بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
حمٓ ١Haa, Miiym عٓسٓقٓ ٢Aayin, Siiyn, Qaaf. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa) كَذَٰلِكَ يُوحِيٓ إِلَيۡكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكَ ٱللَّهُ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ ٣Uku niko Imana nyene ubushobozi n’ubuhizi ikuzanira ubu butumwa kuri wewe hamwe n’abandi bari imbere yawe لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيُّ ٱلۡعَظِيمُ ٤Nivyiwe ibiri Mumajuru no kw’Isi, nayo niyo iri hejuru y’ibintu vyose kandi niyo nkuru تَكَادُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ يَتَفَطَّرۡنَ مِن فَوۡقِهِنَّۚ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡ وَيَسۡتَغۡفِرُونَ لِمَن فِي ٱلۡأَرۡضِۗ أَلَآ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ ٥Amajuru nayo aregereje gusatagurika hejuru yabo n’Abamarayika nibo bahayagiza Umuremyi wabo nukuyi kengurukira nugusabira ikigongwe abari kw’Isi, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’Imbabazi zihagije وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ ٱللَّهُ حَفِيظٌ عَلَيۡهِمۡ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلٍ ٦Nayo abafashe izindi Mana atari Imana y’ukuri ibabikiye kuvyo bagize vyose, na wewe ntujejwe kubika ibikorwa vyabo وَكَذَٰلِكَ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ قُرۡءَانًا عَرَبِيًّا لِّتُنذِرَ أُمَّ ٱلۡقُرَىٰ وَمَنۡ حَوۡلَهَا وَتُنذِرَ يَوۡمَ ٱلۡجَمۡعِ لَا رَيۡبَ فِيهِۚ فَرِيقٌ فِي ٱلۡجَنَّةِ وَفَرِيقٌ فِي ٱلسَّعِيرِ ٧Uku rero niko twakwugururiye iki gitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani kiri mururimi rw’icarabu kugira ngo utuze abantu bo mugisagara c’iMakkat nabari kumbibe zaco, kandi ubagabishe k’umusi w’ikoraniro ariwo musi udafise amakenga, kuko umurwi umwe uzoba uri mw’Ijuru n’uwundi nawo uzoba uri mumuriro udahera وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَهُمۡ أُمَّةً وَٰحِدَةً وَلَٰكِن يُدۡخِلُ مَن يَشَآءُ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ وَٱلظَّٰلِمُونَ مَا لَهُم مِّن وَلِيٍّ وَلَا نَصِيرٍ ٨Iyo Imana ibishaka yari kubagira abantu bose kuba ari umurwi umwe, mugabo yinjiza mumi hezagiro yayo uwo yishakiye, nayo abahemukiye imitima yabo ntawuzoba kingira canke umufasha أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَۖ فَٱللَّهُ هُوَ ٱلۡوَلِيُّ وَهُوَ يُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ قَدِيرٌ ٩Yoh ! bafashe izindi Mana aho gufata Imana y’ukuri, mugabo uwuba kingira bimwe vy’ukuri n’Imana, kandi niyo izozura abapfuye, kandi nayo niyo nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose وَمَا ٱخۡتَلَفۡتُمۡ فِيهِ مِن شَيۡءٍ فَحُكۡمُهُۥٓ إِلَى ٱللَّهِۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبِّي عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُ وَإِلَيۡهِ أُنِيبُ ١٠Nimu tumvikana kw’ijambo iryariryo ryose, intahe yaryo iri ku Mana, kuko iyo Mana niyo Muremyi wanje nizera kandi iwe niho nzosubira yo فَاطِرُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ جَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجًا وَمِنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ أَزۡوَٰجًا يَذۡرَؤُكُمۡ فِيهِۚ لَيۡسَ كَمِثۡلِهِۦ شَيۡءٌۖ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ ١١Umuremyi