ملة الإسلام

السورة 30 · 60 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الروم باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الروم (1,248 قارئاً)
مكيةسورة الروم٦٠ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

الٓمٓ ١Alif, Laam, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa) غُلِبَتِ ٱلرُّومُ ٢Abarumi batsinzwe فِيٓ أَدۡنَى ٱلۡأَرۡضِ وَهُم مِّنۢ بَعۡدِ غَلَبِهِمۡ سَيَغۡلِبُونَ ٣Mugisagara kiri hafi yabo bamaze gutsindwa, mugabo bazotsinda فِي بِضۡعِ سِنِينَۗ لِلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ مِن قَبۡلُ وَمِنۢ بَعۡدُۚ وَيَوۡمَئِذٍ يَفۡرَحُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٤Mumyaka mikeyi gusa itegeko ni ry’Imana yonyene imbere n’inyuma, y’uwo musi aba Isilamu bazonezerwa بِنَصۡرِ ٱللَّهِۚ يَنصُرُ مَن يَشَآءُۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ ٥K’uburokoke bw’Imana irokora uwo yishakiye, nayo niyo ifise ubushobozi bukwiye n’impuhwe zihagije وَعۡدَ ٱللَّهِۖ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ وَعۡدَهُۥ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ ٦Indagano y’Imana n’indagano Imana idatabwa mugabo abantu benshi ntavyo bazi يَعۡلَمُونَ ظَٰهِرًا مِّنَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُمۡ عَنِ ٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ غَٰفِلُونَ ٧Barafise ubumenyi buboneka bujanye n’ubuzima bwo ng’aha kw’isi, mugabo bakihenda n’ubuzima bwo mw’ijuru budahera أَوَلَمۡ يَتَفَكَّرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۗ مَّا خَلَقَ ٱللَّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَأَجَلٍ مُّسَمًّىۗ وَإِنَّ كَثِيرًا مِّنَ ٱلنَّاسِ بِلِقَآيِٕ رَبِّهِمۡ لَكَٰفِرُونَ ٨Mbega ntibiyumvira mumitima yabo yuko Imana itaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose yuko ari ivy’ukuri, no kugihe cagenywe mu vy’ukuri abantu benshi ntibavyemera yuko bazohura n’Umuremyi wabo أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةً وَأَثَارُواْ ٱلۡأَرۡضَ وَعَمَرُوهَآ أَكۡثَرَ مِمَّا عَمَرُوهَا وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ فَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظۡلِمَهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ ٩Mbega ntibagenda genda kuri iy’Isi turiko nukuraba ukugene yabaye amaherezo y’aba bantu bamyeho imbere yabo, nabo bari bafise ubushobozi buhanitse kubasumba, bakaba barima kuri iy’Isi nuku yiringaniza neza kubasumba uko bahora bayi ringaniza, n’intumwa zabo z’Imana zarabashikiye zifise ibimenyetso biri k’umugaragaro, rero Imana ntiyari kubahemukira, mugabo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo ثُمَّ كَانَ عَٰقِبَةَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ ٱلسُّوٓأَىٰٓ أَن كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ بِهَا يَسۡتَهۡزِءُونَ ١٠Hanyuma impera yabagize amabi yose nuguhakana amajambo y’Imana matagatifu nukuyatyoza ٱللَّهُ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ١١Imana rugira vyose niyo yatanguje kurema ibiremwa vyose, kandi niyo izobigarura hanyuma bize bisubizwe iwe وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُبۡلِسُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ ١٢N’umusi umuhero w’Isi uzoshika, inkozi z’ibibi zose zizo debukirwa وَلَمۡ يَكُن لَّهُم مِّن شُرَكَآئِهِمۡ شُفَعَٰٓؤُاْ وَكَانُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ كَٰفِرِينَ ١٣Ntibazoba bafise uwubasabira mubo bahora bagereranyako n’ibindi bintu, nabo bagereranywako n’ibindi bintu bazoba hakana icese وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٍ يَتَفَرَّقُونَ ١٤N’umusi w’umuhero w’Isi uzoboneka kuri uwo musi abantu bazocanamwo فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَهُمۡ فِي رَوۡضَةٍ يُحۡبَرُونَ ١٥Nayo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, bazonezerezwa