ملة الإسلام

السورة 43 · 89 آية · Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

سورة الزخرف باللغة الكيروندية

السورة بالعربية مع التفسير استمع إلى سورة الزخرف (1,181 قارئاً)
مكيةسورة الزخرف٨٩ آية

بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

حمٓ ١Ha, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa) وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ ٢Ndarahiye kuri iki gitabu gitagatifu kimenyesha neza aya majambo إِنَّا جَعَلۡنَٰهُ قُرۡءَٰنًا عَرَبِيًّا لَّعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ ٣Ntankeka natwe twagize ngo kibe igisomwa co mururimi rw’icarabu kugira ngo mutegere neza وَإِنَّهُۥ فِيٓ أُمِّ ٱلۡكِتَٰبِ لَدَيۡنَا لَعَلِيٌّ حَكِيمٌ ٤Mu vy’ukuri iyi Qur’aani ntagatifu iri mububiko bw’ibitabu vyose vyavuye iwacu kandi n’igitabu catewe iteka n’ubuhizi أَفَنَضۡرِبُ عَنكُمُ ٱلذِّكۡرَ صَفۡحًا أَن كُنتُمۡ قَوۡمًا مُّسۡرِفِينَ ٥Mbega natwe tureke kubibutsa kubera yuko mwabaye abantu mwamaze kurengerana kumabi yanyu وَكَمۡ أَرۡسَلۡنَا مِن نَّبِيٍّ فِي ٱلۡأَوَّلِينَ ٦Mu bantu bakera twebwe twaraba rungikiye intumwa z’Imana nyinshi وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن نَّبِيٍّ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ ٧Ntantumwa y’Imana iyariyo yose atari uko bahora bayigaya nukuyityoza فَأَهۡلَكۡنَآ أَشَدَّ مِنۡهُم بَطۡشًا وَمَضَىٰ مَثَلُ ٱلۡأَوَّلِينَ ٨Rero twaraba honeje abari bafise ubushobozi buhanitse gusumba abo baqurayshi hamwe n’uburorero bw’ibihano vyashikiye abantu baho hambere وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ لَيَقُولُنَّ خَلَقَهُنَّ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡعَلِيمُ ٩Ubabajije uti:- mbega ni nde yaremye Amajuru n’Isi? Mu vy’ukuri bakwishura bati :- uwaremye ibi vyose n’uwufise ubushobozi hamwe n’ubumenyi ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مَهۡدًا وَجَعَلَ لَكُمۡ فِيهَا سُبُلًا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ ١٠Uwabagiriye iy’Isi kuba nk’ubusaswa nukugira amayira muriyo nukugira ngo murongore iyo mugomba kuja ahariho hose وَٱلَّذِي نَزَّلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءَۢ بِقَدَرٍ فَأَنشَرۡنَا بِهِۦ بَلۡدَةً مَّيۡتًاۚ كَذَٰلِكَ تُخۡرَجُونَ ١١Nuwamanuye amazi avuye mubicu kurugero no kuri ayo mazi niho twazuye Isi yari yarapfuye nikuri ivyo niko muzozurwa وَٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَزۡوَٰجَ كُلَّهَا وَجَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡفُلۡكِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ مَا تَرۡكَبُونَ ١٢Uwaremye ikigabo n’ikigore mubintu vyose nukubagirira amato hamwe n’ibikoko mwurira ko لِتَسۡتَوُۥاْ عَلَىٰ ظُهُورِهِۦ ثُمَّ تَذۡكُرُواْ نِعۡمَةَ رَبِّكُمۡ إِذَا ٱسۡتَوَيۡتُمۡ عَلَيۡهِ وَتَقُولُواْ سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِي سَخَّرَ لَنَا هَٰذَا وَمَا كُنَّا لَهُۥ مُقۡرِنِينَ ١٣Kugira ngo mwicareko neza hejuru y’imigongo yavyo hanyuma mwibuke imigisha y’Umuremyi wanyu mugihe mwicaye neza hejuru yavyo muvuga muti :- nihaninahazwe Imana yatugamburukije ibi vyose kandi ntitwari kwigirira ibi vyose وَإِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا لَمُنقَلِبُونَ ١٤Ntankeka twebwe tuzo subira ku Muremyi wacu وَجَعَلُواْ لَهُۥ مِنۡ عِبَادِهِۦ جُزۡءًاۚ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لَكَفُورٌ مُّبِينٌ ١٥Bamugirira mubantu beranda ahantu bavuga yuko ibi biremwa ari ibibondo vy’Imana mu vy’ukuri umuntu n’umuhakanyi w’imihezagiro iri k’umugaragaro أَمِ ٱتَّخَذَ مِمَّا يَخۡلُقُ بَنَاتٍ وَأَصۡفَىٰكُم بِٱلۡبَنِينَ ١٦Yitwariye ibibondo vy’abakobwa muvyo yiremeye mukubatorera mwebwe ibibondo vy’abahungu وَإِذَا بُشِّرَ أَحَدُهُم بِمَا ضَرَبَ لِلرَّحۡمَٰنِ مَثَلًا ظَلَّ وَجۡهُهُۥ مُسۡوَدًّا وَهُوَ كَظِيمٌ ١٧Umwe muribo mugihe ashikirijwe inkuru y’ivyo yagiriweko akarorero kanyene imigisha, mumaso yiwe haca hirabura cane n’agahinda kenshi أَوَمَن يُنَشَّؤُاْ فِي ٱلۡحِلۡيَةِ وَهُوَ فِي ٱلۡخِصَامِ غَيۡرُ مُبِينٍ ١٨Uwarerewe mubisharizo nawe kubijanye nibihari ntashobora kuvuga k’umugaragaro وَجَعَلُواْ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ ٱلَّذِينَ هُمۡ عِبَٰدُ ٱلرَّحۡمَٰنِ إِنَٰثًاۚ أَشَهِدُواْ خَلۡقَهُمۡۚ سَتُكۡتَبُ شَهَٰدَتُهُمۡ وَيُسۡـَٔلُونَ ١٩Kandi bagira Abamarayika aribo biremwa vy’Imana vyeranda ngo n’abagore bayo, mbega n’ivyabona mukuremwa kwabo? Ukuba kwabo kw’ivyabona kuzo kwandikwa kandi bazobazwa وَقَالُواْ لَوۡ شَآءَ ٱلرَّحۡمَٰنُ مَا عَبَدۡنَٰهُمۗ مَّا لَهُم بِذَٰلِكَ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِنۡ هُمۡ إِلَّا يَخۡرُصُونَ ٢٠Bavuga bati:- iyo ishaka nyene imigisha mininiya ntitwari kubasenga, kuko atabumenyi bafise kuri ibi vyose kandi ntibavuga atari amajambo y’ububeshi bw’ivyo bavuze أَمۡ ءَاتَيۡنَٰهُمۡ كِتَٰبًا مِّن قَبۡلِهِۦ فَهُم بِهِۦ مُسۡتَمۡسِكُونَ ٢١Mbega twebwe ntitwabahaye igitabu imbere y’iki ? Nabo bakaba bagifashe nkankama بَلۡ قَالُوٓاْ إِنَّا وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا عَلَىٰٓ أُمَّةٍ وَإِنَّا عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِم مُّهۡتَدُونَ ٢٢Ahubwo bavuga bati :- mu vy’ukuri twebwe twasanze abavyeyi bacu kubera imigenzo yabo natwe twaciye dukurikira nkuko bamye bagira وَكَذَٰلِكَ مَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي قَرۡيَةٍ مِّن نَّذِيرٍ إِلَّا قَالَ مُتۡرَفُوهَآ إِنَّا وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا عَلَىٰٓ أُمَّةٍ وَإِنَّا عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِم مُّقۡتَدُونَ ٢٣Kandi ntitwarungitse uwutuza mubisagara ivyarivyo vyose atari uko abatunzi baho bavuze bati:- mu vy’ukuri twebwe twasanze abavyeyi bacu n’imigenzo yabo natwe duca dukurikiza ingeso zabo ۞ قَٰلَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكُم بِأَهۡدَىٰ مِمَّا وَجَدتُّمۡ عَلَيۡهِ ءَابَآءَكُمۡۖ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلۡتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ ٢٤Yavuze ati:- naho ndabazaniye imigenzo yacu ifise uburokoke bwiza gusumba iyo bari basanganywe abo bavyeyi banyu, nabo