w’Amajuru n’Isi niwe yabaremeye abakenyezi nkuko mumeze, n’ibikoko navyo ibiremera imvyeyi nuku bongereza muri ubu bwoko n’ubundi rero ntakindi kiriho nkico nayo ikaba ariyo yumva nukubona لَهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّهُۥ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٌ ١٢Impfunguruzo z’Amajuru n’Isi zifatiwe mubiganza vyayo vyeranda, yugururira imigisha yayo kuwo yishakiye nukwima kuwo yishakiye, ntankeka rero niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyose ۞ شَرَعَ لَكُم مِّنَ ٱلدِّينِ مَا وَصَّىٰ بِهِۦ نُوحًا وَٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ وَمَا وَصَّيۡنَا بِهِۦٓ إِبۡرَٰهِيمَ وَمُوسَىٰ وَعِيسَىٰٓۖ أَنۡ أَقِيمُواْ ٱلدِّينَ وَلَا تَتَفَرَّقُواْ فِيهِۚ كَبُرَ عَلَى ٱلۡمُشۡرِكِينَ مَا تَدۡعُوهُمۡ إِلَيۡهِۚ ٱللَّهُ يَجۡتَبِيٓ إِلَيۡهِ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِيٓ إِلَيۡهِ مَن يُنِيبُ ١٣Yarabahaye intahe y’ukuri y’idini nkakurya nyene yasigiye iragi intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe nivyo twayugururiye, hamwe nivyo twaragiye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)hamwe n’intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yuko bohagarika idini ry’Imana, kandi ntimuze mucanemwo kuri ivyo kuko bizobagora kubegeranya kuvyo uba hamagarira, rero Imana niyo yitorera uwo yishakiye nukumu rongora uwayitu mbereye وَمَا تَفَرَّقُوٓاْ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٌ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ إِلَىٰٓ أَجَلٍ مُّسَمًّى لَّقُضِيَ بَيۡنَهُمۡۚ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ أُورِثُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ لَفِي شَكٍّ مِّنۡهُ مُرِيبٍ ١٤Ntiba tandukanye atari munyuma yaho bashikirwa n’ubumenyi kubera ukwinubana kwari hagati yabo, rero iyo ritaba ijambo ryabanje kuba rivuye ku Muremyi wawe kugeza kugihe catege kanijwe kuba, itegeko ryari gusohorwa, mu vy’ukuri bamwe basigiwe ibisigi vy’igitabu munyuma yabo bari bagifitiye amakenga c’ukugene bihindaguzwa hirya no hino فَلِذَٰلِكَ فَٱدۡعُۖ وَٱسۡتَقِمۡ كَمَآ أُمِرۡتَۖ وَلَا تَتَّبِعۡ أَهۡوَآءَهُمۡۖ وَقُلۡ ءَامَنتُ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِن كِتَٰبٍۖ وَأُمِرۡتُ لِأَعۡدِلَ بَيۡنَكُمُۖ ٱللَّهُ رَبُّنَا وَرَبُّكُمۡۖ لَنَآ أَعۡمَٰلُنَا وَلَكُمۡ أَعۡمَٰلُكُمۡۖ لَا حُجَّةَ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكُمُۖ ٱللَّهُ يَجۡمَعُ بَيۡنَنَاۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ ١٥Nuba hamagare bagende kugira ibi vyose, na wewe ugororoke nkuko wategetswe, kandi ntukurikire ivyipfuzo vyabo kandi uvuge uti:- jewe ndemeye ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana kandi nategetswe kuba umunyakuri hagati yanyu, Imana nayo niyo Muremyi wacu kandi niyo Muremyi wanyu, ibikorwa vyacu tubigira kubera twebwe nyene gusa, n’ibikorwa vyanyu mubigira kubera mwebwe nyene gusa, ntamatati ari hagati yacu na mwebwe n’Imana izo twegeranya hamwe n’ingaruka izoba iri iwe وَٱلَّذِينَ يُحَآجُّونَ فِي ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا ٱسۡتُجِيبَ لَهُۥ حُجَّتُهُمۡ دَاحِضَةٌ عِندَ رَبِّهِمۡ وَعَلَيۡهِمۡ غَضَبٌ وَلَهُمۡ عَذَابٌ شَدِيدٌ ١٦Nabahariye kubera idini ry’Imana kandi bamaze kwemererwa, ivyitwazo vyabo ntashingiro bizoba bifise imbere y’Umuremyi wabo no hejuru yabo hazoba hari ishavu, kandi hazoba kuribo ibihano bikaze cane ٱللَّهُ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ وَٱلۡمِيزَانَۗ وَمَا يُدۡرِيكَ لَعَلَّ ٱلسَّاعَةَ قَرِيبٌ ١٧Imana niyo yamanuye iki gitabu c’ukuri hamwe n’iminzani, none n’igiki kizo kumenyesha yuko nkumbure umusi w’umuhero w’Isi wegereje kuba يَسۡتَعۡجِلُ بِهَا ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِهَاۖ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مُشۡفِقُونَ مِنۡهَا وَيَعۡلَمُونَ أَنَّهَا ٱلۡحَقُّۗ أَلَآ إِنَّ ٱلَّذِينَ يُمَارُونَ فِي ٱلسَّاعَةِ لَفِي ضَلَٰلِۭ بَعِيدٍ ١٨Abatemera Imana yabo y’ukuri bama bagusaba yuko uwo musi woshika hakiri kare, nayo abemera Imana yabo y’ukuri barawutinya uwo musi kandi barazi neza yuko ari uw’ukuri mu vy’ukuri abo baharira kubijanye n’umuhero w’Isi bari mubuzimire bwakure cane ٱللَّهُ لَطِيفُۢ بِعِبَادِهِۦ يَرۡزُقُ مَن يَشَآءُۖ وَهُوَ ٱلۡقَوِيُّ ٱلۡعَزِيزُ ١٩Imana rugira vyose n’intungane kubiremwa vyayo, kuko niyo iha imigisha yayo kuwo yishakiye, kandi niyo ifise ubushobozi n’intsinzi nyakuri مَن كَانَ يُرِيدُ حَرۡثَ ٱلۡأٓخِرَةِ نَزِدۡ لَهُۥ فِي حَرۡثِهِۦۖ وَمَن كَانَ يُرِيدُ حَرۡثَ ٱلدُّنۡيَا نُؤۡتِهِۦ مِنۡهَا وَمَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِن نَّصِيبٍ ٢٠Uwushaka kuronka impembo y’umusi w’imperuka twebwe tuzoyi mwongereza kuri iyo mpembo yiwe yaronse, rero nuwurondera impembo y’aha kw’Isi tuzoyimuha, mugabo iyo mw’ijuru ntana kimwe azoba afise kumigisha y’amahoro أَمۡ لَهُمۡ شُرَكَٰٓؤُاْ شَرَعُواْ لَهُم مِّنَ ٱلدِّينِ مَا لَمۡ يَأۡذَنۢ بِهِ ٱللَّهُۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةُ ٱلۡفَصۡلِ لَقُضِيَ بَيۡنَهُمۡۗ وَإِنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ لَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ ٢١Yoh! Barafise abo bacuditse nabo b’Imana baba shiriye ho iyindi dini Imana itaba shiriye ho uruhusha, nayo iyo hataba ijambo ryugu tandukanya amategeko rero ayo mategeko yari kuba hagati yabo mu vy’ukuri hazoba kuba hemukiye imitima yabo ibihano bibabaza cane تَرَى ٱلظَّٰلِمِينَ مُشۡفِقِينَ مِمَّا كَسَبُواْ وَهُوَ وَاقِعُۢ بِهِمۡۗ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فِي رَوۡضَاتِ ٱلۡجَنَّاتِۖ لَهُم مَّا يَشَآءُونَ عِندَ رَبِّهِمۡۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡكَبِيرُ ٢٢Uzobabona abahemukiye imitima yabo ingene bajugumira kubera ivyo bagize kandi ivyo bintu bizoba shikira atagisivya, nayo abemeye Imana yabo y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza bazoba bari mumirima myiza iri mw’ijuru, bakazo ronka ivyo bipfuza mwo vyose bivuye ku Muremyi wabo, iyo niyo ngabirano niniya kuribo ذَٰلِكَ ٱلَّذِي يُبَشِّرُ ٱللَّهُ عِبَادَهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِۗ قُل لَّآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ أَجۡرًا إِلَّا ٱلۡمَوَدَّةَ فِي ٱلۡقُرۡبَىٰۗ وَمَن يَقۡتَرِفۡ حَسَنَةً نَّزِدۡ لَهُۥ فِيهَا حُسۡنًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ شَكُورٌ ٢٣Iyi niyo nkuru nziza Imana yabwiye abantu bayo bayemeye hamwe nukugira ibikorwa vyiza, nawe nuvuge uti:- kuri ibi vyose ntampembo iyariyo yose nsavye kuri mwebwe, mugabo ngomba yuko mwokunda ivyobegereza ku Mana, rero uwuzogira ineza tuzo mwongereza ineza mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe nugushimirwa أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًاۖ فَإِن يَشَإِ ٱللَّهُ يَخۡتِمۡ عَلَىٰ قَلۡبِكَۗ وَيَمۡحُ ٱللَّهُ ٱلۡبَٰطِلَ وَيُحِقُّ ٱلۡحَقَّ بِكَلِمَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ ٢٤Egome baravuze bati:- yabesheye Imana yuko ibishatse yoteye igikumu k’umutima wawe, nayo niyo ifuta ibitari ivy’ukuri, nu kwemeza ivy’ukuri kumajambo yayo atomoye, ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu وَهُوَ ٱلَّذِي يَقۡبَلُ ٱلتَّوۡبَةَ عَنۡ عِبَادِهِۦ وَيَعۡفُواْ عَنِ ٱلسَّيِّـَٔاتِ وَيَعۡلَمُ مَا تَفۡعَلُونَ ٢٥Nayo niyo yakira ikigongwe c’abantu bayo, nugu hanagurira amakosa nukuba ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose وَيَسۡتَجِيبُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَيَزِيدُهُم مِّن فَضۡلِهِۦۚ وَٱلۡكَٰفِرُونَ لَهُمۡ عَذَابٌ شَدِيدٌ ٢٦Ni ngombwa kubemera Imana yabo y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza izo bongereza imigisha yayo, nayo abatemera Imana yabo y’ukuri bazoba bari mubihano bikaze cane ۞ وَلَوۡ بَسَطَ ٱللَّهُ ٱلرِّزۡقَ لِعِبَادِهِۦ لَبَغَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِن يُنَزِّلُ بِقَدَرٍ مَّا يَشَآءُۚ إِنَّهُۥ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرُۢ بَصِيرٌ ٢٧Iyo Imana itanga imigisha yayo myinshi ikayiha abantu bayo beranda, ntankeka abo bantu bo kwishimye cane kuri iy’Isi mugabo iyo migisha iyimanura kurugero yishakiye mu vy’ukuri kubantu bayo beranda irabafitiye inkuru zabo zose nukuba bona وَهُوَ ٱلَّذِي يُنَزِّلُ ٱلۡغَيۡثَ مِنۢ بَعۡدِ مَا قَنَطُواْ وَيَنشُرُ رَحۡمَتَهُۥۚ وَهُوَ ٱلۡوَلِيُّ ٱلۡحَمِيدُ ٢٨Nayo niyo imanura imvura mugihe abantu bamaze kwihebura, nayo igaca ikwiza imigisha yayo, nayo niyo ikingira ibintu vyose nugu shimirwa وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦ خَلۡقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَثَّ فِيهِمَا مِن دَآبَّةٍۚ وَهُوَ عَلَىٰ جَمۡعِهِمۡ إِذَا يَشَآءُ قَدِيرٌ ٢٩No mubimenyetso vyayo nuku kuremwa kw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibi bintu bifise ubuzima yakwiragije hose nayo niyo ifise ubushobozi bukwiye bwuku vyegeranya nkuko ibishaka وَمَآ أَصَٰبَكُم مِّن مُّصِيبَةٍ فَبِمَا كَسَبَتۡ أَيۡدِيكُمۡ وَيَعۡفُواْ عَن كَثِيرٍ ٣٠N’ivyago bibashikira nukubera ibikorwa vy’amaboko yanyu yakoze, kandi Imana igira ikigongwe kubintu vyinshi وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَمَا لَكُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ مِن وَلِيٍّ وَلَا نَصِيرٍ ٣١Namwe ntimushobora kuyinanira ng’aha kw’Isi, kandi ntaco mufise imbere yayo kubijanye n’ukwikingira canke kubijanye n’abafasha وَمِنۡ ءَايَٰتِهِ ٱلۡجَوَارِ فِي ٱلۡبَحۡرِ كَٱلۡأَعۡلَٰمِ ٣٢No mubimenyetso vyayo hamwe n’amato ari mubiyaga ameze nk’Imisozi إِن يَشَأۡ يُسۡكِنِ ٱلرِّيحَ فَيَظۡلَلۡنَ رَوَاكِدَ عَلَىٰ ظَهۡرِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍ لِّكُلِّ صَبَّارٍ شَكُورٍ ٣٣Ibishatse irahagarika imiyaga hanyuma ayo mato agaca ahagarara neza atankomanzi hejuru yayo mazi, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso vy’uwutenyenya n’ugushima cane أَوۡ يُوبِقۡهُنَّ بِمَا كَسَبُواْ وَيَعۡفُ عَن كَثِيرٍ ٣٤Canke yoyahonya kubera ivyo bakoze kandi nukugirira ikigongwe kubintu vyinshi cane وَيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ يُجَٰدِلُونَ فِيٓ ءَايَٰتِنَا مَا لَهُم مِّن مَّحِيصٍ ٣٥Bazomenya bamwe bagira ibihari vy’amajambo yacu kuko atamahungiro bafise yugu hungira mwo فَمَآ أُوتِيتُم مِّن شَيۡءٍ فَمَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ خَيۡرٌ وَأَبۡقَىٰ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ ٣٦Ibi vyose mwahawe nivyu kwinezereza kubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa, mugabo ibiri ku Mana nivyo vyiza gusumba, kandi nivyo biramba, rero bizoba bibakwiye abemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’ukwizera Umuremyi wabo وَٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ وَإِذَا مَا غَضِبُواْ هُمۡ يَغۡفِرُونَ ٣٧Nabishize kure y’ibicumuro bininiya hamwe n’ibintu bibi hamwe n’abantu mugihe bashavuye baca bagira ikigongwe وَٱلَّذِينَ ٱسۡتَجَابُواْ لِرَبِّهِمۡ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَأَمۡرُهُمۡ شُورَىٰ بَيۡنَهُمۡ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ ٣٨Nabitavye akamo ku Muremyi wabo nugu hagarika amasengesho yabo hamwe nugu hanurana mubintu vyabo kandi bagatanga muvyo twabahaye وَٱلَّذِينَ إِذَآ أَصَابَهُمُ ٱلۡبَغۡيُ هُمۡ يَنتَصِرُونَ ٣٩Na bamwe ubwishime bwabo mugihe bwabafashe baca birwanira kumitima yabo وَجَزَٰٓؤُاْ سَيِّئَةٍ سَيِّئَةٌ مِّثۡلُهَاۖ فَمَنۡ عَفَا وَأَصۡلَحَ فَأَجۡرُهُۥ عَلَى ٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلظَّٰلِمِينَ ٤٠Nayo impembo y’amabi n’amabi angana nayo mabi, mugabo uwugira imbabazi hamwe n’uwuba nguranya mumatati, impembo yiwe iri ku Mana, kandi ntankeka Imana ntikunda abayi hemukira وَلَمَنِ ٱنتَصَرَ بَعۡدَ ظُلۡمِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ مَا عَلَيۡهِم مِّن سَبِيلٍ ٤١Na barya bihorana mugihe bamaze guhemukirwa, abo ntayindi nzira kuribo yugutabwa ko umwikomo إِنَّمَا ٱلسَّبِيلُ عَلَى ٱلَّذِينَ يَظۡلِمُونَ ٱلنَّاسَ وَيَبۡغُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ ٤٢Ahubwo umwikomo uri hejuru yabarya bahemukira abantu nukuba girira igitsure ng’aha kw’Isi atakuri kurimwo abo rero nibo bazoronka ibihano bibabaza cane وَلَمَن صَبَرَ وَغَفَرَ إِنَّ ذَٰلِكَ لَمِنۡ عَزۡمِ ٱلۡأُمُورِ ٤٣N’uwutenyenya nukugira ikigongwe ntankeka ivyo ni mubintu bikuru vy’ukugirira ishaka kugira ngo bigirwe وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن وَلِيٍّ مِّنۢ بَعۡدِهِۦۗ وَتَرَى ٱلظَّٰلِمِينَ لَمَّا رَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَ يَقُولُونَ هَلۡ إِلَىٰ مَرَدٍّ مِّن سَبِيلٍ ٤٤Nuw’Imana yaretse kugira ngo azimire ntawumu kingira munyuma yiwe, uca ubona abahemukiye imitima yabo mugihe bazobona ibihano bazovuga bati:- mbega hari iyindi nzira yukugaruka وَتَرَىٰهُمۡ يُعۡرَضُونَ عَلَيۡهَا خَٰشِعِينَ مِنَ ٱلذُّلِّ يَنظُرُونَ مِن طَرۡفٍ خَفِيٍّۗ وَقَالَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَأَهۡلِيهِمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَآ إِنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ فِي عَذَابٍ مُّقِيمٍ ٤٥Uzoba bona bajanwa mumuriro udahera nabo baboneka yuko bafise amaganya hamwe n’ibimara mare vyinshi kandi barabana kubandi nabo bihishije, nayo abameye Imana yabo y’ukuri bazovuga bati:- mu vy’ukuri abazoronka uruhombo ni muri barya bazoba bafise uruhombo rw’imitima yabo hamwe