Millat al-Islam

Chapter 72 · 28 verses · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

Surah Al-Jinn in Rundi

Arabic with tafsir Listen to Surah Al-Jinn (1221 reciters)
Meccanسورة الجن28 verses

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

قُلۡ أُوحِيَ إِلَيَّ أَنَّهُ ٱسۡتَمَعَ نَفَرٌ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَقَالُوٓاْ إِنَّا سَمِعۡنَا قُرۡءَانًا عَجَبًا ١Vuga uti:- naramenyeshejwe kuri jewe yuko umurwi umwe w’ibisigo wumvise amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani uca uvuga uti:- mu vy’ukuri twumvise amajambo ya Qur’ani y’igitangaza يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلرُّشۡدِ فَـَٔامَنَّا بِهِۦۖ وَلَن نُّشۡرِكَ بِرَبِّنَآ أَحَدًا ٢Irongora k’uburongozi, kuri ivyo natwe turayemeye kandi ntituzo kwigera tugereranya Imana n’ikindi kintu hamwe n’Umuremyi wacu وَأَنَّهُۥ تَعَٰلَىٰ جَدُّ رَبِّنَا مَا ٱتَّخَذَ صَٰحِبَةً وَلَا وَلَدًا ٣Kandi mu vy’ukuri iteka ry’Umuremyi wacu riratewe iteka rihagije cane kuko itigeze yigirira umukenyezi canke ikibondo وَأَنَّهُۥ كَانَ يَقُولُ سَفِيهُنَا عَلَى ٱللَّهِ شَطَطًا ٤Mu vy’ukuri abadafise ubwenge muri twebwe bamye bavuga amajambo yarengeje urugero hejuru y’Imana وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن تَقُولَ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا ٥Natwe twamye twiyumvira yuko abantu hamwe n’ibisigo batazo besha hejuru y’Imana وَأَنَّهُۥ كَانَ رِجَالٌ مِّنَ ٱلۡإِنسِ يَعُوذُونَ بِرِجَالٍ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَزَادُوهُمۡ رَهَقًا ٦Mu vy’ukuri hari abagabo mubiremwa vy’Imana bikingira kubagabo b’ibisigo, kuri ivyo babongereza ingorane zidasanzwe وَأَنَّهُمۡ ظَنُّواْ كَمَا ظَنَنتُمۡ أَن لَّن يَبۡعَثَ ٱللَّهُ أَحَدًا ٧Mu vy’ukuri biketse nkuko mwiketse mwebwe yuko Imana itazo zana iyindi ntumwa y’Imana iyariyo yose وَأَنَّا لَمَسۡنَا ٱلسَّمَآءَ فَوَجَدۡنَٰهَا مُلِئَتۡ حَرَسًا شَدِيدًا وَشُهُبًا ٨Natwe twarakoze kumajuru tuyabona acungerewe n’abafise inguvu hamwe n’inyenyeri zisa yangana وَأَنَّا كُنَّا نَقۡعُدُ مِنۡهَا مَقَٰعِدَ لِلسَّمۡعِۖ فَمَن يَسۡتَمِعِ ٱلۡأٓنَ يَجِدۡ لَهُۥ شِهَابًا رَّصَدًا ٩Mu vy’ukuri twahora twicara mu nyubakwa kugira ngo twumvirize mugabo uwashaka kwumviriza ubwo nyene yahasanga ibishirira vy’umucanwa bimu rorereye وَأَنَّا لَا نَدۡرِيٓ أَشَرٌّ أُرِيدَ بِمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ أَرَادَ بِهِمۡ رَبُّهُمۡ رَشَدًا ١٠Natwe ntavyo twari tuzi yuko bashakirwa ishari bamwe baba ngaha kw’isi, canke Umuremyi wabo abashakira uburokoke وَأَنَّا مِنَّا ٱلصَّٰلِحُونَ وَمِنَّا دُونَ ذَٰلِكَۖ كُنَّا طَرَآئِقَ قِدَدًا ١١Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abantu beza n’abandi muri twebwe bateye ukundi, rero turi mu nzira zitandukanye وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن نُّعۡجِزَ ٱللَّهَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَن نُّعۡجِزَهُۥ هَرَبًا ١٢Natwe twari tuzi yuko tudashobora gutsinda Imana kuri iy’Isi kandi tudashobora kumwiyaka ngo twiruke وَأَنَّا لَمَّا سَمِعۡنَا ٱلۡهُدَىٰٓ ءَامَنَّا بِهِۦۖ فَمَن يُؤۡمِنۢ بِرَبِّهِۦ فَلَا يَخَافُ بَخۡسًا وَلَا رَهَقًا ١٣Natwe mugihe twumva ubwo burokoke twaciye tubwemera rero uwemeye Umuremyi wiwe ntazotinya kuzimbwa canke kwegekwako ibicumuro vy’uwundi muntu وَأَنَّا مِنَّا ٱلۡمُسۡلِمُونَ وَمِنَّا ٱلۡقَٰسِطُونَۖ فَمَنۡ أَسۡلَمَ فَأُوْلَٰٓئِكَ تَحَرَّوۡاْ رَشَدًا ١٤Natwe harimwo bamwe muri twebwe bemeye kuba aba Isilamu hakaba n’abandi muri twebwe baguma bajuragirika bamaze kuba aba Isilamu abo nibo barondeye uburokoke وَأَمَّا ٱلۡقَٰسِطُونَ فَكَانُواْ لِجَهَنَّمَ حَطَبًا ١٥N’abajuragirika abo bazoba ari inkwi zo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu وَأَلَّوِ ٱسۡتَقَٰمُواْ عَلَى ٱلطَّرِيقَةِ لَأَسۡقَيۡنَٰهُم مَّآءً غَدَقًا ١٦Iyo bafata nka nkama inzira igororotse twari kuba nywesha amazi menshi لِّنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَمَن يُعۡرِضۡ عَن ذِكۡرِ رَبِّهِۦ يَسۡلُكۡهُ عَذَابًا صَعَدًا ١٧Kugira ngo tubagerageze kuri ivyo vyose n’uwutitaho mu kwibuka Umuremyi wiwe, izomu sunika mubihano bigoye cane وَأَنَّ ٱلۡمَسَٰجِدَ لِلَّهِ فَلَا تَدۡعُواْ مَعَ ٱللَّهِ أَحَدًا ١٨Mu vy’ukuri amasengero yose nay’Imana, rero ntimusenge uwariwe wese hamwe n’Imana y’ukuri وَأَنَّهُۥ لَمَّا قَامَ عَبۡدُ ٱللَّهِ يَدۡعُوهُ كَادُواْ يَكُونُونَ عَلَيۡهِ لِبَدًا ١٩Mu vy’ukuri umushumvyi w’Imana Muhammadi (aui) igihe yahagarara asaba Umuremyi wiwe bari hafi yukumurwako قُلۡ إِنَّمَآ أَدۡعُواْ رَبِّي وَلَآ أُشۡرِكُ بِهِۦٓ أَحَدًا ٢٠Vuga uti:- Jewe nsenga Umuremyi wanje gusa, kandi sinda mugereranya n’ibindi bintu قُلۡ إِنِّي لَآ أَمۡلِكُ لَكُمۡ ضَرًّا وَلَا رَشَدًا ٢١Vuga uti:- jewe sindabaganza kugira ngo ndabagirire inabi, canke kubarongora قُلۡ إِنِّي لَن يُجِيرَنِي مِنَ ٱللَّهِ أَحَدٌ وَلَنۡ أَجِدَ مِن دُونِهِۦ مُلۡتَحَدًا ٢٢Vuga uti:- ntankeka ntan’umwe ashobora kunkingira n’Imana, kandi sinzoronka ibwicaro bw’amahoro atari kuriyo yonyene gusa إِلَّا بَلَٰغًا مِّنَ ٱللَّهِ وَرِسَٰلَٰتِهِۦۚ وَمَن يَعۡصِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَإِنَّ لَهُۥ نَارَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدًا ٢٣Mugabo mugushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana hamwe n’amategeko yayo, hamwe n’abazokwiyonjorora ku Mana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo ntankeka bazoronswa umuriro udahera witiriwe Jahannamu bazowubamwo mu buzima bwabo bwose حَتَّىٰٓ إِذَا رَأَوۡاْ مَا يُوعَدُونَ فَسَيَعۡلَمُونَ مَنۡ أَضۡعَفُ نَاصِرًا وَأَقَلُّ عَدَدًا ٢٤Kugeza aho bazobonera ivyo bemerewe, niho bazotahura uwariwe afise umufasha uhoya hoya n’uwufise igitigiri gitoyi قُلۡ إِنۡ أَدۡرِيٓ أَقَرِيبٌ مَّا تُوعَدُونَ أَمۡ يَجۡعَلُ لَهُۥ رَبِّيٓ أَمَدًا ٢٥Vuga uti:- sindabizi yuko ivyo mwemerewe biri hafi canke Umuremyi wanje azo biha ikiringo kirekire عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ فَلَا يُظۡهِرُ عَلَىٰ غَيۡبِهِۦٓ أَحَدًا ٢٦Niyo nyene ubumenyi bw’amabanga yose, kandi ntiyereka uwariwe wese amabanga yayo إِلَّا مَنِ ٱرۡتَضَىٰ مِن رَّسُولٍ فَإِنَّهُۥ يَسۡلُكُ مِنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ رَصَدًا ٢٧Dukuye mwo intumwa yayo yemereye, uyo niyo yashiriye ho abamu kingira bari imbere yiwe n’inyuma yiwe لِّيَعۡلَمَ أَن قَدۡ أَبۡلَغُواْ رِسَٰلَٰتِ رَبِّهِمۡ وَأَحَاطَ بِمَا لَدَيۡهِمۡ وَأَحۡصَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ عَدَدَۢا ٢٨Kugira ngo atahure yuko bashikanye ubutumwa bw’umuremyi wabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bafise vyose, kandi niyo yafashe nka nkama igitigiri c’ibintu vyose

Translation: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.