge Umuremyi w’iki gisagara, ariwe yagiteye iteka kandi ibintu vyose nivyiwe kandi nkaba nategetswe yuko noba mubantu babagamburutsi وَأَنۡ أَتۡلُوَاْ ٱلۡقُرۡءَانَۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَقُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ ٩٢Kandi nsome iyi Qur’aani ntagatifu, nukuba ndi mubarongotse, nuwurongotse aba arongotse kubwiwe, nayo uwazimiye wewe nuvuge uti:- mu vy’ukuri jewe ndi mu bantu batuza abantu وَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ سَيُرِيكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ فَتَعۡرِفُونَهَاۚ وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ ٩٣Kandi uvuge iti:- ihayagizwa ryose ryiza ni ry’Imana kuko ubu vuba Imana izobereka ibimenyetso vyayo kandi muzobitahura, kandi umuremyi wawe ntiyibagira kuri ibi vyose mugira