baciye bavuga bati:- twebwe turanse ubwo butumwa mwarungikanywe فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ٢٥Rero natwe duca turabihora, mugabo nimurabe ukugene kwabaye amaherezo yabigize abahakanyi b’Imana y’ukuri وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِيمُ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦٓ إِنَّنِي بَرَآءٌ مِّمَّا تَعۡبُدُونَ ٢٦N’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) mugihe yabwira umuvyeyi wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- ntankeka jewe mbanje kuba kure yivyo mwebwe musenga إِلَّا ٱلَّذِي فَطَرَنِي فَإِنَّهُۥ سَيَهۡدِينِ ٢٧Dukuye mwo gusa uwandemye mu vy’ukuri niwe azondongora وَجَعَلَهَا كَلِمَةَۢ بَاقِيَةً فِي عَقِبِهِۦ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ٢٨Ninawe yagize iri jambo rizo gumaho muruvyaro rwiwe kugira ngo bagaruke بَلۡ مَتَّعۡتُ هَٰٓؤُلَآءِ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ وَرَسُولٌ مُّبِينٌ ٢٩Ahubwo baranezerejwe mugihe bari kumwe n’abavyeyi babo kugeza naho bashikirwa n’ukuri n’intumwa y’Imana irabi garagaza وَلَمَّا جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٌ وَإِنَّا بِهِۦ كَٰفِرُونَ ٣٠Mugihe bashikirwa n’ukuri baciye bavuga bati:- ubu n’uburozi kandi mu vy’ukuri twebwe turabu hakanye وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ عَلَىٰ رَجُلٍ مِّنَ ٱلۡقَرۡيَتَيۡنِ عَظِيمٍ ٣١Nabo bavuze bati:- ni kuki iyi Qur’aani itamanuwe k’umuntu mukuru wo muri ibi bisagara vyacu bibiri bikuru bikuru أَهُمۡ يَقۡسِمُونَ رَحۡمَتَ رَبِّكَۚ نَحۡنُ قَسَمۡنَا بَيۡنَهُم مَّعِيشَتَهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَرَفَعۡنَا بَعۡضَهُمۡ فَوۡقَ بَعۡضٍ دَرَجَٰتٍ لِّيَتَّخِذَ بَعۡضُهُم بَعۡضًا سُخۡرِيًّاۗ وَرَحۡمَتُ رَبِّكَ خَيۡرٌ مِّمَّا يَجۡمَعُونَ ٣٢Mbega nibo bagabura imigisha y’Umuremyi wawe, twebwe twarabugabuye ubu buzima bwabo ku buzima bwo ng’aha kw’Isi, kandi twarabareruye bamwe muribo tubaha n’iteka rininiya cane gusumba abandi, kuri ivyo rero bamwe muribo bagira abandi kuba ari abakozi babo, n’imigisha y’Umuremyi wawe niyo myiza gusumba ivyo begeranya وَلَوۡلَآ أَن يَكُونَ ٱلنَّاسُ أُمَّةً وَٰحِدَةً لَّجَعَلۡنَا لِمَن يَكۡفُرُ بِٱلرَّحۡمَٰنِ لِبُيُوتِهِمۡ سُقُفًا مِّن فِضَّةٍ وَمَعَارِجَ عَلَيۡهَا يَظۡهَرُونَ ٣٣Iyo hataba abantu kuba ari umurwi umwe, ntankeka twari kugira ibisenge vy’inzu z’abantu bahakana nyene imigisha kuba ari iz’umwakaka hamwe n’ingazi burirako وَلِبُيُوتِهِمۡ أَبۡوَٰبًا وَسُرُرًا عَلَيۡهَا يَتَّكِـُٔونَ ٣٤N’inzugi z’inzu zabo hamwe n’ubusaswa bwabo hamwe n’inyegamo z’ukwegamira ko وَزُخۡرُفًاۚ وَإِن كُلُّ ذَٰلِكَ لَمَّا مَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَٱلۡأٓخِرَةُ عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُتَّقِينَ ٣٥Ahubwo n’inzahabu mugabo ivyo vyose ntaco bimaze atari amahirwe y’ubuzima bwo ng’aha kw’isi gusa nayo k’umusi w’imperuka uri ku Muremyi wawe niyaba yigamburukira وَمَن يَعۡشُ عَن ذِكۡرِ ٱلرَّحۡمَٰنِ نُقَيِّضۡ لَهُۥ شَيۡطَٰنًا فَهُوَ لَهُۥ قَرِينٌ ٣٦Uwuyagirira ubuhumyi amajambo yanyene imigisha tumushirira ho Shetani kuba ariyo mugenzi wiwe وَإِنَّهُمۡ لَيَصُدُّونَهُمۡ عَنِ ٱلسَّبِيلِ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُم مُّهۡتَدُونَ ٣٧Nabo nabazitira inzira y’amahirwe bakiyumvira yuko barokotse حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَنَا قَالَ يَٰلَيۡتَ بَيۡنِي وَبَيۡنَكَ بُعۡدَ ٱلۡمَشۡرِقَيۡنِ فَبِئۡسَ ٱلۡقَرِينُ ٣٨N’igihe azodushikira k’umusi w’umuhero w’Isi nawe atwarwa mumuriro udahera azovuga abwira Shetani ati:- iyo aba ari kure y’ubuseruko n’ubumanuko hagati yanje na wewe, n’ubugenzi bubi bumeze gute وَلَن يَنفَعَكُمُ ٱلۡيَوۡمَ إِذ ظَّلَمۡتُمۡ أَنَّكُمۡ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ ٣٩Uno musi nta nakimwe kizoba marira muvyo mwahemukiye imitima yanyu yuko mwebwe muri kumwe mubijanye n’ibihano أَفَأَنتَ تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ أَوۡ تَهۡدِي ٱلۡعُمۡيَ وَمَن كَانَ فِي ضَلَٰلٍ مُّبِينٍ ٤٠Mbega woshobora kwumvisha abatumva, canke woshobora kurongora impumyi hamwe n’abari mubuzimire buri k’umugaragaro فَإِمَّا نَذۡهَبَنَّ بِكَ فَإِنَّا مِنۡهُم مُّنتَقِمُونَ ٤١Twebwe nitwagukura ng’aha kw’isi utarabona ibihano vyabo ntugire amakenga twebwe tuzokwihora kuribo أَوۡ نُرِيَنَّكَ ٱلَّذِي وَعَدۡنَٰهُمۡ فَإِنَّا عَلَيۡهِم مُّقۡتَدِرُونَ ٤٢Canke twebwe tuzokwereka neza muvyo twasezeranye nabo, natwe ntankeka turafise ububasha buri hejuru yabo فَٱسۡتَمۡسِكۡ بِٱلَّذِيٓ أُوحِيَ إِلَيۡكَۖ إِنَّكَ عَلَىٰ صِرَٰطٍ مُّسۡتَقِيمٍ ٤٣Rero nubifate nka nkama kuvyo twaguhaye, kandi ntankeka wewe uri munzira nziza igororotse وَإِنَّهُۥ لَذِكۡرٌ لَّكَ وَلِقَوۡمِكَۖ وَسَوۡفَ تُسۡـَٔلُونَ ٤٤Mu vy’ukuri iki n’icibutso kuri wewe no ku bantu bawe, n’ubu vuba mwese muzobazwa وَسۡـَٔلۡ مَنۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ مِن رُّسُلِنَآ أَجَعَلۡنَا مِن دُونِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ءَالِهَةً يُعۡبَدُونَ ٤٥Nimugende mubaze intumwa zacu twazanye imbere yawe, mbega twebwe twoba twaragize izindi Mana zisengwa aho gusenga nyene imigisha myinshi ihagije وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مُوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَقَالَ إِنِّي رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ ٤٦Ntankeka twebwe twararungitse intumwa y’Imana Mussa (iii) ifise amajambo yacu iyajana kwa Fir’auni no kubakuru b’abantu babo nukubabwira iti:- mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Umuremyi w’abantu bose فَلَمَّا جَآءَهُم بِـَٔايَٰتِنَآ إِذَا هُم مِّنۡهَا يَضۡحَكُونَ ٤٧Mugabo mugihe yashika afise ivyemezo vyacu, mu mwanya baciye bazitwenga ntibazemera وَمَا نُرِيهِم مِّنۡ ءَايَةٍ إِلَّا هِيَ أَكۡبَرُ مِنۡ أُخۡتِهَاۖ وَأَخَذۡنَٰهُم بِٱلۡعَذَابِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ ٤٨Kandi ntitwaberetse icemezo icarico cose atari icemezo cari kininiya gusumba ica mugenzi wiwe nukuba fata kubihano vyacu kugira ngo bagaruke iwacu وَقَالُواْ يَٰٓأَيُّهَ ٱلسَّاحِرُ ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ بِمَا عَهِدَ عِندَكَ إِنَّنَا لَمُهۡتَدُونَ ٤٩Nabo bavuze bati:- wamurozi we ! dusabire ku Muremyi wawe kubijanye naya ndagano yaguhaye mu vy’ukuri tuzoba turi mu bantu barongotse فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُمُ ٱلۡعَذَابَ إِذَا هُمۡ يَنكُثُونَ ٥٠Rero mugihe twaba kuriraho ivyo bihano mukanya isase twaciye tubona bayahonyanga ko وَنَادَىٰ فِرۡعَوۡنُ فِي قَوۡمِهِۦ قَالَ يَٰقَوۡمِ أَلَيۡسَ لِي مُلۡكُ مِصۡرَ وَهَٰذِهِ ٱلۡأَنۡهَٰرُ تَجۡرِي مِن تَحۡتِيٓۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ ٥١Nuyo Fir’auni yara menyesheje ku bantu biwe avuga ati:- bantu banje intwaro y’igihugu ca Misiri si rwanje hamwe n’izi nzuzi zica imbere yanje, mbega ntavyo mubona أَمۡ أَنَا۠ خَيۡرٌ مِّنۡ هَٰذَا ٱلَّذِي هُوَ مَهِينٌ وَلَا يَكَادُ يُبِينُ ٥٢Canke jewe ntacomaze gusumba uyu Mussa ajunjagariye ng’aha, kandi adashoboye kuvuga ibintu bitomoye فَلَوۡلَآ أُلۡقِيَ عَلَيۡهِ أَسۡوِرَةٌ مِّن ذَهَبٍ أَوۡ جَآءَ مَعَهُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ مُقۡتَرِنِينَ ٥٣Mbega ni kuki atambitswe ibisharizo vy’inzahabu, canke ngo haze abamarayika bari kumwe nawe bamu kurikira فَٱسۡتَخَفَّ قَوۡمَهُۥ فَأَطَاعُوهُۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمًا فَٰسِقِينَ ٥٤Yasanze bagaba nukiwe n’ubwenge bamu gamburukira, mugihe bari mu bantu bataye umurongo فَلَمَّآ ءَاسَفُونَا ٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ أَجۡمَعِينَ ٥٥Rero mugihe badu shavuza, twaciye tubihora, duca tubibiza mumazi uko bangana bose فَجَعَلۡنَٰهُمۡ سَلَفًا وَمَثَلًا لِّلۡأٓخِرِينَ ٥٦Hanyuma twaciye tubagira kuba akarorero n’ibiganiro ku bantu bazoba baje munyuma yabo ۞ وَلَمَّا ضُرِبَ ٱبۡنُ مَرۡيَمَ مَثَلًا إِذَا قَوۡمُكَ مِنۡهُ يَصِدُّونَ ٥٧No mugihe yaciribwa ko akarorero umwana wa Mariyamu (iii) mumwanya abantu bawe baciye bakoma akaruru وَقَالُوٓاْ ءَأَٰلِهَتُنَا خَيۡرٌ أَمۡ هُوَۚ مَا ضَرَبُوهُ لَكَ إِلَّا جَدَلَۢاۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٌ خَصِمُونَ ٥٨Baca bavuga bati:- mbega Imana zacu nizo nziza gusumba canke niwe, canke ntaco bakubwira atari munzira z’ibihari gusa, ahubwo abo bantu n’abasinzi إِنۡ هُوَ إِلَّا عَبۡدٌ أَنۡعَمۡنَا عَلَيۡهِ وَجَعَلۡنَٰهُ مَثَلًا لِّبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٥٩Ntiyari intumwa y’Imana ariwe Issa mwene Mariyamu (iii) atari uko yari umushumvyi w’Imana twamanuriye nuku mugira umwe muburorero bwiza kuri bene Israeri وَلَوۡ نَشَآءُ لَجَعَلۡنَا مِنكُم مَّلَٰٓئِكَةً فِي ٱلۡأَرۡضِ يَخۡلُفُونَ ٦٠Iyo tuba dushaka twari kubagira Abamarayika bari ngaha kw’Isi aho kuba ari mwebwe kuri iy’Isi وَإِنَّهُۥ لَعِلۡمٌ لِّلسَّاعَةِ فَلَا تَمۡتَرُنَّ بِهَا وَٱتَّبِعُونِۚ هَٰذَا صِرَٰطٌ مُّسۡتَقِيمٌ ٦١Mu vy’ukuri n’ikimenyetso c’umusi w’umuhero w’Isi kandi ntimukigirire amakenga kandi nimunkurikire iyi niyo nzira igororotse وَلَا يَصُدَّنَّكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُۖ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوٌّ مُّبِينٌ ٦٢Kandi