nabo bari mumirima iteye igomwe iri mw’ijuru وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَلِقَآيِٕ ٱلۡأٓخِرَةِ فَأُوْلَٰٓئِكَ فِي ٱلۡعَذَابِ مُحۡضَرُونَ ١٦Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri, nuguhakana amajambo yacu hamwe n’ihuriro ry’umusi w’imperuka abo bantu bazoshengezwa n’ibihano vyo mumuriro udahera فَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ حِينَ تُمۡسُونَ وَحِينَ تُصۡبِحُونَ ١٧Rero nimuyihayagize Imana mugihe c’ijoro hamwe no mugihe co mugitondo وَلَهُ ٱلۡحَمۡدُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَعَشِيًّا وَحِينَ تُظۡهِرُونَ ١٨Nihayagizwa ryose ryiza niry’Imana haba mumajuru canke kw’Isi n’igihe co k’umuhingamo hamwe n’igihe co kumurango يُخۡرِجُ ٱلۡحَيَّ مِنَ ٱلۡمَيِّتِ وَيُخۡرِجُ ٱلۡمَيِّتَ مِنَ ٱلۡحَيِّ وَيُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۚ وَكَذَٰلِكَ تُخۡرَجُونَ ١٩Niyo ikura igifise ubuzima mukintu capfuye, nugukura ikintu capfuye mukintu gifise ubuzima, kandi niyo igira Isi kuba ari toto mugihe yari yarapfuye, rero uko niko muzozurwa وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَنۡ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٍ ثُمَّ إِذَآ أَنتُم بَشَرٌ تَنتَشِرُونَ ٢٠No mubimenyetso vyayo nuku kubarema ibakuye mw’ivu hanyuma nukuba abantu bakwiye وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَنۡ خَلَقَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجًا لِّتَسۡكُنُوٓاْ إِلَيۡهَا وَجَعَلَ بَيۡنَكُم مَّوَدَّةً وَرَحۡمَةًۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يَتَفَكَّرُونَ ٢١No mubimenyetso vyayo nuko yabaremeye abapfasoni banyu nkuko namwe mwaremwe kugira ngo muronke ihumurizo kuribo, nayo yabagiriye urukundo n’ikigongwe hagati yanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu biyumvira وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ خَلۡقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفُ أَلۡسِنَتِكُمۡ وَأَلۡوَٰنِكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّلۡعَٰلِمِينَ ٢٢No mubimenyetso vyayo nukurema Amajuru n’Isi hamwe nugutahuza indimi zanyu n’amabara yanyu, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubumenyi buhagije وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ مَنَامُكُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱبۡتِغَآؤُكُم مِّن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يَسۡمَعُونَ ٢٣No mubimenyetso vyayo nuko kuryama kwanyu kwo mw’Ijoro n’umutaga, n’ukurondera icorirenza, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu bumva وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفًا وَطَمَعًا وَيُنَزِّلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءً فَيُحۡيِۦ بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يَعۡقِلُونَ ٢٤No mubimenyetso vyayo nukubereka imiravyo nukubatera ubwoba n’igihababu nukumanura amazi avuye mubicu, kuriyo igaca izura Isi yari yarapfuye, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bategera neza وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن تَقُومَ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ بِأَمۡرِهِۦۚ ثُمَّ إِذَا دَعَاكُمۡ دَعۡوَةً مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ إِذَآ أَنتُمۡ تَخۡرُجُونَ ٢٥No mubimenyetso vyayo nuko Ijuru n’Isi bihagaze kw’itegeko ryayo, hanyuma mugihe izoba hamagara ihamagaro rimwe gusa mwese muzozuka mukuzimu وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلٌّ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ ٢٦Ibiri mumajuru no kw’Isi yose ni vy’Imana, kandi vyose nibi gamburukira Imana وَهُوَ ٱلَّذِي يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ وَهُوَ أَهۡوَنُ عَلَيۡهِۚ وَلَهُ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ٢٧Nayo niyo yatanguje ibiremwa vyose ikaba nayo ariyo izobigarura bikaba kuriyo ari ibintu vyoroshe cane kuriyo, nayo niyo ifise ihayagizwa ryiza riri mw’Ijuru no kw’Isi nayo niyo nyene ububasha n’ubuhizi buhagije ضَرَبَ لَكُم مَّثَلًا مِّنۡ أَنفُسِكُمۡۖ هَل لَّكُم مِّن مَّا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُم مِّن شُرَكَآءَ فِي مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ فَأَنتُمۡ فِيهِ سَوَآءٌ تَخَافُونَهُمۡ كَخِيفَتِكُمۡ أَنفُسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٍ يَعۡقِلُونَ ٢٨Yarabatangiye ko akarorero kubijanye n’imitima yanyu, mbega mubo mwitungiye n’amaboko yanyu y’iburyo harimwo abo mucuditse nabo muvyo twabahaye kugeza naho mungana nukubatinya nkuko mwitinyana kubwanyu, uku rero niko dutandukanya aya majambo yacu ku bantu bategera بَلِ ٱتَّبَعَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَهۡوَآءَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۖ فَمَن يَهۡدِي مَنۡ أَضَلَّ ٱللَّهُۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ ٢٩Mugabo abahemukiye imitima yabo nuko bakurikiye amatamariro y’imitima yabo nabo batabizi, none ni nde ashobora kurongora uwo Imana yataye mubuzimire, nabo ntibazoba bafise abazoba rokora فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ حَنِيفًاۚ فِطۡرَتَ ٱللَّهِ ٱلَّتِي فَطَرَ ٱلنَّاسَ عَلَيۡهَاۚ لَا تَبۡدِيلَ لِخَلۡقِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ ٱلدِّينُ ٱلۡقَيِّمُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ ٣٠Rero nutumbereze amaso yawe kw’idini ry’ukuri, kuko ariryo rema Imana yabaremeye abantu, rero ntahindagurika mwirema ry’ibiremwa vy’Imana, iryo niryo dini ry’ukuri mugabo abantu benshi ntavyo bazi ۞ مُنِيبِينَ إِلَيۡهِ وَٱتَّقُوهُ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ ٣١Nimu gamburuke kuriyo kandi muyitinye kandi muhagarike amasengesho yanyu, mugabo ntimube muba gereranya Imana n’ibindi bintu مِنَ ٱلَّذِينَ فَرَّقُواْ دِينَهُمۡ وَكَانُواْ شِيَعًاۖ كُلُّ حِزۡبِۭ بِمَا لَدَيۡهِمۡ فَرِحُونَ ٣٢Muba tandukanije idini ryabo nukuba imirwi n’iyindi, umurwi umwumwe wose unezerezwa nico ufise وَإِذَا مَسَّ ٱلنَّاسَ ضُرٌّ دَعَوۡاْ رَبَّهُم مُّنِيبِينَ إِلَيۡهِ ثُمَّ إِذَآ أَذَاقَهُم مِّنۡهُ رَحۡمَةً إِذَا فَرِيقٌ مِّنۡهُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ ٣٣Abantu bashikiwe n’ivyago niho baca batabaza Umuremyi wabo n’ubugamburutsi ntangere, hanyuma iberetse imigisha yayo niho bamwe muribo baca bagereranya Imana yabo n’ibindi bintu لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ ٣٤Muguhakana muvyo twabahaye, rero nimunezerwe mugabo ubu vuba muzotahura أَمۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنًا فَهُوَ يَتَكَلَّمُ بِمَا كَانُواْ بِهِۦ يُشۡرِكُونَ ٣٥Mbega ntitwa bamanuriye ivyemezo bibakura amakenga kuvyerekeye uko kugereranya Imana n’ibindi bintu وَإِذَآ أَذَقۡنَا ٱلنَّاسَ رَحۡمَةً فَرِحُواْ بِهَاۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ إِذَا هُمۡ يَقۡنَطُونَ ٣٦No mugihe twabahonjesha abantu imigisha yacu baca bayihimbarira, mugabo mugihe bashikiwe n’ivyago kubera ivyo amaboko yabo yakoze, mumwanya isase baca badebukirwa أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّقَوۡمٍ يُؤۡمِنُونَ ٣٧Mbega ntibabona yuko Imana yugururira imigisha yayo myinshi kuwo yishakiye nukwima uwo yishakiye, ntankeka rero muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri فَـَٔاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٌ لِّلَّذِينَ يُرِيدُونَ وَجۡهَ ٱللَّهِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ٣٨Rero numuhe umubanyi ibikenewe kuriwe hamwe n’aboro nabari murugendo ivyo navyo ni vyiza kubashaka ikigongwe c’Imana, abo nibo bazoronka intsinzi nyakuri وَمَآ ءَاتَيۡتُم مِّن رِّبًا لِّيَرۡبُوَاْ فِيٓ أَمۡوَٰلِ ٱلنَّاسِ فَلَا يَرۡبُواْ عِندَ ٱللَّهِۖ وَمَآ ءَاتَيۡتُم مِّن زَكَوٰةٍ تُرِيدُونَ وَجۡهَ ٱللَّهِ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُضۡعِفُونَ ٣٩Nayo amahera mwatanze y’umurengero kugira ngo yongere kumatungo y’abantu mumenye yuko imbere y’Imana hatongereka ko n’ikintu nakimwe, mugabo muvyo mutanga kubera imperezwa nugushaka ikigongwe c’Imana rero abo bantu nibo bongerezwa inyungu kumatungo yabo ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ ثُمَّ رَزَقَكُمۡ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يُحۡيِيكُمۡۖ هَلۡ مِن شُرَكَآئِكُم مَّن يَفۡعَلُ مِن ذَٰلِكُم مِّن شَيۡءٍۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ ٤٠Imana niyo yabaremye nukubaha imigisha yayo, hanyuma niyo izobica hanyuma ibazure, mbega muri bamwe mugereranya n’Imana yuko harimwo uwushobora kugira icarico cose muri ibi, rero itandukanye nuku gabanukirwa kukintu icarico cose kandi niyo iri hejuru gusumba kuvyo bayi gereranirizako ظَهَرَ ٱلۡفَسَادُ فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ بِمَا كَسَبَتۡ أَيۡدِي ٱلنَّاسِ لِيُذِيقَهُم بَعۡضَ ٱلَّذِي عَمِلُواْ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ٤١Bwarabonetse ubwononyi ng’aha kw’Isi no mubiyaga kubera ivyakozwe n’amaboko y’abantu, rero kugira ngo ibahonjeshe bimwe mubintu bagize, nkumbure bogaruka قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلُۚ كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّشۡرِكِينَ ٤٢Vuga uti :- nimugire urugendo kuri iy’Isi kandi mwitegereze ingene yabaye amaherezo yababaye imbere yabo, benshi muribo bari muba gereranya Imana n’ibindi bintu فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ ٱلۡقَيِّمِ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ يَوۡمٌ لَّا مَرَدَّ لَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۖ يَوۡمَئِذٍ يَصَّدَّعُونَ ٤٣Rero nutumbereze amaso yawe munzira y’idini y’ukuri imbere yugushika kuri uwo musi utazitirwa uvuye ku Mana, kuri uwo musi niwo musi abantu bazo tandukanira مَن كَفَرَ فَعَلَيۡهِ كُفۡرُهُۥۖ وَمَنۡ عَمِلَ صَٰلِحًا فَلِأَنفُسِهِمۡ يَمۡهَدُونَ ٤٤Uwuhakanye uko guhakana kwiwe kuri hejuru yiwe wenyene, nabagira ineza bazigirira imitima yabo لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡكَٰفِرِينَ ٤٥Kugira ngo ibahembe bamwe bemeye nukugira ibikorwa vyiza kumigisha yayo, ntankeka Imana ntikunda abahakanyi bayo وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن يُرۡسِلَ ٱلرِّيَاحَ مُبَشِّرَٰتٍ وَلِيُذِيقَكُم مِّن رَّحۡمَتِهِۦ وَلِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ ٤٦No mubimenyetso vyayo nukuzana imiyaga ishikiriza inkuru nziza nukuba honjesha imigisha yayo, kandi kugira ngo amato agire hejuru y’ibiyaga kw’itegeko ryayo, nukurondera imigisha yayo nukuyi kengurukira وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ رُسُلًا إِلَىٰ قَوۡمِهِمۡ فَجَآءُوهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَٱنتَقَمۡنَا مِنَ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْۖ وَكَانَ حَقًّا عَلَيۡنَا نَصۡرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٤٧Mu vy’ukuri twebwe twararungitse imbere yawe intumwa z’Imana ku bantu babo bakaba baje bafise ivyemezo biri k’umugaragaro, munyuma yaho twaciye dubahana abagize amabi yose kandi vyari ngombwa kuri twebwe mukuba kingira abemeye Imana yabo y’ukuri ٱللَّهُ ٱلَّذِي يُرۡسِلُ ٱلرِّيَٰحَ فَتُثِيرُ سَحَابًا فَيَبۡسُطُهُۥ فِي ٱلسَّمَآءِ كَيۡفَ يَشَآءُ وَيَجۡعَلُهُۥ كِسَفًا فَتَرَى ٱلۡوَدۡقَ يَخۡرُجُ مِنۡ خِلَٰلِهِۦۖ فَإِذَآ أَصَابَ بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ ٤٨Imana niyo izana imiyaga nukugendesha ibicu hanyuma ikabisanzaza mw’ijuru nkuko ibishaka, hanyuma ikabigira ibimanyu manyu ugaca ubona imvura irakorotse nugushika hasi nukuyishikana kubo yishakiye ku bantu bayo, nabo mumwanya ugaca ubabona banezerewe وَإِن كَانُواْ مِن قَبۡلِ أَن