Millat al-Islam

Chapter 98 · 8 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Bayyina in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Bayyina (1270 reciters)
Medinanسورة البينة8 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

لَمۡ يَكُنِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ مُنفَكِّينَ حَتَّىٰ تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ ١Bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu gitagatifu, hamwe nabagereranya Imana n’ibindi bintu, ntibazoreka kugira ivyo basanganywe bagira, kugeza aho bazoshikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro رَسُولٌ مِّنَ ٱللَّهِ يَتۡلُواْ صُحُفًا مُّطَهَّرَةً ٢Intumwa yavuye ku Mana ibasomera impapuro zisukuye فِيهَا كُتُبٌ قَيِّمَةٌ ٣Muri izo harimwo amategeko akoma komeye وَمَا تَفَرَّقَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ ٤Kandi abo bantu ntibacanyemwo mubahawe igitabu c’Imana gitagatifu atari uko munyuma bashikiwe n’ivyemezo bashaka وَمَآ أُمِرُوٓاْ إِلَّا لِيَعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَ حُنَفَآءَ وَيُقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُواْ ٱلزَّكَوٰةَۚ وَذَٰلِكَ دِينُ ٱلۡقَيِّمَةِ ٥Kandi ntibategetswe kugira icarico cose atari ugusenga Imana yonyene gusa, mugusukura idini ryiwe, n’ukureka gusenga amadini y’ubuzimire, hanyuma bace bahagarika amasengesho n’ugutanga imperezwa, iyo rero niyo dini ihagaze neza y’ukuri إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ فِي نَارِ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمۡ شَرُّ ٱلۡبَرِيَّةِ ٦Ntankeka bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu c’Imana c’ukuri, hamwe n’abagereranya Imana n’ibindi bintu, bazo kwinjira mu muriro udahera witiriwe Jahannamu bawicare mwo mu buzima bwabo bwose, kuko abo nibo biremwa bibi cane إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أُوْلَٰٓئِكَ هُمۡ خَيۡرُ ٱلۡبَرِيَّةِ ٧Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bantu beranda mubiremwa vy’Imana جَزَآؤُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتُ عَدۡنٍ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدًاۖ رَّضِيَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ وَرَضُواْ عَنۡهُۚ ذَٰلِكَ لِمَنۡ خَشِيَ رَبَّهُۥ ٨Impembo yabo iri ku Muremyi wabo, n’imirima y’ubuzima bwabo bwose budahera, kuko muriyo haca imbere yabo imyonga, baze babeyo mu buzima bwabo bwose, kuko Imana yarabemereye nabo barashima, iyo mpembo ni kuri urya muntu atinya Umuremyi wiwe

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.