Millat al-Islam

Chapter 73 · 20 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Muzzammil in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Muzzammil (1282 reciters)
Meccanسورة المزمل20 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُزَّمِّلُ ١Wewe wipfutse amahuzu قُمِ ٱلَّيۡلَ إِلَّا قَلِيلًا ٢Nuhagarare mw’ijoro mugabo mu mwanya mutoyi gusa نِّصۡفَهُۥٓ أَوِ ٱنقُصۡ مِنۡهُ قَلِيلًا ٣Igice c’iryo joro canke ugabanye gatoyi أَوۡ زِدۡ عَلَيۡهِ وَرَتِّلِ ٱلۡقُرۡءَانَ تَرۡتِيلًا ٤Canke wongerezeko gatoyi, hanyuma usome iyi Qur’ani ntagatifu nkuko bitegetswe إِنَّا سَنُلۡقِي عَلَيۡكَ قَوۡلًا ثَقِيلًا ٥Mu vy’ukuri twebwe tuzo kumanurira imvugo iremereye cane إِنَّ نَاشِئَةَ ٱلَّيۡلِ هِيَ أَشَدُّ وَطۡـًٔا وَأَقۡوَمُ قِيلًا ٦Mu vy’ukuri ukwikangura mw’ijoro n’ukugira ibisabisho bihurana neza n’umushaha hamwe n’amajambo yayo ahumuriza cane إِنَّ لَكَ فِي ٱلنَّهَارِ سَبۡحًا طَوِيلًا ٧Mu vy’ukuri k’umurango urafise ibikorwa vyinshi cane وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ وَتَبَتَّلۡ إِلَيۡهِ تَبۡتِيلًا ٨Nurivuge izina ry’Umuremyi wawe kandi witeho kuriyo bimwe vy’ukuri رَّبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَٱتَّخِذۡهُ وَكِيلًا ٩Umuremyi w’ubuseruko nuburengera zuba, ntayindi isengwa atariyo yonyene gusa, rero n’uyigire kuba ariyo igukingiye وَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱهۡجُرۡهُمۡ هَجۡرًا جَمِيلًا ١٠Ni wigumye kuri ivyo vyose bavuga abo bahakanyi b’Imana, kandi ubikure ko ube kure yabo n’amahoro وَذَرۡنِي وَٱلۡمُكَذِّبِينَ أُوْلِي ٱلنَّعۡمَةِ وَمَهِّلۡهُمۡ قَلِيلًا ١١N’undeke jewe hamwe nabo bahakanyi baronse amahirwe, hanyuma ubahe ikiringo kigufiya gusa إِنَّ لَدَيۡنَآ أَنكَالًا وَجَحِيمًا ١٢Mu vy’ukuri twebwe turafise ibihano hamwe n’umuriro udahera waka cane وَطَعَامًا ذَا غُصَّةٍ وَعَذَابًا أَلِيمًا ١٣N’ibifungurwa biniga mu muhogo hamwe n’ibihano bibabaza cane يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ وَكَانَتِ ٱلۡجِبَالُ كَثِيبًا مَّهِيلًا ١٤K’umusi waho Isi hamwe n’Imisozi izo nyiganzwa, n’Imisozi ikazoba nk’iyegeranijwe nk’umusenyi udafadika إِنَّآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ رَسُولًا شَٰهِدًا عَلَيۡكُمۡ كَمَآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ رَسُولًا ١٥Mu vy’ukuri twebwe twaraba zaniye intumwa y’Imana y’icabona kuri mwebwe, nkuko twamutwariye intumwa y’Imana kwa Fir’auni فَعَصَىٰ فِرۡعَوۡنُ ٱلرَّسُولَ فَأَخَذۡنَٰهُ أَخۡذًا وَبِيلًا ١٦Mugabo Fir’auni yariyonkoye kuntumwa y’Imana natwe tura muhana ibihano bininiya cane فَكَيۡفَ تَتَّقُونَ إِن كَفَرۡتُمۡ يَوۡمًا يَجۡعَلُ ٱلۡوِلۡدَٰنَ شِيبًا ١٧Mwebwe nimwa hakana, mushobora gute kwikingira n’ivyago vy’umusi uzogira ibibondo kuba banaze imvi nk’abatama ٱلسَّمَآءُ مُنفَطِرُۢ بِهِۦۚ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَفۡعُولًا ١٨Amajuru azo satagurika kuri uwo musi, amasezerano yayo azo kurikizwa atagisivya إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٌۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا ١٩Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa bw’Imana, rero uwushaka azo kwigirira inzira yiwe nziza ku Muremyi wiwe ۞ إِنَّ رَبَّكَ يَعۡلَمُ أَنَّكَ تَقُومُ أَدۡنَىٰ مِن ثُلُثَيِ ٱلَّيۡلِ وَنِصۡفَهُۥ وَثُلُثَهُۥ وَطَآئِفَةٌ مِّنَ ٱلَّذِينَ مَعَكَۚ وَٱللَّهُ يُقَدِّرُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَۚ عَلِمَ أَن لَّن تُحۡصُوهُ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِۚ عَلِمَ أَن سَيَكُونُ مِنكُم مَّرۡضَىٰ وَءَاخَرُونَ يَضۡرِبُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ يَبۡتَغُونَ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَءَاخَرُونَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنۡهُۚ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنًاۚ وَمَا تُقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُم مِّنۡ خَيۡرٍ تَجِدُوهُ عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرًا وَأَعۡظَمَ أَجۡرًاۚ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمُۢ ٢٠Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi buhagije yuko wewe uhagarara hafi y’ibice bibiri vy’ica gatatu c’ijoro, canke igice cayo n’uwundi mwanya ugahagarara kugice cica gatatu, na bamwe mu bantu muri kumwe nabo bagira nk’ibi hamwe na wewe, n’Imana niyo itegura neza ukugene uburebure bw’ijoro n’umutaga bungana, kandi niyo ifise ubumenyi buhagije yuko udashobora kugira ivyo, ikaba yarabagiriye ikigongwe kuri ivyo, rero ni musome ibiba yabaye kiborohereye kuri mwebwe mu majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, kuko irafise ubumenyi yuko bamwe muri mwebwe bazoba bakitswe n’amagara, abandi nabo bazoba bari mu rugendo ngaha kw’Isi barondera imigisha y’Imana, n’abandi nabo barwana mu nzira y’Imana, rero ni musome kubi boroheye muri ico gitabu gitagatifu, c’Imana hanyuma muhagarike amasengesho yanyu n’ugutanga imperezwa zanyu, hanyuma mubegurire Imana ikimanyu ciza, n’ineza iyariyo yose muzo yitanguza kubera imitima yanyu muzoyisanga ku Mana ari nziza cane, kandi ifise imigisha mininiya cane, kandi musabe ikigongwe ku Mana yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi cane n’impuhwe zihagije

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.