يُنَزَّلَ عَلَيۡهِم مِّن قَبۡلِهِۦ لَمُبۡلِسِينَ ٤٩Naho imbere yuku manurirwa iyo mvura bari bamaze kwihebura فَٱنظُرۡ إِلَىٰٓ ءَاثَٰرِ رَحۡمَتِ ٱللَّهِ كَيۡفَ يُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ ذَٰلِكَ لَمُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ قَدِيرٌ ٥٠Rero nimurabe ibimenyetso vy’imigisha y’Imana ingene itotahaza Isi mugihe yari yarapfuye ntankeka Imana niyo izura abapfuye kandi niyo nyene ububasha hejuru y’ibintu vyose وَلَئِنۡ أَرۡسَلۡنَا رِيحًا فَرَأَوۡهُ مُصۡفَرًّا لَّظَلُّواْ مِنۢ بَعۡدِهِۦ يَكۡفُرُونَ ٥١Nkiyo tuzana umuyaga bakawubona ufise ibara ry’umuhondo, kuri ibi vyose bari kubandanya bahakana Imana yabo y’ukuri فَإِنَّكَ لَا تُسۡمِعُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَلَا تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا وَلَّوۡاْ مُدۡبِرِينَ ٥٢Na wewe ntankeka ntushobora kwumvisha ubutumwa bwawe ku bantu bamaze gushengera, canke ntushobora kwumvisha abatumva mugihe bahindukiye bigira iyo baja وَمَآ أَنتَ بِهَٰدِ ٱلۡعُمۡيِ عَن ضَلَٰلَتِهِمۡۖ إِن تُسۡمِعُ إِلَّا مَن يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُم مُّسۡلِمُونَ ٥٣Kandi ntushobora kurongora impumyi ziri mubuzimire bwazo, kuko wewe ntiwumvisha abantu atari abemeye amajambo yacu, abo nibo bantu babagamburutsi nyabo ۞ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن ضَعۡفٍ ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ ضَعۡفٍ قُوَّةً ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٍ ضَعۡفًا وَشَيۡبَةًۚ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡقَدِيرُ ٥٤Imana niyo yabaremye mubu goyagoye, no muyuma y’ubwo bugoyagoye ica ibaha inguvu, no munyuma yizo nguvu ica ibasubiza mubu goyagoye bwanyu hamwe n’ubusaza rero Imana irema uko yishakiye nayo niyo nyene ubumenyi n’ubushobozi buhagije وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُقۡسِمُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ مَا لَبِثُواْ غَيۡرَ سَاعَةٍۚ كَذَٰلِكَ كَانُواْ يُؤۡفَكُونَ ٥٥N’umusi umuhero w’Isi uzohagarara, inkozi z’ikibi zizorahira yuko zitabaye kw’Isi atari isaha imwe gusa, uko rero niko bamye bahindaguzwa وَقَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ وَٱلۡإِيمَٰنَ لَقَدۡ لَبِثۡتُمۡ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡبَعۡثِۖ فَهَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡبَعۡثِ وَلَٰكِنَّكُمۡ كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ ٥٦Nabahawe ubumenyi nukwemera bimwe bivuye kumutima bazovuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mubayeho kw’itegeko ry’Imana kugeza k’umusi wukuzurwa kwanyu, rero uwo musi nuwo kuzurwa mugabo mwebwe ntavyo mwari muzi namba فَيَوۡمَئِذٍ لَّا يَنفَعُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَعۡذِرَتُهُمۡ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ ٥٧Kuri uwo musi ntakizoba fasha ku bantu bahemukiye imitima yabo kubera ingorane zabo, kandi ntibazo kwemererwa ikigongwe cabo وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٍۚ وَلَئِن جِئۡتَهُم بِـَٔايَةٍ لَّيَقُولَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا مُبۡطِلُونَ ٥٨Mu vy’ukuri twaratanze akarorero k’ubwoko bwose kubera abantu muri iki gitabu c’Imana ca Qur’aani ntagatifu, mugabo ubashikirize ivyemezo ivyarivyo vyose, ntankeka abahakanye Imana yabo y’ukuri bazovuga bati:- mwebwe ntimwari mu bantu bahindura ukuri aho kuri كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ ٥٩Uko niko Imana itera igikumu kumitima yabamwe badategera فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقٌّۖ وَلَا يَسۡتَخِفَّنَّكَ ٱلَّذِينَ لَا يُوقِنُونَ ٦٠Rero nurorere gusa ntankeka indagano y’Imana niy’ukuri kandi ntibagutere umutima uhagaze bamwe badafise icizero

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.