n’abantu babo, hanyuma kuri uwo musi w’imperuka ntankeka abahemukiye imitima yabo bazoba bari mubihano vyurutavana ko وَمَا كَانَ لَهُم مِّنۡ أَوۡلِيَآءَ يَنصُرُونَهُم مِّن دُونِ ٱللَّهِۗ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن سَبِيلٍ ٤٦Kandi ntabagenzi bazoba bafise bazoba fasha imbere y’Imana, nuwo Imana yashakiye yuko azimira ntayindi nzira ihari kuriwe ٱسۡتَجِيبُواْ لِرَبِّكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ يَوۡمٌ لَّا مَرَدَّ لَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۚ مَا لَكُم مِّن مَّلۡجَإٍ يَوۡمَئِذٍ وَمَا لَكُم مِّن نَّكِيرٍ ٤٧Nimwitabire Umuremyi wanyu imbere yugushika kuri wamusi uda hengeshanya uzoba uvuye ku Mana, kuko kuri uwo musi ntama hungiro yukwirukira ho kandi ntaho muzo kwankira فَإِنۡ أَعۡرَضُواْ فَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ حَفِيظًاۖ إِنۡ عَلَيۡكَ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُۗ وَإِنَّآ إِذَآ أَذَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِنَّا رَحۡمَةً فَرِحَ بِهَاۖ وَإِن تُصِبۡهُمۡ سَيِّئَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ فَإِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ كَفُورٌ ٤٨Nibatitaho natwe ntitwa kurungitse ngo ube uwubakingira, ivyo ntubijejwe atari uko ubashikiriza ubutumwa gusa, mu vy’ukuri mugihe tumu honjesheje umuntu imigisha ivuye iwacu aca anezerwa cane, rero ashikiwe n’ingorane izarizo zose kubera ivyo amaboko yiwe yagize uca ubona uyo muntu ahakana Imana لِّلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ يَهَبُ لِمَن يَشَآءُ إِنَٰثًا وَيَهَبُ لِمَن يَشَآءُ ٱلذُّكُورَ ٤٩Ubwami bw’Amajuru n’Isi nu bw’Imana kuko irema uko yishakiye kandi igaha uwo yishakiye mubibondo vy’abigeme kandi igaha uwo yishakiye mubibondo vy’abahungu أَوۡ يُزَوِّجُهُمۡ ذُكۡرَانًا وَإِنَٰثًاۖ وَيَجۡعَلُ مَن يَشَآءُ عَقِيمًاۚ إِنَّهُۥ عَلِيمٌ قَدِيرٌ ٥٠Canke ikabivanga ivyo bibondo vy’abahungu n’abigeme nukubigira ingumba k’umuntu yishakiye, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi n’ubushobozi ۞ وَمَا كَانَ لِبَشَرٍ أَن يُكَلِّمَهُ ٱللَّهُ إِلَّا وَحۡيًا أَوۡ مِن وَرَآيِٕ حِجَابٍ أَوۡ يُرۡسِلَ رَسُولًا فَيُوحِيَ بِإِذۡنِهِۦ مَا يَشَآءُۚ إِنَّهُۥ عَلِيٌّ حَكِيمٌ ٥١Ntivyari kuba k’umuntu yuko avugana n’Imana atari munzira ashirirwa mumutima wiwe canke inyuma y’uruzitiro kanaka canke ikarungika intumwa yayo nawe agaca amwereka kurugero ico yipfuza kw’itegeko ryiwe, ntankeka niyo iri hejuru n’ubuhizi buhagije وَكَذَٰلِكَ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ رُوحًا مِّنۡ أَمۡرِنَاۚ مَا كُنتَ تَدۡرِي مَا ٱلۡكِتَٰبُ وَلَا ٱلۡإِيمَٰنُ وَلَٰكِن جَعَلۡنَٰهُ نُورًا نَّهۡدِي بِهِۦ مَن نَّشَآءُ مِنۡ عِبَادِنَاۚ وَإِنَّكَ لَتَهۡدِيٓ إِلَىٰ صِرَٰطٍ مُّسۡتَقِيمٍ ٥٢Uku rero niko twakweretse ubu butumwa kw’itegeko ryacu ntiwari ufise igitabu icarico cose canke ukwemera ukwariko kwose mugabo twagize iki gitabu gitagatifu ca Qur’aani kuba ariwo muco, no kuri uwo muco twebwe turongora uwo twishakiye mu bantu bacu beranda, kandi mu vy’ukuri wewe urongora munzira igororotse صِرَٰطِ ٱللَّهِ ٱلَّذِي لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ أَلَآ إِلَى ٱللَّهِ تَصِيرُ ٱلۡأُمُورُ ٥٣Inzira y’Imana hamwe nibiri mu Majuru no kw’Isi ni rwiwe rero mumenye yuko ibintu vyose vyama bigaruka ku Mana