Shetani ntibazitire, ntankeka kuri mwebwe niwe mwansi wanyu, kandi niwe mwansi wanyu aboneka neza k’umugaragaro وَلَمَّا جَآءَ عِيسَىٰ بِٱلۡبَيِّنَٰتِ قَالَ قَدۡ جِئۡتُكُم بِٱلۡحِكۡمَةِ وَلِأُبَيِّنَ لَكُم بَعۡضَ ٱلَّذِي تَخۡتَلِفُونَ فِيهِۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ ٦٣Mugihe intumwa y’Imana Issa mwene Mariamu (iii) yari afise ibimenyetso biri k’umugaragaro yavuze ati :- ndabashikiye mfise ubumenyi kugira ngo ndaba menyeshe bimwe muvyo mutumvikanyeko, rero ni mutinye Imana nanje mungamburukire إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٌ مُّسۡتَقِيمٌ ٦٤Mu vy’ukuri Imana niyo Muremyi wanje kandi niyo Muremyi wanje n’Umuremyi wanyu, rero ni muyisenge kuko niyo nzira igororotse فَٱخۡتَلَفَ ٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَيۡنِهِمۡۖ فَوَيۡلٌ لِّلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡ عَذَابِ يَوۡمٍ أَلِيمٍ ٦٥Imirwi n’iyindi yaracanye mwo rero bazoshikirwa bamwe bahemukiye imitima yabo muguhonywa n’ibihano vy’umusi ubabaza cane هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّا ٱلسَّاعَةَ أَن تَأۡتِيَهُم بَغۡتَةً وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ ٦٦Barindiriye iki atari ugushikirwa n’umusi w’umuhero w’Isi gusa kandi ukazoba shikira giturumbuka nabo aho bari batabizi ٱلۡأَخِلَّآءُ يَوۡمَئِذِۭ بَعۡضُهُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوٌّ إِلَّا ٱلۡمُتَّقِينَ ٦٧Abagenzi kuri uwo musi bazoba bari abansi kubandi dukuye mwo b’abagenzi bamye bagamburukira Imana yabo y’ukuri يَٰعِبَادِ لَا خَوۡفٌ عَلَيۡكُمُ ٱلۡيَوۡمَ وَلَآ أَنتُمۡ تَحۡزَنُونَ ٦٨Bantu banje ntabwoba muzoba mufise kuri uwo musi w’imperuka kandi mwebwe ntimuzo teterwa ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ مُسۡلِمِينَ ٦٩Abemeye amajambo yacu bakaba bari aba Isilamu b’ukuri ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ أَنتُمۡ وَأَزۡوَٰجُكُمۡ تُحۡبَرُونَ ٧٠Nimwinjire mumirima yo mw’ijuru mwebwe n’imiryango yanyu, iyo niho muzo nezerezwa يُطَافُ عَلَيۡهِم بِصِحَافٍ مِّن ذَهَبٍ وَأَكۡوَابٍۖ وَفِيهَا مَا تَشۡتَهِيهِ ٱلۡأَنفُسُ وَتَلَذُّ ٱلۡأَعۡيُنُۖ وَأَنتُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ ٧١Bazohora bacishirizwa amasahani y’inzahabu hamwe n’ibikombe vyabo birimwo ivyo imitima yabo yipfuza hamwe n’ivyo amaso yabo azonezereza namwe iyo mw’Ijuru muzobayo mubuzima bwanyu bwose وَتِلۡكَ ٱلۡجَنَّةُ ٱلَّتِيٓ أُورِثۡتُمُوهَا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ ٧٢N’uwu n’umurima mwasigiwe kuvyo mwahora mugira لَكُمۡ فِيهَا فَٰكِهَةٌ كَثِيرَةٌ مِّنۡهَا تَأۡكُلُونَ ٧٣Murahafitiye ivyamwa vyinshi muzo fungurira yo إِنَّ ٱلۡمُجۡرِمِينَ فِي عَذَابِ جَهَنَّمَ خَٰلِدُونَ ٧٤Mu vy’ukuri abahakanyi b’Imana bazoba bicaye mubihano vyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu لَا يُفَتَّرُ عَنۡهُمۡ وَهُمۡ فِيهِ مُبۡلِسُونَ ٧٥Ntibazo ruhutswa nivyo bihano biri muri uwo muriro udahera, kandi niho bazo kwiheburira yo وَمَا ظَلَمۡنَٰهُمۡ وَلَٰكِن كَانُواْ هُمُ ٱلظَّٰلِمِينَ ٧٦Natwe ntitwaba hemukiye, ahubwo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo وَنَادَوۡاْ يَٰمَٰلِكُ لِيَقۡضِ عَلَيۡنَا رَبُّكَۖ قَالَ إِنَّكُم مَّٰكِثُونَ ٧٧Kandi bazokoma induru bavuga bati:- ewe mwami wacu, uyo Muremyi wawe natwice, nawe ace abishura ati :- ntankeka mwebwe aho muri muzoguma muri uwo muriro nyene لَقَدۡ جِئۡنَٰكُم بِٱلۡحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَكُمۡ لِلۡحَقِّ كَٰرِهُونَ ٧٨Mu vy’ukuri twebwe twarakuzaniye ukuri kwama mugabo benshi muri mwebwe mwamye mukugaya uko kuri kwama أَمۡ أَبۡرَمُوٓاْ أَمۡرًا فَإِنَّا مُبۡرِمُونَ ٧٩Egome, boshobora gucishaho itegeko, canke natwe turashobora gucishaho irindi أَمۡ يَحۡسَبُونَ أَنَّا لَا نَسۡمَعُ سِرَّهُمۡ وَنَجۡوَىٰهُمۚ بَلَىٰ وَرُسُلُنَا لَدَيۡهِمۡ يَكۡتُبُونَ ٨٠Canke bikeka yuko twebwe tutumva amabanga yabo hamwe n’ukwongorerana kwabo, oya ! n’intumwa zacu ziri hafi yabo baravyandika قُلۡ إِن كَانَ لِلرَّحۡمَٰنِ وَلَدٌ فَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡعَٰبِدِينَ ٨١Vuga uti:- nyene imigisha iyo iba ifise ikibondo nari kuba uwambere mukuyisenga سُبۡحَٰنَ رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ رَبِّ ٱلۡعَرۡشِ عَمَّا يَصِفُونَ ٨٢Umuremyi w’Amujuru n’Isi Umuremyi n’inyegamo yiwe ntagatifu iri kure nivyo bayihayagiza ko فَذَرۡهُمۡ يَخُوضُواْ وَيَلۡعَبُواْ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ ٨٣Rero nimubareke bagume bayogora nugutamba batarika kugeza naho bazohura n’uwo musi wabo baraganiwe وَهُوَ ٱلَّذِي فِي ٱلسَّمَآءِ إِلَٰهٌ وَفِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَٰهٌۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ ٨٤Niyo isengwa mw’Ijuru no kw’Isi, nayo niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagiije وَتَبَارَكَ ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلسَّاعَةِ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ ٨٥Niyo iterwa iteka ry’ukuri kuko ariwe mwami w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose nirwiwe, kandi irafise ubumenyi bw’ugushika k’umusi w’umuhero w’Isi, namwe uko muri kwose muzo subizwa iwe وَلَا يَمۡلِكُ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِهِ ٱلشَّفَٰعَةَ إِلَّا مَن شَهِدَ بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ ٨٦Nabo ntabubasha bafise bw’ugu sabira abo basabira atari Imana yonyene dukuye mwo bamwe bemera uku kuri nukuyimenya وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَهُمۡ لَيَقُولُنَّ ٱللَّهُۖ فَأَنَّىٰ يُؤۡفَكُونَ ٨٧Ubabajije uti;- ni nde yabaremye? Mu vy’ukuri bakwishura bati:- n’Imana, none ni hehe bahindukirizwa وَقِيلِهِۦ يَٰرَبِّ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمٌ لَّا يُؤۡمِنُونَ ٨٨N’imvugo yiwe n’iyi:- ewe Muremyi wanje, mu vy’ukuri aba n’abantu batemera Imana yabo y’ukuri فَٱصۡفَحۡ عَنۡهُمۡ وَقُلۡ سَلَٰمٌۚ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ ٨٩Rero nubagirire ikigongwe kandi ubabwire amajambo y’amahoro kuko ubu vuba bazotegera neza

الترجمة: Sheikh Amissi Radjabu Ntamba.